Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI NA GATANDATU

Nushikame ku gusenga kw’ukuri

Nushikame ku gusenga kw’ukuri
  • Bibiliya yigisha iki ku bijanye no gukoresha ibishusho?

  • Abakirisu babona gute imisi mikuru y’amadini?

  • Ushobora gute gusigurira abandi ivyo wemera utarinze kubababaza?

1, 2. Ni ikibazo ikihe utegerezwa kwibaza umaze kuva mw’idini ry’ikinyoma, kandi wiyumvira ko ari kubera iki ivyo bihambaye?

DUFATE ko umenye yuko mu karere ubamwo kose hasutswe ubumara. Hari umuntu yagiye arasuka mu mpisho imyavu irimwo ubumara muri ako karere, ico gihe rero abantu bakaba bageramiwe. Wewe woca ukora iki? Nta gukeka ko ubishoboye woca wimuka. Ariko umaze kwimuka, woguma wibaza iki kibazo gihambaye: ‘Ubwo burya bumara ntibwanyinjiyemwo?’

2 Ibintu nk’ivyo biraba mu bijanye n’idini ry’ikinyoma. Bibiliya yigisha ko ukwo gusenga kwandujwe n’inyigisho be n’imigenzo bihumanye. (2 Abakorinto 6:17) Ni co gituma bihambaye ko uva muri “Babiloni Akomeye,” ari yo nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. (Ivyahishuwe 18:2, 4) Woba umaze kubigira? Nimba warabigize, urakwiye gukezwa. Mugabo ntibigarukira gusa ku kwitandukanya n’idini ry’ikinyoma canke kuvavanura na ryo. Umaze kubigira, utegerezwa kwibaza uti: ‘Hoba hari ikintu na kimwe gifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma kikiri muri jewe?’ Rimbura uburorero bumwebumwe.

GUSENGA IBISHUSHO BE N’ABA KERA

3. (a) Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gukoresha ibishusho, kandi ni kubera iki abantu bamwebamwe bibagora kubibona nk’uko Imana ibibona? (b) Ikintu ico ari co cose woba utunze coba gifitaniye isano n’ugusenga kw’ikinyoma, ukwiye kukigira iki?

3 Bamwebamwe usanga bamaze imyaka myinshi bafise ibishusho canke utunyabugoro mu ngo zabo. Woba nawe ubifise? Nimba ubifise, hari igihe wokwumva umengo ntivyumvikana canke ntibibereye gusenga Imana utifashishije ivyo bintu biboneka. Ushobora mbere kwumva utobiheba. Ariko Imana ni yo yerekana ukuntu ikwiye gusengwa, Bibiliya na yo ikaba yigisha ko Imana idashaka ko dukoresha ibishusho. (Soma Kuvayo 20:4, 5; Zaburi 115:4-8; Yesaya 42:8; 1 Yohani 5:21) Ushobora rero kwerekana ko ushikamye ku gusenga kw’ukuri mu gukuraho ikintu cose utunze gifitaniye isano n’ugusenga kw’ikinyoma. Uko biri kwose, nukibone nk’uko Yehova akibona, ko ari ikintu “giteye ishishi.”​—Gusubira mu vyagezwe 27:15.

4. (a) Tuzi gute ko gusenga aba kera ata co bimaze? (b) Ni kubera iki Yehova yabujije abasavyi biwe kuja mu bwoko ubwo ari bwo bwose bw’ubupfumu?

4 Gusenga aba kera na vyo nyene birakunda kugirwa mu madini menshi y’ikinyoma. Imbere y’uko bamwebamwe biga ukuri kwo muri Bibiliya, bemera ko abapfuye baguma bafise ubwenge bari mu karere kataboneka k’impwemu be n’uko bashobora gufasha abazima canke bakabagirira nabi. Ushobora kuba wahora wita ku rutare urondera gutururuza basokuru bawe bapfuye. Ariko nk’uko wavyize mu kigabane ca 6 c’iki gitabu, abapfuye nta hantu na hamwe baba bari bafise ubwenge. Nta co bimaze rero kugerageza kuvugana na bo. Ubutumwa bwose busa n’ubuva ku wawe yapfuye, mu vy’ukuri buba buvuye ku madayimoni. Ni co gituma Yehova yabujije Abisirayeli kugerageza kuvugana n’abapfuye canke kuja mu bundi bwoko ubwo ari bwo bwose bw’ubupfumu.​—Soma Gusubira mu vyagezwe 18:10-12.

5. Wokora iki nimba mu buryo wahora usenga harajamwo ivyo gukoresha ibishusho canke gusenga aba kera?

5 Nimba mu gusenga kwawe hahora hajamwo n’ivyo gukoresha ibishusho canke gusenga aba kera, wokora iki? Nusome wongere uzirikane ku vyanditswe vyo muri Bibiliya vyerekana ukuntu Imana ibona ivyo bintu. Nusenge Yehova ku musi ku musi umubwira icipfuzo ufise co gushikama ku gusenga kw’ukuri, wongere umusabe ngo agufashe kwiyumvira nk’uko yiyumvira.​—Yesaya 55:9.

ABAKIRISU BO MU NTANGO NTIBAHIMBAZA NOWELI

6, 7. (a) Abahimbaza Noweli vyitwa ko baba bariko bahimbaza iki? Abayoboke ba Yezu bo mu kinjana ca mbere boba barayihimbaza? (b) Mu gihe c’abigishwa ba Yezu bo mu ntango, imisi mikuru yo kwibuka umusi umuntu yavukiyeko yari ifitaniye isano n’iki?

6 Ugusenga kw’umuntu kwoshobora kwanduzwa n’idini ry’ikinyoma mu bijanye n’imisi mikuru abantu bakunda guhimbaza. Nk’akarorero, reka dusuzume ivyerekeye Noweli. Abahimbaza Noweli bitwa ko baba bariko barahimbaza ivuka rya Yezu Kristu, kandi amadini nka yose yiyita ay’abakirisu arahimbaza uwo musi mukuru. Yamara, nta kintu na kimwe cemeza ko abigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere bahimbaza uwo musi mukuru. Igitabu kimwe (Sacred Origins of Profound Things) kivuga giti: “Mu binjana bibiri kuva Yezu avutse, nta muntu n’umwe yari azi neza na neza umusi Yezu yavukiyeko, kandi abantu bakeya ni bo bitwararika kumenya uwo musi.”

7 Naho abigishwa ba Yezu bari kuba bazi neza na neza igenekerezo yavukiyeko, ntibohimbaje uwo musi. Kubera iki? Nk’uko igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kibivuga, ni kubera ko abakirisu bo mu ntango “babona yuko ivyo kwibuka umusi umuntu yavukiyeko ari umugenzo w’abapagani.” Imisi mikuru yonyene yo kwibuka umusi umuntu yavukiyeko ivugwa muri Bibiliya, ni iy’abategetsi babiri batasenga Yehova. (Itanguriro 40:20; Mariko 6:21) Haragirwa kandi imisi mikuru yo kwibuka imisi imana z’abapagani zavukiyeko. Nk’akarorero, kw’igenekerezo rya 24 Rusama, Abaroma bahimbaza umusi mukuru wo kwibuka umusi w’ivuka ry’ikimanakazi Diana. Bukeye, bahimbaza umusi mukuru wo kwibuka umusi w’ivuka ry’ikimana zuba cabo ari co Apolo. Ni co gituma imisi mikuru yo kwibuka umusi umuntu yavukiyeko yari ifitaniye isano n’ubupagani, itari ifitaniye isano n’ubukirisu.

8. Sigura ukuntu imisi mikuru yo kwibuka umusi umuntu yavukiyeko ifitaniye isano n’ivyo kwemera ibintazi?

8 Hariho iyindi mvo yatuma abakirisu bo mu kinjana ca mbere badahimbaza umusi Yezu yavukiyeko. Birashoboka ko abo bigishwa biwe bari bazi ko guhimbaza imisi mikuru y’aho umuntu yavukiye vyari bifitaniye isano no kwemera ibintazi. Nk’akarorero, Abagiriki n’Abaroma batari bake bo mu bihe vya kera bemera ko kw’ivuka ry’umuntu wese haba hari umuzimu ufasha muri iryo vuka kandi ukaguma umukingira mu buzima bwiwe bwose. Igitabu kimwe (The Lore of Birthdays) kivuga giti: “Uwo muzimu, mu buryo busiga ubwenge waba ufitaniye isano n’ikimana caba cavutse kw’igenekerezo rihuye n’iryo genekerezo uwo muntu avukiyeko.” Nta gukeka ko ata musi mukuru n’umwe wotuma haba isano hagati ya Yezu n’ibintazi wari guhimbara Yehova. (Yesaya 65:11, 12) Vyagenze gute none ngo Noweli ihimbazwe n’abantu benshi?

INKOMOKO YA NOWELI

9. Vyagenze gute ngo uwa 25 Kigarama ufatwe ko ari wo musi wo guhimbarizako ivuka rya Yezu?

9 Abantu batanguye guhimbaza ivuka rya Yezu ku wa 25 Kigarama, haciye imyaka amajana avuye kw’isi. Ariko iryo ntiryari ryo genekerezo Yezu yavukiyeko, kubera yuko biboneka ko yavutse muri Gitugutu. * Ni kubera iki none bahisemwo igenekerezo rya 25 Kigarama? Bamwebamwe mu bahavuye biyita abakirisu bisa n’uko “bashatse ko iryo genekerezo rihurirana n’umusi mukuru wa gipagani w’Abaroma wo guhimbarizako ‘ivuka ry’izuba ntatsindwa.’” (The New Encyclopædia Britannica) Mu gihe c’urushana, aho izuba ryasa n’iridakaze, abapagani baragira ibirori kugira ngo iryo sôko ry’agasusuruko n’umuco rigaruke rivuye mu rugendo rwa kure ryaba ryagize. Biyumvira ko ku wa 25 Kigarama ari wo musi izuba ryatangura guhinguka. Indongozi z’amadini zaratanguye kugira ivyo birori no kugerageza gutuma ngo bisa n’ivya gikirisu, kugira ngo zirabe ko zokwinjiza abapagani mw’idini ryazo. *

10. Ni kubera iki kera abantu bamwebamwe batahimbaza Noweli?

10 Kuva kera, vyari bizwi ko Noweli ikomoka mu bapagani. Kubera ko umusi mukuru wa Noweli udakomoka mu Vyanditswe, mu kinjana ca 17 warabujijwe mu Bwongereza no mu turere tumwetumwe two muri Amerika twatwarwa n’Ubwongereza. Umuntu yahirahira akaguma i muhira ntaje ku kazi ku musi wa Noweli yategerezwa gutanga ihadabu. Mugabo imigenzo ya kera ntiyatevye kugaruka, hiyongerako n’iyindi mishasha. Noweli waciye usubira gucika umusi mukuru uhambaye, kandi n’ubu uracari umusi mukuru uhambaye mu bihugu vyinshi. Ariko rero, kubera ko Noweli ifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma, abashaka guhimbara Imana ntibahimbaza uwo musi mukuru canke uwundi musi mukuru uwo ari wo wose ukomoka mu gusenga kw’abapagani. *

INKOMOKO Y’IYO MISI MIKURU HOBA HARI ICO ITWAYE VY’UKURI?

11. Ni kubera iki abantu bamwebamwe bahimbaza imisi mikuru, ariko ikintu dukwiye kwitwararika kuruta ibindi ni ikihe?

11 Hari abemera ko imisi mikuru imwimwe nka Noweli ikomoka mu bapagani, mugabo bakabona ko atari bibi kuyihimbaza. Nakare, abantu nka bose ntibabona mu bwenge ivyerekeye ugusenga kw’ikinyoma igihe bahimbaza imisi mikuru. Iyo misi mikuru iratuma kandi abagize imiryango baronka uturyo two guhurira hamwe. Woba nawe ari ko ubibona? Nimba ari ukwo, birashoboka ko igituma bisa n’ibitakworohera gushigikira ugusenga kw’ukuri ari ugukunda umuryango wawe, atari ugukunda idini ry’ikinyoma. Nuhere amazinda ko Yehova, we umuryango wakomotseko, ashaka ko ugiranira ubucuti bwiza n’abawe. (Abanyefeso 3:14, 15) Ariko urashobora gukomeza ubwo bucuti uciye mu nzira yemerwa n’Imana. Ku vyerekeye ikintu dukwiye kwitwararika kuruta ibindi, intumwa Paulo yanditse ati: “Mugume mwiyemeza neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo.”​—Abanyefeso 5:10.

Woba wonunuza imbombo unovye mu mufurege?

12. Tanga akarorero kerekana igituma dukwiye kwirinda imigenzo n’imisi mikuru bikomoka mu bintu bibi.

12 Kumbure ubona ko inkomoko y’imisi mikuru ata sano ifitaniye n’ukuntu ihimbazwa muri iki gihe. Inkomoko yayo yoba vy’ukuri hari ico itwaye? Cane nyene. Nk’akarorero, dufate ko ubonye imbombo iri mu mufurege. Ubwo wonoba iyo mbombo ukayinunuza? Habe namba! Iyo mbombo iba yanduye. Nk’ukwo kw’iyo mbombo, imisi mikuru ishobora kuba isa n’iyisosa, mugabo bakaba bayinovye ahantu hari umwanda. Kugira ngo dushikame ku gusenga kw’ukuri, turakeneye kubona ibintu nk’uko umuhanuzi Yesaya yabibona, uwabwiye abasavyi b’Imana b’ukuri ati: “Ntimukore ku gihumanye na kimwe.”​—Yesaya 52:11.

NUKORESHE UBUKEREBUTSI MU MIGENDERANIRE UGIRANIRA N’ABANDI

13. Ni ingorane izihe zishobora kuvyuka igihe udahimbaza imisi mikuru?

13 Ingorane zoshobora kuvyuka igihe uhisemwo kudahimbaza imisi mikuru. Nk’akarorero, abo mukorana boshobora kwibaza igituma utaja mu misi mikuru kanaka ibera ku kazi. Wokora iki igihe hari uwuguhaye ingabirano ya Noweli? Vyoba ari bibi kuyakira? Wokora iki igihe udasangiye ukwizera n’uwo mwubakanye? Wokora iki kugira abana bawe ntibigere bumva ko hari ico bahomba ngo ni uko badahimbaza Noweli?

14, 15. Wokora iki mu gihe hari uwukwipfurije umusi mukuru mwiza canke mu gihe hari uwugomba kuguha ingabirano?

14 Urakeneye ubukerebutsi kugira ushobore kumenya neza ingene wokwifata mu gihe ico ari co cose. Mu gihe hagize uwukwipfuriza umusi mukuru mwiza, woshobora kumushimira gusa maze ukirenganira. Ariko dufate ko uriko uraganira n’uwo mwamana imisi yose canke mukorana. Muri ico gihe, hari aho woshima kugira n’ibindi umubwira. Mu bihe vyose, niwiyubare. Bibiliya ihanura iti: “Imvugo yanyu yamane igikundiro, irunze umunyu, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese.” (Abakolosayi 4:6) Uraraba neza ntuhave usanga utubashe abandi. Ahubwo, nusigure aho uhagaze ubigiranye ukwiyubara. Nutomore ko utarwanya ivyo guhanahana ingabirano canke kuja hamwe, ariko ko ushima kugira ibintu nk’ivyo mu kindi gihe.

15 Wokora iki igihe hari umuntu yipfuza kuguha ingabirano? Ahanini bivana n’ingene ibintu vyifashe. Nyene kuyitanga yoshobora kuvuga ati: “Ndazi ko udahimbaza uwu musi mukuru. Ariko nashaka kuguha aka kantu.” Woshobora kubona yuko kwakira iyo ngabirano bidasobanura ko ugize uruhara muri uwo musi mukuru. Ariko rero, nimba nyene kuyitanga adasanzwe azi neza ivyo wemera, woshobora kumubwira ko udahimbaza uwo musi mukuru. Ivyo vyogufasha kumusigurira igituma wakira muri ico gihe ingabirano mugabo wewe ukaba udashobora kuyitanga. Ku rundi ruhande, vyoba biranga ubukerebutsi uretse kwakira ingabirano mu gihe bigaragara neza ko nyene kuyitanga afise intumbero yo kwerekana ko udashikama ku vyo wemera canke ko ushobora kubirengako kugira wironkere ibintu.

TUVUGE IKI KU BO MU MURYANGO?

16. Ushobora gute gukoresha ukwiyubara igihe uba uri imbere y’ibintu vyerekeye imisi mikuru?

16 Bite ho igihe mudasangiye ukwemera n’abo mu muryango? Na ho nyene, nukoreshe ukwiyubara. Ntibikenewe ko uharira ku kantu kose kerekeye umugenzo canke umusi mukuru incuti zawe zihitamwo guhimbaza. Ahubwo, niwubahirize uburenganzira bafise bwo kubona ibintu mu buryo bwabo, nk’uko nawe wipfuza ko bubahiriza ubwawe. (Soma Matayo 7:12.) Niwirinde gukora ikintu ico ari co cose cotuma ugira uruhara muri uwo musi mukuru. Ariko rero, nturenze urugero igihe ubona ko ari ibintu bidafitaniye isano n’uwo musi mukuru. Ariko ntiwumve, ukwiye kwama ukora mu buryo uguma ufise ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi.​—Soma 1 Timoteyo 1:18, 19.

17. Ushobora gute gufasha abana bawe kugira ntibumve ko hari ico bahomvye igihe babonye abandi bariko barahimbaza imisi mikuru?

17 Wokora iki kugira ngo abana bawe ntibumve ko hari ico bahomvye ngo ni uko badahimbaza umusi mukuru uteye kubiri n’Ivyanditswe? Ahanini bivana n’ivyo ugira mu bindi biringo vyo mu mwaka. Abavyeyi bamwebamwe barategekanya ibihe vyo guha ingabirano abana babo. Imwe mu ngabirano ziruta izindi zose ushobora guha abana bawe, ni umwanya be n’ukubitwararika.

NUSENGE MW’IDINI RY’UKURI

Kuba umuntu ari mw’idini ry’ukuri biramuzanira agahimbare nyakuri

18. Kwitaba amakoraniro ya gikirisu vyogufasha gute gushikama ku gusenga kw’ukuri?

18 Kugira ngo uhimbare Imana, utegerezwa kuvavanura n’ugusenga kw’ikinyoma maze ugashikama ku gusenga kw’ukuri. Ivyo none bisaba iki? Bibiliya ivuga iti: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza.” (Abaheburayo 10:24, 25) Amakoraniro ya gikirisu ni ibihe biteye umunezero kuri wewe vyo gusenga Imana mu buryo ishima. (Zaburi 22:22; 122:1) Kuri ayo makoraniro, haraba “uguhanahana indemesho” hagati y’abakirisu b’abizigirwa.​—Abaroma 1:12.

19. Ni kubera iki bihambaye ko ubwira abandi ibintu wize muri Bibiliya?

19 Ubundi buryo bwogufasha gushikama ku gusenga kw’ukuri, ni ukubwira abandi ivyerekeye ibintu wize muri Bibiliya ufashijwe n’Ivyabona vya Yehova. Mu vy’ukuri abantu benshi bariko baraniha bongera baboroga kubera ububisha buriko buraba mw’isi muri iki gihe. Ushobora kuba uzi abantu bamwebamwe bamerewe gutyo. Ubona gute ubabwiye ivyerekeye icizigiro ufise gishingiye kuri Bibiliya kijanye na kazoza? Uko wifatanya n’abakirisu b’ukuri ukongera ukabwira abandi ivyerekeye ukuri kwo muri Bibiliya kw’akaroruhore wize, uzosanga icipfuzo ico ari co cose co gukurikiza imigenzo y’idini ry’ikinyoma coba carasigaye mu mutima wawe kigiye kirazimangana buhorobuhoro. Nuhere amazinda ko uzonezerwa cane be n’uko uzoronka imihezagiro myinshi niwaramuka ushikamye ku gusenga kw’ukuri.​—Malaki 3:10.

^ ing. 9 Raba ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Yezu yoba yavutse muri Kigarama?

^ ing. 9 Saturunaliya, umusi mukuru wahimbazwa n’Abaroma, na wo nyene uri mu vyatumye bahitamwo igenekerezo rya 25 Kigarama. Uwo musi mukuru watera iteka imana y’Abaroma y’ivyerekeye uburimyi wahimbazwa kuva ku wa 17-24 Kigarama. Gutereka, kwinezereza no guhanahana ingabirano vyaragirwa muri ico kiringo ca Saturunaliya.

^ ing. 10 Nimba ushaka kumenya ingene abakirisu b’ukuri babona iyindi misi mikuru abantu bakunda guhimbaza, raba ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Hoba hari imisi mikuru tudakwiye guhimbaza?