Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI NA GATATU

Nitubone ubuzima nk’uko Imana ibubona

Nitubone ubuzima nk’uko Imana ibubona
  • Imana ibona gute ubuzima?

  • Imana ibona gute ivyo gukorora inda?

  • Twerekana gute ko twubaha ubuzima?

1. Ni nde yaremye ibifise ubuzima vyose?

UMUHANUZI Yeremiya yavuze ati: “Yehova mu vy’ukuri ni Imana. Ni we Mana nzima.” (Yeremiya 10:10) Vyongeye, Yehova Imana ni we yaremye ibifise ubuzima vyose. Ibiremwa vyo mw’ijuru vyamubwiye biti: “Waremye vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, biraremwa.” (Ivyahishuwe 4:11) Mu ruririmbo rwo guhimbaza Imana, Umwami Dawidi yavuze ati: “Iwawe [ni] ho hari isôko ry’ubuzima.” (Zaburi 36:9) Ubuzima rero ni ingabirano iva ku Mana.

2. Imana ikora iki kugira ngo ibungabunge ubuzima bwacu?

2 Yehova kandi arabungabunga ubuzima bwacu. (Ivyakozwe 17:28) Araturonsa imfungurwa dufungura, amazi tunywa, impemu duhema be n’ubutaka tubako. (Soma Ivyakozwe 14:15-17.) Yehova ivyo yabigize mu buryo butuma ubuzima buba ubuhimbaye. Ariko rero kugira tunezerererwe ubuzima bimwe bishitse, turakeneye kwiga amategeko y’Imana tukongera tukayagamburuka.​—Yesaya 48:17, 18.

TWUBAHE UBUZIMA

3. Imana yavyakiriye gute igihe Abeli yagandagurwa?

3 Imana ishaka ko twubaha ubuzima, bwaba ubwacu canke ubw’abandi. Nk’akarorero mu gihe ca Adamu na Eva, umuhungu wabo Kayini yarashavuriye cane murumunawe Abeli. Yehova yaraburiye Kayini ko ishavu ryiwe ryoshobora kumushikana ku gicumuro gikomeye. Kayini yarirengagije iyo mburi. ‘Yaragurukiye kuri Abeli mwene wabo, aramwica.’ (Itanguriro 4:3-8) Yehova yarahanye Kayini amuhoye ko yagandaguye mwenewabo.​—Itanguriro 4:9-11.

4. Mw’Itegeko rya Musa, Imana yashimitse gute ku vy’uko dukwiye kubona ubuzima mu buryo bubereye?

4 Haciye Imyaka ibihumbi, Yehova yarahaye Abisirayeli amategeko kugira ngo abafashe kumukorera mu buryo yemera. Kubera ko ayo mategeko yatanzwe biciye ku muhanuzi Musa, rimwe na rimwe yitwa Itegeko rya Musa. Muri iryo Tegeko hari ahavuga hati: “Ntukice.” (Gusubira mu vyagezwe 5:17) Ivyo vyareretse Abisirayeli ko Imana iha agaciro ubuzima bw’umuntu be n’uko abantu bategerezwa guha agaciro ubuzima bw’abandi.

5. Dukwiye kubona gute ivyo gukorora inda?

5 Twovuga iki ku bijanye n’ubuzima bw’akana kataravuka? Itegeko rya Musa ryerekana ko gutuma akayoya kakiri mu nda ya nyina gapfa cari igicumuro. Egome, n’ubuzima nk’ubwo burafise agaciro kuri Yehova. (Soma Kuvayo 21:22, 23; Zaburi 127:3.) Ivyo bisigura ko gukorora inda ari igicumuro.

6. Ni kubera iki tudakwiye kwanka abandi?

6 Kwubaha ubuzima birimwo no kubona abandi mu buryo bwiza. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese yanka mwene wabo ni umwicanyi, kandi murazi yuko ata mwicanyi afise ubuzima budahera buguma muri we.” (1 Yohani 3:15) Nimba twipfuza ubuzima budahera, dutegerezwa kurandurana n’imizi urwanko rwose dufitiye abandi, kubera ko urwanko ari rwo rutuma haba ubukozi bw’ikibi nka bwose. (1 Yohani 3:11, 12) Birahambaye ko twiga gukundana.

7. Ni ingeso zimwezimwe izihe zerekana ko umuntu atubaha ubuzima?

7 Tuvuge iki ku bijanye no kwubaha ubuzima bwacu bwite? Mu bisanzwe abantu ntibipfuza gupfa, ariko bamwebamwe barashira ubuzima bwabo mu kaga barondera kwinezereza. Nk’akarorero, benshi baranywa itabi, ubugoro, inconco canke bagafata ibiyayuramutwe kugira ngo binezereze gusa. Bene ivyo bintu bironona umubiri, mbere kenshi bikica bene kubinywa. Umuntu agize ingeso yo kunywa ivyo bintu ntaba abona ko ubuzima ari bweranda. Izo ngeso zirahumanye imbere y’Imana. (Soma Abaroma 6:19; 12:1; 2 Abakorinto 7:1.) Kugira ngo dukorere Imana mu buryo yemera, dutegerezwa guheba ingeso nk’izo, mbere naho kuziheba vyoshobora kuba bigoye cane. Yehova arashobora kuduha imfashanyo ikenewe kandi arashima akigoro tugira ko gufata ubuzima bwacu nk’ingabirano y’agaciro iva kuri we.

8. Ni kubera iki dukwiye kwama twibuka ko dutegerezwa kwirinda impanuka?

8 Nimba twubaha ubuzima, tuzokwama twibuka ko dutegerezwa kwirinda impanuka. Ntituzofata ibintu minenegwe kandi ntituzokwishira mu kaga turondera kwinezereza gusa. Dukwiye kuba abantu bitwararika ibintu igihe dutwara ivyuma vyo kwiyunguruza, tukongera tukirinda inkino zirimwo ubukazi canke zotera akaga. (Zaburi 11:5) Hari Itegeko Imana yahaye Isirayeli ya kera rigira riti: “Niwubaka inzu nshasha, uze ukore igitangirizo c’igisenge cawe, kugira ntukwegere amaraso inzu yawe, kuko hogira uwukoroka avuye kuri co.” (Gusubira mu vyagezwe 22:8) Mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako iri muri iryo tegeko, nugume uraba ko iwawe ata bintu vyotera amasanganya bihari, nk’ibinogo bidakingiye neza ku buryo abantu bobigwamwo. Nimba ufise icuma co kwiyunguruza nurabe neza ko ata ngorane cotera igihe ukigendesha. Ntureke inzu yawe canke umuduga wawe ngo bigeramire ubuzima bwawe canke ubw’abandi.

9. Nimba twubaha ubuzima tuzofata gute ibikoko?

9 Tuvuge iki ku vyerekeye ubuzima bw’igikoko? Na bwo nyene Umuremyi abona ko ari bweranda. Imana iremera ko ibikoko vyicwa kugira biribwe, kugira haboneke ivyambarwa canke kugira ngo abantu bikingire akaga. (Itanguriro 3:21; 9:3; Kuvayo 21:28) Ariko rero, gufata nabi ibikoko canke kuvyica umuntu ariko arikinira gusa, ni bibi kandi vyerekana ko atubaha na gato ubweranda bw’ubuzima.​—Imigani 12:10.

TWUBAHE AMARASO

10. Imana yerekanye gute ko hari isano hagati y’ubuzima n’amaraso?

10 Kayini amaze kwica mwenewabo Abeli, Yehova yamubwiye ati: “Amaraso ya mwene wanyu ariko asemererera mu butaka antakambira.” (Itanguriro 4:10) Igihe Imana yavuga ibijanye n’amaraso ya Abeli, yariko ivuga ubuzima bwa Abeli. Kayini yari yakuyeho ubuzima bwa Abeli, ico gihe rero akaba yategerezwa guhanwa. Ni nk’aho amaraso ya Abeli, ari bwo buzima bwiwe, yariko arataka ubutungane bwa Yehova. Isano riri hagati y’ubuzima n’amaraso ryarongeye kwerekanwa inyuma ya rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa. Imbere y’iryo Segenya, abantu barya gusa ivyamwa, imboga z’insoromano, ibintu vy’intete n’ibibuto bimwebimwe vyo mu bwoko bw’imise. Inyuma y’iryo Segenya, Yehova yabwiye Nowa n’abahungu biwe ati: “Igikoko kigendagenda cose kizima kirashobora kubabera ibifungurwa.” Ariko rero, Imana yashinze itegeko rigira riti: “Gusa, inyama zirimwo ubuzima bwazo, ari bwo maraso yazo, ntimuze muzirye.” (Itanguriro 1:29; 9:3, 4) Biragaragara ko Yehova abona ko ubuzima bw’ikiremwa n’amaraso yaco bifitaniye isano cane.

11. Ni ikoreshwa ry’amaraso irihe Imana yabujije guhera mu misi ya Nowa?

11 Twerekana ko twubaha amaraso mu kutayarya. Mw’Itegeko Yehova yahaye Abisirayeli, yabategetse ati: “Umuntu wese wo muri bene Isirayeli . . . azofata igikoko canke ikiguruka kiribwa ari guhiga, aze asese amaraso yaco hasi hanyuma ayarenzeko umukungugu. . . . Nabwiye bene Isirayeli nti: ‘Ntimuze murye amaraso y’ikiri n’umubiri na kimwe.’” (Abalewi 17:13, 14) Itegeko ry’Imana ryo kutarya amaraso y’igikoko, iryari ryatanguye guhabwa Nowa imyaka nka 800 imbere y’aho, ryari rigikora. Ukuntu Yehova yabona ibintu kwari gutomoye: Abasavyi biwe bari bemerewe kurya inyama ariko ntibari bemerewe kurya amaraso. Bategerezwa kuyasesa hasi, kukaba kwari nko gusubiza Imana ubuzima bw’ico kiremwa.

12. Ni itegeko irihe ryerekeye amaraso ryatanzwe n’impwemu nyeranda mu kinjana ca mbere kandi n’ubu rikaba rigikora?

12 Abakirisu barahawe itegeko nk’iryo. Intumwa n’abandi bagabo baja imbere abandi mu bayoboke ba Yezu bo mu kinjana ca mbere, barakoraniye hamwe kugira ngo bahitemwo amategeko yategerezwa gukurikizwa na bose mw’ishengero rya gikirisu. Bashitse kuri iki ciyumviro: “Impwemu nyeranda na twebwe ubwacu dushimye kutabongerako uwundi muzigo, kiretse ibi bintu vya nkenerwa: kuguma mwirinze ivyashikaniwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe [ni ukuvuga ibitakuwemwo amaraso], n’ubusambanyi.” (Ivyakozwe 15:28, 29; 21:25) Dutegerezwa rero ‘kuguma twirinze amaraso.’ Imbere y’Imana, kureka kuyarya bihambaye cokimwe no kwirinda gusenga ibigirwamana canke kwirinda ubusambanyi.

Hamwe umuganga yokubuza inzoga, ubwo wokwemera ko bayigutera mu mitsi?

13. Tanga akarorero kerekana igituma itegeko ryo kwirinda amaraso ryerekeye n’ivyo guterwa amaraso.

13 Iryo tegeko ryo kwirinda kurya amaraso ryoba ryerekeye n’ivyo guterwa amaraso? Ego cane. Tubitangire akarorero: Dufate ko hari umuganga yakubujije inzoga. Ivyo vyoba bisigura gusa ko udakwiye kuyinywa ariko ko ushobora kuyiterwa mu mitsi? Habe namba! Muri ubwo buryo nyene, kwirinda amaraso bisigura kutayinjiza mu mibiri yacu mu buryo na bumwe. Ku bw’ivyo, itegeko ryo kwirinda amaraso risigura ko tudakwiye kureka ngo hagire umuntu n’umwe adutera amaraso.

14, 15. Hamwe abaganga bovuga ko umukirisu ategerezwa guterwa amaraso, yovyifatamwo gute, kandi kubera iki?

14 Tuvuge iki mu gihe umukirisu yakomeretse cane canke akaba akeneye kubagwa mu buryo bukomeye? Dufate ko abaganga bavuze yuko adatewe amaraso aca apfa. Birumvikana ko uwo mukirisu atokwipfuza gupfa. Kugira ngo agerageze kuzigama ingabirano y’ubuzima ifise agaciro yahawe n’Imana, yokwemera ubundi buryo bwo kuvurwa hadakoreshejwe amaraso mu buryo butabereye. Ni co gituma yorondera ubwo buryo bwo kuvurwa, nimba buhari, akemera imiti itandukanye yokoreshwa mu gishingo c’amaraso.

15 Umukirisu yoba akwiye kurenga kw’itegeko ry’Imana kugira gusa ngo abe aramaze kabiri muri iyi si? Yezu yavuze ati: “Uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura; mugabo uwuheba ubuzima bwiwe kubera jewe azoburonka.” (Matayo 16:25) Ntitwipfuza gupfa. Ariko tugerageje kurokora ubuzima bwacu bwa none mu kurenga kw’itegeko ry’Imana, dushobora kuba twishize mu kaga ko kutazoronka ubuzima budahera. Twoba tubaye inkerebutsi rero twizigiye ko itegeko ry’Imana rigororotse, tukizigira tudakeka na gato yuko turamutse duhitanywe n’ikintu ico ari co cose, uwo Nyene kuduha ubuzima azotwibuka mw’izuka akadusubiza iyo ngabirano y’ubuzima ifise agaciro.​—Yohani 5:28, 29; Abaheburayo 11:6.

16. Ku vyerekeye amaraso, abasavyi b’Imana biyemeje iki bashikamye?

16 Muri iki gihe, abasavyi b’Imana b’abizigirwa biyemeje bashikamye gukurikiza ubuyobozi bwayo bwerekeye amaraso. Ntibashobora kuyarya mu buryo na bumwe. Eka mbere ntibemera guterwa amaraso mu gihe co kuvurwa. * Baremera badakeka yuko uwaremye amaraso azi icobabera ciza kuruta. Woba wemera ko akizi?

UBURYO BUMWE GUSA BUBEREYE BWO GUKORESHA AMARASO

17. Muri Isirayeli ya kera, uburyo bumwe gusa bwo gukoresha amaraso bwari bwemewe na Yehova Imana, bwari ubuhe?

17 Itegeko rya Musa ryarashimika ku buryo bumwe gusa bubereye bwo gukoresha amaraso. Ku vyerekeye ugusenga kw’Abisirayeli ba kera, Yehova yategetse ati: “Ubuzima bw’umubiri buri mu maraso, nanje nkaba nayashize ku gicaniro ku bwanyu kugira mutangirwe impongano, kuko amaraso ari yo atuma haba impongano.” (Abalewi 17:11) Mu gihe Abisirayeli baba bacumuye, barashobora kubabarirwa bashikanye igitungwa maze amwe mu maraso yaco agashirwa ku gicaniro co kw’itaberenakulo, mu nyuma na ho akaba yashirwa ku gicaniro co ku rusengero rw’Imana. Uburyo bumwe gusa bwo gukoresha amaraso bwari bubereye, kwari ukuyakoresha mu bihe vyo gutanga ivyo bimazi.

18. Ni ivyiza be n’imihezagiro ibihe dushobora kuronka bivuye ku maraso ya Yezu yasheshwe?

18 Abakirisu b’ukuri ntibagengwa n’Itegeko rya Musa, bakaba rero badashikana ibimazi vy’ibitungwa ngo bashire amaraso yavyo ku gicaniro. (Abaheburayo 10:1) Ariko rero, ikoreshwa ry’amaraso ku gicaniro mu gihe ca Isirayeli ya kera, cari ikigereranyo c’ikimazi c’agaciro c’Umwana w’Imana Yezu Kristu. Nk’uko twavyize mu kigabane ca 5 c’iki gitabu, Yezu yaratanze ubuzima bwiwe bw’umuntu ku bwacu mu kureka amaraso yiwe agaseswa bwa kimazi. Mu nyuma yaraduze mw’ijuru maze ashikiriza Imana rimwe rizima agaciro k’amaraso yiwe yasesetse. (Abaheburayo 9:11, 12) Ivyo vyatumye bishoboka ko tubabarirwa ibicumuro vyacu vyongera biratwugururira inzira yo kuronka ubuzima budahera. (Matayo 20:28; Yohani 3:16) Mbega ukuntu ubwo buryo bwo gukoresha amaraso bwabaye ngirakamaro rwose! (1 Petero 1:18, 19) Dushobora kuronka ubukiriro biciye gusa ku kwizera agaciro k’amaraso ya Yezu yasheshwe.

Wokwerekana gute ko wubaha ubuzima n’amaraso?

19. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tube ‘abacuna ku maraso y’abantu bose’?

19 Turakwiye gukengurukira cane Yehova Imana kubona yaraduhaye ubuzima abigiranye urukundo. None ivyo ntibikwiye kutuvyurira umutima wo kubwira abandi ivyerekeye ako karyo ko kuronka ubuzima budahera biciye ku kwizera inkuka ya Yezu? Kwitwararika ubuzima bw’abandi mu buryo bushimwa n’Imana bizotuma tubikora tubishashaye kandi dufise umwete. (Soma Ezekiyeli 3:17-21.) Nitwarangura iryo banga tubigiranye umwete, tuzoshobora kuvuga nk’uko intumwa Paulo yavuze ati: “N[da]cuna ku maraso y’abantu bose, kuko ataho naretse kubabwira inama yose y’Imana.” (Ivyakozwe 20:26, 27) Kubwira abantu ivyerekeye Imana n’imigambi yayo, ni bwo buryo bwiza bwo kwerekana ko duha agaciro cane ubuzima n’amaraso.

^ ing. 16 Wipfuza kumenya ivyerekeye imiti ishobora gukoreshwa mu gishingo c’amaraso, raba ikiganiro kivuga ngo “Des substituts de qualité” mu gatabu Comment le sang peut-il vous sauver la vie? kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.