Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA GATANDATU

Abapfuye bari hehe?

Abapfuye bari hehe?
  • Bitugendera gute iyo dupfuye?

  • Ni kubera iki dupfa?

  • Kumenya ukuri ku vyerekeye urupfu vyoba vyohumuriza umuntu?

1-3. Ni ibibazo ibihe abantu bibaza ku vyerekeye urupfu, kandi ni inyishu izihe amadini atandukanye atanga?

IVYO ni ibibazo abantu bamaze imyaka ibihumbi bibaza. Ni ibibazo bihambaye. Twaba turi bande canke tuba hehe, umwe wese muri twebwe aripfuza kumenya inyishu z’ivyo bibazo.

2 Mu kigabane giheruka, twarabonye ko inkuka y’incungu ya Yezu Kristu yatumye bishoboka yuko abantu baronka ubuzima budahera. Twarize kandi yuko Bibiliya ivuga ivyerekeye igihe ‘urupfu rutazoba rukiriho.’ (Ivyahishuwe 21:4) Imbere y’uko ico gihe gishika, usanga twese dupfa. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Abazima bazi yuko bazopfa.” (Umusiguzi 9:5) Turagerageza ngo turabe ko tworamba. Ariko rero, turibaza ingene bizotugendera nitwapfa.

3 Iyo abacu bapfuye turababara cane. Turashobora no kwibaza duti: ‘Bameze gute? Boba bariko barashikirwa n’imibabaro? Boba badukingira? Twoba dushobora kubafasha? Twoba tuzokwigera dusubira kubabona?’ Amadini yo muri iyi si yishura ivyo bibazo mu buryo butandukanye. Amwe yigisha yuko ubayeho ukora neza uzoja mw’ijuru, wabaho ukora nabi na ho ukazoturirirwa mu muriro. Ayandi yigisha ko igihe abantu bapfuye baja mu karere k’impwemu kugira ngo babane na ba sekuruza babo. Ayandi na yo yigisha ko iyo abantu bapfuye baja mu karere k’i kuzimu kugira ngo bacirwe urubanza maze bagaca bavukira mu kindi kiremwa.

4. Ni iciyumviro nyamukuru ikihe amadini menshi ahurizako ku vyerekeye urupfu?

4 Inyigisho nk’izo z’amadini, zose zihuriza kuri iki ciyumviro nyamukuru kimwe: Ngo ikibiribiri kirapfa yamara hakagira ikintu kiri mu bitugize gisigara ntigipfe. Nk’uko vyavuzwe n’amadini nka yose, yaba ayabayeho kera canke ayariho ubu, ngo hari ukuntu tubandanya kubaho ibihe vyose dufise ubushobozi bwo kubona, kwumva no kwiyumvira. None wumva ivyo vyoshoboka? Ibintu umubiri wacu ugira nko kubona, kumoterwa no kwumva hamwe no kwiyumvira, bikoreshwa n’ubwonko bwacu. Iyo umuntu apfuye, ubwonko buca bureka gukora. Ubushobozi bwacu bwo kwibuka, bwo kugira inyiyumvo, be n’ibindi bintu nko kubona, kumoterwa no kwumva, ntibubandanya gukora mu buryo busiga ubwenge budafashijwe n’ubwonko bwacu. Ntibubandanya gukora ubwonko bwamaze gupfa.

MU VY’UKURI BIGENDA GUTE IYO UMUNTU APFUYE?

5, 6. Bibiliya yigisha iki ku vyerekeye ukuntu abapfuye bameze?

5 Uko bigenda umuntu apfuye si ikinyegezwa kuri Yehova kuko ari we yaremye ubwonko. Arazi uko bigenda, kandi mw’Ijambo ryiwe Bibiliya, arasigura ukuntu abapfuye bameze. Inyigisho itomoye iri muri iryo Jambo ry’Imana ni iyi: Igihe umuntu apfuye, aba aretse kubaho. Urupfu ni igihushane c’ubuzima. Umuntu yapfuye ntashobora kubona, kwumva canke kwiyumvira. Mbere n’iciyumviro c’uko ngo hari ikintu kiri mu bitugize kibandanya kubaho ikibiribiri capfuye, si co. Nta mutima w’ubwenge canke impwemu bidapfa dufise. *

Urubeya rwagiye hehe?

6 Salomo amaze kwitegereza akabona ko abazima bazi ko bazopfa, yanditse ati: “Mugabo abapfuye, nta co bazi namba.” Yaciye yunganira ukwo kuri kw’ishimikiro mu kuvuga yuko abapfuye badashobora kugira ico bakunze canke banse yongera avuga yuko “ata gikorwa, canke umugambi, canke ubumenyi, canke ubukerebutsi mu kuzimu.” (Soma Umusiguzi 9:5, 6, 10.) Mu buryo busa n’ubwo, muri Zaburi 146:4 havuga yuko igihe umuntu apfuye, ‘ivyiyumviro vyiwe bihera.’ Turapfa tugahera, tukaba rero tutabandanya kubaho umubiri wacu umaze gupfa. Ubuzima bwacu bumeze nk’urubeya rw’ibuji. Igihe bayizimije, urubeya nta na hamwe ruja. Rurakamangana gusa.

ICO YEZU YAVUZE KU VYEREKEYE URUPFU

7. Yezu yagereranije urupfu n’iki?

7 Yezu Kristu yaravuze ukuntu abapfuye bameze. Yarabivuze ku bijanye na Lazaro, uno akaba yari umugabo yari azi neza akaba kandi yari yapfuye. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Lazaro umugenzi wacu araruhutse.” Abo bigishwa biyumviriye yuko Yezu ashaka kuvuga ko Lazaro aruhutse mu gusinzira, ko ariko aratora mitende. Bari bihenze. Yezu yatomoye ati: “Lazaro yapfuye.” (Soma Yohani 11:11-14.) Urabona ko Yezu yagereranije urupfu n’ugusinzira. Lazaro ntiyari mw’ijuru canke mu muriro udahera. Ntiyariko arabonana n’abamarayika canke basokuruza. Lazaro ntiyariko asubira kuvuka ari uwundi muntu. Yari aruhukiye mu rupfu, nk’umuntu ari muri rinini ata n’ukurota. Hari n’ikindi gihe Yezu yagereranije urupfu n’itiro. Nk’akarorero, igihe umwigishwa Sitefano yicishwa amabuye, Bibiliya ivuga ko ‘yasinziriye.’ (Ivyakozwe 7:60) Muri ubwo buryo nyene, intumwa Paulo yaranditse ku vyerekeye abantu bamwebamwe bo mu gihe ciwe bari “barasinziriye mu rupfu.”​—1 Abakorinto 15:6.

Yehova yaremye abantu ngo babeho ibihe bidahera kw’isi

8. Tumenya gute ko Imana itari ifise umugambi w’uko abantu bapfa?

8 Mbega mu ntango Imana yoba yari ifise umugambi w’uko abantu bapfa? Habe namba! Yehova yaremye abantu kugira ngo babeho ibihe bidahera ng’aha kw’isi. Nk’uko twabibonye muri iki gitabu, Imana yashize umugabo n’umugore ba mbere mw’Iparadizo iteye igomwe. Yarabahaye amagara atagira agahaze. Yehova yabashakira ivyiza gusa. Hoba hari umuvyeyi w’umunyarukundo yokwipfuza ko abana biwe basaza kandi bagapfa? Iyo wumva nta n’umwe! Yehova yarakunda abo bana biwe kandi yashaka ko bahimbarwa ibihe vyose ng’aha kw’isi. Ku vyerekeye abantu, Bibiliya ivuga iti: “Igihe kitagira urugero [Yehova] yagishize mu mutima wabo.” (Umusiguzi 3:11) Imana yaturemanye icipfuzo co kubaho ibihe bidahera. Kandi yarashizeho intunganyo zizotuma ivyo bishoboka.

IGITUMA ABANTU BAPFA

9. Ni igiki Yehova yabujije Adamu, kandi ni kubera iki iryo bwirizwa ritari rigoye kugamburuka?

9 Ni kubera iki none abantu bapfa? Kugira turonke inyishu y’ico kibazo, dutegerezwa kurimbura ivyashitse igihe kw’isi hari hakiri umugabo umwe n’umugore umwe gusa. Bibiliya isigura iti: “Yehova Imana ameza ku butaka igiti cose kiryoheye ijisho kandi kibereye kuribwa.” (Itanguriro 2:9) Ariko rero, hariho ikintu kimwe yari yarababujije. Yehova yabwiye Adamu ati: “Igiti cose co muri uwo murima urashobora kukiryako ugashira ipfa. Mugabo ku vyerekeye igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, ntuze ukiryeko, kuko umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza.” (Itanguriro 2:16, 17) Iryo bwirizwa ntiryari rigoye kugamburuka. Hariho ibindi biti vyinshi Adamu na Eva bari kuryako. Mugabo ico gihe, bari baronse akaryo kadasanzwe ko kwerekana ko bakengurukira uwari yarabahaye ibintu vyose, tudasize inyuma kubaho ari abantu batunganye. Ukugamburuka kwabo kwokwerekanye kandi ko bubaha ubukuru bw’uwo Se wabo wo mw’ijuru be n’uko bipfuza kuyoborwa na we mu buryo buranga urukundo.

10, 11 (a) Vyagenze gute ngo umugabo n’umugore ba mbere bagambararire Imana? (b) Ni kubera iki ukugambarara kwa Adamu na Eva cari ikintu gikomeye?

10 Ikibabaje ni uko uwo mugabo n’umugore ba mbere bahisemwo kugambararira Yehova. Shetani abicishije ku nzoka, yabajije Eva ati: “Ni ivy’ukuri yuko Imana yavuze ngo ntimuze murye ku giti na kimwe co mu murima?” Eva yishuye ati: “Ivyamwa vy’ibiti vyo mu murima turashobora kubiryako. Mugabo ku bijanye n’ukurya ku vyamwa vy’igiti kiri hagati na hagati mu murima, Imana yavuze iti: ‘Ntimuze mukiryeko, oya, ntimuze mugikoreko, kugira ntimupfe.’”​—Itanguriro 3:1-3.

11 Shetani yavuze ati: “Haba namba ntimuzopfa. Kuko Imana izi yuko umusi nyene mwakiriyeko amaso yanyu azoca yuguruka mugaca mumera nk’Imana, mukamenya iciza n’ikibi.” (Itanguriro 3:4, 5) Shetani yashaka ko Eva yemera yuko ariye ico camwa babujijwe vyomugiriye akamaro. Ku bwa Shetani, Eva yari akwiye kwihitiramwo iciza n’ikibi ico ari co; yari akwiye gukora ivyo yishakiye. Shetani kandi yagirije Yehova ko yabeshe ku bijanye n’ingaruka zovuye ku kurya ico camwa. Eva yaremeye ivyo Shetani amubwiye. Yaramuye rero kuri ico giti ararya. Mu nyuma yarahayeko n’umugabo wiwe, na we nyene ararya. Ntibakoze ico batazi. Bari bazi yuko bariko bakora neza na neza bimwe nyene Imana yababuza. Mu kurya ico camwa, baragambaraye n’ibigirankana itegeko ryoroshe kandi ryumvikana. Bagaragaje ko bakengereye Se wabo wo mw’ijuru be n’ubukuru bwiwe. Ukwo kutubaha Umuremyi wabo munyarukundo nta wari kukwihanganira!

12. Ni igiki codufasha gutahura ingene Yehova yumvise amerewe igihe Adamu na Eva bafata inzira yo kumurwanya?

12 Nk’akarorero, wokwumva umerewe gute hamwe woba warareze ukongera ukabungabunga umuhungu wawe canke umukobwa wawe, maze akakugambararira mu buryo bwerekana ko atakwubaha canke atagukunda? Ivyo vyokubabaza cane. Iyumvire rero ukuntu Yehova ategerezwa kuba yarababaye igihe Adamu na Eva bafata inzira yo kumurwanya.

Adamu yavuye mu mukungugu, kandi yasubiye mu mukungugu

13. Yehova yavuze ko Adamu apfuye yoshikiwe n’iki, kandi ivyo bisigura iki?

13 Yehova nta mvo n’imwe yari afise yo kureka ngo ivyo bigaba Adamu na Eva bibeho ibihe bidahera. Barapfuye nk’uko nyene yari yarabivuze. Adamu na Eva bararetse kubaho. Ntibimukiye mu karere k’impwemu. Ivyo tubimenyeshwa n’ivyo Yehova yabwiye Adamu amaze kumwereka aho ubugaba bwiwe buhagaze. Imana yavuze iti: “[Uzosubira] mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Itanguriro 3:19) Imana yari yaremye Adamu imukuye mu mukungugu wo hasi. (Itanguriro 2:7) Imbere y’aho, Adamu ntiyabaho. Igihe rero Yehova yavuga yuko Adamu yosubiye mu mukungugu, yashaka kuvuga ko Adamu yosubiye kutabaho. Adamu yobaye uwutagira ubuzima nk’uko umukungugu yakuwemwo umeze.

14. Ni kubera iki dupfa?

14 Adamu na Eva bari gushobora kuba bakiriho, mugabo barapfuye kubera ko bahisemwo kugambararira Imana gutyo baba baracumuye. Dupfa kubera ko igicumuro ca Adamu be n’urupfu vyandukiye abamukomotseko bose. (Soma Abaroma 5:12.) Ico gicumuro kimeze nk’indwara y’akaronda ikomeye ata n’umwe ishobora kurengana. Ingaruka yayo ari rwo rupfu, ni umuvumo. Urupfu ni umwansi si umugenzi. (1 Abakorinto 15:26) Ese ingene dukwiye gukenguruka kubona Yehova yaraduhaye incungu yo kudukura mu vyara vy’uwo mwansi ateye ubwoba!

KUMENYA UKURI KU VYEREKEYE URUPFU NI NGIRAKAMARO

15. Ni kubera iki bihumuriza kumenya ukuri ku vyerekeye abapfuye?

15 Ico Bibiliya yigisha ku vyerekeye ukuntu abapfuye bameze kirahumuriza. Nk’uko twabibonye, abapfuye ntibababara canke ngo bagire intuntu. Nta mvo n’imwe dufise yo kubatinya kubera ko badashobora kutugirira nabi. Ntibakeneye ko tubafasha kandi na twebwe ntibashobora kudufasha. Ntidushobora kubavugisha kandi na bo nyene ntibashobora kutuvugisha. Abarongoye amadini benshi bavuga babesha ngo barashobora gufasha abapfuye, maze abantu bemera ivyo abo barongozi bavuga bakabaha amahera. Ariko igihe tumenye ukuri ku vyerekeye abapfuye, biratuma tudahendwa n’abantu bigisha ibinyoma nk’ivyo.

16. Ni nde ari inyuma y’inyigisho z’amadini menshi, kandi mu buryo ubuhe?

16 Mbega ivyo idini urimwo ryigisha ku vyerekeye abapfuye, vyoba bihuza n’ivyo Bibiliya yigisha? Amadini menshi ntahuza na Bibiliya. Kubera iki? Kubera ko Shetani ari we ari inyuma y’inyigisho zayo. Arakoresha idini ry’ikinyoma kugira atume abantu bemera yuko imibiri yabo imaze gupfa bazobandanya kubaho bari mu karere k’impwemu. Ico ni ikinyoma Shetani afatanya n’ibindi binyoma kugira akure abantu kuri Yehova Imana. Ivyo abikora gute?

17. Ni kubera iki inyigisho y’umuriro udahera itukisha Imana?

17 Nk’uko twabibonye, amadini amwamwe yigisha ko igihe umuntu abayeho akora nabi, apfuye aja mu muriro kugira ababazwe ibihe vyose. Iyo nyigisho iratukisha Imana. Yehova ni Imana y’urukundo akaba rero adashobora kubabaza abantu muri ubwo buryo. (Soma 1 Yohani 4:8.) Wobona gute umugabo yahanye umwana wiwe w’ikigaba mu kumwotsa ibiganza akabigumiza mu muriro? Ubwo wokwubaha umugabo nk’uwo? Mbega hoho, wokwipfuza no kumumenya? Habe namba! Ivyo ari vyo vyose wobona ko yamenje. Yamara, Shetani ashaka kutwemeza ko Yehova ababariza abantu mu muriro ibihe vyose, ni ukuvuga imyaka amamiliyaridi adaharurwa!

18. Gusenga abapfuye bishingiye ku kinyoma ikihe cigishwa mu madini?

18 Shetani kandi arakoresha amadini amwamwe kugira yigishe ko abantu bamaze gupfa bacika imizimu, abakiriho ngo bakaba bategerezwa kububaha. Iyo nyigisho ivuga ko imizimu y’abapfuye ishobora gucika abagenzi bafise ubushobozi canke abansi bateye ubwoba. Abantu benshi baremera ico kinyoma. Baratinya abapfuye, bakabaha icubahiro kandi bakabasenga. Bibiliya yoyo yigisha ko abapfuye basinziriye be n’uko dukwiye gusenga gusa Imana y’ukuri Yehova, we Muremyi wacu akaba ari na we aturonsa ivyo dukenera.​—Ivyahishuwe 4:11.

19. Kumenya ukuri ku vyerekeye abapfuye bidufasha gutahura iyindi nyigisho iyihe yo muri Bibiliya?

19 Kumenya ukuri ku vyerekeye abapfuye biratuma udahendwa n’ibinyoma vyigishwa mu madini. Biragufasha kandi gutahura izindi nyigisho zo muri Bibiliya. Nk’akarorero, igihe umenye yuko iyo abantu bapfuye badaca bimukira mu karere k’impwemu, uca urushiriza gutahura isezerano ryo kubaho ibihe bidahera mw’isi izoba yabaye Iparadizo.

20. Ni ikibazo ikihe kizokwihwezwa mu kigabane gikurikira?

20 Haraciye igihe kirekire wa mugabo w’umugororotsi Yobu abajije ati: “Umuntu w’umugabo apfuye, yosubira kubaho?” (Yobu 14:14) Vyoba bishoboka ko umuntu atagifise ubuzima asinziriye mu rupfu asubira kugirwa muzima? Ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye ico kibazo birahumuriza cane nk’uko ikigabane gikurikira kivyerekana.

^ ing. 5 Wipfuza kumenya nimba abantu boba bafise canke badafise muri bo ikintu kitaboneka kandi kidahwera, turagusavye urabe ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Abantu boba vy’ukuri bafise muri bo ikintu kitaboneka kandi kidahwera?