Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI NA RIMWE

Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?

Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?
  • Imana yoba ari yo yatumye haba imibabaro mw’isi?

  • Ni ikibazo ikihe cavyuwe mu murima wa Edeni?

  • Imana izokuraho gute imibabaro abantu barimwo?

1, 2. Ni imibabaro iyihe ishikira abantu muri iki gihe, kandi ivyo bituma benshi bibaza ibibazo ibihe?

INYUMA y’indwano ikomeye yabaye mu gihugu kimwe casinzikajwe n’intambara, abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi b’abagore n’abana bahasize agatwe, bahambwe mu kinogo kimwe gikikujwe n’imisaraba. Ku musaraba umwumwe wose hari handitseko ngo: “Kubera iki?” Ico ni ikibazo kibabaje kuruta ibindi vyose bishika abantu bakibaza. Abantu babaza ico kibazo n’umubabaro mwinshi igihe intambara, icago c’icaduka, indwara canke ubwicanyi bihitanye ababo ata co bazira, igihe bibasamburiye inzu canke bibateje iyindi mibabaro itagira izina. Baba bashaka kumenya igituma ivyo vyago bibashikira.

2 Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro? Nimba Yehova Imana ashoboye vyose, yuzuye urukundo, afise ubukerebutsi kandi akurikiza ubutungane, ni kubera iki none iyi si yuzuye urwanko n’akarenganyo? Woba umaze kwibaza ivyo bibazo?

3, 4. (a) Ni igiki cerekana yuko atari bibi kwibaza igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro? (b) Yehova yumva amerewe gute igihe abona ububisha n’imibabaro?

3 Vyoba ari bibi none kubaza igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro? Hari abatinya ko kubaza ikibazo nk’ico vyohava vyerekana ko badafise ukwizera guhagije canke yuko batubaha Imana. Ariko rero, usomye Bibiliya usanga hariho abantu b’abizigirwa ku Mana kandi bayitinya bari bafise ibibazo bisa n’ivyo. Nk’akarorero, umuhanuzi Habakuki yabajije Yehova ati: “Kubera iki unyereka ibintu bibabaza, ukaguma witegereza ivyago? Kubera iki ukunyaga n’ubukazi biri imbere yanje? Kubera iki hari ugutongana, kandi kubera iki hari ugushihana?”​—Habakuki 1:3.

Yehova azokuraho imibabaro yose

4 Yehova yoba yarahambariye uwo muhanuzi w’umwizigirwa Habakuki ngo ni uko yamubajije ivyo bibazo? Oya. Ahubwo, ayo majambo avuye ku mutima ya Habakuki, Imana yarayashize mu vyo yahumetse vyanditse muri Bibiliya. Imana kandi yaramufashije gutahura neza ibintu yongera iramufasha kurushiriza kugira ukwizera. Na wewe Yehova yipfuza kukugirira nk’ivyo. Niwibuke yuko Bibiliya yigisha ko ‘akubabara.’ (1 Petero 5:7) Ububisha n’imibabaro butera, Imana iravyanka kuruta uko umuntu uwo ari we wese avyanka. (Yesaya 55:8, 9) Ni kubera iki none abantu bashikirwa n’imibabaro myinshi cane mw’isi?

KUBERA IKI ABANTU BASHIKIRWA N’IMIBABARO MYINSHI?

5. Ni ivyiyumviro ibihe bishikirizwa rimwe na rimwe mu gusigura igituma abantu bashikirwa n’imibabaro, mugabo Bibiliya yigisha iki kuri ivyo?

5 Abantu bo mu madini atandukanye baritura indongozi z’amadini barimwo be n’abigisha ivy’Imana bo muri yo kugira ngo bababaze igituma abantu bashikirwa n’imibabaro myinshi. Akenshi babishura yuko Imana ari yo iba yabishatse be n’uko ikintu cose gishika, dushizemwo n’ivyago, ari yo iba yaragiteguye kuva kera. Benshi babwirwa ko inzira z’Imana ari amayobera canke ko ituma abantu, mbere n’abana, bapfa kugira ngo ishobore kubijanira aho iba mw’ijuru. Ariko rero, nk’uko wamaze kuvyiga, Yehova Imana ntiyigera atuma haba ikintu kibi. Bibiliya ivuga iti: “Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha, yuko Mushoboravyose yorenganya!”​—Yobu 34:10.

6. Ni kubera iki abantu benshi bihenda mu guta ikosa ku Mana ngo ni yo ituma mw’isi haba imibabaro?

6 Woba uzi igituma abantu bihenda bagata ikosa ku Mana ngo igihe cose hagize uwushikirwa n’imibabaro kw’isi ni yo iba yabiteye? Akenshi bata ikosa ku Mana Mushoboravyose kubera yuko bibaza ko ari yo iganza vy’ukuri iyi si. Ntibazi ukuri Bibiliya yigisha kworoshe gutahura yamara guhambaye. Ukwo kuri wakwize mu kigabane ca 3 c’iki gitabu. Umutware nyakuri w’iyi si ni Shetani wa Mubesheranyi.

7, 8. (a) Ni gute iyi si igaragaza inyifato nk’iy’umutware wayo? (b) Ni mu buryo ki ukudatungana kw’abantu hamwe n’“ibihe be n’ibishika giturumbuka” biri mu vyamye bituma bashikirwa n’imibabaro?

7 Bibiliya itomora iti: “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yohani 5:19) Ubiravye, ntubona none ko ivyo vyumvikana? Iyi si igaragaza inyifato ya wa mumarayika mubi ataboneka “azimiza isi yose.” (Ivyahishuwe 12:9) Shetani yuzuye urwanko, ni umubeshi kandi ni ruburakigongwe. Ni co gituma isi yifatiwe na we yuzuye urwanko, ububeshi n’ukubura ikigongwe. Ico ni kimwe mu bituma abantu bashikirwa n’imibabaro myinshi.

8 Nk’uko vyavuzwe mu kigabane ca 3, imvo igira kabiri ituma abantu bashikirwa n’imibabaro myinshi, ni uko kuva bwa bugarariji bwo mu murima wa Edeni butanguye, umuntu yaciye aba uwudatunganye n’umucumuzi. Abantu badatunganye barakunda guharanira ubutegetsi, ivyo na vyo bigakwega intambara, agacinyizo n’imibabaro. (Umusiguzi 4:1; 8:9) Imvo igira gatatu ituma abantu bashikirwa n’imibabaro ni uko “ibihe be n’ibishika giturumbuka” bishikira bose. (Soma Umusiguzi 9:11.) Muri iyi si idatwarwa na Yehova ngo ayikingire, abantu barashobora kumererwa nabi kubera ibintu bibi vyadutse, bigahurirana n’uko uwo mwanya bari aho hantu.

9. Ni kubera iki twokwemera tudakeka ko Yehova afise imvo yumvikana yo kureka abantu bakabandanya gushikirwa n’imibabaro?

9 Biraduhumuriza kumenya yuko Imana atari yo ituma abantu bashikirwa n’imibabaro. Si yo iteza intambara, ubugizi bwa nabi, agacinyizo canke mbere ivyago vy’ivyaduka bituma abantu bashikirwa n’imibabaro. Naho ari ukwo, turakeneye kumenya igituma Yehova areka abantu bagashikirwa n’iyo mibabaro yose. Nimba ari Mushoboravyose, arafise rero ububasha bwo kubihagarika. None ni kubera iki abirabisha amaso gusa? Imana twamenye yuzuye urukundo, itegerezwa kuba ifise imvo yumvikana yo kubireka.​—1 Yohani 4:8.

IKIBAZO GIHAMBAYE KIVYURWA

10. Shetani yavyuye amakenga ku bijanye n’iki, kandi yabigize gute?

10 Kugira ngo dutahure igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro, bisaba ko dusubiza amaso inyuma kuri ca gihe imibabaro yatangura. Igihe Shetani yatuma Adamu na Eva bagambararira Imana, hari ikibazo gihambaye cari kivyuwe. Shetani ntiyavyuye amakenga ku vy’uko Yehova afise canke adafise ububasha. Na we nyene arazi ko Yehova afise ububasha butagira aho bugarukira. Ahubwo, Shetani yavyuye amakenga nimba Yehova afise uburenganzira bwo kuganza. Igihe Shetani yavuga ko Imana ari umubeshi, yima ivyiza abo itwara, yari yagirije Yehova ko ari umutware mubi. (Soma Itanguriro 3:2-5.) Shetani yashatse kuvuga yuko abantu borushirije kumererwa neza igihe boba badatwarwa n’Imana. Ukwo kwari ukurwanya ubusegaba bwa Yehova, ni ukuvuga uburenganzira afise bwo gutegeka.

11. Ni kubera iki Yehova ataciye gusa yica ba bagarariji bo muri Edeni?

11 Adamu na Eva baragararije Yehova. Ni nk’aho bavuze bati: ‘Ntibikenewe ko Yehova aba Umutware wacu. Turashobora kwishingira iciza n’ikibi.’ Yehova yotoreye gute umuti ico kibazo? Yoshoboye gute kwereka ibiremwa vyose bifise ubwenge ko abo bagarariji bari bibeshe be n’uko mu vy’ukuri inzira ziwe ari zo nziza? Hari uwovuga ko Imana yari guca gusa ikuraho abo bagarariji maze igatanguza ibintu ukundi gusha. Mugabo Yehova yari yaramaze kuvuga umugambi wiwe wo kwuzuza isi uruvyaro rwa Adamu na Eva, kandi yashaka ko baba mw’Iparadizo ngaha kw’isi. (Itanguriro 1:28) Yehova yama ashitsa imigambi yiwe. (Yesaya 55:10, 11) Turetse n’ivyo, gukuraho abo bagarariji ntivyari kwishura ikibazo cari cavyuwe ku vyerekeye uburenganzira Yehova afise bwo gutegeka.

12, 13. Tanga akarorero kerekana igituma Yehova yaretse Shetani akaba umutware w’iyi si be n’igituma yaretse abantu bakitegeka.

12 Reka dufate akarorero: Niwiyumvire yuko hari umwigisha ariko arabwira abanyeshure ingene bokora agapfindo kagoye. Umunyeshure umwe aciye ubwenge yamara akaba ari umugarariji, ariyemeye avuga ko inzira umwigisha aciyemwo mu gukora ako gapfindo atari yo. Kugira ngo uwo mugarariji yerekane ko uwo mwigisha atazi kwigisha neza, aguma yemeza yuko azi iyindi nzira yoroshe kuruta umuntu yocamwo mu gukora ako gapfindo. Hari bamwe mu banyeshure bibaza ko ivyo uwo munyeshure avuga ari vyo, bigatuma na bo bagarariza. None uwo mwigisha yokora iki? Hamwe yota hanze abo bagarariji, vyogira ingaruka iyihe ku banyeshure basigaye? Ubwo ntiboca babona ko uwo munyeshure mugenzi wabo be n’abandi bifatanije na we bariko bavuga ukuri? Abandi banyeshure bose bo muri iryo somero boshobora guca batangura gukengera uwo mwigisha, bibaza ko yatinye guhinyuka. Mugabo, reka dufate ko uwo mwigisha aretse ngo uwo mugarariji yereke abandi banyeshure ingene wewe yokora ako gapfindo.

Umunyeshure yoba arusha ubumenyi umwigisha?

13 Yehova yakoze ikintu gisa n’ico uwo mwigisha akoze. Niwibuke ko ba bagarariji bo muri Edeni atari bo bonyene vyaraba. Abamarayika amamiliyoni bariko barabirorera. (Yobu 38:7; Daniyeli 7:10) Uburyo Yehova yovyifashemwo muri ubwo bugarariji, bwogize ingaruka ikomeye kuri abo bamarayika bose maze impera n’imperuka bukayigira ku biremwa bifise ubwenge vyose. None Yehova yakoze iki? Yararetse Shetani ngo yerekane ingene yotwaye abantu. Imana kandi yararetse abantu baritegeka bisunga ubuyobozi bwa Shetani.

14. Ni ivyiza ibihe bizova ku ngingo Yehova yafashe yo kureka abantu bakitegeka?

14 Wa mwigisha twavuga muri ka karorero arazi ko uwo mugarariji be n’abanyeshure bari kumwe ivyo bavuga atari vyo. Mugabo arazi kandi ko kubaha akaryo ko kugerageza kwerekana ko iciyumviro cabo ari co, biza kugirira akamaro iryo somero ryose. Abo bagarariji nivyabafyura, abanyeshure b’inziraburyarya bose baraza kubona yuko uwo mwigisha ari we wenyene ashoboye gufasha abanyeshure. Baraza gutahura igituma aciye asohora abo bagarariji bose. Muri ubwo buryo nyene, Yehova arazi ko abantu bose be n’abamarayika bose b’imitima nziraburyarya bizobagirira akamaro nibabona yuko Shetani n’abagarariji bamukurikira vyabataye ku w’amazi, be n’uko abantu badashobora kwitegeka. Nka kumwe kwa Yeremiya wo mu bihe vya kera, bazokwibonera neza uku kuri guhambaye kugira guti: “Ewe Yehova, ndazi neza yuko inzira y’umuntu yakuwe mw’ivu atari iyiwe. Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.”​—Yeremiya 10:23.

NI KUBERA IKI BIRIKO BIFATA IGIHE KIREKIRE?

15, 16. (a) Ni kubera iki Yehova yaretse abantu bakabandanya gushikirwa n’imibabaro igihe kirekire? (b) Ni kubera iki Yehova atabujije ko ubukozi bw’ikibi bw’agahomerabunwa buba?

15 Ariko none, ni kubera iki Yehova yaretse abantu bakamara igihe kirekire bariko barashikirwa n’imibabaro? Kandi ni kubera iki atabuza ko ibintu bibi bishika? Kugira uvyumve, raba ibintu bibiri wa mwigisha wo mu karorero kacu adakwiye kugira. Ica mbere: Ntakwiye kubuza wa munyeshure w’umugarariji kwerekana ingene yokora ka gapfindo. Ica kabiri: Uwo mwigisha ntakwiye gufasha uwo munyeshure kugakora. Mu buryo busa n’ubwo, raba ibintu bibiri Yehova yiyemeje kutagira. Ica mbere: Ntiyabujije Shetani n’abaja ku ruhande rwiwe kugerageza kwerekana ko ivyo bavuga ari vyo. Vyabaye ngombwa rero ko areka hagaca igihe. Muri iyi myaka ibihumbi abantu bamaze babayeho, bararonse akaryo ko kugerageza uburyo bwose bwo kwitegeka biciye ku ntwaro z’abantu. Hari ukuntu abantu bateye imbere mu vy’ubuhinga no mu yindi mice, mugabo akarenganyo, ubukene, ubugizi bwa nabi n’intambara vyovyo bikaba vyarunyutse. Ubu biramaze kwigaragaza ko intwaro z’abantu zananiwe.

16 Ica kabiri: Yehova ntiyafashije Shetani gutegeka iyi si. Nk’akarorero, mbega iyo Imana iba yarabujije ko haba ubukozi bw’ikibi bw’agahomerabunwa, ubwo mu vy’ukuri ntiyobaye iriko irashigikira ivyiyumviro vy’abo bagarariji? Mbega Imana ntiyobaye iriko iratuma abantu bibaza ko kumbure bashobora kwitegeka ntihagire ingorane zikomeye bitera? Iyo Yehova abigenza gutyo, yobaye agize uruhara mu kinyoma. Kira noneho, “[ntibi]shoboka ko Imana ibesha.”​—Abaheburayo 6:18.

17, 18. Yehova azokora iki ku vyerekeye amabi yose yatewe n’ubutegetsi bw’abantu be n’akosho ka Shetani?

17 Ariko none, twovuga iki ku mabi yakozwe muri iki gihe kirekire ukugarariza Imana kumaze? Vyoba vyiza twibutse ko Yehova ashoboye vyose. Ku bw’ivyo rero, arashobora gukuraho imibabaro abantu barimwo, kandi azobigira. Nk’uko twamaze kuvyiga, iyi si yacu aho kuza irononwa, izoza iraryohorwa gushika ibaye Iparadizo. Ingaruka z’igicumuro zizokurwaho biciye ku kwizera inkuka y’incungu ya Yezu, ingaruka z’urupfu na zo zikurweho biciye kw’izuka. Imana izokoresha rero Yezu kugira “asambure ibikorwa vya Shetani.” (1 Yohani 3:8) Ivyo vyose Yehova azobishitsa neza na neza igihe kigeze. Turakwiye kunezerezwa no kubona atabishikije kare, kubera ko ukwihangana kwiwe kwatumye turonka akaryo ko kwiga ukuri no kumukorera. (Soma 2 Petero 3:9, 10.) Mu kurindira, Imana iguma irondera idahengeshanya abantu bayisenga ata buryarya yongera ibafasha kwihangana igihe cose bashikiwe n’imibabaro muri iyi si idurumbanye.​—Yohani 4:23; 1 Abakorinto 10:13.

18 Hari abokwibaza bati: ‘Ubwo Imana ntiyari gutuma iyo mibabaro yose idashika iyo iza kurema Adamu na Eva mu buryo batokwigeze bagarariza?’ Kugira ngo uronke inyishu y’ico kibazo, bisaba ko wibuka ingabirano y’agaciro Yehova yaguhaye.

UZOKORESHA GUTE INGABIRANO WAHAWE N’IMANA?

Imana izogufasha kwihanganira imibabaro

19. Ni ingabirano y’agaciro iyihe Yehova yaduhaye, kandi ni kubera iki dukwiye kuyifatana uburemere?

19 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 5, abantu baremanywe ubushobozi bwo kwihitiramwo. Woba utahura ukuntu iyo ari ingabirano y’agaciro? Imana yararemye ibikoko bidaharurwa, ahanini bikaba bigenza itima. (Imigani 30:24) Abantu barahinguye ibimashini bimwebimwe bishobora gukora ikintu cose babanje kubitamika. Wumva twari guhimbarwa iyo Imana iturema gutyo? Oya, turahimbarwa no kuba dufise umwidegemvyo wo kwihitiramwo uko twomera, ukuntu twokwigenza mu buzima, abagenzi twogira, n’ibindi n’ibindi. Turahimbarwa no kugira umwidegemvyo ku rugero runaka kandi ivyo ni vyo Imana itwipfuriza.

20, 21. Ingabirano twahawe y’ubushobozi bwo kwihitiramwo twoyikoresha gute mu buryo bwiza bushoboka, kandi ni kubera iki dukwiye kwipfuza kuyikoresha gutyo?

20 Yehova ntashima igikorwa gikozwe ku gahato. (2 Abakorinto 9:7) Dufate akarorero: Ni igiki corushiriza guhimbara umuvyeyi? Hoba ari igihe umwana amubwiye ngo “urakoze” arinze kubitamikwa, canke ni igihe avyivugiye bivuye ku mutima? Ikibazo gica kivyuka rero ni iki: Wewe uzokoresha gute ubwo bushobozi Yehova yaguhaye bwo kwihitiramwo? Shetani, Adamu na Eva bakoresheje nabi cane ubwo bushobozi. Barateye akagere Yehova Imana. Weho uzokora iki?

21 Urafise akaryo ko gukoresha neza uko bishoboka kwose iyo ngabirano nziza igitangaza, ari bwo bushobozi bwo kwihitiramwo. Urashobora kwifatanya n’abantu amamiliyoni bagiye ku ruhande rwa Yehova. Baranezereza Imana kubera ko bagira uruhara mu kugaragaza ko Shetani ari umubeshi be n’uko ubutegetsi bwiwe vyabutaye ku w’amazi. (Imigani 27:11) Na wewe nyene urashobora kubigira mu guhitamwo kubaho wigenza neza. Ivyo birasigurwa mu kigabane gikurikira.