Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 31

«Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza»

«Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza»

1-3. (a) Dushobora kwigira iki ku kuntu abantu basanzwe bameze iyo twitegereje imigenderanire iba hagati y’abavyeyi n’akana kabo? (b) Mu bisanzwe bigenda gute mu gihe umuntu kanaka atugaragarije urukundo, kandi ni ikibazo gihambaye ikihe dushobora kwibaza?

 ABAVYEYI barahimbarwa no kubona uruyoya rwabo rubamwenyurira. Akenshi baregereza mu maso habo ah’urwo ruyoya, bakaruvugisha bongera barumwenyurira n’igishika. Baba bashashaye kubona ingene nya kana gaca kagira. Kandi ata mwanya munini uhaciye, karagira ikintu: uza ubona udutama tw’ako kana twegerana, utunwa tukihinga, ukaza ubona karamwenyuye bimwe bihimbaye. Muri ubwo buryo buciye bugufi, ukwo kumwenyura gusa n’uguserura igishika, urukundo rw’intango rw’ako kana mu kwishura urwa nya bavyeyi.

2 Ukumwenyura kw’ako kana kuratwibutsa ikintu gihambaye cerekeye ukuntu abantu basanzwe bameze. Iyo tugaragarijwe urukundo, natwe duca turugaragaza. Ukwo ni ko turemwe. (Zaburi 22:9) Uko dukura, tugenda turarushiriza kugaragariza urukundo abarutugaragarije. Kumbure urashobora kwibuka mu bwana bwawe ingene abavyeyi bawe, incuti, canke abagenzi baguserurira urukundo. Mu mutima wawe haratsimbataye inyiyumvo y’igishika yaciye ishinga imizi, irakura, hanyuma ibonekera mu bikorwa. Ivyo vyatuma nawe ugaragaza urukundo ufise. None ibintu nk’ivyo vyoba ari vyo biriko biraba mu bucuti ufitaniye na Yehova Imana?

3 Bibiliya ivuga iti: «Twebwe turakunda, kuko ari yo yabanje kudukunda.» (1 Yohani 4:19) Mu gihimba ca 1 gushika ku ca 3 vy’iki gitabu, wibukijwe yuko Yehova Imana yagaragaje ububasha, ubutungane, be n’ubukerebutsi mu buryo burangwa n’urukundo ku neza yawe. Mu gihimba ca 4 na ho, wabonye yuko yagaragarije urukundo rwiwe umuryango w’abantu, na wewe ubwawe ku ruhande rwawe, mu buryo bwibonekeje. Ubu na ho hari ikibazo gica kivyuka. Ku ruhande rumwe, ni co kibazo gihambaye kuruta ibindi ushobora kwibaza: “Nzokwishura iki urukundo rwa Yehova?”

Ico gukunda Imana bisobanura

4. Ni mu buryo ubuhe abantu bigishijwe ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye ico ugukunda Imana bisobanura?

4 Yehova, we Nkomoko y’urukundo, arazi neza yuko urukundo rufise ububasha ntangere bwo gutuma iciza kiri mu bandi cibonekeza. Rero, naho abantu b’abahemu babandanije kugarariza, we yagumye yizigiye yuko hariho abovyuriwe umutima wo kumukunda nk’uko abakunda. Kandi, mu vy’ukuri abantu amamiliyoni barabikoze. Ariko rero ikibabaje, amadini y’iyi si yononekaye yarigishije abantu ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye ico gukunda Imana bisobanura. Abantu badaharurwa bavuga yuko bakunda Imana, mugabo basa n’abiyumvira yuko urukundo mwene urwo ari inyiyumvo gusa itegerezwa guserurwa mu majambo. Gukunda Imana vyoshobora gutangura muri ubwo buryo, nka kumwe nyene urukundo akana gakunda abavyeyi rwoshobora kubanza kubonekera mu kumwenyura. Ariko rero, mu bantu bakuze urukundo rujamwo n’ibindi.

5. Bibiliya isigura gute ugukunda Imana, kandi ni kubera iki iyo nsiguro ikwiye kudukwegera?

5 Yehova aravuga ico ukumukunda bisobanura. Ijambo ryiwe rivuga riti: «Iki ni co gukunda Imana bisobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo.» Ugukunda Imana rero, bitegerezwa kugaragarira mu bikorwa. Ego ni ko, benshi ntibasanga iciyumviro c’ukugamburuka kibakwegera. Mugabo uwo murongo nyene, ubigiranye ubuntu, wongerako uti: «Kandi amabwirizwa yayo ntaremereye.» (1 Yohani 5:3) Ivyagezwe vya Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe vyashiriweho kutugirira akamaro, ntivyashiriweho kuduhahaza. (Yesaya 48:17, 18) Ijambo ry’Imana ryuzuyemwo ingingo ngenderwako zidufasha kuyiyegereza. Uti gute? Nimuze twihweze imice itatu y’ubucuti tugiranira n’Imana, akaba ari ukuganira na yo, ukuyisenga no kuyigana.

Ukuganira na Yehova

6-8. (a) Dushobora kwumviriza Yehova biciye mu buhe buryo? (b) Dushobora gute gutuma Ivyanditswe biba bizima igihe turiko turabisoma?

6 Ikigabane ca 1 catanguranye n’ikibazo kibaza giti: «Woba ushobora kwiha ishusho mu bwenge uriko urayaga n’Imana?» Twarabonye yuko ico atari iciyumviro umuntu yiha gusa. Mu vy’ukuri, Musa yaragiraniye na yo mwene ico kiyago. Tweho bite? Muri iki gihe Yehova ntatuma abamarayika biwe kuyaga n’abantu. Mugabo Yehova arafise uburyo budasanzwe bwo kuganira natwe muri iki gihe. Dushobora kwumviriza Yehova gute?

7 Kubera yuko «Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana», turumviriza Yehova mu gusoma Ijambo ryiwe Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16) Ni co gituma umwanditsi wa Zaburi yahimirije abasavyi ba Yehova gusoma Ijambo ry’Imana «ijoro n’umurango.» (Zaburi 1:1, 2) Ivyo bidusaba akigoro gakomeye. Mugabo utwigoro mwene utwo si utw’impfagusa. Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 18, Bibiliya imeze nk’ikete ry’agaciro Dawe wa twese w’umunyarukundo yatwandikiye. Rero kuyisoma ntibikwiye kuba ivyo gupfa guheza umwuga. Igihe dusoma Ivyanditswe dutegerezwa gutuma biba bizima. Ivyo dushobora kubigira gute?

8 Numere nk’aho ubona ibiba mu nkuru za Bibiliya igihe usoma. Gerageza kubona abavugwa muri Bibiliya nk’abantu bariho koko. Rondera gutegera kahise kabo, uko ivyabo vyifashe be n’imvo bakorana ibintu. Nuheze uzirikane cane ku vyo usoma, wibaze mwene ibi bibazo: “Iyi nkuru inyigisha iki ku vyerekeye Yehova? Ni kamere iyihe mu zo afise mbona muri iyi nkuru? Ni ingingo ngenderwako iyihe Yehova ashaka ko niga, kandi nshobora gute kuyishira mu ngiro mu buzima bwanje?” Soma, uzirikane maze ubishire mu ngiro, hanyuma uko ubigira Ijambo ry’Imana rizokubera rizima.​—Zaburi 77:12; Yakobo 1:23-25.

9. «Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge» ni nde, kandi ni kubera iki bihambaye yuko twumviriza uwo «mushumba» twitonze?

9 Yehova kandi aratuvugisha biciye kuri wa «mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.» Nk’uko Yezu yari yarabibuye, harashizweho umugwi mutoyi w’abakirisu barobanuwe ngo utange «ibifungurwa igihe kigeze» muri iyi misi y’iherezo ivurunganye. (Matayo 24:45-47) Igihe dusoma ibisohokayandikiro vyateguwe kugira ngo bidufashe kuronka ubumenyi butagira amakosa bwo muri Bibiliya be n’igihe twitaba amakoraniro n’amahwaniro ya gikirisu, tuba turiko turagaburirwa mu buryo bw’impwemu n’uwo mushumba. Kubera yuko ari umushumba wa Kristu, turashira mu ngiro tubigiranye ubukerebutsi amajambo ya Yezu agira ati: «Mwitwararike . . . ukuntu mwumviriza.» (Luka 8:18) Turumviriza twitonze kubera twemera yuko uwo mushumba w’umwizigirwa ari bumwe mu buryo Yehova akoresha mu kuganira natwe.

10-12. (a) Ni kubera iki isengesho ari ingabirano nziza cane iva kuri Yehova? (b) Dushobora gute gusenga mu buryo bunezereza Yehova, kandi ni kubera iki twoshobora kwizigira yuko aha agaciro amasengesho dutura?

10 Ariko none tuvuge iki ku vyerekeye ukuganira n’Imana? Mbega twoshobora kuganirira Yehova? Ico ni iciyumviro giteye ubwoba. Hamwe woba ugomba kwegera umutegetsi w’ububasha kuruta abandi mu gihugu ubamwo kugira ngo umubwire ibikuraje ishinga, kubishikako vyokworohera? Mu bihe bimwebimwe, kubigerageza vyonyene vyohakwa kugukwegera ingorane! Mu misi ya Esiteri na Morudekayi, umuntu yarashobora kwicwa bivuye ku kuba yegereye umwami w’Abaperesi, igihe ata butumire afise bwatanzwe n’umwami. (Esiteri 4:10, 11) Ubu na ho ca wiyumvira uje imbere y’Umukama Segaba w’ibiriho vyose, umwe imbere yiwe n’abantu mbere b’abanyabubasha kuruta abandi “bameze nk’uduhori.” (Yesaya 40:22) Mbega none twoba dukwiye kwumva dutinye ku buryo tutokwubahuka kumwegera? Habe namba!

11 Yehova yaratanze uburyo uwo ari we wese ashobora kwungukirako, kandi bworoshe, bwo kumwiyegereza, na bwo bukaba ari isengesho. Mbere n’umwana mutoyi cane arashobora gusenga Yehova mu kwizera, ivyo akabigira mw’izina rya Yezu. (Yohani 14:6; Abaheburayo 11:6) Yamara, isengesho riratuma kandi dushobora guserura ivyiyumviro vyacu be n’inyiyumvo zacu bwite bigoye kuruta, mbere n’ibibabaje tubona yuko bigoye kuvuga. (Abaroma 8:26) Si vyiza kugerageza gutangaza Yehova mu gutura amasengesho agizwe n’amajambo menshi aza yisesa, ahinguwe canke maremare. (Matayo 6:7, 8) Ku rundi ruhande, Yehova ntadushingira igipimo tudakwiye kurenza ku kuntu ivyo tumubwira bikwiye kungana be no ku ncuro dukwiye kubimubwira. Mbere Ijambo ryiwe ridusaba “gusenga igihe cose.”​—1 Abatesalonika 5:17.

12 Ibuka yuko Yehova ari we wenyene yitwa “uwumva amasengesho”, kandi akaba yumviriza abigiranye impuhwe nyinshi. (Zaburi 65:2) Yoba apfa gusa kwihanganira amasengesho abasavyi biwe b’abizigirwa bamutura? Oya, mu bisanzwe aramuhimbara. Ijambo ryiwe rigereranya amasengesho mwene ayo n’imibavu, imwe usanga iyo ituriwe itanga akotsi kaduga kamota neza, karuhura. (Zaburi 141:2; Ivyahishuwe 5:8; 8:4) None ntibihumuriza kwiyumvira yuko amasengesho dutura avuye ku mutima aduga nk’ukwo nyene kandi agatuma Umukama Segaba anezerwa? Rero, nimba ushaka kwiyegereza Yehova, numusenge kenshi wicishije bugufi, imisi yose. Numuserurire ibiri ku mutima; ntihagire na kimwe umunyegeza. (Zaburi 62:8) Bwira Dawe wa twese wo mw’ijuru ibikuraje ishinga, ibikunezera, umukengurukire wongere umushemeze. Ivyo bizotuma ubucuti buri hagati yawe na we burushiriza kuza burakomera.

Gusenga Yehova

13, 14. Gusenga Yehova bisobanura iki, kandi ni kubera iki bikwiriye ko tumusenga?

13 Iyo tuganira na Yehova Imana, ntituba gusa turiko turumviriza twongera tuvuga nk’uko dushobora kubigiranira n’umugenzi canke incuti. Tuba mu vy’ukuri turiko turasenga Yehova, tukamutera iteka rirangwa n’icubahiro akwiriye cane. Ugusenga kw’ukuri ni kwo kugenga ubuzima bwacu bwose uko bungana. Ni bwo buryo duserurira Yehova ko tumukunda kandi tukamuyobokera n’ubuzima bwacu bwose, kukongera kugatuma ibiremwa vya Yehova vyose vy’intahemuka vyunga ubumwe, vyaba ibiri mw’ijuru canke ibiri kw’isi. Mu vyo intumwa Yohani yeretswe, yarumvise umumarayika ariko aratangaza iri tegeko: «Nimusenge . . . umwe yarema ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko y’amazi.»​—Ivyahishuwe 14:7.

14 Ni kubera iki dukwiye gusenga Yehova? Iyumvire kamere twarimbuye, nk’ubweranda, ububasha, ukwigumya, ubutungane, umutima rugabo, imbabazi, ubukerebutsi, ukwicisha bugufi, urukundo, impuhwe, ukudahemuka be n’ukumera neza. Twabonye yuko Yehova agaragaza kamere yose y’agaciro ku rugero rwo hejuru, hejuru cane hashoboka. Iyo tugerageje gutegera kamere ziwe zose tuzishize hamwe, turabona yuko atari gusa uwuhambaye dutangarira. Araninahaye mu buryo buteye akoba, akaba ari hejuru yacu bimwe bitagira urugero. (Yesaya 55:9) Nta gukekeranya, Yehova ni we Segaba wacu abikwiriye, kandi nta mazinda yuko akwiriye ko tumusenga. Ariko none, dukwiye gusenga Yehova gute?

15. Dushobora gute gusenga Yehova «mu mpwemu no mu kuri», kandi ni akaryo akahe amakoraniro ya gikirisu aturonsa?

15 Yezu yavuze ati: «Imana ni Impwemu, kandi abayisenga bategerezwa kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.» (Yohani 4:24) Kugira dusenge Imana «mu mpwemu», dutegerezwa kuba dufise impwemu yayo kandi tukayoborwa na yo. Dukwiye kandi gusenga mu buryo buhuye n’ukuri, akaba ari ubumenyi butagira amakosa dusanga mw’Ijambo ry’Imana. Turi n’akaryo keza cane ko gusenga Yehova «mu mpwemu no mu kuri» igihe ico ari co cose dukoraniye hamwe n’abo dusangiye ugusenga. (Abaheburayo 10:24, 25) Igihe turirimbira Yehova amashemezo, tukifatanya mu masengesho aturwa, kandi tukumviriza tukongera tukagira uruhara igihe Ijambo ryiwe ririko rirarimburwa, tuba duseruye urukundo tumukunda mu gusenga gutyoroye.

Amakoraniro ya gikirisu ni ibihe biteye umunezero vyo gusenga Yehova

16. Rimwe mu mategeko ahambaye yahawe abakirisu ni irihe, kandi ni kubera iki twumva tugoberewe kurigamburuka?

16 Turasenga kandi Yehova igihe tubwira abandi ibimwerekeye, tukamushemeza izuba riva. (Abaheburayo 13:15) Kukaba nkako, kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bwa Yehova ni rimwe mu mategeko ahambaye yahawe abakirisu. (Matayo 24:14) Turagamburuka tubigiranye umwete kubera yuko dukunda Yehova. Iyo twiyumviriye uburyo «imana y’iyi si», Shetani wa Mubesheranyi, “yahumye ubwenge bw’abatemera”, agakwiragiza ibinyoma vy’akamaramaza kuri Yehova, ntitwipfuza cane none kuba Ivyabona vy’Imana yacu, tugakosora mwene ako gacokoro? (2 Abakorinto 4:4; Yesaya 43:10-12) Kandi iyo tuzirikanye kuri kamere z’agatangaza za Yehova, ntitwiyumvamwo none icipfuzo co kubwira abandi ibimwerekeye kigenda kirongerekana? Vy’ukuri, nta gateka gashobora kubaho gahambaye kuruta ako gufasha abandi kumenya Dawe wa twese wo mw’ijuru no kumukunda nk’uko tubigira.

17. Ugusenga Yehova kwacu kurimwo n’iki, kandi ni kubera iki dutegerezwa gusenga ata kudohoka?

17 Ugusenga Yehova kwacu mbere kurimwo n’ibindi. Kurerekeye umuce wose w’ubuzima bwacu. (Abakolosayi 3:23) Nimba vy’ukuri twemera ko Yehova ari Umukama Segaba wacu, tuzorondera rero gukora ivyo agomba mu kintu cose, haba mu rugo iwacu, ku kazi dukora, mu vyo dukorana n’abandi canke mu mwanya wacu w’akaruhuko. Tuzorondera gukorera Yehova «n’umutima wa[cu] wose», tutadohoka. (1 Ngoma 28:9) Ugusenga mwene ukwo ntikwemera udutima tubiri canke ubuzima burimwo tubiri, ni ukuvuga bwa buzima usanga burangwa n’uburyarya bwo kwerekana ko dusukurira Yehova kandi tubandanya gukora ibicumuro bikomeye mu mpisho. Ukutadohoka gutuma mwene ubwo buryarya budashoboka; urukundo rutuma ubwo buryarya buba ubushisha. Ugutinya Imana na kwo nyene kuzofasha. Bibiliya isanisha mwene ukwo gutinya n’ubucuti somambike tubandanya kugiranira na Yehova.​—Zaburi 25:14.

Kwigana Yehova

18, 19. Ni kubera iki twoshobora kuvuga ko abantu badatunganye bashobora kwigana Yehova Imana?

18 Igihimba kimwekimwe cose c’iki gitabu casozerewe n’ikigabane kivuga uburyo bwo “kwigana Imana nk’abana ikunda cane.” (Abanyefeso 5:1) Birahambaye kwibuka yuko naho turi abantu badatunganye, dushobora vy’ukuri kwigana uburyo butunganye Yehova akoresha ububasha, uburyo akurikiza ubutungane, uburyo akora ibintu mu bukerebutsi be n’uburyo agaragaza urukundo. Tuzi gute yuko kwigana Mushoboravyose bishoboka vy’ukuri? Ibuka yuko insobanuro y’izina rya Yehova itwigisha yuko ashobora gucika ikintu ico ari co cose ashaka kugira ngo arangure imigambi yiwe. Mu buryo bukwiriye, turaterwa akoba n’ubwo bushobozi. None kwigana Yehova vyoba bishoboka? Cane nyene.

19 Twebwe twaremwe mw’ishusho y’Imana. (Itanguriro 1:26) Ku bw’ivyo abantu ntibameze nk’ibindi biremwa vyo kw’isi. Ntitugenza itima, kamere ndemanwa, canke ibintu vyo mu bidukikije. Yehova yaraduhaye ingabirano y’agaciro, na yo ikaba ari umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Naho dufise ivyo tudashobora gushikako, tukaba kandi tudatunganye, turafise umwidegemvyo wo guhitamwo ico tuzovamwo. N’ikindi kandi, niwibuke ko izina ry’Imana risobanura kandi ko ashobora gutuma abamusenga bacika ico ari co cose yipfuza. Woba none wipfuza kuba umuntu arangwa n’urukundo, w’inkerebutsi, akurikiza ubutungane kandi akoresha ububasha bwiwe mu buryo bugororotse? Ufashijwe n’impwemu ya Yehova, urashobora kumera neza na neza gutyo! Ca wiyumvira ivyiza uzoheza ugashikako.

20. Ni ivyiza ibihe turangura igihe twigana Yehova?

20 Uzohimbara Dawe wa twese wo mw’ijuru, utume umutima wiwe unezerwa. (Imigani 27:11) Urashobora mbere no “kumushimisha bimwe bishitse” kubera ko atahura aho ugeza. (Abakolosayi 1:9, 10) Kandi uko ubandanya gutsimbataza kamere nziza mu kwigana So mukundwa, uzoterwa agateka gahambaye. Mw’isi yuzuye umwiza kandi yonkowe ku Mana, uzoba intwaramuco. (Matayo 5:1, 2, 14) Uzofasha kumenyekanisha hirya no hino kw’isi ibintu bimwebimwe biranga kamere ininahaye ya Yehova. Umve ntuze ako gateka!

«Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza»

Ese wokwama nantaryo urushiriza kwiyegereza Yehova

21, 22. Ni urugendo rudahera uruhe ruri imbere y’abakunda Yehova bose?

21 Ukwo guhimiriza gusanzwe kuri muri Yakobo 4:8, si ihangiro gusa. Ni urugendo. Igihe cose tuzoguma turi abizigirwa, urwo rugendo ntiruzokwigera rurangira. Ntituzokwigera duhagarika kurushirizaho kwiyegereza Yehova. Nakare, hazokwama nantaryo hariho vyinshi vyo kwiga ku bimwerekeye. Ntidukwiye kwiyumvira yuko iki gitabu catwigishije ibintu vyose biriho vyerekeye Yehova. Erega, ni nk’aho twari tugitangura kurimbura ibintu vyose Bibiliya ivuga ku vyerekeye Imana yacu! Na Bibiliya ubwayo ntitubwira ibintu vyose biriho vyomenywa ku vyerekeye Yehova. Intumwa Yohani yavuze yuko iyo handikwa ikintu cose Yezu yakoze mu kiringo c’ubusuku yaranguye kw’isi, «isi itoshoboye gukwirwamwo imizingo vyanditswemwo.» (Yohani 21:25) Nimba hoshobora kuvugwa ikintu mwene ico ku Mwana w’Imana, ese ukuntu corushiriza kuvugwa kuri Se!

22 Eka mbere n’ubuzima budahera ntibuzotuma duheza kwiga ivyerekeye Yehova. (Umusiguzi 3:11) Iyumvire rero ibintu twiteze. Nitwamara kubaho imyaka amajana, ibihumbi, amamiliyoni mbere n’amamiliyaridi, tuzomenya vyinshi rwose vyerekeye Yehova Imana kuruta ivyo tuzi ubu. Mugabo tuzoguma twiyumvamwo yuko hakiri ibintu vy’igitangaza bidaharurwa vyo kwiga. Tuzoba dushashaye kwiga vyinshi, kubera yuko tuzokwama nantaryo dufise imvo yo kwiyumva nka kumwe umwanditsi wa Zaburi yiyumva, we yaririmvye ati: «Kwegera Imana bimbera vyiza.» (Zaburi 73:28) Ubuzima budahera buzoba ari bwiza cane kandi burimwo vyinshi bimwe bitavugwa, kandi kuza turarushiriza kwiyegereza Yehova bizokwama nantaryo ari kimwe mu bintu bimara akanyota kuruta.

23. Uremeshejwe gukora iki?

23 Ese wokwemera urukundo rwa Yehova ubu, mu kumukunda n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’umuzirikanyi wawe wose be n’inkomezi zawe zose. (Mariko 12:29, 30) Ese urukundo rwawe rwoba urudahemuka kandi rugashikama. Ese ingingo zose ufata ku musi ku musi, kuva kuri ntoya ya zose gushika ku zihambaye kuruta, zogaragaza yuko uyoborwa n’iyi ngingo ngenderwako: kwama nantaryo uhitamwo inzira ijana ku bucuti bukomeye kuruta ugiranira na So wo mw’ijuru. Ikiruta vyose, ese worushiriza kwiyegereza Yehova, kandi ese na we yorushiriza kukwiyegereza, ibihe bidahera!