Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA KANE

Yezu Kristu ni nde?

Yezu Kristu ni nde?
  • Uruhara rudasanzwe Yezu afise ni uruhe?

  • Yakomotse he?

  • Yari umuntu ameze gute?

1, 2. (a) Ni kubera iki kumenya ivyerekeye umuntu rurangiranwa bidasobanura ko uba umuzi vy’ukuri? (b) Ni ivyiyumviro bitandukanye ibihe abantu bafise ku vyerekeye Yezu?

HARI abantu benshi ba rurangiranwa mw’isi. Bamwe barazwi cane mu kibano c’iwabo, mu gisagara c’iwabo canke mu gihugu c’iwabo. Abandi barazwi kw’isi yose. Ariko rero, kumenya gusa izina ry’umuntu rurangiranwa ntibisobanura ko uba umuzi vy’ukuri. Ntibisobanura ko uba uzi ido n’ido ivyerekeye kahise kiwe be n’ukuntu ameze vy’ukuri.

2 Hirya no hino kw’isi, abantu barumvise ivyerekeye Yezu Kristu, naho haheze nk’imyaka 2.000 abaye kw’isi. Yamara, benshi ntibatahura Yezu uwo yari vy’ukuri. Bamwe bavuga ko yari umuntu ameze neza vyonyene. Abandi bavuga ko yari umuhanuzi gusa. Abandi na bo bemera ko Yezu ari Imana, yuko rero akwiye gusengwa. Yoba abikwiye none?

3. Ni kubera iki bihambaye ko umenya Yehova Imana na Yezu Kristu?

3 Birahambaye ko umenya ukuri ku vyerekeye Yezu. Uti kubera iki? Kubera ko Bibiliya ivuga iti: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Ego cane, kumenya ukuri kwerekeye Yehova Imana na Yezu Kristu birashobora kuzotuma umuntu aronka ubuzima budahera mw’Iparadizo kw’isi. (Yohani 14:6) Vyongeye, Yezu aratanga akarorero ntangere k’ingene twobaho n’ingene twofata abandi. (Yohani 13:34, 35) Mu kigabane ca mbere c’iki gitabu, twaraciye irya n’ino ukuri kwerekeye Imana. Ubu na ho, tugira twihweze ico vy’ukuri Bibiliya yigisha ku vyerekeye Yezu Kristu.

MESIYA YARI YARASEZERANYWE

4. Izina “Mesiya” be n’izina “Kristu” asobanura iki?

4 Hagisigaye igihe kirekire cane ngo Yezu avuke, Bibiliya yari yaravuze ukuza kw’uwo Imana yorungitse kuba Mesiya, ni ukuvuga Kristu. Izina “Mesiya” (rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo) be n’izina “Kristu” (rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki), yompi asigura “Uwarobanuwe.” Uwo yasezeranywe yobwirijwe kurobanurwa, ni ukuvuga kugenwa n’Imana kugira abe mu kibanza kidasanzwe. Mu bigabane vyo hanyuma vyo muri iki gitabu, tuzokwiga ibindi ku bijanye n’uruhara ruhambaye Mesiya afise mw’iranguka ry’ivyo Imana yasezeranye. Tuzokwiga kandi ibijanye n’imihezagiro Yezu ashobora kutuzanira no muri iki gihe. Ariko rero, imbere y’uko Yezu avuka, nta nkeka ko abantu benshi bibaza bati: ‘Mbega ni nde azoba Mesiya?’

5. Ni igiki abigishwa ba Yezu bemera badakekeranya ku bimwerekeye?

5 Mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, abigishwa ba Yezu w’i Nazareti baremera badakekeranya ko ari we Mesiya yari yaravuzwe. (Yohani 1:41) Umwe muri abo bigishwa, akaba yari umugabo yitwa Simoni Petero, yaratomoreye Yezu ati: “Uri Kristu.” (Matayo 16:16) Ariko none, abo bigishwa bashoboye gute kumenya badakekeranya ko Yezu vy’ukuri ari we Mesiya yari yarasezeranywe, kandi natwe dushobora kubimenya gute?

6. Tanga akarorero kerekana ukuntu Yehova yafashije abantu b’intahemuka kumenya Mesiya.

6 Abahanuzi batumwe n’Imana babayeho imbere y’uko Yezu aza, bari baravuze ibintu vyinshi vy’ido n’ido vyerekeye Mesiya. Ivyo bintu vyofashije abandi kumumenya. Tubitangire akarorero: Dufate ko bagutumye ku gituro c’amabisi canke ku kibuga c’indege, aho na ho hakaba hari uruja n’uruza, ngo uje gutegera umuntu utarigera ukubita ijisho. Ntivyogufasha none hagize umuntu akubwira utuntu tumwetumwe ku bijanye n’ukuntu ameze? Muri ubwo buryo nyene, biciye ku bahanuzi bo muri Bibiliya, Yehova yarerekanye ibintu vy’ido n’ido bitari bike Mesiya yokoze be n’ivyomushikiye. Iranguka ry’ubwo buhanuzi butari buke ryofashije abantu b’intahemuka kumumenya ata kwihenda.

7. Ni ubuhanuzi bubiri ubuhe buri mu bwarangutse ku bijanye na Yezu?

7 Rimbura uturorero tubiri gusa. Aka mbere: Imyaka irenga 700 imbere y’igihe, umuhanuzi Mika yaravuze yuko uwo yasezeranywe yovukiye i Betelehemu, kakaba kari agasagara gatoyi ko mu gihugu ca Yuda. (Mika 5:2) None Yezu neza na neza yavukiye he? Emwe, yavukiye muri ako gasagara nyene! (Matayo 2:1, 3-9) Akarorero ka kabiri: Ibinjana n’ibindi imbere y’igihe, ubuhanuzi bwanditswe muri Daniyeli 9:25 bwaradomye urutoke ku mwaka Mesiya yoserukiyeko, na wo ukaba ari uwa 29 inyuma ya Kristu. * Iranguka ry’ubwo buhanuzi bubiri hamwe n’ubundi, riratanga ikimenyamenya c’uko Yezu yari we Mesiya yari yarasezeranywe.

Igihe Yezu yabatizwa, yaciye aba Mesiya, ni ukuvuga Kristu

8, 9. Ni ikimenyamenya ikihe c’uko Yezu yari we Mesiya cagaragaye igihe yabatizwa?

8 Ikindi kimenyamenya c’uko Yezu yari Mesiya, cagaragaye amaja mu mpera z’umwaka wa 29 inyuma ya Kristu. Muri uwo mwaka ni ho Yezu yagiye kwa Yohani Umubatizi ngo abatizwe mu Ruzi Yorodani. Yehova yari yarasezeraniye Yohani ko azomuha ikimenyetso kizomufasha kumenya Mesiya. Yohani yarabonye ico kimenyetso igihe Yezu yabatizwa. Bibiliya ivuga ko vyagenze uku: “Yezu amaze kubatizwa, buno nyene aduga ava mu mazi; maze ijuru riruguruka, abona impwemu y’Imana imuzako, imanuka imeze nk’inuma. Humvikana kandi ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: ‘Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.’” (Matayo 3:16, 17) Yohani amaze kubona akongera akumva ibibaye, ntiyakekeranije ko Yezu yarungitswe n’Imana. (Yohani 1:32-34) Igihe impwemu y’Imana ari yo nguvu yayo ikora yasukwa kuri Yezu uwo musi, yaciye aba Mesiya, ni ukuvuga Kristu, uwagenywe ngo abe Indongozi n’Umwami.​—Yesaya 55:4.

9 Iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya hamwe n’intahe Yehova Imana ubwiwe yashinze, birerekana bimwe bitomoye ko Yezu yari we Mesiya yari yarasezeranywe. Ariko Bibiliya irishura n’ibindi bibazo bibiri bihambaye vyerekeye Yezu Kristu: Yakomotse he? Kandi yari umuntu ameze gute?

YEZU YAKOMOTSE HE?

10. Bibiliya yigisha iki ku vyerekeye ukubaho kwa Yezu imbere y’uko aza kw’isi?

10 Bibiliya yigisha ko Yezu yabaye mw’ijuru imbere y’uko aza kw’isi. Mika yari yaravuze yuko Mesiya yovukiye i Betelehemu yongera avuga yuko amamuko yiwe “ari ayo kuva mu bihe vya kera.” (Mika 5:2) Incuro zitari nke, Yezu yarivugiye ko yabaye mw’ijuru imbere y’uko avuka ari umuntu. (Soma Yohani 3:13; 6:38, 62; 17:4, 5) Igihe Yezu yari mw’ijuru, yari afitaniye ubucuti budasanzwe na Yehova.

11. Bibiliya yerekana gute ko Yezu ari we Mwana wa Yehova akundwa cane kuruta abandi bose?

11 Yezu ni we Mwana wa Yehova akundwa cane kuruta abandi bose, kandi ivyo birumvikana. Yitwa “imfura mu biremwa vyose” kubera ko ari we Imana yahereyeko kurema. * (Abakolosayi 1:15) Hari ikindi kintu gituma uwo Mwana aba uwudasanzwe. Ni “Umwana . . . w’ikinege.” (Yohani 3:16) Ivyo bisobanura ko Yezu ari we wenyene Imana yiremeye ata wundi biciyeko. Yezu ni we kandi wenyene Imana yakoresheje igihe yarema ibindi bintu vyose. (Abakolosayi 1:16) N’ikindi kandi, Yezu yitwa “Jambo.” (Yohani 1:14) Ivyo bitwereka ko yari umuvugizi w’Imana, ata gukeka akaba yashikiriza ubutumwa n’ubuyobozi abandi bana ba Se, baba abamarayika canke abantu.

12. Tumenyeshwa n’iki yuko wa Mwana w’imfura atangana n’Imana?

12 Uwo Mwana w’imfura yoba angana n’Imana nk’uko bamwe bavyemera? Ivyo si vyo Bibiliya yigisha. Nk’uko tubibonye muri iyo ngingo iheze, uwo Mwana yararemwe. Birumvikana rero ko yagize intango, mu gihe Yehova Imana we atagira intango n’iherezo. (Zaburi 90:2) Uwo Mwana w’ikinege ntiyigeze aniyumvira kugerageza kungana na Se. Bibiliya yigisha mu buryo butomoye ko Data aruta Umwana. (Soma Yohani 14:28; 1 Abakorinto 11:3) Yehova wenyene ni we “Mana Mushoboravyose.” (Itanguriro 17:1) Ku bw’ivyo, nta we bangana. *

13. Bibiliya iba ishaka kuvuga iki igihe ivuze ko Umwana ari “ishusho y’Imana itaboneka”?

13 Imbere cane y’uko amajuru yuzuye inyenyeri aremwa, n’isi nyene itararemwa, Yehova be n’Umwana wiwe w’imfura baramaze imyaka amamiliyaridi bafitaniye ubucuti somambike. Bategerezwa kuba barakundana pe! (Yohani 3:35; 14:31) Uwo Mwana mukundwa yari ameze neza na neza nka Se. Ni co gituma Bibiliya ivuga ko uwo Mwana ari “ishusho y’Imana itaboneka.” (Abakolosayi 1:15) Ego cane, nk’uko nyene umwana w’umuntu ashobora gusa cane na se mu bintu vyinshi, n’uwo Mwana wo mw’ijuru yari afise kamere nk’iza Se.

14. Vyagenze gute ngo Umwana w’ikinege wa Yehova avuke ari umuntu?

14 Umwana w’ikinege wa Yehova yaremeye kuva mw’ijuru maze aza kuba ng’aha kw’isi ari umuntu. Ariko ushobora kwibaza uti: ‘Vyashobotse gute ngo Yezu uwaba mw’ijuru avuke ari umuntu?’ Yehova yarakoze igitangaro kugira ngo bishoboke. Yakuye mw’ijuru ubuzima bw’uwo Mwana wiwe w’imfura abwimurira mu nda y’umwigeme w’isugi w’Umuyudakazi yitwa Mariya. Ntivyasavye ko hagira umugabo aba se wiwe. Gutyo, Mariya yaravyaye umuhungu atunganye araheza amwita Yezu.​—Luka 1:30-35.

YEZU YARI UMUNTU AMEZE GUTE?

15. Ni kubera iki dushobora kuvuga ko biciye kuri Yezu turushiriza kumenya Yehova?

15 Ivyo Yezu yavuze n’ivyo yakoze akiri ng’aha kw’isi biradufasha kumumenya neza. Vyongeye, biciye kuri Yezu turarushiriza kumenya Yehova. Uti kubera iki? Niwibuke yuko uko uwo Mwana ameze bigaragaza neza na neza uko Se ameze. Ni co gituma Yezu yabwiye umwe mu bigishwa biwe ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.” (Yohani 14:9) Vya bitabu bine vya Bibiliya vyitwa Injili, ivyo na vyo bikaba ari Matayo, Mariko, Luka na Yohani, biratubwira vyinshi ku vyerekeye ubuzima bwa Yezu Kristu, ivyo yakoze be na kamere ziwe.

16. Ubutumwa bwa Yezu ahanini bwari ubuhe, kandi ivyo yigisha vyava hehe?

16 Yezu yari azwi ko ari “Umwigisha.” (Yohani 1:38; 13:13) Yigisha iki? Ahanini ubutumwa bwiwe bwari “inkuru nziza y’ubwami,” ni ukuvuga Ubwami bw’Imana, ya ntwaro yo mw’ijuru izotegeka isi yose ikongera ikazanira abantu bagamburuka imihezagiro idahera. (Matayo 4:23) Ubwo butumwa bwari ubwa nde? Yezu ubwiwe yavuze ati: “Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwandungitse,” uwo na we akaba ari Yehova. (Yohani 7:16) Yezu yari azi yuko Se ashaka ko abantu bumva inkuru nziza y’Ubwami. Mu kigabane ca 8, tuzokwiga n’ibindi ku vyerekeye Ubwami bw’Imana be n’ivyo buzokora.

17. Yezu yigishiriza hehe, kandi ni kubera iki yitanga cane kugira yigishe abandi?

17 Yezu yigishiriza hehe? Aho ari ho hose yasanga abantu, haba mu mitumba canke mu bisagara, mu bigwati, mu tuguriro no mu mihana yabo. Yezu ntiyitega ko abantu bamusanga aho ari. Yabasanga iyo bari. (Mariko 6:56; Luka 19:5, 6) Ni kubera iki Yezu yitanga bigeze iyo, akamara umwanya munini yamamaza yongera yigisha? Ni kubera ko ivyo ari vyo Imana yagomba ko akora. Yezu yama akora ivyo Se agomba. (Yohani 8:28, 29) Ariko hari n’iyindi mvo yatuma yamamaza. Yaraterwa ikigongwe n’amasinzi y’abantu baza kumuraba. (Soma Matayo 9:35, 36.) Indongozi zabo z’idini ntizabitaho kandi ari zo zari zikwiye kubigisha ukuri kwerekeye Imana n’imigambi yayo. Yezu yari azi ko abantu bari bakeneye rwose kwumva ubutumwa bw’Ubwami.

18. Ni kamere izihe za Yezu ushima kuruta izindi?

18 Yezu yari umuntu afise igishika n’ikibabarwe kandi yitwararikana. Ivyo vyatuma abandi babona ko ashikirana be n’uko afise umutima mwiza. Mbere n’abana barumva bisanze igihe baba bari kumwe na we. (Mariko 10:13-16) Yezu ntiyagira nkunzi. Yaranka ibiturire n’akarenganyo. (Matayo 21:12, 13) Mu gihe wasanga abakenyezi badasonerwa na gato kandi bagaterwa uduteka turi ku rushi, we yabafatana icubahiro. (Yohani 4:9, 27) Yezu yaricisha bugufi vy’ukuri. Igihe kimwe, yarogeje ibirenge vy’intumwa ziwe, ico kikaba cari igikorwa cakunda gukorwa n’umusuku wo hasi.

Yezu yamamaza ahantu hose yasanga abantu

19. Ni akarorero akahe kerekana ko Yezu atirengagiza ivyo abandi bakeneye?

19 Yezu ntiyirengagiza ivyo abandi bakeneye. Ivyo vyaribonekeza canecane igihe yakora ibitangaro vyo gukiza abishobojwe n’ububasha bw’impwemu y’Imana. (Matayo 14:14) Nk’akarorero, hari umugabo yari arwaye imibembe yaje aho Yezu ari amubwira ati: “Ubishatse gusa, urashobora kumpumanura.” Yezu yariyumvisemwo umubabaro uwo mugabo yari afise. Yezu abitumwe n’ikigongwe, yararamvuye ukuboko akora kuri uwo mugabo, maze avuga ati: “Ndabishaka. Humanuka.” Uwo mugabo yari arwaye yaciye akira! (Mariko 1:40-42) Iyumvire nawe ukuntu uwo mugabo ategerezwa kuba yaciye yumva amerewe!

INTAHEMUKA GUSHIKA KW’IHEREZO

20, 21. Yezu yatanze akarorero gute mu vyo kugamburukira Imana adahemuka?

20 Yezu yaratanze akarorero keza cane mu vyo kugamburukira Imana adahemuka. Yagumye ari intahemuka kuri Se wiwe wo mw’ijuru uko ibintu vyaba vyifashe kwose no mu gihe ico ari co cose yaba ariko arahamwa canke ariko arashikirwa n’imibabaro. Yezu yarananiye ibigeragezo vya Shetani ashikamye. (Matayo 4:1-11) Zimwezimwe mu ncuti za Yezu zarigeze kuba zitamwizera, mbere zikavuga ko ‘asara.’ (Mariko 3:21) Ariko ivyo nta co vyahinduye kuri Yezu; yibandanirije gukora igikorwa c’Imana. Naho Yezu yatukwa akongera agafatwa nabi, yarabandanije kwigumya, kandi ntiyigeze agerageza kugirira nabi abamurwanya.​—1 Petero 2:21-23.

21 Yezu yagumye ari intahemuka gushika apfuye, akaba yishwe n’abansi biwe bunyamaswa kandi mu buryo bubabaje. (Soma Abafilipi 2:8.) Rimbura ivyo yihanganiye ku musi wa nyuma w’ubuzima bwiwe ari umuntu. Yarafashwe, aragirizwa n’amasura y’ibinyoma, aracirwa rubi n’abacamanza bononekaye, isinzi ry’abantu riramutwenga yongera arasinzikarizwa ubuzima n’abasoda. Akomerewemwo imisumari ku giti, yarasemereye agira acikane ati: “Birarangutse.” (Yohani 19:30) Ariko rero, ku musi ugira gatatu Yezu apfuye, Se wiwe wo mw’ijuru yaramuzuye asubira kuba ikiremwa c’impwemu. (1 Petero 3:18) Haciye imisi 40, yarasubiye mw’ijuru. Aho mw’ijuru, “[yaricaye] iburyo bw’Imana” maze ararindira gushika aronse ubutegetsi bwa cami.​—Abaheburayo 10:12, 13.

22. Ni igiki cashobotse kubera ko Yezu yagumye ari intahemuka gushika apfuye?

22 Ni igiki cashobotse kubera ko Yezu yagumye ari intahemuka gushika apfuye? Urupfu rwa Yezu mu vy’ukuri rwaratumye haboneka akaryo ko kuronka ubuzima budahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi, nk’uko vyari mu mugambi wa Yehova kuva mu ntango. Mu kigabane gikurikira tuzokwihweza ukuntu urupfu rwa Yezu rutuma ivyo bishoboka.

^ ing. 7 Wipfuza insobanuro y’ubuhanuzi bwa Daniyeli bwarangutse ku bijanye na Yezu, raba ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Ukuntu ubuhanuzi bwa Daniyeli bwavuze ivyerekeye ugushika kwa Mesiya.”

^ ing. 11 Yehova yitwa Data kubera ko ari we Muremyi. (Yesaya 64:8) Kubera ko Yezu yaremwe n’Imana, yitwa Umwana w’Imana. Kubera imvo nk’izo nyene, abandi bamarayika, eka mbere na wa mugabo Adamu, bitwa abana b’Imana.​—Yobu 1:6; Luka 3:38.

^ ing. 12 Nimba wipfuza ikindi kimenyamenya c’uko uwo Mwana w’imfura atangana n’Imana, raba ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Ukuri ku vyerekeye Data, Umwana be n’impwemu nyeranda.”