Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 25

«Impuhwe z’Imana yacu»

«Impuhwe z’Imana yacu»

1, 2. (a) Mu bisanzwe iyo umwana arize nyina agira iki? (b) Ni inyiyumvo izihe zikomeye kuruta impuhwe za nyina w’umwana?

 NI MU gicugu, umwana ararize. Buno nyene, nyina aciye avyuka. Kuva uruyoya rwiwe ruvutse, ntarasubira gutora agatiro neza. Yaramenye gutandukanya uburyo butari bumwe bw’igituma uwo mwana arira. Akenshi rero arashobora kumenya nimba uruyoya rwiwe rukeneye ko arwonsa, arubumbatira canke ko arwitwararika mu bundi buryo. Ariko imvo ituma uwo mwana arira yaba ari iyihe, uwo muvyeyi ntaguma areze amaboko. Umutima wiwe ntushobora kwirengagiza ivyo umwana wiwe akeneye.

2 Impuhwe umuvyeyi agirira umwana yivyariye ziri mu nyiyumvo zirangwa n’ikibabarwe kuruta izindi abantu bagira. Ariko rero, hariho inyiyumvo ikomeye bimwe bidasanzwe, ni ukuvuga impuhwe z’Imana yacu Yehova. Kwihweza iyo kamere ikwegera birashobora kudufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova. Nimuze rero turabe impuhwe ico ari co be n’ingene Imana izigaragaza.

Impuhwe ni iki?

3. Insobanuro y’irivuga ry’igiheburayo ryahinduwe ngo «kugira imbabazi» canke «kugira ikigongwe» ni iyihe?

3 Muri Bibiliya, hariho isano rya hafi hagati y’impuhwe be n’imbabazi. Hariho amajambo atari make y’igiheburayo n’ikigiriki aserura iciyumviro c’impuhwe. Nk’akarorero, rimbura irivuga ry’igiheburayo ra·chamʹ, irikunze guhindurwa ngo «kugira imbabazi» canke «kugira ikigongwe.» Igitabu kimwe c’irabiro gisigura yuko irivuga ra·chamʹ «riserura inyiyumvo z’impuhwe zishika kure kandi zirangwa n’ikibabarwe, nka zirya zivyurwa n’ukubona intege nke canke umubabaro mu bo dukunda canke mu bakeneye ko tubafasha.» Iryo jambo ry’igiheburayo, iryo Yehova akoresha kuri we ubwiwe, rifitaniye isano n’ijambo rihindurwa ngo «ubura», kandi rirashobora gusigurwa ko ari «impuhwe za nyina w’umwana.» a​—Kuvayo 33:19; Yeremiya 33:26.

«Mbega umugore yokwibagira . . . umwana yavyaye?»

4, 5. Bibiliya ikoresha gute inyiyumvo nyina w’umwana agirira ikibondo ciwe mu kutwigisha ivyerekeye impuhwe za Yehova?

4 Bibiliya ikoresha inyiyumvo nyina w’umwana agirira ikibondo ciwe, kugira ngo itwigishe ivyerekeye insobanuro y’impuhwe za Yehova. Muri Yesaya 49:15 dusoma duti: «Mbega umugore yokwibagira umwana wiwe yonka, canke ntiyumvire akagongwe [ra·chamʹ] umwana yavyaye? Naho vyoshika abo bagore bakibagira, jewe sinzokwigera ndakwibagira.» Iyo ndondoro ikora ku mutima irashimika ku mpuhwe nyinshi Yehova agirira abantu biwe. Uti gute?

5 Biragoye kwiyumvira yuko nyina w’umwana yokwibagira kwonsa no kubungabunga ikibondo ciwe. Nakare, uruyoya ruba ata co rwishoboza; mw’ijoro no ku murango ikibondo kiba gikeneye ko nyina acitwararika kandi akakigaragariza urukundo n’igishika. Ariko rero ikibabaje, turamenyereye kwumva abavyeyi bafata nabi ibibondo vyabo, na canecane muri ibi «bihe bitoroshe» birangwa n’ukuba abantu «badakunda ababo.» (2 Timoteyo 3:1, 3) Yehova amenyesha ati: «Jewe sinzokwigera ndakwibagira.» Impuhwe zirangwa n’ikibabarwe Yehova agirira abasavyi biwe zamaho. Mu buryo ntangere, zirakomeye cane kuruta inyiyumvo mvukanwa zirimwo ikibabarwe dushobora kwiyumvira, ni ukuvuga zirya mpuhwe nyina w’umwana asanzwe yumvira umwana wiwe w’uruyoya. Ntibitangaje na gatoyi kuba hari umuhinga umwe yavuze ku vyerekeye Yesaya 49:15 ati: «Ubwo ni bumwe mu buryo bukomeye kuruta Imana iseruriramwo urukundo rwayo mw’Isezerano rya kera, nimba atari bwo bukomeye kurusha ubundi bwose.»

6. Abantu badatunganye benshi biyumviriye impuhwe mu buryo ubuhe, mugabo Yehova adusubiriza umutima mu nda ku vyerekeye iki?

6 None impuhwe zoba ari ikimenyetso c’ukugoyagoya? Abantu badatunganye benshi baragize ivyiyumviro nk’ivyo. Nk’akarorero, umufilozofe umwe w’Umuroma yitwa Seneca, uwabayeho mu gihe kimwe na Yezu akongera akaba yari umunyabwenge ahambaye mu Buroma, yigisha yuko «impuhwe ari ubugoyagoye bw’umuzirikanyi.» Seneca yaburanira filozofiya y’Abasitoyiko, iyo ikaba yari filozofiya ishimika ku gutekana kutarimwo inyiyumvo. Seneca avuga yuko umuntu w’inkerebutsi yoshobora gufasha abari mu mubabaro, ngo mugabo ategerezwa kwirinda kugira impuhwe, kubera ko ngo mwene iyo nyiyumvo yohava imubuza gutekana. Ukwo kubona ubuzima mu buryo burangwa n’ubwikunzi nta sano kwari gufitaniye n’impuhwe zivuye ku mutima. Ariko ukwo si ko Yehova ameze namba! Mw’Ijambo ryiwe, Yehova adusubiriza umutima mu nda yuko «yuzuye ikibabarwe kandi ko ari umunyembabazi.» (Yakobo 5:11) Nk’uko tuza kubibona, impuhwe si ukugoyagoya, ahubwo ni kamere ihambaye. Nimuze dusuzume ingene Yehova agaragaza impuhwe, nka kurya kw’umuvyeyi yuzuye urukundo.

Igihe Yehova yagirira impuhwe ihanga rya Isirayeli

7, 8. Ni ingorane izihe zashikiye Abisirayeli mu Misiri ya kera, kandi Yehova yavyakiriye gute?

7 Impuhwe za Yehova zirabonekera neza mu kuntu yafashe ihanga rya Isirayeli. Mu mpera z’ikinjana ca 16 imbere ya Kristu, Abisirayeli amamiliyoni baragizwe abaja muri Misiri ya kera, bakaba barahacurirwa bufuni na buhoro bimwe bikomeye. Abanyamisiri «babakoresha ibikorwa biruhisha vyo guponda ubudongo bw’ibumba no gufyatura amatafari be n’ivyo mu mirima, ku buryo Abisirayeli bumva barambiwe n’ubuzima.» (Kuvayo 1:11, 14) Mu mibabaro yabo, Abisirayeli baratakambiye Yehova kugira ngo abafashe. None Imana y’impuhwe yavyakiriye gute?

8 Yehova vyaramukoze ku mutima. Yavuze ati: «Nabonye vy’ukuri amagorwa abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amarira yabo kubera babakoresha ibikorwa biruhisha. Ndazi neza umubabaro barimwo.» (Kuvayo 3:7) Yehova ntiyari gushobora kubona imibabaro y’abasavyi biwe canke kwumva ugutaka kwabo atabumvira impuhwe. Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 24 c’iki gitabu, Yehova ni Imana ifise ikibabarwe kandi ikibabarwe, ni ukuvuga ubushobozi bwo kumenya umubabaro abandi bafise, kirafitaniye isano cane n’impuhwe. Ariko Yehova ntiyagiriye abasavyi biwe impuhwe gusa; vyaranamuvyuriye umutima wo kugira ico akoze ku neza yabo. Muri Yesaya 63:9 hagira hati: «Kubera urukundo rwiwe n’impuhwe ziwe yarabacunguye.» Akoreshe «ukuboko gukomeye», Yehova yarakuye Abisirayeli mu Misiri. (Gusubira mu vyagezwe 4:34) Mu nyuma, yarabaronkeje imfungurwa mu buryo bw’igitangaro kandi abashira mu gihugu cabo bwite cimbuka.

9, 10. (a) Ni kubera iki Yehova yagiye arakiza Abisirayeli aho bamariye gushika mu Gihugu c’Isezerano? (b) Mu misi ya Yefuta, Yehova yakuye Abisirayeli mu gahahazo akahe, kandi ni igiki camuvyuriye umutima wo kubigira?

9 Impuhwe za Yehova ntizagarukiye aho. Igihe Abisirayeli bashika mu Gihugu c’isezerano, barabandanije kuja mu vyo guhemuka maze bituma bashikirwa n’ingorane. Mugabo mu nyuma abantu barakubita agatima mpembero maze bagatakambira Yehova. Incuro nyinshi cane yarabakiza. Kubera iki? «Kuko yumvira impuhwe abantu biwe.»​—2 Ngoma 36:15; Abacamanza 2:11-16.

10 Rimbura ivyashitse mu misi ya Yefuta. Kubera yuko Abisirayeli bari bahindukiriye imana z’ikinyoma, Yehova yararetse barakandamizwa n’Abamoni imyaka 18. Amaherezo, Abisirayeli barigaye. Bibiliya itubwira iti: «Abisirayeli bakuraho imana z’inyamahanga bari bafise, basubira gukorera Yehova ku buryo vyanka ko yihanganira imibabaro yabo.» b (Abacamanza 10:6-16) Igihe abasavyi biwe bagaragaza ukwigaya nyakuri, Yehova ntiyashobora kubandanya kwihanganira kubabona bariko baracumukura. Ni co catumye Imana y’impuhwe iha inkomezi Yefuta kugira ngo akure Abisirayeli mu maboko y’abansi babo.​—Abacamanza 11:30-33.

11. Ni ibiki twiga ku vyerekeye impuhwe dufatiye ku kuntu Yehova yagiye arafata Abisirayeli?

11 Ukuntu Yehova yagiye arafata ihanga rya Isirayeli bitwigisha iki ku vyerekeye impuhwe? Kimwe coco, turabona yuko impuhwe za Yehova atari gusa kumenya ivyago bitandukanye bishikira abantu. Ibuka ka karorero ka nyina w’umwana impuhwe ziwe zimuvyurira umutima wo kugira ico akoze igihe ikibondo ciwe kirize. Muri ubwo buryo nyene, Yehova ntiyirengagiza amaborogo y’abasavyi biwe. Impuhwe ziwe ziramuvyurira umutima wo kubakiza imibabaro. Vyongeye, ukuntu Yehova yafashe Abisirayeli kuratwigisha yuko impuhwe ataho zisa zisana n’ukugoyagoya, kubera yuko iyo kamere irangwa n’ikibabarwe yamuvyuriye umutima wo gufata ingingo ikomeye kandi y’ukutisubirako, ku neza y’abasavyi biwe. Ariko none Yehova yoba agirira impuhwe abasavyi biwe tubafatiye hamwe gusa?

Impuhwe Yehova agirira abantu umwumwe ukwiwe

12. Ivyagezwe vyagaragaza gute impuhwe Yehova yagirira abantu tubafashe umwumwe ukwiwe?

12 Ivyagezwe Imana yahaye ihanga rya Isirayeli vyarerekanye impuhwe agirira abantu umwumwe ukwiwe. Fata nk’akarorero, ukuntu yitwararika abakene. Yehova yari azi yuko ibintu bitari vyitezwe vyashobora kwaduka bigatuma Umwisirayeli aja mu bukene. None abakene bategerezwa gufatwa gute? Yehova yategetse Abisirayeli ashimitse ati: «Ntuze ukomantaze umutima canke ngo upfumbate ikiganza cawe imbere ya mwenewanyu akenye. Ukwiye kumuha n’umutima ukunze, ata kugonanwa, kuko ivyo bizotuma Yehova Imana yawe ahezagira ivyo ukora vyose n’imigambi yawe yose.» (Gusubira mu vyagezwe 15:7, 10) Mu nyuma Yehova yategetse yuko Abisirayeli batoshwabuye ngo baherengeteze ivyo ku mibari y’imirima yabo, canke ngo hagire udusigazwa bahumba mu kwimbura. Mwene utwo duhumbwa twasigirwa abatishoboye. (Abalewi 23:22; Rusi 2:2-7) Igihe iryo hanga ryakurikiza iryo tegeko rirangwa n’ubwitwararitsi ku nyungu y’abakene baba muri bo, abantu baba bakenye muri Isirayeli ntibategerezwa gusega indya. None ubwo ntibwari uburyo Yehova yagaragaza impuhwe ziwe?

13, 14. (a) Amajambo Dawidi yavuze adukura amazinda gute yuko Yehova yitwararika cane ibitwerekeye umwumwe ukwiwe? (b) Kuba Yehova ari hafi «y’abavunitse umutima» canke «abadendebukiwe mu mutima» bishobora gutangirwa ikigereranirizo gute?

13 No muri iki gihe nyene, Imana yacu y’urukundo iritwararika cane ibitwerekeye umwumwe ukwiwe. Turashobora kwemera tudakeka yuko izi neza ingorane zose zishobora kuba zidushikira. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yanditse ati: «Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi, kandi amatwi yiwe arumva ugutabaza kwabo. Yehova ari hafi y’abavunitse umutima. Akiza abadendebukiwe mu mutima.» (Zaburi 34:15, 18) Ku vyerekeye abavuzwe muri ayo majambo, umuhinga umwe w’ivya Bibiliya avuga ati: «Bafise umutima umenetse be n’umutima utuntuye, ni ukuvuga wicisha bugufi bitumwe n’icaha, kandi utiyemera; bumva yuko baciye bugufi, kandi ntibizigira agaciro kabo bwite.» Mwene abo bantu bashobora kwiyumvira yuko Yehova ari kure cane kandi ko ata na kimwe bamaze cotuma abitwararika. Mugabo si ukwo bimeze. Amajambo ya Dawidi aradukura amazinda yuko Yehova adaheba «abumva yuko baciye bugufi.» Imana yacu y’inyempuhwe irazi yuko muri mwene ivyo bihe, tuba tuyikeneye kuruta ikindi gihe cose, kandi ko iba iri hafi.

14 Rimbura aka karorero: Inabibondo umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yanyarukanye kwa muganga umwana wiwe w’imyaka ibiri y’amavuka kubera yuko yari yafashwe n’indwara ikomeye yamubuza guhema neza. Abaganga bamaze gusuzuma nya gahungu, babwiye nyina yuko bakeneye kukagumiza ng’aho mu bitaro ijoro ryose. None uwo muvyeyi iryo joro yarimaze hehe? Yarimaze mu ntebe aho mu bitaro, hampande y’igitanda umwana wiwe yari aryamyeko! Agahungu kiwe kari karwaye, kandi nta kundi yari kugira atari ukuba hampande yako. Nta gukeka ko dushobora kwitega mbere ibiruta ivyo kuri Dawe wa twese munyarukundo wo mw’ijuru! Nakare, twaremwe mw’ishusho yiwe. (Itanguriro 1:26) Ya majambo akora ku mutima yo muri Zaburi 34:18 atubwira yuko igihe “tuvunitse umutima” canke “tudendebukiwemu mutima”, Yehova aba «ari hafi» nka kurya kw’umuvyeyi munyarukundo, ni ukuvuga ko yama afise impuhwe kandi yiteguye kudufasha.

15. Ni mu buryo ubuhe Yehova adufasha umwumwe ukwiwe?

15 None, ni gute Yehova adufasha umuntu umwumwe ukwiwe? Si ngombwa ngo akureho ikintu cose gituma dushikirwa n’ingorane. Mugabo Yehova yarashiriyeho intunganyo nyinshi cane abamutakambira bamusaba ngo abafashe. Ijambo ryiwe Bibiliya riratanga impanuro ngirakamaro zishobora gutuma ibintu bigenda neza. Mw’ishengero, Yehova aratanga abacungezi bakwije ibisabwa mu vy’impwemu, bihatira kugaragaza impuhwe ziwe mu gufasha abo basangiye ukwizera. (Yakobo 5:14, 15) Kubera yuko “yumva amasengesho”, araha «impwemu nyeranda abayimusaba.» (Zaburi 65:2; Luka 11:13) Iyo mpwemu irashobora kutwuzuza «ububasha burengeye ubusanzwe» kugira ngo twihangane gushika aho Ubwami bw’Imana buzokuriraho ingorane zose zitesha umutwe. (2 Abakorinto 4:7) Mbega none ntidukura ubwatsi ku bw’ivyo bintu vyose? Nimuze ntitwibagire yuko ari uburyo Yehova agaragarizamwo impuhwe.

16. Ni akarorero akahe k’impuhwe za Yehova gahambaye kuruta utundi, kandi ni gute kagira ico kadukozeko umuntu umwumwe ukwiwe?

16 Birumvikana, akarorero k’impuhwe za Yehova gahambaye kuruta ubundi ni ukuba yaratanze uwo akunda cane ngo abe incungu ku bwacu. Kari akigoro Yehova agize mu buryo buranga urukundo, kandi vyarugururiye inzira ubukiriro bwacu. Ibuka yuko iyo ntunganyo y’incungu ikora kuri twebwe umuntu umwumwe wese ukwiwe. Birabereye rero kuba Zekariya, se wa Yohani Umubatizi, yavuze yuko iyo ngabirano yokwerekanye mu buryo budasanzwe «impuhwe z’Imana yacu.» (Luka 1:78)

Igihe Yehova yanka kugira impuhwe

17-19. (a) Bibiliya yerekana gute yuko impuhwe za Yehova zifise aho zigarukira? (b) Ni igiki catumye impuhwe Yehova yari afitiye abasavyi biwe zishika aho zitarenga?

17 Mbega twoba dukwiye kwiyumvira ko impuhwe za Yehova zitagira aho zigarukira? Habe na mba. Bibiliya irerekana itomoye yuko mu gihe abantu barwanya inzira ziwe zigororotse, Yehova biba vyiza ko yanka kugira impuhwe. (Abaheburayo 10:28) Kugira ngo utahure igituma agira gutyo, niwibuke ka karorero k’ihanga rya Isirayeli.

18 Naho Yehova yaza arakura Abisirayeli mu maboko y’abansi babo kenshi, amaherezo impuhwe ziwe zarashitse aho zigarukira. Abo bantu b’intagondwa barasenga ibigirwamana, mbere bakajana ibigirwamana vyabo vy’ibizira mu rusengero rwa Yehova! (Ezekiyeli 5:11; 8:17, 18) Vyongeye, tubwirwa duti: «Baguma bashinyagurira izo ntumwa z’Imana y’ukuri, bagasuzugura ivyo ibabwiye bakongera bagatwenga abahanuzi bayo, gushika aho bataba bakivayo. Maze ishavu rya Yehova riza ku bantu biwe.» (2 Ngoma 36:16) Abisirayeli barashitse aho bitari bigishoboka kugirirwa impuhwe, maze batuma Yehova agira ishavu rigororotse. Vyavuyemwo ingaruka iyihe?

19 Yehova ntiyari agishoboye kubandanya kugirira impuhwe abasavyi biwe. Yatangaje ati: «Sinzobagirira impuhwe canke akagongwe canke imbabazi. Nta na kimwe kizombuza kubahonya.» (Yeremiya 13:14) Ivyo vyatumye Yeruzalemu n’urusengero rwayo bisangangurwa, kandi Abisirayeli batwarwa mu bunyagano i Babiloni. Ese ukuntu bibabaza iyo abantu b’abanyavyaha bagararije cane gushika naho batuma impuhwe z’Imana zihera!​—Gucura intimba 2:21.

20, 21. (a) Bizogenda gute impuhwe z’Imana nizashika aho zitarenga muri iki gihe? (b) Ni intunganyo iyihe iranga impuhwe Yehova yashizeho irimburwa mu kigabane gikurikira?

20 Twovuga iki muri iki gihe? Yehova ntiyahindutse. Abitumwe n’impuhwe, yarashinze Ivyabona vyiwe ibanga ryo kwamamaza «inkuru nziza y’Ubwami» mw’isi yose. (Matayo 24:14) Igihe abantu b’imitima igororotse bemeye kwiga, Yehova arabafasha gutegera ubutumwa bw’Ubwami. (Ivyakozwe 16:14) Mugabo ico gikorwa ntikizobandanya ibihe bidahera. Ntivyoba biranga impuhwe nka hamwe Yehova yoreka iyi si mbi hamwe n’ibibi vyose biyikorerwamwo be n’imibabaro yose iyiriko, bikabandanya ibihe vyose. Impuhwe z’Imana nizashika aho zitarenga, Yehova azoza gushitsa urubanza kuri iyi si mbi. No muri ico gihe nyene, azokoresha impuhwe, ni ukuvuga ko azogira impuhwe ku bw’“izina ryiwe ryeranda” no ku bw’abasavyi biwe b’intahemuka. (Ezekiyeli 36:20-23) Yehova azokuraho ububisha maze ashireho isi nshasha igororotse. Ku bijanye n’ababisha, Yehova avuga ati: «Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe canke ngo ngire impuhwe. Nzozana ku gatwe kabo ingaruka z’ingeso zabo.»​—Ezekiyeli 9:10.

21 Imbere y’uko ico gihe gishika, Yehova arumvira impuhwe abantu, mbere na barya baraririye gusangangurwa. Abantu b’abanyavyaha bigaya bivuye ku mutima barashobora kwungukira kuri imwe mu ntunganyo Yehova yashizeho ziranga impuhwe kuruta, ni ukuvuga uguharira ivyaha. Mu kigabane gikurikira, turaza kurimbura bimwebimwe mu bigereranirizo vyiza cane vyo muri Bibiliya biserura ukuntu Yehova aharira ivyaha agaherezako.

a Igishimishije ariko, muri Zaburi 103:13, iryo rivuga ry’igiheburayo ra·chamʹ rifitaniye isano n’impuhwe canke imbabazi sebibondo agirira abana biwe.

b Imvugo ngo «vyanka ko yihangana» ijambo ku rindi isobanura «umutima wiwe uba mugufi; ukwihangana kwiwe kurahera.» Bibiliya yitwa New English Bible ihavuga iti: «Ntiyari agishobora kwihanganira kubona ingorane Abisirayeli barimwo.» Iyindi (Tanakh​—A New Translation of the Holy Scriptures) ihahindura iti: «Ntiyashobora kwihanganira amarushwa Abisirayeli barimwo.»