Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE C’UMUNANI

Ubwami bw’Imana ni iki?

Ubwami bw’Imana ni iki?
  • Bibiliya itubwira iki ku vyerekeye Ubwami bw’Imana?

  • Ubwami bw’Imana buzokora iki?

  • Ni ryari ubwo Bwami buzotuma ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi?

1. Ni igisabisho kizwi cane ikihe tugira twihweze?

ABANTU amamiliyoni hirya no hino kw’isi baramenyereye cane ca gisabisho benshi bita Dawe wa twese. Iyo mvugo ishaka kwerekana isengesho ry’akarorero rizwi cane Yezu Kristu ubwiwe yigishije. Ni isengesho rifise insobanuro ikomeye, kandi kwihweza ibintu bitatu vya mbere abantu basaba muri ryo, biraza kugufasha kumenya ibitari bike ku vyerekeye ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha.

2. Ni ibintu bitatu ibihe biri mu vyo Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga basaba?

2 Mu ntango y’iryo sengesho ry’akarorero, Yezu yigishije abariko baramwumviriza ati: “Nuko rero musenge mutya: ‘Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.’” (Matayo 6:9-13) Ivyo bintu bitatu abantu basaba bisobanura iki?

3. Dukeneye kumenya iki ku vyerekeye Ubwami bw’Imana?

3 Turamaze kwiga ibitari bike ku vyerekeye izina ry’Imana ari ryo Yehova. Kandi hari ivyo tumaze kuganira ku bijanye n’ivyo Imana igomba, ni ukuvuga ivyo yakoreye abantu be n’ivyo izobakorera. Ariko none, Yezu yashaka kuvuga iki igihe yatubwira ngo dusenge duti: “Ubwami bwawe nibuze”? Ubwami bw’Imana ni iki? Ni gute ukuza kwabwo kuzokweza izina ry’Imana, ni ukuvuga kuzotuma riba ryeranda? Kandi ukuza kw’ubwo Bwami gufitaniye isano gute n’ugukorwa kw’ivyo Imana igomba?

UBWAMI BW’IMANA ICO ARI CO

4. Ubwami bw’Imana ni iki, kandi Umwami wabwo ni nde?

4 Ubwami bw’Imana ni intwaro yashinzwe na Yehova Imana ikaba itwarwa n’Umwami yatoranijwe n’Imana. Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde? Ni Yezu Kristu. Yezu ni Umwami aruta abategetsi bose b’abantu, akaba yitwa “Umwami w’abaganza akaba n’Umukama w’abakama batwara.” (1 Timoteyo 6:15) Arafise ububasha bwo gukora ibintu vyiza birengeye kure n’iyo ivyo umutegetsi uwo ari we wese w’umuntu yokora, mbere n’uwoba yitwa ko aruta abandi.

5. Ubwami bw’Imana buzoganza buri hehe, kandi buzoganza iki?

5 Ubwami bw’Imana buzoganza buri hehe? None ntituzi iyo Yezu ari? Niwibuke ko twize yuko yishwe amanitswe ku giti co kubabarizwako, hanyuma akazurwa. Inyuma yaho gatoyi, yaraduze mw’ijuru. (Ivyakozwe 2:33) Aho ni ho rero Ubwami bw’Imana buri, ni ukuvuga mw’ijuru. Ni co gituma Bibiliya ibwita “ubwami . . . bwo mw’ijuru.” (2 Timoteyo 4:18) Naho Ubwami bw’Imana buri mw’ijuru, buzoganza isi.​—Soma Ivyahishuwe 11:15.

6, 7. Ni igiki gituma Yezu aba Umwami adasanzwe?

6 Ni igiki gituma Yezu aba Umwami adasanzwe? Ico womenya coco, ntazokwigera apfa. Mu kwerekana itandukaniro riri hagati ya Yezu n’abami basanzwe, Bibiliya ivuga ko ari we “wenyene afise ukudapfa, aba mu muco utegerwa.” (1 Timoteyo 6:16) Ivyo bisobanura ko iciza cose Yezu akora kizokwamaho. Vyongeye, azokora ibintu bihambaye kandi vyiza.

7 Rimbura ubu buhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekeye Yezu bugira buti: “Impwemu ya Yehova izoba kuri we, impwemu y’ubukerebutsi n’ugutegera, impwemu y’impanuro n’ubushobozi, impwemu y’ubumenyi n’ugutinya Yehova; kandi umunezero wiwe uzoba mu gutinya Yehova. Kandi ntazoca urubanza afatiye ku bipfa kubonekera amaso yiwe, canke ngo akangire yisunze gusa ivyo amatwi yiwe yumvise. Kandi azocira urubanza koko abantu batobato mu bugororotsi, atange igikangiro mu kugororoka ku neza y’abatekereza bo kw’isi.” (Yesaya 11:2-4) Ayo majambo yerekana ko Yezu yagenewe kuba Umwami w’abantu bo kw’isi agororotse kandi w’impuhwe. Ntiwoshima none gutwarwa n’umutegetsi nk’uwo?

8. Ni bande bazofadikanya na Yezu gutegeka?

8 Raba ikindi kintu cerekeye Ubwami bw’Imana: Yezu ntazotegeka ari wenyene. Azoba afise abamufasha. Nk’akarorero, intumwa Paulo yabwiye Timoteyo ati: “Nitwabandanya kwihangana, tuzoganzanya kandi na we.” (2 Timoteyo 2:12) Ego cane, Paulo, Timoteyo n’abandi bantu b’abizigirwa batoranijwe n’Imana bazofadikanya na Yezu gutegeka mu Bwami bwo mw’ijuru. None ni bangahe bazoterwa ako gateka?

9. Ni bangahe bazofadikanya na Yezu gutegeka, kandi Imana yatanguye kubatoranya ryari?

9 Nk’uko bivugwa mu kigabane ca 7 c’iki gitabu, intumwa Yohani yareretswe ibintu, aho yabonye “Umwagazi w’intama [Yezu Kristu], ahagaze ku Musozi Siyoni [ni ukuvuga ikibanza ciwe c’ubwami mw’ijuru], ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bafise izina ryiwe n’izina rya Se wiwe yanditswe ku ruhanga rwabo.” Abo bantu 144.000 ni bande? Yohani atubwira ati: “Abo ni bo baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose. Abo baguzwe bakuwe mu bantu ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi w’intama.” (Ivyahishuwe 14:1, 4) Egome, ni abayoboke ba Yezu Kristu b’abizigirwa batoranijwe ngo bafadikanye na we gutegeka bari mw’ijuru. Bamaze kuzuka bakaronka ubuzima mw’ijuru, baba biteguriye ‘kuganza isi’ bafadikanije na Yezu. (Ivyahishuwe 5:10) Kuva mu gihe c’intumwa, Imana yagiye iratoranya abakirisu b’abizigirwa kugira ngo bakwize ico gitigiri c’abantu 144.000.

10. Ni kubera iki ari intunganyo iranga urukundo kubona Yezu na bamwe 144.000 ari bo bazotegeka abantu?

10 Gutunganya ivy’uko Yezu na bamwe 144.000 bategeka abantu, ni ikintu kiranga urukundo. Kimwe coco, Yezu arazi ico ari co kuba umuntu kandi arazi ico ari co gushikirwa n’imibabaro. Ku bijanye na Yezu, Paulo yavuze ko “umuherezi mukuru dufise atari uwudashobora gusangira natwe umubabaro mu bugoyagoye bwacu, ahubwo [ko ari] uwagejejwe mu mice yose cokimwe natwe, mugabo ntiyagira igicumuro.” (Abaheburayo 4:15; 5:8) Abo bafadikanya gutegeka na bo nyene barashikiwe n’imibabaro bongera barihangana igihe bari abantu. Vyongeye, baranyinyana n’ukudatungana bakongera bakarwara indwara z’ubwoko bwose. Nta gukeka ko bazotahura ingorane zishikira abantu.

UBWAMI BW’IMANA BUZOKORA IKI?

11. Ni kubera iki Yezu yavuze ko abigishwa biwe bakwiye gusenga basaba ngo ukugomba kw’Imana gukorwe mw’ijuru?

11 Igihe Yezu yavuga yuko abigishwa biwe bakwiye gusenga basaba ko Ubwami bw’Imana buza, yaravuze kandi ko bakwiye gusenga basaba ko ukugomba kw’Imana gukorwa “kw’isi nko mw’ijuru.” Imana iri mw’ijuru, kandi ivyo igomba vyamye bikorwa aho mw’ijuru n’abamarayika b’abizigirwa. Ariko rero, mu kigabane ca 3 c’iki gitabu, twarize ko hari umumarayika w’umubisha yaretse gukora ivyo Imana igomba, maze yosha Adamu na Eva gucumura. Mu kigabane ca 10, tuzokwiga n’ibindi ku bijanye n’ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye uwo mumarayika w’umubisha, umwe yitwa Shetani wa Mubesheranyi. Shetani be n’abamarayika bahisemwo kumukurikira, ari bo bitwa amadayimoni, baremerewe kuba baragumye mw’ijuru mu gihe gitoyi. Ni co gituma ico gihe mw’ijuru atari bose bakora ivyo Imana igomba. Ivyo vyategerezwa guhinduka Ubwami bw’Imana butanguye gutegeka. Uwo Mwami Yezu Kristu yari ahejeje kwimikwa yategerezwa guca arwana na Shetani.​—Soma Ivyahishuwe 12:7-9.

12. Ni ibintu ibihe bibiri bihambaye vyobaye bivugwa mu Vyahishuwe 12:10?

12 Amajambo y’ubuhanuzi akurikira aravuga ivyobaye. Agira ati: “Numva ijwi rirenga mw’ijuru, rivuga riti: ‘Ubu rero harashitse ubukiriro n’ubushobozi n’ubwami bw’Imana yacu n’ububasha bwa Kristu wayo, kuko umwagiriji wa bene wacu araririjwe hasi, umwe abagiriza ku murango no mw’ijoro imbere y’Imana yacu!’” (Ivyahishuwe 12:10) Woba wabonye ibintu bibiri bihambaye cane vyobaye, bivugwa muri uwo murongo wa Bibiliya? Ica mbere, Ubwami bw’Imana buganzwa na Yezu Kristu, buratanguye gutegeka. Ica kabiri, Shetani arirukanywe mw’ijuru akororerwa kw’isi.

13. Kuba Shetani yarirukanywe mw’ijuru vyavuyemwo iki?

13 Ivyo bintu bibiri vyabaye vyavuyemwo iki? Ku vyerekeye ivyabaye mw’ijuru, dusoma duti: “Ku bw’ivyo muhimbarwe, mwa majuru namwe abayabamwo!” (Ivyahishuwe 12:12) Egome, abamarayika b’abizigirwa bari mw’ijuru baranezerwa kubera yuko Shetani n’amadayimoni yiwe bamaze kuvayo, hakaba hasigaye gusa abizigirwa kuri Yehova Imana. Hari amahoro n’umwumvikano bitohungabanywa. Ivyo Imana igomba biriko birakorwa mw’ijuru.

Igihe Shetani n’amadayimoni yiwe birukanwa mw’ijuru isi yaciye igira amagorwa. Izo ngorane zigiye guhera

14. Ni ibiki vyashitse kubera ko Shetani yakororewe ng’aha kw’isi?

14 None kw’isi ho bite? Bibiliya ivuga iti: “Haragowe isi n’ikiyaga, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.” (Ivyahishuwe 12:12) Shetani arashavujwe no kuba yarirukanywe mw’ijuru be no kuba asigaranye igihe gito. N’ishavu n’akantu, arateza isi amarushwa, ari yo ‘magorwa.’ Tuzokwiga vyinshi ku vyerekeye ayo ‘magorwa’ mu kigabane gikurikira. Ariko dufatiye kuri ivyo, twokwibaza duti: ‘Ubwami bushobora gute gutuma ivyo Imana igomba bikorwa mw’isi?’

15. Imana igomba iki ku vyerekeye isi?

15 Ntiwibagire ivyo Imana igomba ku vyerekeye isi. Waravyize mu kigabane ca 3. Muri Edeni, Imana yerekanye ko igomba yuko iyi si iba iparadizo yuzuye abantu badapfa kandi b’abagororotsi. Shetani yaroheje Adamu na Eva gucumura, ivyo bica bigira ico bikoze kw’iranguka ry’ivyo Imana igomba ku bijanye n’isi, ariko si ukuvuga ko vyahindutse. Yehova aracafise umugambi w’uko ‘abagororotsi bigabira isi, kandi bakayibako ibihe bidahera.’ (Zaburi 37:29) Ubwami bw’Imana buzobishitsa. Mu buhe buryo?

16, 17. Muri Daniyeli 2:44 hatwigisha iki ku vyerekeye Ubwami bw’Imana?

16 Rimbura ubuhanuzi dusanga muri Daniyeli 2:44. Hagira hati: “Mu misi y’abo bami, Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.” Ivyo bitwigisha iki ku vyerekeye Ubwami bw’Imana?

17 Ica mbere: Bitwigisha ko Ubwami bw’Imana bwategerezwa gushingwa “mu misi y’abo bami,” ni ukuvuga igihe ubundi bwami bwobaye bukiriho. Ica kabiri: Bitwigisha ko ubwo Bwami buzohangama ibihe bitagira urugero. Ntibuzotsindwa maze ngo busubirirwe n’iyindi ntwaro. Ica gatatu: Turabona ko hazoba intambara hagati y’Ubwami bw’Imana n’ubwami bwo muri iyi si. Ubwami bw’Imana ni bwo buzotsinda. Impera n’imperuka, ni yo ntwaro yonyene izosigara itegeka abantu. Abantu bazoca biberaho bategekwa n’ubutegetsi buruta ubwo bigeze kubona bwose.

18. Intambara ya nyuma izoba hagati y’Ubwami bw’Imana n’intwaro z’iyi si yitwa ngw’iki?

18 Bibiliya iratubwira vyinshi ku vyerekeye iyo ntambara ya nyuma izoba hagati y’Ubwami bw’Imana n’intwaro z’iyi si. Nk’akarorero, yigisha ko igihe iherezo rizoba ryegereje, amadayimoni azokwiragiza ibinyoma kugira ngo azimize “abami b’isi yose.” Azoba afise umugambi uwuhe? Azoba afise umugambi wo “[gukoraniriza abami] hamwe ku ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” Abami bo mw’isi bazokoranirizwa “ahantu hitwa Haru–Magedoni mu giheburayo.” (Ivyahishuwe 16:14, 16) Twisunze ibivugwa muri iyo mirongo ibiri, iyo ntambara ya nyuma izoba hagati y’intwaro z’abantu n’Ubwami bw’Imana yitwa intambara ya Harumagedoni.

19, 20. Ni ibiki bituma ivyo Imana igomba bidakorwa kw’isi muri iki gihe?

19 Ubwami bw’Imana buzoshitsa iki biciye ku ntambara ya Harumagedoni? Niwibuke ivyo Imana igomba ku vyerekeye isi. Yehova Imana yishingiye umugambi w’uko isi yuzura abantu b’abagororotsi kandi batunganye bamukorera mw’Iparadizo. Ni ibiki bituma uwo mugambi utaranguka muri iki gihe? Ubwa mbere, turi abacumuzi kandi turarwara tukongera tugapfa. Ariko rero, mu kigabane ca 5 twize ko Yezu yadupfiriye kugira dushobore kubaho ibihe bidahera. Ushobora kuba wibuka amajambo yanditse mu Njili ya Yohani agira ati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”​—Yohani 3:16.

20 Iyindi ngorane ni uko abantu benshi bakora ibintu bibi. Barabesha, bakiba, bagakora ivy’ubuhumbu. Ntibashaka gukora ivyo Imana igomba. Abantu bakora ibibi bazotikizwa kuri ya ntambara y’Imana ya Harumagedoni. (Soma Zaburi 37:10.) Hari n’iyindi mvo ituma ivyo Imana igomba bidakorwa kw’isi, ikaba ari uko intwaro zitaremesha abantu kubikora. Intwaro nyinshi zaragaragaje ko ata bushobozi zifise, ko zikandamiza abantu canke ko zirangwa no kurya ibiturire. Bibiliya ivuga itarya umunwa iti: “Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.”​—Umusiguzi 8:9.

21. Ni mu buryo ki Ubwami buzotuma ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi?

21 Inyuma ya Harumagedoni, abantu bazotwarwa n’ubutegetsi bumwe gusa, ari bwo Bwami bw’Imana. Ubwo Bwami buzokora ivyo Imana igomba bwongere buzane imihezagiro y’akaroruhore. Nk’akarorero, buzokuraho Shetani n’amadayimoni yiwe. (Ivyahishuwe 20:1-3) Incungu ya Yezu izokoreshwa ku buryo abantu b’abizigirwa batazoba bakirwara canke ngo bapfe. Ahubwo mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami, bazoshobora kubaho ibihe bidahera. (Soma Ivyahishuwe 22:1-3.) Isi izohindurwa Iparadizo. Gutyo, Ubwami buzotuma ivyo Imana igomba bikorwa mw’isi bwongere bweze izina ryayo. Ivyo bisobanura iki? Bisobanura yuko amaherezo, mu gihe c’Ubwami bw’Imana, umuntu wese azoba ari muzima azotera iteka izina rya Yehova.

UBWAMI BW’IMANA BUZOBIKORA RYARI?

22. Tumenyeshwa n’iki ko Ubwami bw’Imana butaje igihe Yezu yari kw’isi canke ngo buze akimara kuzuka?

22 Igihe Yezu yabwira abayoboke biwe gusenga ngo “Ubwami bwawe nibuze,” vyaragaragara ko ico gihe ubwo Bwami butari bwaze. Bwoba bwaje igihe Yezu yaduga mw’ijuru? Oya, kubera yuko Petero na Paulo bavuze ko Yezu amaze kuzuka, ubuhanuzi buri muri Zaburi 110:1 bwamurangukiyeko. Buvuga buti: “Ijambo Yehova abwira Umukama wanje ni iri: ‘Icara iburyo bwanje, gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe.’” (Ivyakozwe 2:32-35; Abaheburayo 10:12, 13) Harabayeho igihe co kurindira.

Mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami, ivyo Imana igomba bizokorwa mw’isi nk’uko bikorwa mw’ijuru

23. (a) Ubwami bw’Imana bwatanguye gutegeka ryari? (b) Mu kigabane gikurikira tuzokwihweza iki?

23 None yorindiriye igihe kingana iki? Mu kinjana ca 19 n’ica 20, abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya baratahuye intambwe ku yindi yuko ico gihe co kurindira coheze mu 1914. (Ku vyerekeye uwo mwaka, raba ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “1914 ni umwaka udasanzwe mu buhanuzi bwa Bibiliya.”) Ivyabaye kw’isi guhera mu 1914 biremeza ko ivyo bintu vyari vyatahuwe n’abo batohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya ari vyo. Iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ryerekana yuko mu 1914 Kristu yabaye Umwami, gutyo Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru buba buratanguye gutegeka. Ku bw’ivyo, turi muri ca “gihe gito” Shetani asigaranye. (Ivyahishuwe 12:12; Zaburi 110:2) Turashobora kandi kuvuga tudakekeranya ko Ubwami bw’Imana bugiye kugira ico bukoze kugira ngo ivyo igomba bikorwe kw’isi. None iyo si inkuru nziza igitangaza! Woba wemera ko ivyo ari vyo? Ikigabane gikurikira kizogufasha kubona ko vy’ukuri Bibiliya yigisha ivyo bintu.