Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE C’ICUMI

Ukuntu abamarayika bagira ico bakoze kuri twebwe

Ukuntu abamarayika bagira ico bakoze kuri twebwe
  • Abamarayika boba bafasha abantu?

  • Abamarayika babi boheje abantu gute?

  • Twoba dukwiye gutinya amadayimoni?

1. Ni kubera iki dukwiye kwipfuza kumenya ivyerekeye abamarayika?

KUGIRA ngo umenye umuntu, akenshi bisaba ko umenya ivyerekeye umuryango wiwe. Muri ubwo buryo nyene, kugira ngo umenye Yehova Imana, bisaba ko umenya neza umuryango wiwe ugizwe n’abamarayika. Bibiliya ivuga ko abamarayika ari “abana b’Imana.” (Yobu 38:7) None bafise uruhara uruhe mu mugambi w’Imana? Boba baragize uruhara mu vyagiye birashikira abantu? Abamarayika boba bagira ico bakoze ku buzima bwawe? Nimba hari ico bakora, babigenza gute?

2. Abamarayika bakomotse hehe, kandi bangana iki?

2 Bibiliya iravuga abamarayika incuro amajana. Reka turimbure nkeyi muri zo kugira ngo turushirize kumenya ivyereke abamarayika. Abamarayika bakomotse hehe? Mu Bakolosayi 1:16 havuga hati: “Biciye kuri [Yezu Kristu ni] ho ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi.” Ku bw’ivyo, ibiremwa vyose vy’impwemu, ivyitwa abamarayika, kimwekimwe cose muri vyo caremwe na Yehova Imana biciye ku Mwana wiwe w’imfura. Hari abamarayika bangana iki? Bibiliya ivuga ko haremwe abamarayika imiliyoni amajana n’amajana, kandi bose barafise ububasha.​—Zaburi 103:20. *

3. Muri Yobu 38:4-7 hatubwira iki ku vyerekeye abamarayika?

3 Ijambo ry’Imana Bibiliya ritubwira yuko igihe isi yaremwa “abana b’Imana bose [batanguye] gusamiriza impundu.” (Yobu 38:4-7) Abamarayika rero bariho imbere cane y’uko umuntu aremwa, eka n’imbere y’uko isi iremwa. Uwo murongo wo muri Bibiliya urerekana kandi ko abamarayika bafise inyiyumvo, kubera uvuga yuko ‘bose hamwe bihaye akamo k’umunezero.’ Urabona ko “abana b’Imana bose” banezererewe hamwe. Ico gihe abamarayika bose bari bagize umuryango ukorera Yehova Imana wunze ubumwe.

ABAMARAYIKA BARAFASHA ABANTU KANDI BAKABAKINGIRA

4. Bibiliya yerekana gute ko abamarayika b’abizigirwa bitwararika ivyo abantu bakora?

4 Kuva igihe abamarayika b’abizigirwa bibonera iremwa ry’abantu ba mbere, barerekanye ko bitwararika cane umuryango w’abantu wagenda uraguka be n’iranguka ry’umugambi w’Imana. (Imigani 8:30, 31; 1 Petero 1:11, 12) Ariko rero, uko igihe cagiye kirahaca, abamarayika barabonye ko benshi mu bagize umuryango w’abantu bagiye barareka gukorera Umuremyi wabo yuzuye urukundo. Nta gukeka yuko ivyo vyababaje abamarayika b’abizigirwa. Ariko rero, igihe cose hagize umuntu agaruka kuri Yehova, naho aba ari umwe, “ha[ra]ba akanyamuneza mu bamarayika.” (Luka 15:10) Kubera ko abamarayika bitwararika cane ineza y’abakorera Imana, ntibitangaje kubona akatari gake Yehova yarakoresheje abamarayika mu gufata mu mugongo abasavyi biwe b’abizigirwa bo kw’isi no mu kubakingira. (Soma Abaheburayo 1:7, 14.) Raba uturorero tumwetumwe.

“Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, yugara iminwa y’izi ntambwe.”​—Daniyeli 6:22

5. Ni uturorero utuhe two muri Bibiliya twerekana ingene abamarayika bagiye barafasha abantu?

5 Abamarayika babiri barafashije wa mugororotsi Loti n’abakobwa biwe bararokoka igihe vya bisagara Sodomu na Gomora vyari vyuzuye ububisha vyatikizwa, mu kubakura muri ako karere. (Itanguriro 19:15, 16) Haciye imyaka amajana, umuhanuzi Daniyeli yaraterewe mu rwobo rw’intambwe, yamara ntizamurya n’urwara, araheza avuga ati: “Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, yugara iminwa y’izi ntambwe.” (Daniyeli 6:22) Mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, hari umumarayika yabohoye intumwa Petero amukura mw’ibohero. (Ivyakozwe 12:6-11) N’ikindi kandi, abamarayika barafashije Yezu mu ntango y’igikorwa ciwe co ng’aha kw’isi. (Mariko 1:13) Vyongeye, imbere gato y’uko Yezu apfa, umumarayika yaramwiyeretse “aramukomeza.” (Luka 22:43) Emwe, Yezu ategerezwa kuba yarahumurijwe muri ivyo bihe vyari bihambaye cane mu buzima bwiwe!

6. (a) Abamarayika bakingira gute abasavyi b’Imana muri iki gihe? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

6 Muri iki gihe, abamarayika ntibaciyereka abasavyi b’Imana bo kw’isi. Ariko rero naho twebwe abantu tudashobora kubabona, abamarayika b’Imana b’abanyabubasha baracakingira abasavyi bayo, canecane bakabakingira ikintu cose cobagirira nabi mu vy’impwemu. Bibiliya ivuga iti: “Umumarayika wa Yehova akambitse irya n’ino y’abatinya Imana, kandi arabakiza.” (Zaburi 34:7) Ni kubera iki ayo majambo akwiye kuduhumuriza cane? Ni kubera yuko hariho abamarayika babi batubangamiye, bagomba kudutikiza. Ni bande? Bakomotse hehe? Bagerageza gute kutugirira nabi? Kugira ngo turonke inyishu, nimuze turimbure muri make ikintu cashitse mu ntango y’ukubaho kw’abantu.

ABAMARAYIKA BATWANKA

7. Shetani yakuye abantu ku Mana ku rugero rungana iki?

7 Nk’uko twavyize mu kigabane ca 3 c’iki gitabu, umwe mu bamarayika yaratsimbataje icipfuzo co kuganza abandi, bica bituma arwanya Imana. Uwo mumarayika yahavuye yitwa Shetani wa Mubesheranyi. (Ivyahishuwe 12:9) Mu binjana 16 inyuma y’aho ahendeye Eva, Shetani yarashoboye gukura abantu nka bose ku Mana, uretse abantu bakeyi b’abizigirwa nka Abeli, Henoki na Nowa.​—Abaheburayo 11:4, 5, 7.

8. (a) Abamarayika bamwe bacitse gute amadayimoni? (b) Kugira ngo amadayimoni ntahitanwe na rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa, vyabaye ngombwa ko akora iki?

8 Mu gihe ca Nowa, hari abandi bamarayika bagararije Yehova. Barataye ikibanza bari bafise mu muryango w’Imana wo mw’ijuru, bamanuka kw’isi, maze biyambika imibiri y’inyama. Kubera iki? Mw’​Itanguriro 6:2 hagira hati: “Abana b’Imana y’ukuri batangura rero kwitegereza abakobwa b’abantu, babona ko ari beza; maze biyabirira abagore, ni ukuvuga abo batoranije bose.” Mugabo Yehova Imana ntiyaretse ngo ibikorwa vy’abo bamarayika bibandanye, kandi ntiyaretse ngo ukwononekara kw’abantu ivyo vyakweze kubandanye. Yarazanye kw’isi yose isegenya yazimanganije abantu b’ababisha bose, mugabo aziguriza gusa abasavyi biwe b’abizigirwa. (Itanguriro 7:17, 23) Ku bw’ivyo, ba bamarayika b’abagarariji ari yo madayimoni, vyabaye ngombwa ko baheba imibiri yabo y’inyama basubira mw’ijuru ari ibiremwa vy’impwemu. Bari bagiye ku ruhande rwa Shetani, uwacitse “umutware w’amadayimoni.”​—Matayo 9:34.

9. (a) Ni igiki cashikiye amadayimoni igihe yasubira mw’ijuru? (b) Ni ibiki tugiye kurimbura ku vyerekeye amadayimoni?

9 Igihe abo bamarayika b’ibigaba basubira mw’ijuru, bafashwe ko ari ibicibwa nka kumwe kw’umutware wabo Shetani. (2 Petero 2:4) Naho muri iki gihe badashobora kwiyambika imibiri nk’iy’abantu, barabandanya kubosha nabi. Nkako, Shetani ariko “azimiza isi yose” afashijwe n’ayo madayimoni. (Ivyahishuwe 12:9; 1 Yohani 5:19) Abigira gute? Ahanini amadayimoni akoresha uburyo bufise intumbero yo kuzimiza abantu. (Soma 2 Abakorinto 2:11.) Reka turimbure bumwebumwe muri ubwo buryo.

INGENE AMADAYIMONI AZIMIZA ABANTU

10. Ubupfumu ni iki?

10 Kugira ngo amadayimoni azimize abantu, akoresha ubupfumu. Ubupfumu ni ugukorana n’amadayimoni, haba ata we biciyeko canke biciye ku mupfumu. Bibiliya iriyamiriza ubupfumu ikongera ikatugabisha kwama duca kure ikintu cose gifitaniye isano na bwo. (Abagalatiya 5:19-21) Amadayimoni akoresha ubupfumu nka kurya nyene umurovyi akoresha icambo. Umurovyi akoresha ubwoko butandukanye bw’ivyambo kugira ngo afate ubwoko butandukanye bw’amafi. Mu buryo busa n’ubwo, amadayimoni akoresha ubwoko butandukanye bw’ubupfumu kugira ngo yigarurire abantu b’uburyo bwose.

11. Kuragura canke kuraguza bisobanura iki, kandi ni kubera iki dukwiye kuvyirinda?

11 Ubwoko bumwe bw’icambo amadayimoni akoresha ni ukuragura canke ukuraguza. None ivyo bisobanura iki? Ni ukugerageza kumenya kazoza canke kugerageza kumenya ikintu kitazwi. Uburyo bumwebumwe bwo kubigira, ni ukuragurira ku makarata, kurabira mu kiyo, kwihweza uturongorongo two mu kiganza, canke kurondera gusigura ibizoba biciye mu ndoto. Naho abantu benshi bibaza ko kuragura canke kuraguza ata co bitwaye, Bibiliya yerekana ko abapfumu bakorana n’amadayimoni. Nk’akarorero, mu Vyakozwe 16:16-18 haravuga ivyerekeye “idayimoni y’ukuragura” yatuma umukobwa umwe ashobora kuragura. Mugabo uwo mukobwa yaratakaje ubwo bushobozi igihe iyo dayimoni yirukanwa ikamuvamwo.

Amadayimoni akoresha uburyo butandukanye mu guhenda abantu

12. Ni kubera iki kugerageza kuvugana n’abapfuye vyokwega ingorane?

12 Ubundi buryo amadayimoni akoresha mu kuzimiza abantu ni mu kubosha ngo bagire ivyo babaza abapfuye. Abantu baba batuntujwe no kubura uwabo barakunda guhendwa n’ivyiyumviro bitari vyo vyerekeye abapfuye. Umupfumu yoshobora gutanga amakuru adasanzwe canke akavuga mw’ijwi risa n’iry’umuntu kanaka yapfuye. Ivyo bituma abantu benshi bemera ko abapfuye ari bazima vy’ukuri be n’uko kuvugana na bo bifasha abakiriho kwihanganira intuntu. Mugabo ivyo bintu vyitwa ngo ni uguhozwa ni uruhendo kandi vyokwega ingorane. Kubera iki? Kubera ko amadayimoni ashobora kwigana ijwi ry’umuntu yapfuye no guha umupfumu amakuru yerekeye uwo muntu. (1 Samweli 28:3-19) Bisubiye, nk’uko twavyize mu kigabane ca 6, abapfuye bararetse kubaho. (Zaburi 115:17) Ni co gituma “umuntu asiguza abapfuye” aba yazimijwe n’amadayimoni kandi aba ariko akora ibihushanye n’ivyo Imana igomba. (Soma Gusubira mu vyagezwe 18:10, 11; Yesaya 8:19) Uragaba rero ntiwegere ico cambo amadayimoni akoresha cogukwegera ingorane.

13. Ni igiki abantu batari bake bahoze batinya amadayimoni bashoboye kugira?

13 Amadayimoni ntazimiza abantu gusa ariko kandi arabatera ubwoba. Muri iki gihe, Shetani n’amadayimoni yiwe barazi ko basigaje gusa “igihe gito” bakabuzwa gukora, ari co gituma ubu bakaze kuruta ikindi gihe ico ari co cose. (Ivyahishuwe 12:12, 17) Naho ari ukwo, abantu ibihumbi bahora batinya ayo madayimoni uko bukeye uko bwije, barashoboye gutsinda ubwo bwoba. Babishitseko gute? Umuntu yokora iki no mu gihe yoba asanzwe aja mu vy’ubupfumu?

INGENE WONANIRA AMADAYIMONI

14. Nka kumwe kw’abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Efeso, dushobora gute kuvavanura n’amadayimoni?

14 Bibiliya iratubwira ingene twonanira amadayimoni be n’ingene twovavanura na yo. Rimbura akarorero k’abakirisu bo mu kinjana ca mbere bo mu gisagara ca Efeso. Bamwebamwe muri bo bahora bakora ivy’ubupfumu imbere y’uko baba abakirisu. None bagize iki igihe bafata ingingo yo kuvavanura n’ubupfumu? Bibiliya ivuga iti: “Abatari bake mu bahora bagira ivy’amageza bashira hamwe ibitabu vyabo, babituririra imbere ya bose.” (Ivyakozwe 19:19) Mu guturira ibitabu vyabo vy’ubupfumu, abo bari baherutse kuba abakirisu barahaye akarorero abipfuza kunanira amadayimoni muri iki gihe. Abantu bipfuza gukorera Yehova bategerezwa kwikurako ibintu vyose bifitaniye isano n’ubupfumu. Muri ivyo harimwo ibitabu, ibinyamakuru, amasenema, ibicapo n’imiziki biremesha ubupfumu igatuma buboneka nk’aho ari bwiza kandi buhimbaye. Harimwo kandi n’ibiheko canke ibindi bintu bambara ngo bibakingire.​—1 Abakorinto 10:21.

15. Kugira ngo tunanire amadayimoni, dutegerezwa gukora iki?

15 Haciye imyaka mikeyi abakirisu b’i Efeso baturiye ibitabu vyabo vy’ubupfumu, intumwa Paulo yabandikiye ati: “Dufise intambara yo kunigana . . . n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha.” (Abanyefeso 6:12) Amadayimoni ntiyari yarahagaritse urugamba. Yari akigerageza kurondera abo yigarurira. None ni ikindi kintu ikihe abo bakirisu bari bakeneye gukora? Paulo yavuze ati: “Hejuru ya vyose, mutore inkinzo yagutse y’ukwizera, ari yo izobashoboza kuzimya imyampi yose yaka umuriro ya wa mubisha [Shetani].” (Abanyefeso 6:16) Uko inkinzo yacu y’ukwizera irushiriza kuba iyikomeye, ni ko turushiriza kuba abashoboye kunanira amadayimoni.​—Matayo 17:20.

16. Dushobora gute gukomeza ukwizera kwacu?

16 Dushobora gute none gukomeza ukwizera kwacu? Mu kwiga Bibiliya. Ubukomezi bw’uruhome ahanini buvana n’ukuntu umushinge warwo ukomeye. Muri ubwo buryo nyene, ubukomezi bw’ukwizera kwacu buvana ahanini n’ukuntu umushinge wakwo ukomeye, uwo na wo ukaba ari ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Ijambo ry’Imana Bibiliya. Nitwasoma tukongera tukiga Bibiliya buri musi, ukwizera kwacu kuzokomera. Nka kurya nyene kw’uruhome rukomeye, ukwizera nk’ukwo kuzodukingira inyosha mbi z’amadayimoni.​—1 Yohani 5:5.

17. Ni ikintu ikihe tubwirizwa gukora nimba dushaka kunanira amadayimoni?

17 Ni iyindi ntambwe iyihe abo bakirisu bo muri Efeso bari bakeneye gutera? Bari bakeneye ubundi burinzi kuko baba mu gisagara cuzuyemwo ivy’ugusenga amadayimoni. Ni co gituma Paulo yababwiye ati: “Mubandanye gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho n’intakambo igihe cose mu mpwemu.” (Abanyefeso 6:18) Kubera ko na twebwe tuba mw’isi yuzuyemwo ivyo gusenga amadayimoni, gutura amasengesho Yehova tubigiranye ubwira tumusaba ngo adukingire, ni ikintu gikenewe cane nimba dushaka kunanira amadayimoni. Birumvikana yuko dutegerezwa gukoresha izina rya Yehova mu masengesho yacu. (Soma Imigani 18:10.) Dukwiye rero kuguma dusenga Imana duti: “Turokore mu kudukiza wa mubisha,” ari we Shetani wa Mubesheranyi. (Matayo 6:13) Yehova azokwishura amasengesho aturanywe ubwira nk’ayo.​—Zaburi 145:19.

18, 19. (a) Ni kubera iki twokwizigira tudakeka ko tuzotsinda urugamba rwo kurwanya amadayimoni? (b) Ni ikibazo ikihe cishurwa mu kigabane gikurikira?

18 Amadayimoni arageramiye abantu, ariko ntidukwiye kuyatinya nimba turwanya Shetani tukongera tukiyegereza Imana mu gukora ivyo igomba. (Soma Yakobo 4:7, 8.) Ububasha bwayo buri n’aho bugarukira. Yarahanywe mu gihe ca Nowa, kandi azocirwa urubanza rwa nyuma muri kazoza. (Yuda 6) Niwibuke kandi ko dukingiwe n’abamarayika ba Yehova b’abanyabubasha. (2 Abami 6:15-17) Abo bamarayika baripfuza cane ko tunanira amadayimoni. Twovuga ko ari nk’aho abamarayika bariko baraturemesha. Nimuze rero tugume twiyegereje Yehova n’umuryango wiwe ugizwe n’abamarayika b’abizigirwa. Nitwirinde kandi ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’ubupfumu twongere twame dushira mu ngiro impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana. (1 Petero 5:6, 7; 2 Petero 2:9) Nitwabigenza gutyo, tuzokwizigira tudakeka ko tuzotsinda urugamba turimwo rwo kurwanya amadayimoni.

19 Ariko none, ni kubera iki Imana yabaye irareka amadayimoni hamwe n’ububisha vyatumye abantu bashikirwa n’imibabaro myinshi? Ico kibazo cishurwa mu kigabane gikurikira.

^ ing. 2 Ku vyerekeye abamarayika b’abagororotsi, mu Vyahishuwe 5:11 havuga hati: “Igitigiri cabo cari ibihumbi mirongo vy’ibihumbi mirongo.” Ku bw’ivyo, Bibiliya yerekana ko haremwe abamarayika amamiliyoni amajana n’amajana.