Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 27

«Ewe kuntu ukumera neza kwiwe ari kwinshi!»

«Ewe kuntu ukumera neza kwiwe ari kwinshi!»

1, 2. Ukumera neza kwa Yehova gushika hehe, kandi Bibiliya ishimika gute kuri iyo kamere?

 ABAGENZI nka bangahe bari bamaze igihe kirekire batabonana bariko barihereza imfungurwa bicaye hanze hamwe, ku muco w’izuba ririko rirarenga, batwenga bongera baganira mu gihe bitegereza ukwo kuntu izuba ririko rirarenga. Kure cane y’aho, umurimyi aravye hanze mu mirima yiwe maze akamwenyura anezerewe kubera yuko ibicu vy’imvura birundanye mu kirere hanyuma amama ya mbere y’imvura akaba atanguye kugwa ku biterwa vyari binyotewe. Ahandi hantu na ho, umugabo n’umugore barahimbawe kubona umwana wabo atanguye kugerageza gutambuka.

2 Baba babizi canke batabizi, abo bantu bose baba bariko barungukira ku kintu kimwe, ni ukuvuga ku kumera neza kwa Yehova Imana. Abanyamadini kenshi baravuga ngo «Imana ni nziza.» Bibiliya irashimika rwose kurusha aho. Ivuga iti: «Ewe kuntu ukumera neza [kwayo] ari kwinshi!» (Zakariya 9:17) Mugabo bisa n’uko bakeyi muri iki gihe ari bo vy’ukuri bazi ico ayo majambo asobanura. None ukumera neza kwa Yehova Imana mu bisanzwe ni iki, kandi iyo kamere y’Imana igira ico ikoze gute kuri umwumwe wese muri twebwe?

Umuce wibonekeje w’urukundo rw’Imana

3, 4. Ukumera neza ni iki, kandi ni kubera iki ukumera neza kwa Yehova kwoshobora kudondorwa neza yuko ari uburyo aseruramwo urukundo rwiwe?

3 Muri Bibiliya, ijambo «ukumera neza» ryerekeza ku kumera neza guhebuje kwo mu mutima. Mu buryo bumwe rero, twoshobora kuvuga yuko Yehova yuzuye ukumera neza. Kamere ziwe zose, dushizemwo n’ububasha bwiwe, ubutungane bwiwe be n’ubukerebutsi bwiwe, ni nziza muri vyose. Yamara, ukumera neza kwoshobora kudondorwa neza yuko ari uburyo Yehova aseruramwo urukundo rwiwe. Kubera iki?

4 Ukumera neza ni kamere ikora, ibonekera mu bikorwa. Intumwa Pawulo yerekanye yuko mu bantu iyo kamere mbere ikwegera kuruta ubugororotsi. (Abaroma 5:7) Umuntu w’umugororotsi arashobora kwizigirwa yuko ashitsa adahemuka ibisabwa n’amategeko, mugabo umuntu mwiza we ntagarukiriza aho. Aribwiriza, akarondera uburyo bwo kwungura abandi ashirutse ubute. Nk’uko tuza kubibona, ni muri ubwo buryo Yehova ameze neza. Biratomoye, mwene ukwo kumera neza kuva mu rukundo rwa Yehova rutagira aho rugarukira.

5-7. Ni kubera iki Yezu yanse kwitwa «Mwigisha mwiza», kandi ni ukuri gushika kure ukuhe yemeje ico gihe?

5 Yehova kandi ni ntangere mu kumera neza kwiwe. Ata gihe kinini gisigaye ngo Yezu apfe, umugabo umwe yaramwegereye kugira ngo amubaze ikibazo, amuhamagara ngo «Mwigisha mwiza.» Yezu yamwishuye ati: «Kubera iki unyita mwiza? Nta n’umwe ari mwiza atari Imana.» (Mariko 10:17, 18) Urabona ko iyo nyishu ishobora kugutangaza. Ni kubera iki Yezu yakosoye nya mugabo? None, ubundi hoho Yezu ntiyari «Umwigisha mwiza»?

6 Biraboneka yuko nya mugabo yariko arakoresha amajambo ngo «Mwigisha mwiza» nk’izina ry’icubahiro ryo kumuryosharyosha. Yezu abigiranye ukwifata ruto, yerekeje ukuninahazwa mwene ukwo kuri Se wo mw’ijuru, we ameze neza mu buryo bw’agaheta. (Imigani 11:2) Ariko hariho kandi ukuri gushika kure Yezu yariko aremeza. Yehova wenyene ni we karorero mu gukora iciza. Ni we wenyene afise uburenganzira bwo gushinga iciza n’ikibi ico ari co. Igihe Adamu na Eva bagarariza bakarya ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi, bashaka kwiha ubwo burenganzira. Yezu ntiyabaye nka bo, yaricisha bugufi, ivy’ugushinga ingingo ngenderwako akabirekera Se.

7 Vyongeye, Yezu yari azi yuko Yehova ari we Soko ry’ikintu cose ciza. Ni we Mutanzi w’«ingabire nziza yose n’ingabire yose itagira akanenge.» (Yakobo 1:17) Nimuze twihweze ingene ukumera neza kwa Yehova kugaragarira mu kuntu atanga atitangiriye itama.

Ibimenyamenya vy’ukumera neza kwinshi kwa Yehova

8. Yehova yagiriye neza gute abantu bose?

8 Umuntu wese yigeze kubaho yarungukiye ku kumera neza kwa Yehova. Muri Zaburi 145:9 hagira hati: «Yehova ni mwiza kuri bose.» Ni uturorero tumwetumwe utuhe twerekana ko ameze neza kuri bose? Bibiliya ivuga iti: «Ntiyabuze kwishingira intahe mu gukora ivyiza. Yarabahaye imvura iva mw’ijuru n’ibihe vy’umwimbu, ibahaza ibifungurwa, yuzuza n’imitima yanyu umunezero.» (Ivyakozwe 14:17) Woba umaze kwumva uryohewe igihe uriko wihereza imfungurwa zifise akanovera? Iyo hataba ku bw’ukumera neza kwa Yehova ngo atunganye isi be n’inzinguzingu ituma haba amazi meza be n’«ibihe vy’umwimbu» kugira ngo haboneke imfungurwa nyinshi, emwe, nta woronse ico atamira. Yehova ntiyagiriye neza abamukunda gusa, mugabo yagiriye neza abantu bose. Yezu yavuze ati: «Atuma izuba ryakira ababi n’abeza, kandi agaha imvura abagororotsi n’abatari abagororotsi.»​—Matayo 5:45.

9. Icamwa c’ipome gitanga ikigereranirizo c’ukumera neza kwa Yehova gute?

9 Abantu benshi ntibaha agaciro ukwo gutanga cane, kubera babona bose bakwungukirako: izuba ribandanya kwaka, imvura ikabandanya kugwa, n’ibiringo vyiza vy’iyimbura bikaguma bihaba. Nk’akarorero, rimbura icamwa citwa ipome. Gikunze kuboneka mu ntara z’isi ziri hagati na hagati mu vy’ubushuhe n’ubukanye. Yamara, kiraryoheye ijisho, kikaryoha, kikaba kandi cuzuye amazi azimya inyota kikabamwo n’intungamubiri zihambaye. Wari uzi yuko kw’isi hariho ubwoko bw’ivyo vyamwa butandukanye bushika nko ku 7.500, bukagira amabara atandukanye: uri iritukura, irisa n’inzahabu, irisa n’umuhondo n’irisa n’urwatsi rutoto, mu bunini na ho kikaba gishobora gusumba urutomati gatoyi? Iyo ufashe mu minwe akabuto gatoyi k’ico camwa c’ipome, usanga gasa naho ata co kavuze. Mugabo muri ako kabuto havamwo kimwe mu biti vyizavyiza kuruta ibindi vyose. (Indirimbo ya Salomo 2:3) Uko impeshi ije igiti c’ipome kirashurikako ibigwibigwi vy’amashurwe meza; uko agatasi kaje nya giti kirama ivyamwa. Ku mwaka ku mwaka​—mu kiringo c’imyaka 75, igiti c’ipome kigereranye kirama ivyamwa vyokwuzura amakarato 20 y’ibiro 19 imwimwe!

Yehova «yarabahaye imvura iva mw’ijuru n’ibihe vy’umwimbu»

Muri aka kabuto kangana urwara, havamwo igiti gishobora kugaburira abantu no kubanezereza mu myaka mirongo

10, 11. Ubushobozi budufasha kumenya ibidukikije bugaragaza gute ukumera neza kw’Imana?

10 Mu kumera neza kwiwe kutagira aho kugarukira, Yehova yaraduhaye umubiri “waremwe mu buryo bw’agatangaza”, hamwe n’ubushobozi budufasha kumenya ibidukikije bwagenewe kudufasha kumenya ibikorwa vyiwe be no kubinezerererwa. (Zaburi 139:14) Subira wiyumvire vya bintu vyavugwa mu ntango y’iki kigabane. Ni ibintu ibihe tubona bitera umunezero kuri mwene ivyo bihe? Amatama y’umwana anezerewe. Imvura iriko iragwa mu mirima. Amabara atukura, ayasa n’inzahabu, ay’umutugutu aboneka iyo izuba ririko rirarenga. Ijisho ry’umuntu ryahinguwe ku buryo ribona amabara atandukanye ibihumbi amajana, canke mbere amamiliyoni! Kandi ubushobozi bwacu bwo kwumva burumva itandukaniro ry’urugero rw’ijwi mw’ijwi ryiza cane, agahwa k’umuyaga mu biti, agatwengo k’umwana mutoyi yishwe n’umunezero. Ni kubera iki dushobora kwinovora mwene ivyo bintu vyiza bibonwa n’amaso be na mwene ayo majwi? Bibiliya ivuga iti: «Ugutwi kwumva be n’ijisho ribona, vyose ni Yehova yabikoze.» (Imigani 20:12) Mugabo ubwo ni bubiri gusa muri bwa bushobozi dufise bwo kumenya ibidukikije.

11 Ukumoterwa ni ikindi kimenyamenya c’ukumera neza kwa Yehova. Izuru ry’umuntu rirashobora gutandukanya utumoto dutandukanye twinshi cane, utugereranywa ko tuva ku bihumbi gushika ku ma miliyaridi n’amamiliyaridi. Iyumvire dukeyi muri two: Imfungurwa ukunda, amashurwe, amababi yahungurutse, akotsi kayengera kava ku gacanwa. Ubushobozi bw’ukwumva ikigukozeko buragushoboza kwumva ukuntu akayaga kaguhuhera mu maso, ukumva uwo ukunda akugumbiranye igishika, ukumva ugufyondeka kw’icamwa uba ufise mu minwe. Iyo uriyeko gatoyi, ubushobozi bwo kwumva akanovera buca bukora. Ubwoko butandukanye bw’akanovera bugiye hamwe buragutera akamwemwe igihe uduhimba two kwumviriza akanovera tw’ururimi dutumye wumviriza uburyohe bw’ico camwa. Egome, turafise imvo zumvikana zo kwikugura ku vyerekeye Yehova duti: «Ese ingene ubuntu bwawe ari bwinshi! Ivyiza ubikiye abagutinya ni vyinshi.» (Zaburi 31:19) Ariko none, Yehova yabikiye gute ukumera neza abamwubaha?

Ukumera neza kuzana ivyiza vyamaho

12. Ni intunganyo izihe ziva kuri Yehova zihambaye kuruta ibindi bintu, kandi kubera iki?

12 Yezu yavuze ati: «Vyanditswe ngo: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, ahubwo akwiye kubeshwaho n’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehova.”» (Matayo 4:4) Kukaba nkako, intunganyo za Yehova zo mu vy’impwemu zirashobora kutugirira mbere n’ivyiza biruta ibintu vy’umubiri, kubera yuko zijana mu buzima budahera. Mu kigabane ca 8 c’iki gitabu, twarabonye yuko Yehova yakoresheje ububasha bwiwe bwo gusubiza ibintu mu buryo muri iyi misi y’iherezo kugira ngo ashireho iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. Umuce nyamukuru w’iyo paradizo ni umuyoro w’imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu.

13, 14. (a) Umuhanuzi Ezekiyeli yeretswe iki, kandi ivyo bisobanura iki kuri twebwe muri iki gihe? (b) Ni ibintu ibihe Yehova yahaye abasavyi biwe bizotuma baronka ubuzima budahera?

13 Muri bumwe mu buhanuzi bwa Bibiliya buhambaye bwerekeye ugusubiza ibintu mu buryo, umuhanuzi Ezekiyeli yareretswe urusengero rwasubijwe umutamana kandi rwaninahajwe. Amazi yatemba ava muri urwo rusengero, akaguma aba menshi kandi aba ayimbitse gushika aho acika uruzi. Aho urwo ruzi rwatembera hose rwarahazana imihezagiro. Ku nkengera zarwo hariho ibiti vyinshi vyatanga imfungurwa bikongera bigakiza. Urwo ruzi mbere rwaranatuma mu kiyaga c’Umunyu kitarimwo ubuzima habamwo ubuzima n’ukurondoka! (Ezekiyeli 47:1-12) Ariko none ivyo vyose vyasobanura iki?

14 Iryo yerekwa ryerekeye urusengero ryasobanura yuko Yehova yotumye bishoboka ko abantu bosubira kumusenga mu buryo bubereye. Cokimwe n’urwo ruzi yeretswe, ibintu Imana yatunganije ku bw’ubuzima vyosesekaye ku basavyi bayo bikagenda birushiriza kugwirirana. Kuva aho ugusenga gutyoroye gusubirijwe umutamana mu 1919, Yehova yarahezagiye abasavyi biwe mu kubatunganiriza ibintu bizotuma baronka ubuzima. Uti gute? Emwe, Bibiliya, ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, amakoraniro be n’amahwaniro vyose vyarafashije mu gutuma abantu amamiliyoni baronka ukuri kwa nkenerwa. Biciye kuri mwene ubwo buryo, Yehova yarigishije abantu ivyerekeye ibintu bihambaye kuruta ibindi yatunganije ku bw’ubuzima, ni ukuvuga incungu ya Kristu, ino ikaba ituma bishoboka kugira impagararo itanduye imbere ya Yehova be n’icizigiro c’ubuzima budahera ku bantu bose bakunda Imana kandi bakayitinya koko. a Kubera ico, muri iyi misi y’iherezo, mu gihe isi yose yicwa n’inzara yo mu vy’impwemu, abasavyi ba Yehova barinovora amazimano yo mu vy’impwemu.​—Yesaya 65:13.

15. Ni mu buryo ubuhe ukumera neza kwa Yehova kuzosesekara ku bantu b’abizigirwa mu gihe c’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi?

15 Mugabo uruzi rwo mw’iyerekwa rya Ezekiyeli ntirureka gutemba igihe iyi si mbi igeze kw’iherezo ryayo. Ahubwo riho, ruzorushiriza mbere kwongerekana cane kuruta mu gihe c’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Maze biciye ku Bwami bwa Mesiya, Yehova azokoresha agaciro kuzuye k’incungu ya Yezu, buhorobuhoro agende arashikana abantu ku gutungana. Mbega ukuntu tuzoheza tukigina ukumera neza kwa Yehova!

Iyindi mice y’ukumera neza kwa Yehova

16. Bibiliya yerekana gute yuko ukumera neza kwa Yehova kurimwo n’izindi kamere, kandi zimwezimwe muri izo kamere ni izihe?

16 Ukumera neza kwa Yehova si ugutanga atitangiriye itama gusa. Imana yabwiye Musa iti: «Nzokwereka ukumera neza kwanje kwose kandi nzokumenyesha izina ryanje Yehova.» Mu nyuma iyo nkuru ivuga iti: «Yehova aca imbere yiwe, amumenyesha ati: “Ndi Yehova, ndi Yehova, Imana y’imbabazi n’ubuntu, iteba gushavura kandi yuzuye urukundo n’ukuri”.» (Kuvayo 33:19; 34:6, akajambo k’epfo) Rero ukumera neza kwa Yehova kurimwo kamere nziza nyinshi. Nimuze turimbure zibiri gusa muri izo.

17. Ubuntu ni iki, kandi Yehova yabugaragarije gute abantu badatunganye?

17 «Ubuntu.» Iyo kamere iratubwira vyinshi ku vy’ukuntu Yehova afata ibiremwa vyiwe. Aho kuba umuntu agoye, atagira igishika canke atwaza umukazo nk’uko bimeze ku bantu b’abanyabubasha, Yehova aritonda kandi akaba umunyabuntu. Nk’akarorero, Yehova yabwiye Aburahamu ati: «Ndagusavye wunamure amaso, urabe mu buraruko no mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero.» (Itanguriro 13:14) Impinduro nyinshi zirakuramwo ijambo «ndagusavye.» Mugabo abahinga benshi mu vya Bibiliya bavuga yuko amajambo yo mu giheburayo co mu ntango arimwo n’agahimba k’ijambo gatuma iryo ryungane rihinduka rikava kw’itegeko rikaba iryungane ryo gusabana urupfasoni. Hariho n’ahandi hantu hameze nk’aho. (Itanguriro 31:12; Ezekiyeli 8:5) Umve ntuze, Segaba w’ibiriho vyose akabwira abantu buntu ngo «ndagusavye»! Mw’isi usanga yuzuyemwo ugukara, ugusotorana be n’ukutubahana, wumva none bitaruhura kwihweza ukumera neza kw’Imana yacu Yehova?

18. Ni mu buryo ubuhe Yehova ari Imana «yuzuye . . . ukuri», kandi ni kubera iki ayo majambo adusubiriza umutima mu nda?

18 «Yuzuye . . . ukuri.» Kutavugisha ukuri biriraye mw’isi ya kino gihe. Mugabo Bibiliya iratwibutsa iti: «Imana si umuntu ngo ibeshe.» (Guharura 23:19) Kukaba nkako, muri Tito 1:2 havuga yuko «Imana idashobora kubesha.» Ukumera neza kwa Yehova kurarengeye ibintu nk’ivyo. Gutyo, imihango Yehova yatanze ni iyo kwizigirwa bimwe biherejeko; ivyo avuga vyama nantaryo biranguka ata kabuza. Yehova mbere yitwa «Imana y’ukuri.» (Zaburi 31:5, akajambo k’epfo) Si uko gusa yirinda kuvuga ibinyoma, mugabo aratanga ukuri kwinshi. Si uwigunga atagira akajambo womwumvako canke ngo abe uwugira akantu kose ibanga; ahubwo riho abigiranye ubutanzi bwa cane araboneshereza abasavyi biwe b’abizigirwa mu kubaha ku bukerebutsi afise butagira aho bugarukira. b Mbere arabigisha uburyo bwo kubaho bisunga ukuri atanga, kugira ngo bashobore «[ku]bandanya kukugenderamwo.» (3 Yohani 3) None muri rusangi, ukumera neza kwa Yehova gukwiye kugira ico kudukozeko gute umwumwe ukwiwe?

“Kayangana kubera ukumera neza kwa Yehova”

19, 20. (a) Ni gute Shetani yarondeye gusenyura ukwizigira ukumera neza kwa Yehova Eva yari afise, kandi ingaruka yabaye iyihe? (b) Ukumera neza kwa Yehova gukwiye kutugirako akosho akahe, kandi kubera iki?

19 Igihe Shetani yagerageza Eva mu busitani bwa Edeni, abigiranye urwenge, yatanguriye ku gusenyura ukwizigira ukumera neza kwa Yehova yari afise. Yehova yari yabwiye Adamu ati: «Ivyamwa vy’ibiti vyose vyo muri iri tongo urashobora kubirya uko ushaka.» Ku biti ibihumbi n’ibihumbi bitegerezwa kuba vyari vyuzuye muri iryo tongo, igiti kimwe gusa ni co Yehova yari yababujije kuryako. Yamara, raba ukuntu Shetani yabajije Eva ikibazo ciwe ca mbere: «Imana yoba yaravuze vy’ukuri yuko mudakwiye kurya ivyamwa vy’igiti na kimwe co muri iri tongo?» (Itanguriro 2:9, 16; 3:1) Shetani yaragoretse amajambo ya Yehova kugira ngo atume Eva yiyumvira yuko Yehova hari ikintu ciza yari yababujije. Ikibabaje, urwo rwenge rwarashitse aho ashaka. Cokimwe n’abagabo benshi be n’abagore benshi babayeho inyuma yiwe, Eva yaratanguye gukekeranya ku kumera neza kw’Imana, iyari yaramuhaye ikintu cose yari afise.

20 Turazi intuntu n’umubabaro vyazanywe n’ukwo gukekeranya. Nimuze rero dushire ku mutima amajambo yo muri Yeremiya 31:12 agira ati: «[Bazokayangana] kubera ukumera neza kwa Yehova.» Ukumera neza kwa Yehova gukwiye vy’ukuri gutuma twuzura umunezero. Dukwiye kutigera tugira amakenga ku mvo Imana ikorana ikintu kanaka, yo yuzuye ukumera neza. Turashobora kuyizigira tugaherezako, kubera ko ishakira iciza abayikunda.

21, 22. (a) Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe wipfuza kugira ico ukoze kubera ukumera neza kwa Yehova? (b) Ni kamere iyihe turimbura mu kigabane gikurikira, kandi itandukanye gute n’ukumera neza?

21 Vyongeye, igihe turonse akaryo ko kubwira abandi ivyerekeye ukumera neza kwa Yehova, biraduhimbara. Ku vyerekeye abasavyi ba Yehova, muri Zaburi 145:7 hagira hati: «Nibibuka ukumera neza kwawe kwinshi, bazogushemeza bisubiriza.» Umusi wose tumara, turungukira mu buryo kanaka ku kumera neza kwa Yehova. Ntivyoba vyiza none wimenyereje buri musi gukengurukira Yehova ku bw’ukumera neza kwiwe, ukagerageza kuvuga udomako uko bishoboka kwose? Kuzirikana kuri iyo kamere, gukengurukira Yehova ku musi ku musi ku bw’iyo kamere be no kuyibwira abandi, bizodufasha kwigana Imana yacu irangwa n’ukumera neza. Kandi uko turondera uburyo bwo gukora ivyiza nk’uko Yehova abikora, tuzorushiriza kumwiyegereza. Intumwa Yohani uwari ageze mu zabukuru yanditse iti: «Muvukanyi nkunda, ntiwigane ikibi, ahubwo niwigane iciza. Uwukora iciza aba akomoka ku Mana.»​—3 Yohani 11.

22 Ukumera neza kwa Yehova kandi kurafitaniye isano n’izindi kamere. Nk’akarorero, Imana «yuzuye urukundo [canke, «urukundo rudahemuka (rudahera)» akajambo k’epfo].» (Kuvayo 34:6) Iyo kamere irafise aho igarukira kuruta ukumera neza, kubera yuko Yehova ayigaragariza canecane abasavyi biwe b’abizigirwa. Mu kigabane gikurikira, turaza kuraba ukuntu ivyo abigira.

a Nta karorero k’ukumera neza kwa Yehova kariho gahambaye kuruta incungu. Mu biremwa vy’impwemu amamiliyoni n’amamiliyoni yari gutoramwo, Yehova yarobanuyemwo Umwana wiwe mukundwa kandi w’ikinege kugira ngo adupfire.

b Akenshi Bibiliya isanisha ukuri n’umuco. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: «Nurungike umuco wawe n’ukuri kwawe.» (Zaburi 43:3) Yehova arakiriza umuco wo mu buryo bw’impwemu mwinshi cane abafise umutima ukunze wo kwigishwa na we, ari kwo kumurikirwa na we.​—2 Abakorinto 4:6; 1 Yohani 1:5.