Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA GATATU

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye abantu?

  • Imana yarwanijwe gute?

  • Ubuzima buzoba bumeze gute ng’aha kw’isi muri kazoza?

1. Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

UMUGAMBI Imana ifitiye isi, vy’ukuri ni mwiza igitangaza. Yehova ashaka ko isi yuzura abantu bahimbawe, bafise amagara meza. Bibiliya ivuga yuko ‘Yehova Imana yatunganije umurima muri Edeni’ be n’uko ‘yahamejeje igiti cose kiryoheye ijisho kandi kibereye kuribwa.’ Imana imaze kurema umugabo n’umugore ba mbere Adamu na Eva, yabashize aho hantu heza kugira bahabe maze ibabwira iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.” (Itanguriro 1:28; 2:8, 9, 15) Imana yari ifise rero umugambi w’uko abantu bibaruka abana, bakâgura imbibe z’uwo murima babamwo gushika ukwiye isi yose, bakongera bakabungabunga ibikoko.

2. (a) Tuzi gute ko umugambi Imana ifitiye isi uzoranguka? (b) Bibiliya ivuga ko ari bande bazobaho ibihe bidahera?

2 Woba wibaza ko umugambi Yehova Imana afitiye abantu w’uko baba mw’Iparadizo kw’isi uzoteba ukaranguka? Imana ivuga iti: “Narabivuze; no kubishitsa nzobishitsa.” (Yesaya 46:9-11; 55:11) Ego cane, ivyo Imana yategekanije nta gukeka ko izobikora. Ivuga yuko ‘itaremeye isi ubusa gusa mugabo ko yayiremye ngo ibeko abantu.’ (Yesaya 45:18) Imana yashaka ko isi ibako abantu bameze gute? Kandi yashaka ko bayibako igihe kingana gute? Bibiliya yishura iti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​Zaburi 37:29; Ivyahishuwe 21:3, 4.

3. Ni ibintu bibabaje ibihe biba kw’isi muri iki gihe, kandi ivyo bivyura ibibazo ibihe?

3 Biragaragara ko ivyo bitaraba. Muri iki gihe abantu bararwara kandi bagapfa; mbere bararwana kandi bakicana. Hari ikintu kitagenze neza. Ariko rero, nta nkeka ko Imana itari ifise umugambi w’uko isi yomera nk’uko tuyibona ubu. None ni igiki cabaye? Ni kubera iki umugambi w’Imana utarangutse? Nta gitabu c’ivya kahise canditswe n’umuntu coshobora kubitubwira, kubera ko izo ngorane zatanguriye mw’ijuru.

AMAMUKO Y’UMWANSI

4, 5. (a) Ni nde vy’ukuri yavuganye na Eva akoresheje inzoka? (b) Umuntu yahoze yisoneye kandi ari intungane, ashobora gute kuba igisuma?

4 Igitabu ca mbere ca Bibiliya kiravuga ivyerekeye uwurwanya Imana yadutse mu murima wa Edeni. Adondorwa ko ari “inzoka,” ariko ntiyari inzoka nya nzoka. Igitabu ca nyuma ca Bibiliya kivuga ko “yitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose.” Yitwa kandi “ya nzoka yo mu ntango.” (Itanguriro 3:1; Ivyahishuwe 12:9) Uwo mumarayika akomeye, akaba ari ikiremwa c’impwemu kitaboneka, yakoresheje inzoka mu kuvugana na Eva, nka kurya nyene uwukora maji ashobora kuvuga, ariko ukabona ko igikoko kiri iruhande yiwe ari co kiriko kiravuga. Nta nkeka ko ico kiremwa c’impwemu ari ho cari kiri igihe Imana yategurira abantu isi.​—Yobu 38:4, 7.

5 Ariko none, ivyo Yehova arema vyose ko abirema bitunganye, ni nde yaremye uwo “Mubesheranyi” ari we “Shetani”? Muri make, umwe mu bana b’Imana b’impwemu bafise ububasha yarigize Shetani. Ivyo vyashobotse gute? Muri iki igihe, umuntu yahoze yisoneye kandi ari intungane arashobora kuba igisuma. Ivyo bishika gute? Uwo muntu yoshobora kureka icipfuzo kibi kigatsimbatara mu mutima wiwe. Abandanije yiyumvira ibijanye n’ico cipfuzo, coshobora gukomera cane. Akaryo kabonetse, yoshobora gushira mu ngiro nya cipfuzo kibi afise.​—Soma Yakobo 1:13-15.

6. Umwana w’Imana afise ububasha yahindutse gute Shetani wa Mubesheranyi?

6 Ukwo ni ko vyagenze ku bijanye na Shetani wa Mubesheranyi. Bisa n’uko yavyumva igihe Imana yabwira Adamu na Eva kuvyara abana, bakuzuza isi uruvyaro rwabo. (Itanguriro 1:27, 28) Bigaragara ko Shetani yiyumviriye ngo: ‘Erega wosanga abantu bansenze aho gusenga Imana!’ Ukwo rero ni ko icipfuzo kibi catsimbataye mu mutima wiwe. Impera n’imperuka yarafashe ingingo yo guhenda Eva mu kubeshera Imana. (Soma Itanguriro 3:1-5.) Yaciye aba “Umubesheranyi.” Ico gihe nyene yaciye aba “Shetani,” bikaba bisobanura ngo “uwurwanya” uwundi.

7. (a) Ni kubera iki Adamu na Eva bapfuye? (b) Ni kubera iki abakomoka kuri Adamu bose basaza kandi bagapfa?

7 Shetani wa Mubesheranyi akoresheje ibinyoma n’amayeri, yaratumye Adamu na Eva bagambararira Imana. (Itanguriro 2:17; 3:6) Ico vyavuyemwo, ni uko amaherezo bapfuye nk’uko Imana yari yaravuze ko vyogenze baramutse bagambaraye. (Itanguriro 3:17-19) Kubera ko Adamu yabaye uwudatunganye igihe yacumura, abamukomokako bose yabaraze igicumuro. (Soma Abaroma 5:12.) Twoshobora gusigura ico kintu mu gufatira ku karorero k’iforoma ikoreshwa mu gufyatura amatafari. Mu gihe iyo foroma yoba ihengamye, amatafari yose bofyatura bakoresheje iyo foroma yoza ameze gute? Yoza ahengamye, ni ukuvuga afise akanenge. Muri ubwo buryo nyene, umuntu wese Adamu yaramuraze ico twokwita uguhengama, ari ko kanenge canke ukudatungana. Ni co gituma abantu bose basaza kandi bagapfa.​—Abaroma 3:23.

8, 9. (a) Biboneka ko Shetani yarwanije Imana gute? (b) Ni kubera iki Imana itaciye ikuraho ubwo nyene abo bagarariji?

8 Igihe Shetani yatuma Adamu na Eva bacumura ku Mana, mu vy’ukuri yari atanguje ubugarariji. Yariko ararwanya uburyo Yehova ategeka. Ni nk’aho Shetani yariko aravuga ati: ‘Imana ni umutware mubi. Irabesha kandi ikima abo itwara ibintu vyizavyiza. Abantu ntibakeneye kuganzwa n’Imana. Barashobora kwihitiramwo iciza n’ikibi. Kandi bazomererwa neza kuruta nibatwarwa nanje.’ None Imana yari gutorera umuti gute ivyo bintu vy’agatukisha yari yagirijwe? Bamwebamwe bibaza ko yari ikwiye kwica abo bagarariji bikaba biheze. Ariko none, ivyo vyoba vyari gutorera inyishu ako gacokoro ka Shetani? Vyoba vyari gutanga ikimenyamenya c’uko uburyo Imana itegeka ari bwiza?

9 Ubutungane butagira agahaze bwa Yehova ntibwari kumwemerera guca ubwo nyene yica abo bagarariji. Yarabonye ko hari hakenewe umwanya kugira ngo yishure neza ako gacokoro ka Shetani, gutyo agaragaze ko ari umubeshi. Ni co gituma Imana yafashe ingingo yo kureka abantu bakamara igihe bitegeka, bakurikiza ivyiyumviro vya Shetani. Icatumye Yehova akora ivyo kandi akareka igihe kirekire cane kikahaca ataratorera umuti ivyo bibazo, tuzocihweza mu kigabane ca 11 c’iki gitabu. Ariko rero, ubu vyoba vyiza tuzirikanye kuri ibi bibazo: Vyoba vyari bikwiye ko Adamu na Eva bemera ivyo Shetani ababwiye, ata n’ikintu ciza yari bwigere abagirira? Boba bari bakwiye kwemera yuko Yehova, we yari yarabahaye ibintu vyose bari bafise, ari umubeshi katwa? Wewe wari gukora iki?

10. Woshigikira gute Yehova mu vyo kwishura ka gacokoro ka Shetani?

10 Turakwiye kuzirikana ivyo bibazo kubera yuko umwe wese muri twebwe ahura n’ibibazo nk’ivyo nyene muri iki gihe. Ego cane, urafise uturyo two gushigikira Yehova mu vyo kwishura ako gacokoro ka Shetani. Urashobora kureka Yehova akakubera Umutware kandi ugafasha mu kwerekana ko Shetani ari umubeshi. (Zaburi 73:28; soma Imigani 27:11.) Ikibabaje ni uko abantu bari ku rushi mu bantu amamiliyaridi bari kw’isi ari bo gusa bahitamwo kubigenza gutyo. Ivyo bica bivyura iki kibazo gihambaye: Bibiliya yoba vy’ukuri yigisha ko Shetani ari we atwara iyi si?

NI NDE ATWARA IYI SI?

Iyo ubwami bwose bwo mw’isi butaba ari ubwa Shetani, yari gushobora gute kubuha Yezu?

11, 12. (a) Ukugeragezwa kwa Yezu guhishura gute ko Shetani ari we mutware w’iyi si? (b) Ni ikindi kintu ikihe cerekana ko Shetani ari we mutware w’iyi si?

11 Yezu ntiyigeze akekeranya ko Shetani ari we mutware w’iyi si. Mu buryo kanaka bw’igitangaro, Shetani yarigeze kwereka Yezu “ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo.” Shetani yaciye asezeranira Yezu ati: “Ivyo vyose ndabiguha niwapfa kwikubita hasi ukansenga.” (Matayo 4:8, 9; Luka 4:5, 6) Zirikana iki kintu: Ubwo guhabwa ubwo bwami vyoba vyari kubera Yezu ikigeragezo iyaba Shetani atari we mutware wabwo? Yezu ntiyahakanye ko izi ntwaro zose zo mw’isi ari iza Shetani. Nta gukeka ko Yezu yari kubihakana iyaba Shetani atari we aziganza.

12 Ego ni ko, Yehova ni Imana ishobora vyose, Umuremyi w’ibiriho vyose biteye igomwe. (Ivyahishuwe 4:11) Naho ari ukwo, yaba Yehova Imana canke Yezu Kristu, nta na hamwe Bibiliya ivuga ko hari n’umwe muri bo ari umutware w’isi. Kukaba nkako, Yezu yaratomoye yuko Shetani ari we “mutware w’iyi si.” (Yohani 12:31; 14:30; 16:11) Bibiliya mbere ivuga ko Shetani wa Mubesheranyi ari “imana y’iki gihe.” (2 Abakorinto 4:3, 4) Ku bijanye n’uwo murwanizi ari we Shetani, intumwa Yohani yanditse ati: “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.”​—1 Yohani 5:19.

INGENE ISI YA SHETANI IZOKURWAHO

13. Ni kubera iki isi nshasha ikenewe?

13 Uko umwaka urengana, ni ko isi irushiriza kwuzura akaga. Yuzuye ingabo zirwana, abanyapolitike b’ingunge, indongozi z’amadini zuzuye uburyarya be n’inkozi z’ikibi katwa. Ku bijanye n’isi muri rusangi, amazi yaramaze kurenga inkombe. Bibiliya ihishura ko Imana iri hafi gukuraho iyi si mbi, mu gihe c’intambara yayo ya Harumagedoni. Ivyo bizocira inzira isi nshasha igororotse.​—Ivyahishuwe 16:14-16.

14. Imana yatoye nde ngo abe Umutware w’Ubwami bwayo, kandi ni gute ivyo vyari vyaravuzwe?

14 Yehova Imana yatoye Yezu Kristu ngo abe Umutware w’Ubwami bwiwe bwo mw’ijuru, ni ukuvuga intwaro yiwe yo mw’ijuru. Haraciye igihe kirekire Bibiliya ivuze iti: “Hari umwana atuvukiye, hari umuhungu duhawe; ubutware bwa kiganwa buzoba ku rutugu rwiwe. Kandi izina azokwitwa ni . . . Umuganwa w’amahoro. Ukugwira kw’ubutware bwa kiganwa be n’amahoro ntibizogira iherezo.” (Yesaya 9:6, 7) Ku vyerekeye iyo ntwaro, Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga bavuga bati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10) Nk’uko mu nyuma tuzobibona muri iki gitabu, Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho intwaro zose zo kuri iyi si, buce buzisubirira. (Soma Daniyeli 2:44.) Ubwami bw’Imana buzoca buzana Iparadizo kw’isi.

ISI NSHASHA IRI HAFI!

15. “Isi nshasha” ni iki?

15 Bibiliya idukura amazinda iti: “Nk’uko [Imana] yabisezeranye, turorereye amajuru mashasha n’isi nshasha, kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba.” (2 Petero 3:13; Yesaya 65:17) Rimwe na rimwe igihe Bibiliya ivuga “isi,” iba ishaka kuvuga abantu baba kuri yo. (Itanguriro 11:1; Ivyahishuwe 13:3) “Isi nshasha” igororotse rero, ni ikibano c’abantu bashimwa n’Imana.

16. Ni ingabirano iyihe y’agaciro ntangere Imana izoha abo ishima, kandi dutegerezwa gukora iki kugira ngo tuyironke?

16 Yezu yasezeranye ko mw’isi nshasha yimirije, abashimwa n’Imana bazoronka ingabirano y’“ubuzima budahera.” (Mariko 10:30) Turakwinginze uzingurure Bibiliya yawe muri Yohani 3:16 no muri Yohani 17:3, usome ivyo Yezu yavuze ko dutegerezwa gukora kugira ngo turonke ubuzima budahera. Ubu na ho, raba muri Bibiliya imihezagiro izohabwa abakwije ibisabwa bituma baronswa n’Imana iyo ngabirano y’akaroruhore mw’Iparadizo igiye kuza kw’isi.

17, 18. Ni kubera iki twokwemera tudakeka ko ahantu hose kw’isi hazosasagara amahoro n’umutekano?

17 Ububisha, intambara n’ubukozi bw’ikibi ntibizoba bikiriho. “Umubisha nta[zoba] akiriho . . . Mugabo abatekereza bazokwigabira isi.” (Zaburi 37:10, 11) Amahoro azosasagara kubera yuko ‘Imana izohagarika intambara gushika ku mpera y’isi.’ (Zaburi 46:9; Yesaya 2:4) Maze “umugororotsi azonaga, kandi hazobaho amahoro menshi gushika ukwezi kutakiriho,” ni ukuvuga ibihe bidahera.​—Zaburi 72:7.

18 Abasavyi ba Yehova bazokwibera mu mutekano. Igihe cose Abisirayeli bo mu bihe vya kera baba bagamburukiye Imana, baca bibera mu mutekano. (Abalewi 25:18, 19) Bizoba bihimbaye yemwe kwibera mu mutekano nk’uwo mw’Iparadizo!​—Soma Yesaya 32:18; Mika 4:4.

19. Tubwirwa n’iki ko ibifungurwa bizoba ari umukimba mw’isi nshasha y’Imana?

19 Nta bukene bw’ibifungurwa buzobaho. Umwanditsi w’amazaburi yaririmvye ati: “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.” (Zaburi 72:16) Yehova Imana azohezagira abamugororokera, kandi “isi ubwayo ntizobura gutanga umwimbu wayo.”​—Zaburi 67:6.

20. Ni kubera iki twokwemera tudakeka yuko isi yose izoba Iparadizo?

20 Isi yose izoba Iparadizo. Amazu mezameza n’ubusitani bwizabwiza bizosubirira ibibanza vyari vyaracitse umusaka bivuye ku bantu b’abanyabicumuro. (Soma Yesaya 65:21-24; Ivyahishuwe 11:18) Uko igihe kizoza kirarengana, ni ko n’ibindi bice bizogenda biratunganywa gushika isi yose ibaye ahantu h’akaroruhore kandi himbuka nka wa murima wa Edeni. Imana ntizokwigera inanirwa ‘gupfumbaturura ikiganza cayo igahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.’​—Zaburi 145:16.

21. Ni igiki cerekana ko ibikoko n’abantu bizobana mu mahoro?

21 Ibikoko n’abantu bizobana mu mahoro. Ibikoko be n’ibitungwa bizorisha hamwe. Mbere n’akana gatoya ntikazotinya ibikoko usanga muri iki gihe bikaze.​—Soma Yesaya 11:6-9; 65:25.

22. Bizogenda gute ku bijanye n’indwara?

22 Indwara zizozimangana. Yezu we Mutware w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, azokiza abantu ku rugero ruruta kure n’iyo urwo yashikanyeko igihe yari ngaha kw’isi. (Matayo 9:35; Mariko 1:40-42; Yohani 5:5-9) Ico gihe “nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”​—Yesaya 33:24; 35:5, 6.

23. Ni kubera iki izuka rizotunezereza?

23 Abacu bapfuye bazosubira kuba bazima bizigiye kutazosubira gupfa. Abasinziriye mu rupfu bose bibukwa n’Imana bazozurwa. Kukaba nkako, “hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.”​—Ivyakozwe 24:15; soma Yohani 5:28, 29.

24. Ubona gute ivyo kuba mw’Iparadizo ng’aha kw’isi?

24 Ese ukuntu abahitamwo kwiga ivyerekeye Umuremyi wacu Ahambaye Yehova Imana no kumukorera, bazokwironkera kazoza gahimbaye! Igihe Yezu yaha umuhango ya nkozi y’ikibi bapfiriye hamwe, yashaka kuvuga Iparadizo igiye kuza kw’isi. Yayibwiye ati: “Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.” (Luka 23:43) Birahambaye cane ko twiga n’ibindi ku vyerekeye Yezu Kristu, we azotuma iyo mihezagiro yose ishoboka.