Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE C’ICENDA

Twoba turi mu “misi ya nyuma”?

Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
  • Ni ibintu ibihe biba muri iki gihe cacu vyari vyaravuzwe muri Bibiliya?

  • Ijambo ry’Imana rivuga ko abantu bobaye bameze gute mu “misi ya nyuma”?

  • Ni ibintu vyiza ibihe Bibiliya ivuga ko vyobaye mu “misi ya nyuma”?

1. Ni hehe dushobora kumenyera ivyerekeye kazoza?

WOBA warigeze kwumviriza amakuru kw’iradiyo canke kuyaraba kuri televiziyo maze ukibaza uti: ‘Iyi si iriko ija he?’ Ibintu vy’agacavutu birashika bukwi na bukwi, ku buryo ata wushobora kumenya ibizoba ejo. (Yakobo 4:14) Yehova wewe arazi ibizoba muri kazoza. (Yesaya 46:10) Haraciye igihe kirekire Ijambo ryiwe Bibiliya rivuze ibintu bibi biba muri iki gihe, ariko riravuga n’ibintu vyiza igitangaza bizoba muri kazoza ka hafi.

2, 3. Ni ikibazo ikihe abigishwa babajije Yezu, kandi yishuye iki?

2 Yezu Kristu yaravuze ivyerekeye Ubwami bw’Imana buzokuraho ububisha maze bugatuma isi ihinduka Iparadizo. (Luka 4:43) Abantu barashatse kumenya igihe ubwo Bwami bwoziye. Nkako, abigishwa ba Yezu bamubajije bati: “Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Matayo 24:3) Mu kubishura, Yezu yababwiye ko Yehova Imana ari we wenyene azi neza igihe iherezo ry’ivy’iyi si ryoshikiye. (Matayo 24:36) Mugabo Yezu yaravuze ibintu vyobaye kw’isi hasigaye gato ngo ubwo Bwami buzanire abantu amahoro n’umutekano nyakuri. Ivyo yavuze biriko biraba.

3 Imbere y’uko twihweza ikimenyamenya c’uko turi mu “nsozero y’ivy’isi,” nimuze turabe muri make ivyerekeye intambara ata muntu n’umwe yashoboye kubona. Yabereye mw’ijuru, kandi ingaruka zayo ziragira ico zidukozeko.

INTAMBARA MW’IJURU

4, 5. (a) Ni ibiki vyabaye mw’ijuru Yezu amaze igihe gito yimitswe? (b) Nk’uko mu Vyahishuwe 12:12 habivuga, ni ibiki vyari kuva muri iyo ntambara yo mw’ijuru?

4 Ikigabane giheruka casiguye yuko Yezu Kristu yimitswe mw’ijuru mu mwaka wa 1914. (Soma Daniyeli 7:13, 14.) Yezu akimara kuba Umwami, hari ikintu yaciye akora. Bibiliya ivuga iti: “Haduka intambara mw’ijuru: Mikaheli [irindi zina rya Yezu] n’abamarayika biwe barwana na ca gisato [Shetani wa Mubesheranyi], ca gisato na co kirwanana n’abamarayika baco.” * Shetani n’abamarayika biwe b’ababisha, ari yo madayimoni, baraneshejwe baca birukanwa mw’ijuru bakororerwa ngaha kw’isi. Abana b’impwemu b’Imana b’abizigirwa baranezerewe kubona Shetani n’amadayimoni yiwe birukanywe. Ariko rero, abantu ntibogize umunezero nk’uwo. Bibiliya yavuze ko aho kugira umunezero, vyobagendeye ukundi. Yavuze iti: “Haragowe isi . . . kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.”​—Ivyahishuwe 12:7, 9, 12.

5 Raba ivyovuye muri iyo ntambara yo mw’ijuru. N’ishavu n’akantu, Shetani yoteje abantu bo kw’isi amakuba. Nk’uko uza kubibona, ubu turi muri ico gihe c’amagorwa. Ariko rero, kizoba kigufi, ni ukuvuga “igihe gito” gusa. Na Shetani arabizi. Ico gihe Bibiliya icita “imisi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1) Turahimbarwa cane no kubona Imana igiye gukura kw’isi inyosha mbi za Shetani. Reka turimbure bimwebimwe mu bintu vyari vyaravuzwe muri Bibiliya biriko biraba ubu. Ivyo birerekana ko turi mu misi ya nyuma be n’uko Ubwami bw’Imana bugiye kuzanira abakunda Yehova imihezagiro y’ibihe bidahera. Nimuze tubanze turabe ibintu bine biri mu bigize ca kimenyetso Yezu yavuze ko coranze iki gihe turimwo.

IBINTU NYAMUKURU BIBA MU MISI YA NYUMA

6, 7. Amajambo Yezu yavuze ku bijanye n’intambara be n’ubukene bw’ibifungurwa, ariko aranguka gute muri kino gihe?

6 “Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami [buhagurukire] ubundi bwami.” (Matayo 24:7) Abantu amamiliyoni baraguye mu ntambara mu kinjana giheze. Umuhinga mu vya kahise umwe w’Umwongereza yanditse ati: “Mu kinjana ca 20, ni ho hasesetse amaraso menshi kuruta ayasesetse mu kindi kinjana ico ari co cose co muri kahise. . . . Mu kiringo nka cose co muri ico kinjana, intambara zari urutavanako, ugasanga ari gake ingabo zitaba ziriko zirarwana, agahengwe kagize ngo karabonetse kakamara igihe gito.” Raporo yatanzwe n’ikigo kimwe (Worldwatch Institute) ivuga iti: “Intambara zo mu kinjana [ca 20] zakomerekeje canke zihitana abantu baruta incuro zitatu abahitanywe canke bagakomeretswa n’izindi zose zabaye kuva mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu gushika mu 1899.” Abantu barenga imiliyoni 100 barahitanywe n’intambara zagiye ziraba kuva mu 1914. Ushobora kuba uzi ingene bituntuza kubura uwawe ahitanywe n’intambara. Iyumvire rero amarushwa be n’umubabaro abandi bantu amamiliyoni babura ababo muri ubwo buryo bagira.

7 “Hazoba amapfa.” (Matayo 24:7) Abashakashatsi bavuga ko umwimbu w’ibifungurwa wongerekanye cane muri iyi myaka 30 iheze. Naho ari ukwo, ubukene bw’ibifungurwa burabandanya kubera ko abantu benshi badafise amahera akwiye yo kubigura canke badafise itongo ryo kurima kugira ngo babironke. Mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, abantu barenga umuliyaridi, umwe wese muri bo ku musi abeshwaho n’idolari rimwe canke ridashika. Benshi muri bo bamana inzara mu nda. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) rivuga yuko gufungura nabi biri mu bintu nyamukuru bihitana buri mwaka abana barenga imiliyoni zitanu.

8, 9. Ni igiki cerekana ko ubuhanuzi bwa Yezu bwerekeye vya nyamugigima be n’indwara z’ibiza buriko buraranguka?

8 “Hazoba vya nyamugigima bikomakomeye.” (Luka 21:11) Urwego rugira ubushakashatsi mu vy’ubutaka rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ruvuga yuko ufashe vya nyamugigima vyose vyabaye, woharura ko ku mwaka ku mwaka habaye vya nyamugigima 19 bikomeye ku buryo bisambura inyubakwa bikongera bigasatagura isi. Muri rusangi, nta mwaka wijanye hadateye vya nyamugigima usanga bikomeye ku buryo bisitagura inyubakwa zigacika ubunywenywe. Inyandiko ziboneka zerekana ko vya nyamugigima vyahitanye abantu barenga imiliyoni zibiri kuva 1990. Amakuru amwe agira ati: “Iterambere mu vy’ubuhinga ryagabanije gatoyi gusa igitigiri c’abahitanwa na vyo.”

9 ‘Hazoba ibiza.’ (Luka 21:11) Naho ubuvuzi bwateye imbere, indwara zari zihasanzwe be n’iziyadukiza ziratikiza inganda. Hari raporo ivuga ko indwara 20 zizwi cane, harimwo igituntu, malariya na kolera, zarushirije kugwira muri iyi myaka mirongo iheze, kandi indwara zimwezimwe zisigaye zirushiriza kugora gukira hakoreshejwe imiti. Nkako, haradutse n’imiburiburi indwara 30 zitahahora. Zimwe muri zo ntiziratorerwa umuti kandi zirica.

ABANTU BO MU MISI YA NYUMA

10. Ni ingeso izihe zari zaravuzwe muri 2 Timoteyo 3:1-5 ubona mu bantu muri kino gihe?

10 Bibiliya ntiyavuze gusa ibintu biriko biraba mw’isi, yaranavuze yuko imisi ya nyuma yoranzwe n’ihinduka ryobaye mu bantu. Intumwa Paulo yaradondoye uko abantu muri rusangi bobaye bameze. Tubwirwa duti: “Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (Soma 2 Timoteyo 3:1-5.) Mu ngeso Paulo yavuze ko abantu bogize, harimwo ukuba

  • abikunda

  • inkunzi z’amahera

  • abagambararira abavyeyi

  • ibihemu

  • abatiyumvamwo ababo

  • abatagira ukwigumya

  • inkazi

  • abakunda ibinezereza aho gukunda Imana

  • abafise ishusho y’ukwihebera Imana mugabo bakihakana ububasha bwakwo

11. Zaburi ya 92:7 idondora gute ibizoshikira ababisha?

11 Abantu boba bamaze kumera gutyo aho iwanyu? Nta gukeka ko bamaze kumera gutyo. Ahantu hose uhasanga abantu bafise ingeso mbi. Ivyo vyerekana ko Imana igiye kugira ico ikoze, kuko Bibiliya ivuga iti: “Iyo ababisha banaze nk’ivyatsi, n’abakora ibibabaza bose bagashurika, ni ukugira ngo bazimanganywe buhere.”​—Zaburi 92:7.

IBINTU VYIZA BIBA

12, 13. “Ubumenyi nyakuri” bwagwiriye gute muri iki “gihe c’iherezo”?

12 Mu vy’ukuri imisi ya nyuma yuzuyemwo amagorwa, nk’uko Bibiliya yari yarabivuze. Ariko rero, muri iyi si idurumbanye, hariho ibintu vyiza biriko biraba mu basenga Yehova.

13 “Ubumenyi nyakuri buzogwira.” Ukwo ni ko igitabu co muri Bibiliya ca Daniyeli cari caravuze. Ivyo vyobaye ryari? Vyobaye mu “gihe c’iherezo.” (Daniyeli 12:4) Abipfuza vy’ukuri gukorera Yehova, yarabafashije kurushiriza gutahura Bibiliya, na canecane kuva mu 1914. Bararushirije gutahura ukuri kw’agaciro kwerekeye izina ry’Imana n’umugambi wayo, inkuka y’incungu ya Yezu Kristu, uko abapfuye bameze be n’ivyerekeye izuka. Vyongeye, abasenga Yehova barize kubaho mu buryo bubagirira akamaro kandi butuma ashemezwa. Bararushirije kandi gutahura uruhara rw’Ubwami bw’Imana n’ukuntu buzotunganya ingorane zo kw’isi. None ubwo bumenyi babukoresha gute? Ico kibazo kidushikanye ku bundi buhanuzi buriko buraranguka muri iyi misi ya nyuma.

“Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.”​—Matayo 24:14

14. Inkuru nziza y’Ubwami iriko yamamazwa ku rugero rungana iki muri kino gihe, kandi ni bande bariko barayamamaza?

14 “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.” Ukwo ni ko Yezu Kristu yavuze mu buhanuzi bwiwe bwerekeye “insozero y’ivy’isi.” (Soma Matayo 24:3, 14.) Kw’isi yose, inkuru nziza y’Ubwami iriko iramamazwa mu bihugu birenga 230 no mu ndimi amajana. Iyo nkuru nziza irerekana ubwo Bwami ico ari co, ico buzokora be n’ukuntu dushobora kuronka imihezagiro buzana. Ivyabona vya Yehova amamiliyoni baramamaza inkuru nziza y’Ubwami babigiranye umwete. Baturuka “mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose.” (Ivyahishuwe 7:9) Ivyabona barayobora inyigisho za Bibiliya ku buntu, bakaziyoborera abantu amamiliyoni bipfuza kumenya ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha. Mbega ukuntu ari iranguka ritangaje ry’ubuhanuzi, canecane kubera ko Yezu yari yaravuze yuko abakirisu b’ukuri ‘bokwanswe n’abantu bose’!​—Luka 21:17.

UKWIYE GUKORA IKI?

15. (a) Woba wemera ko turi mu misi ya nyuma? Uvyemezwa n’iki? (b) “Iherezo” rizoba risobanura iki ku barwanya Yehova no ku bayobokera ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana?

15 Kubera yuko ubuhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya buriko buraranguka muri kino gihe, ntiwemera none ko turi mu misi ya nyuma? Inkuru nziza niyamara kwamamazwa gushika ku rugero Yehova ashaka, nta gukeka ko “iherezo” rizoca riza. (Matayo 24:14) Iryo “herezo” ni igihe Imana izokura ububisha kw’isi. Yehova azokoresha Yezu n’abamarayika b’inkomezi mu gutikiza abamurwanya n’ibigirankana bose. (2 Abatesalonika 1:6-9) Shetani n’amadayimoni yiwe ntibazoba bakizimiza amahanga. Inyuma y’ivyo, Ubwami bw’Imana buzocuncuburira imihezagiro ku bantu bose bayobokera ubutegetsi bwabwo bugororotse.​—Ivyahishuwe 20:1-3; 21:3-5.

16. Vyoba vyiza ukoze iki?

16 Kubera ko iherezo ry’ivy’isi ya Shetani ryegereje, umwe wese muri twebwe akwiye kwibaza ati: ‘Nkwiye gukora iki?’ Vyoba biranga ubukerebutsi ubandanije kwiga ivyerekeye Yehova be n’ivyo adusaba. (Yohani 17:3) Niwige Bibiliya ubigiranye umwete. Nugire akamenyero ko kwama wifatanya n’abandi barondera gukora ivyo Yehova agomba. (Soma Abaheburayo 10:24, 25.) Numenye Yehova Imana biciye ku kwiga Ijambo ryiwe, maze ugire ivyo uhinduye mu buzima bwawe kugira ngo agutoneshe.​—Yakobo 4:8.

17. Ni kubera iki ugutikizwa kw’ababisha kuzohwikira abantu benshi?

17 Yezu yavuze yuko abantu nka bose batokwitayeho ikimenyamenya c’uko turi mu misi ya nyuma. Ababisha bazotikizwa bukwi na bukwi. Nka kurya igisuma kibigenza mw’ijoro, ako gatikizo kazohwikira abantu benshi. (Soma 1 Abatesalonika 5:2.) Yezu yatuburiye ati: “Nk’uko imisi ya Nowa yari imeze, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera. Kuko nk’uko bari bameze muri iyo misi y’imbere ya rya segenya, barya bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa yinjiriye mu bwato, ntihagire ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera.”​—Matayo 24:37-39.

18. Ni ingabisho iyihe Yezu yatanze dukwiye gushira ku mutima?

18 Ni co gituma Yezu yabwiye abamwumviriza ati: “Mwiyubare ubwanyu kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurira agahokero n’ukunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabazako ako kanya nyene nk’umutego. Kuko uzoza ku bantu bose baba kw’isi yose iyo iva ikagera. Mugume murikanuye rero, mutakamba igihe cose kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu.” (Luka 21:34-36) Vyoba biranga ubukerebutsi dushize ku mutima ayo majambo ya Yezu. Kubera iki? Kubera ko abantu bemerwa na Yehova Imana be n’“Umwana w’umuntu” Yezu Kristu, bizigiye kuzorokoka iherezo ry’ivy’isi ya Shetani no kuzobaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’akaroruhore yimirije!​—Yohani 3:16; 2 Petero 3:13.

^ ing. 4 Wipfuza amakuru y’ido n’ido yerekana ko Mikaheli ari irindi zina rya Yezu Kristu, raba ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Mikaheli wa mumarayika mukuru ni nde?