Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA MBERE

Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?

Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?
  • Imana yoba ikubabaye koko?

  • Imana imeze gute? Yoba ifise izina?

  • Vyoba bishoboka ko umuntu yiyegereza Imana?

1, 2. Ni kubera iki kenshi na kenshi usanga ari vyiza kubaza ibibazo?

WOBA umaze kubona ingene abana babaza utubazo? Benshi batangura kubaza bagitangura kwiga kuvuga. Barakuraba bakanuye amaso, maze bakakubaza ibibazo nk’ibi: Izuba riba riri hehe mw’ijoro? Inyenyeri zifashwe n’iki? Ni nde yigishije inyoni kuririmba? Urashobora kugerageza uko ushoboye kugira ngo wishure, mugabo ntivyama vyoroshe. N’igihe mbere wokwishura neza gute, iyo nyishu ica ivyura ikindi kibazo ngo: Kubera iki?

2 Abana si bo bonyene babaza ibibazo. Uko dukura, tuguma tubaza ibibazo. Ivyo turabigira igihe tubaza inzira, igihe turondera kumenya akaga dukwiye kwirinda canke tukabigira kugira ngo twimenyere utuntu n’utundi. Mugabo rero, bisa n’uko abantu benshi baheba kubaza ibibazo, na canecane ibihambaye kuruta. N’igihe bitwa ngo barabaza, usanga bareka kurondera inyishu.

3. Ni kubera iki benshi baheba kurondera inyishu z’ibibazo bihambaye kuruta?

3 Zirikana ku kibazo kiri ku gipfukisho c’iki gitabu, wongere uzirikane ku bibazo vyabajijwe mu ntangamarara canke ku biri mu ntango z’iki kigabane. Ivyo ni bimwebimwe mu bibazo bihambaye wobaza. Yamara rero, abantu benshi barahevye kurondera inyishu zavyo. Kubera iki? Bamwe biyumvira yuko inyishu Bibiliya itanga zigoye cane gutahura. Abandi baratinya ko kubaza ibibazo vyohava bibamaramaza. Abandi na bo babona ko ibibazo nk’ivyo vyokwishurwa n’indongozi z’amadini be n’abigisha b’amadini. Weho bite?

4, 5. Bimwebimwe mu bibazo bihambaye dushobora kubaza mu buzima ni ibihe, kandi ni kubera iki dukwiye kubironderera inyishu?

4 Ivyo ari vyo vyose, uripfuza kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye mu buzima. Nta nkeka ko rimwe na rimwe wibaza uti: ‘Intumbero y’ubuzima ni iyihe? Nta kindi twokwitega kuri ubu buzima uretse kuvuka, tugakura, tugasaza hanyuma tugapfa? Mu vy’ukuri Imana imeze gute?’ Urakwiye kubaza ivyo bibazo, kandi birahambaye yuko uguma ubaza gushika uronse inyishu zishika ku nyota kandi z’ukuri. Wa Mwigisha rurangiranwa Yezu Kristu yavuze ati: “Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa.”​—Matayo 7:7.

5 ‘Niwaguma urondera’ inyishu z’ibibazo bihambaye, uzosanga ubwo bushakashatsi buvuyemwo ivyiza vyinshi. (Imigani 2:1-5) Naho abandi bantu boba barakubwiye ibimeze gute, inyishu zirahari, kandi urashobora kuzironka muri Bibiliya. Izo nyishu ntizigoye gutahura. N’ikirushirije, ziratanga icizigiro kandi zigatera umunezero. Vyongeye, zirashobora kugufasha kugira ubuzima buhimbaye no muri iki gihe. Ingo duhere ku kurimbura ikibazo catesheje umutwe abantu benshi.

IMANA YOBA ITABABARA ABANTU KANDI IKABA ARI RUBURAKIGONGWE?

6. Ni kubera iki abantu benshi biyumvira yuko Imana itatubabara?

6 Abantu benshi bibaza ko ari ukwo biri. Biyumvira bati: ‘Iyaba Imana ibabara abantu, ubwo kw’isi ibintu biba vyifashe gutya?’ Turavye hirya no hino, tubona isi yuzuye intambara, urwanko n’amarushwa. Kandi umwe wese muri twebwe ararwara, agashikirwa n’imibabaro, akabura abiwe. Ni co gituma benshi bavuga bati: ‘Iyo Imana iba itubabara ikongera ikitaho ingorane zacu, none ntiyobujije ivyo bintu ngo ntibibe?’

7. (a) Ni gute abigisha b’amadini batumye abantu benshi biyumvira ko Imana ari ruburakigongwe? (b) Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki ku vyerekeye ibigeragezo bidushikira?

7 N’ikivyunyura, ni uko rimwe na rimwe abigisha b’amadini ari bo batuma abantu biyumvira ko Imana ari ruburakigongwe. Uti gute? Igihe ivyago vyadutse, bavuga yuko ari Imana yabishatse. Ku bwa ngingo, abo bigisha b’amadini baba bariko begeka ku Mana ibintu bibi bishika. Ukwo kwoba none ari kwo kuri ku vyerekeye Imana? Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Muri Yakobo 1:13 hishura hati: “Iyo umuntu ari mu kigeragezo, ntavuge ngo: ‘Ndiko ngeragezwa n’Imana.’ Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” Rero, Imana ntiyigera itera ibibi ubona hirya no hino mw’isi. (Soma Yobu 34:10-12.) Ego ni ko, irareka ibintu bibi bigashika. Ariko hariho itandukaniro rinini hagati yo kuba waretse ikintu kikaba be no kuba ari wewe wagiteye.

8, 9. (a) Tanga akarorero kerekana itandukaniro riri hagati yo kuba waretse ikibi kikaba no kuba ari wewe wagiteye. (b) Ni kubera iki twoba turenganije Imana hamwe twoyegekako amakosa ngo ni yo yatumye abantu bagarariza?

8 Nk’akarorero, niwiyumvire sebibondo w’inkerebutsi kandi w’umunyarukundo afise umuhungu ageze mu bigero, yamara akaba akiba mu nzu y’abavyeyi biwe. Uwo mwana aragararije maze afashe ingingo yo kuja kwibera ahandi, se wiwe araretse kumutangira. Uwo mwana yisutse mu ngendo itabereye maze agwa mu kaga. None, se yoba ari we yateye ingorane zashikiye umuhungu wiwe? Eka data. (Luka 15:11-13) Muri ubwo buryo nyene, Imana ntiyatangiriye abantu igihe bahitamwo gukurikira ingendo itabereye, mugabo si yo itera ingorane vyakweze. Nta nkeka rero, kwoba ari ukurenganya Imana, tuyegetseko amakuba yose ashikira abantu.

9 Imana irafise imvo zumvikana zo kureka abantu bagakurikira ingendo itabereye. Kubera ko ari yo Muremyi wacu w’inkerebutsi kandi w’umunyabubasha, ntivyari ngombwa ngo idusigurire izo mvo. Naho ari ukwo, irazidusigurira ibitumwe n’urukundo. Uzomenya vyinshi ku vyerekeye izo mvo mu kigabane ca 11. Mugabo, numenye neza ko Imana atari yo ikwiye kubazwa izi ngorane zidushikira. Ahubwo nyabuna, iraduha icizigiro rudende c’ingene zizotorerwa umuti.​—Yesaya 33:2.

10. Ni kubera iki dushobora kwizigira ko Imana izokuraho ingaruka zose z’ububisha?

10 Vyongeye, Imana ni nyeranda. (Yesaya 6:3) Ivyo bisobanura ko idahumanye. Nta bubi na bukeyi buri muri yo. Ni co gituma dushobora kuyizigira tugaherezako. Ivyo ntitwobigira ku bantu, kubera ko rimwe na rimwe usanga bononekara. N’umutware yoba arusha abandi bose kugira umutima nziraburyarya, akenshi usanga adafise ubushobozi bwo gukuraho ingaruka z’ibibi abantu babi bakora. Imana yoyo ni Mushoboravyose. Irashoboye gukuraho ingaruka zose ububisha bwagize ku bantu, kandi izobikora. Imana niyabihagurukira, izobigira mu buryo buzorangiza ikibi ubutakigaruka!​—Soma Zaburi 37:9-11.

IMANA IMERERWA GUTE IGIHE TURENGANYWA?

11. (a) Imana imererwa gute ku bijanye n’akarenganyo? (b) Imana imererwa gute igihe uriko urashikirwa n’imibabaro?

11 Mu gihe Imana itarabihagurukira, imererwa gute ku vyerekeye ibiriko biraba mw’isi no mu buzima bwawe? Emwe, Bibiliya itwigisha yuko Imana “[i]kunda ubutungane.” (Zaburi 37:28) Ku bw’ivyo, irarazwa ishinga bimwe bikomeye n’ivyerekeye iciza n’ikibi. Iranka akarenganyo ako ari ko kose. Bibiliya ivuga yuko Imana “[vyayibabaje] mu mutima” igihe ububi bwari bwuzuye mw’isi mu bihe vya kera. (Itanguriro 6:5, 6) Imana ntiyahindutse. (Malaki 3:6) N’ubu ntishimishwa no kubona amarushwa ari kw’isi yose. Imana kandi ntihimbarwa no kubona abantu bariko barashikirwa n’imibabaro. Bibiliya ivuga ko ‘ikubabara.’​—Soma 1 Petero 5:7.

Bibiliya yigisha yuko Yehova ari we Muremyi munyarukundo w’ibiriho vyose

12, 13. (a) Ni kubera iki dufise kamere nzizanziza nk’urukundo, kandi rutuma twiyumva gute ku bijanye n’ibibera mw’isi? (b) Ni kubera iki ukwiye kwemera udakeka yuko Imana izotorera umuti ingorane ziri mw’isi?

12 Twokwemezwa n’iki ko Imana idahimbarwa no kubona abashikirwa n’imibabaro? Raba ikindi kibitwemeza. Bibiliya yigisha yuko umuntu yaremwe mw’ishusho y’Imana. (Itanguriro 1:26) Ku bw’ivyo, turafise kamere nzizanziza kubera yuko Imana izifise. Nk’akarorero, vyoba bikubabaza igihe ubona abantu ata co bazira bashikirwa n’imibabaro? Nimba urazwa ishinga n’akarenganyo nk’ako, numenye neza yuko Imana yo itanakerekwa.

13 Kimwe mu bintu vyiza kuruta ibindi twebwe abantu dufise, ni ubushobozi bwo gukunda. Ico na co nyene ni ikiranga Imana. Bibiliya itwigisha yuko “Imana ari urukundo.” (1 Yohani 4:8) Dukunda abandi kubera yuko Imana ikundana. Urukundo rwoba rwokuvyurira umutima wo gukuraho imibabaro n’akarenganyo ubona mw’isi? Iyaba wari ufise ububasha bwo kubikuraho, nta nkeka ko wobikuyeho. Urashobora rero kwemera udakeka yuko Imana izokuraho imibabaro n’akarenganyo. Imihango yavuzwe mu ntangamarara y’iki gitabu si indoto nsa canke ivyizigiro bitagira ishingiro. Ivyo Imana yasezeranye, nta nkeka ko bizoranguka! Ariko rero, kugira ngo wizere iyo mihango, urakeneye kumenya vyinshi ku vyerekeye Imana yayitanze.

IMANA ISHAKA KO UYIMENYA

Igihe ushaka ko umuntu akumenya, none ntumubwira izina ryawe? Imana iraduhishurira izina ryayo muri Bibiliya

14. Izina ry’Imana ni irihe, kandi ni kubera iki dukwiye kurikoresha?

14 Igihe woba ushaka ko umuntu akumenya, wokora iki? Ubwo ntiwomubwira izina ryawe? Mbega Imana yoba ifise izina? Amadini menshi yishura yuko izina ryayo ari “Imana” canke “Uhoraho,” yamara ayo si amazina y’uruharo. Ni amazina y’icubahiro nka kurya nyene “umwami” na “prezida” ari amazina y’icubahiro. Bibiliya yigisha yuko Imana ifise amazina menshi y’icubahiro. “Imana” na “Uhoraho” ni amwe muri ayo mazina. Ariko rero, Bibiliya yigisha kandi ko Imana ifise izina ry’uruharo, na ryo rikaba ari Yehova. Muri Zaburi 83:18 havuga hati: “Wewe, uwitwa Yehova, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.” Nimba Bibiliya ukoresha itarimwo iryo zina, turakwinginze urabe ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Ukuntu izina ry’Imana rikoreshwa be n’insobanuro yaryo” kugira ngo umenye igituma. Ikizwi coco ni uko izina ry’Imana riboneka incuro ibihumbi mu bisomwa vya kera vya Bibiliya vyandikishijwe iminwe. Yehova rero ashaka ko umenya izina ryiwe kandi ukarikoresha. Ni nk’aho ariko akoresha Bibiliya kugira ngo akwidondore.

15. Izina Yehova risobanura iki?

15 Imana yiyise izina rifise insobanuro ikomeye. Izina ryayo, Yehova, risobanura yuko Imana ishobora gushitsa ikintu cose isezeranye be n’uko ishobora kurangura umugambi wose yishingiye. * Izina ry’Imana ntirisanzwe. Ni yo yonyene yitwa iryo zina. Yehova ntasanzwe mu buryo butandukanye. Uti gute?

16, 17. Twokwiga iki ku vyerekeye Yehova turavye aya mazina y’icubahiro akurikira: (a) “Mushoboravyose”? (b) “Umwami w’ibihe bidahera”? (c) “Umuremyi”?

16 Ku vyerekeye Yehova, Zaburi 83:18 ivuga iti: “[Ni] wewe wenyene Musumbavyose.” Muri ubwo buryo nyene, Yehova ni we wenyene avugwa yuko ari “Mushoboravyose.” Mu Vyahishuwe 15:3 havuga hati: “Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza, Yehova Mana, Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’ibihe bidahera.” Izina ry’icubahiro “Mushoboravyose” ritwigisha yuko Yehova afise ububasha busumba ubw’ikindi kintu ico ari co cose. Ububasha bwiwe ni ntangere; ni kaminuza. Vyongeye, izina ry’icubahiro “Umwami w’ibihe bidahera,” ritwibutsa yuko Yehova ari ntangere no mu bundi buryo. Ni we wenyene yamyeho. Muri Zaburi 90:2 havuga hati: “Kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero [ni ukuvuga ibihe bidahera], uri Imana.” Ico ciyumviro kirateye akoba, si ko?

17 Yehova kandi ni uwudasanzwe mu buryo bw’uko ari we Muremyi wenyene. Mu Vyahishuwe 4:11 hagira hati: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, biraremwa.” Ibintu vyose woshobora kwiyumvira, baba abamarayika bataboneka, inyenyeri uhora ubona zuzuye ijuru mw’ijoro, ivyamwa vyama ku biti, amafi yoga mu biyaga no mu nzuzi, ivyo vyose biriho kubera yuko Yehova ari Umuremyi.

WOBA USHOBORA KWIYEGEREZA YEHOVA?

18. Ni kubera iki abantu bamwebamwe biyumvira yuko batokwigera biyegereza Imana, mugabo Bibiliya yo yigisha iki?

18 Abantu bamwebamwe baragira ubwoba igihe basomye ivyerekeye kamere ziteye akoba za Yehova. Babona ko Imana ibarengeye cane ku buryo batokwigera bayiyegereza canke mbere ko ata co bavuze kuri iyo Mana ihambaye gutyo. Mugabo none, ico ciyumviro coba ari co? Bibiliya yigisha ibihushanye n’ivyo. Ku vyerekeye Yehova, ivuga iti: “Vy’ukuri [n]tari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyakozwe 17:27) Bibiliya mbere ituremesha iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—Yakobo 4:8.

19. (a) Dushobora gute gutangura kwiyegereza Imana, kandi vyotumarira iki? (b) Ni kamere izihe z’Imana ziguhimbara kuruta izindi?

19 Ushobora gute kwiyegereza Imana? Imbere ya vyose, nubandanye gukora ibi uriko urakora ubu, ni ukuvuga kwiga ivyerekeye Imana. Yezu yavuze ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Egome, Bibiliya yigisha yuko kwiga ivyerekeye Yehova na Yezu bijana mu “buzima budahera.” Nk’uko twamaze kubivuga, “Imana ni urukundo.” (1 Yohani 4:16) Imana irafise n’izindi kamere nzizanziza kandi zihimbaye. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga yuko Yehova ari “Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri.” (Kuvayo 34:6) Ni ‘nziza kandi yiteguriye kubabarira.’ (Zaburi 86:5) Imana irihangana. (2 Petero 3:9) Ni intahemuka. (Ivyahishuwe 15:4) Uko uzobandanya gusoma Bibiliya, ni ko uzoguma ubona ukuntu Yehova yagaragaje izo kamere be n’izindi nyinshi zihimbaye.

20-22. (a) Kuba tudashobora kubona Imana, vyoba bisobanura ko tudashobora kuyiyegereza? Sigura. (b) Abantu bamwebamwe bibaza ko bagushakira ineza wosanga bakuremesheje gukora iki, mugabo ukwiye gukora iki?

20 Ego ni ko, ntushobora kubona Imana kubera yuko ari Impwemu. (Yohani 1:18; 4:24; 1 Timoteyo 1:17) Ariko rero, wize ibiyerekeye biciye kuri Bibiliya, urashobora kumenya ukuntu imeze. Nk’uko umwanditsi w’amazaburi yabivuze, urashobora ‘kwitegereza ubwiza bwa Yehova.’ (Zaburi 27:4; Abaroma 1:20) Uko uzorushiriza kumenya ivyerekeye Yehova, ni ko uzorushiriza kubona ko abaho koko, ukanarushiriza kugira imvo zumvikana zo kumukunda no kwumva ko umwiyegereje.

Urukundo sebibondo mwiza akunda abana biwe rurerekana urukundo rugera kure Dawe wa twese wo mw’ijuru adukunda

21 Uzogenda uratahura igituma Bibiliya itwigisha kubona ko Yehova ari Dawe wa twese. (Matayo 6:9) Turetse yuko ubuzima bwacu ari we tubukesha, ashaka kandi ko tubaho neza uko bishoboka kwose, nka kurya nyene umuvyeyi munyarukundo wese yovyipfuriza abana biwe. (Zaburi 36:9) Bibiliya yigisha kandi ko abantu bashobora kuba abagenzi ba Yehova. (Yakobo 2:23) Iyumvire nawe! Urashobora kuba umugenzi w’Umuremyi w’ibiriho vyose!

22 Uko uzorushiriza kwiga vyinshi muri Bibiliya, ntihazobura abantu bibaza ko bagushakira ineza bazokuremesha kubireka. Bashobora gutinya ko uzohava uhindura idini. Yamara, ntureke ngo hagire uwukubuza kwunga ubucuti n’umugenzi aruta abandi bose woshobora kugira, na we akaba ari Yehova.

23, 24. (a) Ni kubera iki ukwiye kubandanya ubaza ibibazo ku vyerekeye ivyo uriko uriga? (b) Ni igiki twihweza mu kigabane gikurikira?

23 Ariko ntiwumve, ntihazobura ibintu utazoshoka utahura. Kurondera uwobigufashamwo, bishobora gusaba kwicisha bugufi gato, mugabo ntureke kumurondera ngo ni uko bigutera isoni. Yezu yavuze yuko ari vyiza kwicisha bugufi nk’umwana mutoyi. (Matayo 18:2-4) Kandi nk’uko tubizi, abana bama babaza ibibazo vyinshi. Imana ishaka ko uronka inyishu. Bibiliya iravuga neza abantu bari bashashaye kumenya ivyerekeye Imana. Barasuzuma bitonze mu Vyanditswe kugira ngo barabe neza yuko ivyo bariko bariga ari ukuri.​—Soma Ivyakozwe 17:11.

24 Uburyo bwiza kuruta bwo kumenya ivyerekeye Yehova, ni ugusuzuma Bibiliya. Nta ho isa isana n’ikindi gitabu ico ari co cose. Mu buhe buryo? Ikigabane gikurikira kiraca irya n’ino ico kibazo.

^ ing. 15 Mu kiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Ukuntu izina ry’Imana rikoreshwa be n’insobanuro yaryo” urahasanga ayandi makuru yerekeye insobanuro y’izina ry’Imana be n’ingene ryaturwa.