Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI N’INDWI

Niwiyegereze Imana mw’isengesho

Niwiyegereze Imana mw’isengesho
  • Ni kubera iki dukwiye gusenga Imana?

  • Dutegerezwa gukora iki kugira ngo Imana itwumve?

  • Imana yishura amasengesho yacu gute?

“Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi” yiteguriye kwumva amasengesho yacu

1, 2. Ni kubera iki dukwiye kubona ko isengesho ari agateka gahambaye, kandi ni kubera iki bikenewe ko tumenya ico Bibiliya yigisha ku bijanye na ryo?

UGERERANIJE isi n’ikirere amahanga, usanga yoyo ari akantu kanzwinya. Nkako, kuri Yehova “wa Muhinguzi w’ijuru n’isi,” amahanga y’abantu ameze nk’akama k’amazi kari mu ndobo. (Zaburi 115:15; Yesaya 40:15) Yamara, Bibiliya ivuga iti: “Yehova ari hafi y’abamwambaza bose, hafi y’abamwambaza mu kuri bose. Icipfuzo c’abamutinya azogishitsa, kandi azokwumva ugutabaza kwabo.” (Zaburi 145:18, 19) Iyumvire gatoyi ico ivyo bisobanura: Umuremyi ashobora vyose, ari hafi yacu kandi azotwumva “[nitw]amwambaza mu kuri.” Mbega agateka twatewe ko kwegera Imana mw’isengesho!

2 Ariko rero, nimba dushaka ko Yehova yumva amasengesho yacu, dutegerezwa kumusenga mu buryo yemera. Wumva none ivyo twobishobora gute mu gihe tutoba dutahura ico Bibiliya yigisha ku vyerekeye isengesho? Birahambaye ko tumenya ico Ivyanditswe bivuga kuri ico kintu kubera ko isengesho ari ryo rituma turushiriza kwiyegereza Yehova.

KUBERA IKI TWOSENGA YEHOVA?

3. Ni imvo imwe iyihe ihambaye ikwiye gutuma dusenga Yehova?

3 Imvo imwe ihambaye ikwiye gutuma dusenga Yehova, ni uko abidusaba. Ijambo ryiwe rituremesha riti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” (Abafilipi 4:6, 7) Nta gukeka ko utipfuza gufata minenegwe iyo ntunganyo iranga ubuntu twashiriweho na wa Mutegetsi Kaminuza w’ibiriho vyose.

4. Gusenga Yehova ubudasiba bikomeza gute ubucuti dufitaniye na we?

4 Iyindi mvo ituma dusenga, ni uko gusenga Yehova ubudasiba bidufasha gukomeza ubucuti dufitaniye na we. Abagenzi nyakuri ntibaganira gusa igihe hari ico bakeneye. Ahubwo nyabuna, abagenzi beza baritwararikana, kandi ubucuti bwabo burarushiriza gukomera uko baseruriranira ata guhishanya ivyiyumviro, ibibaraje ishinga be n’ukuntu bumva bamerewe. Mu buryo bunaka, ni ko bimeze no ku bijanye n’ubucuti tugiranira na Yehova Imana. Ubifashijwemwo n’iki gitabu, warize vyinshi ku bijanye n’ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye Yehova, uko ameze be n’imigambi yiwe. Waramenye ko abaho koko. Isengesho riraguha akaryo ko guserurira So wawe wo mw’ijuru ivyiyumviro vyawe ukanamubwira uko wumva umerewe mu mutima. Ubigize uba uriko urarushiriza kwiyegereza Yehova.​—Yakobo 4:8.

NI IBISABWA IBIHE DUTEGEREZWA GUSHITSA?

5. Ni igiki cerekana ko Yehova atumviriza amasengesho yose?

5 Yehova yoba yumviriza amasengesho yose? Rimbura ivyo yabwiye Abisirayeli b’abagarariji mu misi y’umuhanuzi Yesaya. Yavuze ati: “Naho mutura amasengesho menshi, sinumviriza; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso.” (Yesaya 1:15) Hari ivyo dukora bimwebimwe rero bishobora gutuma Imana itumviriza amasengesho yacu. Kugira ngo rero Imana yumve amasengesho yacu, hariho ibintu vy’ishimikiro dutegerezwa gushitsa.

6. Ni ikintu nyamukuru ikihe dusabwa kugira ngo Imana yumvirize amasengesho yacu, kandi twogishitsa gute?

6 Ikintu nyamukuru gisabwa, ni uko tugaragaza ukwizera. (Soma Mariko 11:24.) Intumwa Paulo yanditse ati: “Ata kwizera ntibishoboka [guhimbara Imana] rwose, kuko uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko ihemba abayironderana ubwira.” (Abaheburayo 11:6) Kugira ukwizera nyakuri ntibigarukira gusa ku kumenya yuko Imana iriho be n’uko yumva amasengesho yacu ikongera ikayishura. Ukwizera kugaragarira mu vyo dukora. Dutegerezwa gutanga ikimenyamenya gitomoye c’uko dufise ukwizera biciye ku kuntu tubaho ku musi ku musi.​—Yakobo 2:26.

7. (a) Ni kubera iki dukwiye kuba abantu bavugana icubahiro igihe tuganira na Yehova mw’isengesho? (b) Igihe dusenga Imana, twokwerekana gute ko turi abantu bicisha bugufi kandi batagira uburyarya?

7 Yehova kandi asaba ko abamwiyegereza mw’isengesho babigira bicishije bugufi kandi ata buryarya babigiranye. Ntivyumvikana none ko dukwiye kwicisha bugufi igihe hari ico turiko turabwira Yehova? Igihe abantu baronse akaryo ko kuganira n’umwami canke umuprezida, usanga bakunda kuvugana icubahiro, kubera ko bemera icese yuko uwo mutegetsi ari umuntu wo hejuru. Uca wumva ko igihe twegera Yehova hoho, dukwiye kurushiriza kuvugana icubahiro. (Zaburi 138:6) Kanatsinda, ni “Imana Mushoboravyose.” (Itanguriro 17:1) Igihe dusenga Imana, uburyo tuyegera bukwiye kwerekana ko dutahura twicishije bugufi ikibanza dufise imbere yayo. Ukwicisha bugufi nk’ukwo kuzotuma kandi dusenga tuvuga ibivuye ku mutima, tukirinda amasengesho yo guheza umwuga, canke kuza turasubiramwo amajambo.​—Matayo 6:7, 8.

8. Dushobora gute gukora duhuza n’ivyo dusaba mw’isengesho?

8 Ikindi kintu gisabwa kugira ngo Imana itwumve, ni uko dukora duhuza n’amasengesho yacu. Yehova yitega ko dukora uko dushoboye kwose kugira ngo duhuze n’ivyo dusaba. Nk’akarorero, nimba dusavye ngo “uduhe uno musi ibifungurwa vyacu vy’uyu musi,” dutegerezwa gukorana umwete akazi kose kabonetse dushoboye. (Matayo 6:11; 2 Abatesalonika 3:10) Nimba dusenze dusaba gutsinda ubugoyagoye kanaka bw’umubiri, dutegerezwa kwirinda ibintu vyohava bitujana mu nyosha mbi. (Abakolosayi 3:5) Uretse ivyo bintu vy’ishimikiro dusabwa, hari ibibazo bijanye n’isengesho dukeneye kwishurwa.

INYISHU Z’IBIBAZO BIMWEBIMWE VYEREKEYE ISENGESHO

9. Dukwiye gusenga nde, kandi tukabicisha kuri nde?

9 Dukwiye gusenga nde? Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga “Dawe wa twese [wo] mw’ijuru.” (Matayo 6:9) Amasengesho yacu rero ategerezwa guturwa Yehova Imana wenyene. Ariko rero, Yehova asaba ko twemera icese ikibanza Umwana wiwe w’ikinege Yezu Kristu afise. Nk’uko twavyize mu kigabane ca 5, Yezu yarungitswe kw’isi kugira ngo abe incungu idukura mu gicumuro n’urupfu. (Yohani 3:16; Abaroma 5:12) Ni we yagenywe ngo abe Umuherezi Mukuru n’Umucamanza. (Yohani 5:22; Abaheburayo 6:20) Ni co gituma Ivyanditswe bidutegeka gutura amasengesho yacu tuyacishije kuri Yezu. We ubwiwe yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) Kugira ngo amasengesho yacu yumvirwe, dutegerezwa gusenga Yehova wenyene tubicishije ku Mwana wiwe.

10. Ni kubera iki ata nyifato yinaka isabwa mu gihe dusenga?

10 Twoba dukwiye kwifata mu buryo budasanzwe igihe dusenga? Eka data! Yehova ntasaba ko ibiganza vyacu canke umubiri wacu wose biba bimeze ukunaka. Bibiliya yigisha ko umuntu ashobora gusenga yifashe mu buryo butandukanye. Aho harimwo kwicara, kwunama, gupfukama canke guhagarara. (1 Ngoma 17:16; Nehemiya 8:6; Daniyeli 6:10; Mariko 11:25) Igihambaye vy’ukuri si ukwifata mu buryo budasanzwe abandi bashobora kubona, ahubwo ni agatima kabereye. Nkako, mu gihe turi mu bikorwa vyacu vya misi yose canke igihe twoba duhanzwe n’ibintu vyihutirwa, twoshobora gusengera mu mutima aho twoba turi hose. Yehova arumva amasengesho nk’ayo naho abo turi kumwe batomenya na gato ko turiko turasenga.​—Nehemiya 2:1-6.

11. Ni ibintu bimwebimwe bituraje ishinga ibihe dushobora gushira mu masengesho yacu?

11 Twosaba iki? Bibiliya isigura iti: ‘Ico dusaba cose twisunze ukugomba kwa Yehova, aratwumva.’ (1 Yohani 5:14) Dukwiye rero gusaba ikintu ico ari co cose gihuye n’ivyo Imana igomba. Gushira mw’isengesho ibituraje ishinga vyoba bihuye n’ivyo igomba? Cane nyene. Gusenga Yehova twobisanisha rwose no kuganira n’umugenzi somambike. Twovuga tutitinya, ‘tugasuka umutima wacu’ imbere y’Imana. (Zaburi 62:8) Birabereye ko dusenga dusaba impwemu nyeranda, kubera ko izodufasha gukora ivyiza. (Luka 11:13) Turashobora kandi gusaba ubuyobozi butuma dufata ingingo ziranga ubukerebutsi, tukanasaba inkomezi zituma tuvyifatamwo neza mu ngorane. (Yakobo 1:5) Bishitse tugacumura, dukwiye gusaba kubabarirwa hishimikijwe incungu ya Kristu. (Abanyefeso 1:3, 7) Ariko ntiwumve, ibitwerekeye ubwacu si vyo vyonyene dukwiye gushira mu masengesho dutura. Turakwiye gushiramwo n’abandi bantu, baba abo mu muryango wacu canke abo dusangiye ukwemera.​—Ivyakozwe 12:5; Abakolosayi 4:12.

12. Twoshira gute mu kibanza ca mbere ivyerekeye Dawe wo mw’ijuru igihe dusenga?

12 Ibintu vyerekeye Yehova Imana ni vyo dukwiye gushira imbere igihe dusenga. Nta gukeka ko turi n’imvo yumvikana yo kumushemeza no kumukengurukira tubikuye ku mutima ku bw’ukumera neza kwiwe. (1 Ngoma 29:10-13) Yezu yaratanze isengesho ry’akarorero ryanditswe muri Matayo 6:9-13, aho yatwigishije gusenga dusaba ko izina ry’Imana ryezwa, ivyo bikaba bisobanura ko rikwiye gufatwa yuko ari ryeranda. (Soma.) Ivy’uko Ubwami bw’Imana buza be n’uko ivyo igomba bikorwa kw’isi nk’uko bikorwa mw’ijuru yabivuze ubukurikira. Yezu amaze kuvuga ivyo bintu bihambaye vyerekeye Yehova, ni ho yabonye gutandukira ivyerekeye umuntu ku giti ciwe. Muri ubwo buryo nyene, igihe Imana tuyishira mu kibanza ca mbere turiko turasenga, tuba twerekanye ko tutitwararika ivyacu gusa.

13. Ivyanditswe vyerekana iki ku bijanye n’ukuntu amasengesho yemerwa akwiye kuba areha?

13 Amasengesho dutura akwiye kuba areha gute? Bibiliya ntishinga akarimbi ku vyerekeye ukuntu amasengesho dutura turi twenyene canke turi mu bandi akwiye kuba areha. Rishobora kuba ari isengesho rigufi dutura imbere yo gufungura canke isengesho rirerire dutura turi twenyene aho usanga dusuka imbere ya Yehova ibiri mu mutima wacu. (1 Samweli 1:12, 15) Ariko rero, Yezu yariyamirije abantu bibona ko ari abagororotsi batura amasengesho maremare yo kwiyerekana. (Luka 20:46, 47) Bene ayo masengesho ntatangaza Yehova. Igihambaye ni uko dusenga tubikura ku mutima. Ukuntu amasengesho yemerwa akwiye kuba areha, kwovana rero n’ivyo dukeneye be n’ibihe turimwo.

Imana irashobora kwumva isengesho ryawe umwanya uwo ari wo wose

14. Bibiliya iba ishaka kuvuga iki igihe ituremesha ‘kuguma dusenga,’ kandi ni igiki gihumuriza muri ivyo?

14 Dukwiye gusenga akangana iki? Bibiliya ituremesha ‘kuguma dusenga,’ ‘gushishikara gusenga,’ no ‘gusenga ubudahengeshanya.’ (Matayo 26:41; Abaroma 12:12; 1 Abatesalonika 5:17) Ariko ntiwumve, ayo majambo ntashaka kuvuga ko dutegerezwa kwama turiko turasenga. Ahubwo, Bibiliya iriko iduhimiriza gusenga ubudasiba, tukabandanya gushimira Yehova kubera ivyiza atugirira tukongera tukamusaba ngo atuyobore, aduhoze yongere adukomeze. Wumva none bidahumuriza kumenya ko Yehova atadushingira akarimbi ku vyerekeye umwanya twomara turiko turaganira na we mw’isengesho be n’incuro twobigira? Nimba vy’ukuri duha agaciro agateka twatewe ko gusenga, tuzoronka uturyo twinshi two gusenga Dawe wa twese wo mw’ijuru.

15. Ni kubera iki dukwiye kuvuga “Amen” duhejeje gutura isengesho canke rihejeje guturwa ku bw’abantu benshi?

15 Ni kubera iki dukwiye kuvuga “Amen” isengesho rirangiye? Ijambo “amen” risobanura ngo “nta gukeka” canke ngo “bibe gutyo.” Uburorero bwo mu Vyanditswe burerekana ko bibereye kuvuga “Amen” igihe ari twebwe ubwacu dutuye isengesho canke igihe irituwe mu bantu benshi rirangiye. (1 Ngoma 16:36; Zaburi 41:13) Iyo tuvuze “Amen” duhejeje gutura isengesho, tuba twemeje ko ivyo twavuze vyari bivuye ku mutima. Iyo tuvuze “Amen,” haba mu mutima canke n’ijwi ryumvikana umuntu kanaka ahejeje gutura isengesho, tuba twerekanye ko twemeye ivyiyumviro yashikirije muri iryo sengesho.​—1 Abakorinto 14:16.

INGENE IMANA YISHURA AMASENGESHO YACU

16. Ni igiki twokwizigira ku bijanye n’isengesho?

16 Yehova yoba vy’ukuri yishura amasengesho yacu? Cane nyene. Turafise imvo yumvikana yo kwizigira ko umwe ‘yumva ivyo asabwa’ yishura amasengesho atarimwo uburyarya aturwa n’abantu amamiliyoni. (Zaburi 65:2) Yehova ashobora kwishura amasengesho yacu mu buryo butandukanye.

17. Ni kubera iki twovuga ko Imana ikoresha abamarayika bayo hamwe n’abasavyi bayo bo ng’aha kw’isi mu kwishura amasengesho yacu?

17 Yehova arakoresha abamarayika biwe hamwe n’abasavyi biwe bo ng’aha kw’isi mu kwishura amasengesho. (Abaheburayo 1:13, 14) Hari uburorero bw’abantu benshi basenze Imana basaba icobafasha gutahura Bibiliya, maze hadaciye n’igihe bagaca babonana n’umusavyi wa Yehova. Uburorero nk’ubwo buratanga ikimenyamenya c’uko igikorwa co kwamamaza Ubwami kiyoborwa n’abamarayika. (Ivyahishuwe 14:6) Mu kwishura amasengesho twatuye igihe hari ico dukeneye koko, Yehova arashobora kuvyurira umukirisu munaka umutima wo kudufasha.​—Imigani 12:25; Yakobo 2:16.

Mu kwishura amasengesho yacu, Yehova arashobora kuvyurira umukirisu kanaka umutima wo kudufasha

18. Yehova akoresha gute impwemu nyeranda yiwe be n’Ijambo ryiwe mu kwishura amasengesho y’abasavyi biwe?

18 Yehova Imana kandi arakoresha impwemu yiwe nyeranda be n’Ijambo ryiwe Bibiliya mu kwishura amasengesho y’abasavyi biwe. Yoshobora kwishura amasengesho dutura tumusaba ngo adufashe kwihanganira ibigeragezo, mu kuduha ubuyobozi be n’inkomezi biciye ku mpwemu nyeranda yiwe. (2 Abakorinto 4:7) Igihe dusenze dusaba ubuyobozi akenshi inyishu tuyironka biciye kuri Bibiliya, iyo Yehova akoresha mu kudufasha gufata ingingo zibereye. Ivyanditswe vyodufasha twoshobora kubitora igihe turiko turiyigisha Bibiliya be n’igihe dusoma ibitabu vya gikirisu, nk’iki ufise. Ivyiyumviro vyo mu Vyanditswe dukenera kurimbura twoshobora kuvyumvira mw’ikoraniro rya gikirisu canke mu majambo y’umukurambere w’ishengero yitwararikana.​—Abagalatiya 6:1.

19. Dukwiye kwibuka iki igihe bishitse tukabona umengo amasengesho yacu ntiyishuwe?

19 Nimba tubona ko Yehova asa n’uwutevye kwishura amasengesho yacu, ivyo ntivyigera bisobanura ko adashoboye kuyishura. Dutegerezwa kwibuka ko Yehova yishura amasengesho bivanye n’ivyo agomba kandi ku gihe abona ko kibereye. Arazi ivyo dukeneye kuruta uko twebwe tubizi, akamenya n’uburyo bwiza kuruta bwo kubituronsa. Akenshi arareka ‘tukaguma dusaba, turondera kandi tudodora.’ (Luka 11:5-10) Ukwo kwumirako kurereka Imana yuko icipfuzo cacu gikomeye be n’uko dufise ukwizera nyakuri. Vyongeye, Yehova arashobora kwishura amasengesho yacu mu buryo twebwe tutabona. Nk’akarorero, yoshobora kwishura isengesho ryacu ryerekeye ikigeragezo kanaka, atari mu kukidukurako, ahubwo mu kuduha inkomezi zo kucihanganira.​—Soma Abafilipi 4:13.

20. Ni kubera iki dukwiye kwungukira bimwe bishitse ku gateka gahambaye ko gutura amasengesho?

20 Ese ukuntu dukenguruka kubona Umuremyi w’isi n’ijuru amahero ari hafi y’abantu bose bamusenga mu buryo bubereye! (Soma Zaburi 145:18.) Nimuze twungukire bimwe bishitse kuri ako gateka gahambaye ko gutura isengesho. Nitwabigenza gutyo, tuzohimbarwa no kurushiriza kwiyegereza Yehova, we yumva amasengesho.