Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 4

“Imana ni urukundo”

“Imana ni urukundo”

Muri kamere zose Yehova afise, urukundo ni yo kamere yiganje. Ni na yo ikwegera kuruta izindi. Uko twihweza imwimwe mu mice ikwegera y’iyo kamere imeze nk’akabuyenge, turaza kubona igituma Bibiliya ivuga yuko «Imana ari urukundo.»​—1 Yohani 4:8.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

IKIGABANE CA 23

“Ni yo yabanje kudukunda”

Imvugo ngo “Imana ni urukundo” na “ni yo yabanje kudukunda” zisobanura iki mu vy’ukuri?

IKIGABANE CA 24

Nta gishobora «kudutandukanya n’urukundo rw’Imana»

Niwikunkumure ikinyoma c’uko Imana itagukunda be n’uko itaguha agaciro.

IKIGABANE CA 25

«Impuhwe z’Imana yacu»

Ni gute impuhwe Imana igufitiye zimeze nk’izo inabibondo agirira umwana wiwe?

IKIGABANE CA 26

Imana “yiteguriye kubabarira”

Nimba Imana ifise ubushobozi bwo kwibuka mu buryo butagira agahaze, ishobora gute kubabarira kandi ikibagira?

IKIGABANE CA 27

«Ewe kuntu ukumera neza kwiwe ari kwinshi!»

Ukumera neza kw’Imana neza na neza ni iki?

IKIGABANE CA 28

«Wewe wenyene uri intahemuka»

Kubera iki ukudahemuka kw’Imana kurengeye ubwizigirwa bwayo?

IKIGABANE CA 29

«Kumenya urukundo rwa Kristu»

Imice itatu y’urukundo rwa Yezu iragaragaza neza urukundo rwa Yehova.

IKIGABANE CA 30

«Mubandanye kugendera mu rukundo»

Mu Bakorinto ba mbere harerekana uburyo butandukanye twogaragaza urukundo.