Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI N’UMUNANI

Ibatisimu be n’ubucuti ugiranira n’Imana

Ibatisimu be n’ubucuti ugiranira n’Imana
  • Ibatisimu ya gikirisu igirwa gute?

  • Ni intambwe izihe ukeneye gutera kugira ngo ushobore kubatizwa?

  • Umuntu yiyegurira Imana gute?

  • Imvo idasanzwe ituma umuntu abatizwa ni iyihe?

1. Ni kubera iki Umunyetiyopiya yakora ku kirimba yasavye kubatizwa?

“EHE ikidengeri c’amazi; ni igiki kimbuza kubatizwa?” Ico kibazo cabajijwe n’Umunyetiyopiya yakora ku kirimba, mu kinjana ca mbere. Umukirisu umwe yitwa Filipo yari yamujijuye ko Yezu ari we Mesiya yasezeranywe. Uwo mugabo w’Umunyetiyopiya amaze gukorwa ku mutima n’ivyo yari yize mu Vyanditswe, yaragize ico akoze. Yarerekanye ko yipfuza kubatizwa.​—Ivyakozwe 8:26-36.

2. Ni kubera iki ukwiye kwiyumvira ata gufyina ivyerekeye ibatisimu?

2 Nimba warize witonze ibigabane vyo muri iki gitabu vy’imbere y’iki ufashijwe n’Icabona ca Yehova, hari aho wokwumva hageze ko ubaza uti: ‘Ni igiki kimbuza kubatizwa?’ Gushika ubu, uramaze kumenya ivyerekeye umuhango uri muri Bibiliya wo kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo. (Luka 23:43; Ivyahishuwe 21:3, 4) Waramenye kandi uko abapfuye bamerewe koko, wongera uramenya n’ivyerekeye icizigiro c’izuka. (Umusiguzi 9:5; Yohani 5:28, 29) Ushobora kuba umaze igihe wifatanya n’Ivyabona vya Yehova mu makoraniro y’ishengero bagira, ukaba kandi umaze kwibonera ingene bagize idini ry’ukuri. (Yohani 13:35) N’igihambaye kuruta, birashoboka ko woba waratanguye kugiranira ubucuti na Yehova Imana.

3. (a) Ni itegeko irihe Yezu yahaye abayoboke biwe? (b) Ibatisimu yo mu mazi igirwa gute?

3 Wokwerekana gute ko wipfuza gukorera Imana? Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza.” (Matayo 28:19) Yezu ubwiwe yaratanze akarorero mu kubatizwa mu mazi. Ntibamumijagiyeko amazi canke ngo bamusukeko gusa utuzi ku mutwe. (Matayo 3:16) Ijambo “kubatiza” rivuye mu mvugo y’ikigiriki isobanura “kudwibiza.” Ibatisimu ya gikirisu rero isobanura kudwibizwa canke kwibizwa mu mazi.

4. Ibatisimu yo mu mazi yerekana iki?

4 Ibatisimu yo mu mazi ni ikintu gisabwa abantu bose bipfuza gucudika na Yehova Imana. Ibatisimu yerekana ku mugaragaro icipfuzo ufise co gukorera Imana. Yerekana ko uhimbarwa no gukora ivyo Yehova agomba. (Zaburi 40:7, 8) Ariko rero kugira ngo ubatizwe, hariho intambwe kanaka utegerezwa gutera.

HARAKENEWE UBUMENYI N’UKWIZERA

5. (a) Intambwe ya mbere umuntu atera kugira ashobore kubatizwa ni iyihe? (b) Ni kubera iki amakoraniro ya gikirisu ahambaye?

5 Waramaze gutera intambwe ya mbere. Uti gute? Mu kwironsa ubumenyi bwerekeye Yehova Imana na Yezu Kristu, kumbure ubigira mu kwiga Bibiliya udahengeshanya. (Soma Yohani 17:3.) Mugabo hariho n’ibindi vyinshi ugikeneye kumenya. Abakirisu bipfuza “[kwuzuzwa] ubumenyi butagira amakosa bw’ukugomba [kw’Imana].” (Abakolosayi 1:9) Kwitaba amakoraniro y’ishengero agirwa n’Ivyabona vya Yehova birafasha cane muri ivyo. Birahambaye ko witaba ayo makoraniro. (Abaheburayo 10:24, 25) Kwitaba amakoraniro udahorereza bizotuma umenya Imana.

Kwironsa ubumenyi butagira amakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana ni intambwe ihambaye kugira ngo umuntu yitegurire kubatizwa

6. Utegerezwa kuba ufise ubumenyi bwerekeye Bibiliya bungana iki kugira ngo ushobore kubatizwa?

6 Ariko ntiwumve, kugira ngo ushobore kubatizwa si ngombwa ngo urinde kumenya akantu kose ko muri Bibiliya. Wa Munyetiyopiya yakora ku kirimba yari afise ubumenyi kanaka, mugabo yari akeneye uwomufasha gutahura ibice bimwebimwe vyo mu Vyanditswe. (Ivyakozwe 8:30, 31) Na wewe nyene, uracafise vyinshi vyo kwiga. Nkako, ntuzokwigera uheza kwiga ivyerekeye Imana. (Umusiguzi 3:11) Ariko rero imbere y’uko ubatizwa, urakeneye kumenya no kwemera n’imiburiburi inyigisho za Bibiliya z’ishimikiro. (Abaheburayo 5:12) Muri izo nyigisho harimwo ukuri kwerekeye ukuntu abapfuye bamerewe be n’ukuntu izina ry’Imana hamwe n’Ubwami bwayo ari ibintu bihambaye.

7. Kwiga Bibiliya bikwiye gutuma ukora iki?

7 Ariko rero, ubumenyi bwonyene ntibuhagije, kubera ko ‘ata kwizera bidashoboka guhimbara Imana rwose.’ (Abaheburayo 11:6) Bibiliya itubwira ko igihe abantu bamwebamwe bo mu gisagara ca kera ca Korinto bumva ubutumwa bwa gikirisu baciye “[b]emera, barabatizwa.” (Ivyakozwe 18:8) Muri ubwo buryo nyene, kwiga Bibiliya bikwiye gutuma wizera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Bikwiye kugufasha kwizera ivyo Imana yasezeranye be n’ububasha bwo gukiza bw’incungu ya Yezu.​—Yosuwa 23:14; Ivyakozwe 4:12; 2 Timoteyo 3:16, 17.

KUBWIRA ABANDI UKURI KWO MURI BIBILIYA

8. Ni igiki kizokuvyurira umutima wo kubwira abandi ivyo wize?

8 Uko ukwizera kuzorushiriza gukura mu mutima wawe, ni ko uzosanga bitoroshe kwigumizamwo ivyo wize. (Yeremiya 20:9) Uzokwumva uvyuriwe bimwe bikomeye umutima wo kubwira abandi ivyerekeye Imana n’imigambi yayo.​—Soma 2 Abakorinto 4:13.

Ukwizera gukwiye gutuma ubwira abandi ivyo wemera

9, 10. (a) Ni bande ushobora guherako kubwira ukuri kwo muri Bibiliya? (b) Ukwiye gukora iki nimba ushaka kuja mu gikorwa co kwamamaza gitunganijwe, kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova?

9 Ushobora gutangura kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya ubigiranye ukwiyubara, uhereye ku ncuti, abagenzi, ababanyi be n’abo mukorana. Mu nyuma, uzoshima kuja mu gikorwa co kwamamaza gitunganijwe kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova. Ico gihe, ntuze witinye kubiyaga n’Icabona akwigisha Bibiliya. Bibonetse ko ukwije ibisabwa vyo kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, hazotunganywa ivy’uko wewe hamwe n’uwukwigisha mubonana n’abakurambere babiri b’ishengero.

10 Ivyo bizogufasha kumenya neza abakurambere bakirisu bamwebamwe baragira ubusho bw’Imana. (Ivyakozwe 20:28; 1 Petero 5:2, 3) Nimba abo bakurambere babonye ko utahura kandi ukemera inyigisho za Bibiliya z’ishimikiro, ko ubaho uhuza n’ingingo ngenderwako z’Imana kandi ukaba vy’ukuri ushaka kuba Icabona ca Yehova, bazokumenyesha ko ukwije ibisabwa kugira ngo uje mu busuku bwo mu ndimiro, uri umwamamaji w’inkuru nziza atarabatizwa.

11. Ni ibiki abantu bamwebamwe bategerezwa kubanza guhindura kugira ngo baje mu busuku bwo ndimiro?

11 Ariko rero, hari aho vyoba ngombwa ko ugira ivyo uhinduye mu buryo ubayeho no mu ngeso zawe kugira ngo ukwize ibisabwa vyo kuja mu busuku bwo mu ndimiro. Ivyo bishobora kuba birimwo guheba utugeso tumwetumwe tutahora tubonwa n’abandi. Ku bw’ivyo, imbere y’uko usaba kuba umwamamaji atarabatizwa, utegerezwa kubanza kuvavanura n’ibicumuro bikomakomeye nk’ubuhumbu, akaborerwe hamwe no gufata ibiyayuramutwe.​—Soma 1 Abakorinto 6:9, 10; Abagalatiya 5:19-21.

KWIGAYA NO GUHINDUKIRA

12. Ni kubera iki kwigaya bikenewe?

12 Hari izindi ntambwe utegerezwa gutera kugira ngo ushobore kubatizwa. Intumwa Petero yavuze ati: “Nimwigaye . . . muhindukire kugira ngo ibicumuro vyanyu bihanagurwe.” (Ivyakozwe 3:19) Kwigaya ni ukwumva wicujije ata buryarya kubera ikintu uba warakoze. Biragaragara ko kwigaya ari ikintu kibereye mu gihe umuntu yahora akora ivy’ubuhumbu, mugabo kandi kurakenerwa n’igihe nyene umuntu yahora yigenza neza. Uti kubera iki? Kubera ko abantu bose ari abacumuzi gutyo bakaba bakeneye kubabarirwa n’Imana. (Abaroma 3:23; 5:12) Utariga Bibiliya ntiwari uzi ivyo Imana igomba. Wumva none wari gushobora kubaho uhuza neza n’ivyo Imana igomba? Urakeneye rero kwigaya.

13. Guhindukira bisobanura iki?

13 Havuye ukwigaya hategerezwa guca hakurikira ‘uguhindukira.’ Utegerezwa gukora n’ibindi uretse kwicuza. Urakeneye guheba uburyo wari ubayeho, ugaca wiyemeza ko kuva ubwo ugiye gukora ibigororotse. Kwigaya no guhindukira ni intambwe utegerezwa gutera imbere y’uko ubatizwa.

KWIYEGURA

14. Ni intambwe ihambaye iyihe utegerezwa gutera imbere y’uko ubatizwa?

14 Hariho iyindi ntambwe ihambaye utegerezwa gutera imbere y’uko ubatizwa. Utegerezwa kwiyegurira Yehova Imana.

Woba wariyeguriye Imana mw’isengesho?

15, 16. Kwiyegurira Imana bisobanura iki, kandi ni igiki kivyurira umuntu umutima wo kubigira?

15 Igihe uriko uriyegurira Yehova Imana mw’isengesho rivuye ku mutima, umusezeranira ko ari we wenyene uzokwihebera ibihe vyose. (Gusubira mu vyagezwe 6:15) Ni kubera iki none umuntu yokwipfuza kugira gutyo? Reka dufate ko hari umusore yatanguye kugendera umwigeme kugira ngo azomutware. Uko agenda aramumenya kandi akabona ko afise kamere nzizanziza, ni ko agenda ararushiriza kumwiyumvamwo. Ni ibisanzwe ko haciye igihe kanaka yomusaba ko bokwubakana. Ego ni ko, yubatse azoba aronse amabanga yiyongereye. Mugabo urukundo ruzotuma atera iyo ntambwe ihambaye.

16 Igihe umenye Yehova maze ukamukunda, urumva ko uvyuriwe umutima wo kumukorera wivuye inyuma canke ko utegerezwa kumusenga utiziganya. Umuntu wese ashaka gukurikira Umwana w’Imana ari we Yezu Kristu, ategerezwa ‘kwiyanka.’ (Mariko 8:34) Twiyanka mu kuraba neza yuko ivyipfuzo vyacu n’imigambi yacu bitatubuza kugamburukira Imana bimwe bishitse. Ku bw’ivyo, imbere y’uko ubatizwa, umugambi nyamukuru mu buzima bwawe utegerezwa kuba uwo gukora ivyo Yehova Imana agomba.​—Soma 1 Petero 4:2.

KWIKURAMWO UBWOBA BW’UKO UTAZOBISHOBORA

17. Ni kubera iki hari abanka kwiyegurira Imana?

17 Hari abanka kwiyegurira Yehova kubera ko batinya ko boba bateye intambwe itari iyo gufyinako. Boshobora gutinya ko boca bagira ivyo babazwa ku Mana kubera babaye abakirisu biyeguye. Kubera ko batinya yuko bohava bananirwa maze bagahemukira Yehova, babona ko vyoba vyiza baretse kumwiyegurira.

18. Ni igiki gishobora kukuvyurira umutima wo kwiyegurira Yehova?

18 Uko wiga gukunda Yehova, uzovyurirwa umutima wo kumwiyegurira no gukora uko ushoboye kwose kugira ngo ubeho uhuza n’ukwo kwiyegura. (Umusiguzi 5:4) Niwamara kwiyegura, nta gukeka ko uzoshima ‘kugenda nk’uko bibereye Yehova kugira ngo umushimishe bimwe bishitse.’ (Abakolosayi 1:10) Kubera yuko ukunda Imana, ntuzokwiyumvira ko gukora ivyo igomba ari ikigoye. Nta gukeka ko uzokwemera yuko ivyo intumwa Yohani yanditse ari ukuri. Yanditse ati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.”​—1 Yohani 5:3.

19. Ni kubera iki udakwiye gutinya kwiyegurira Imana?

19 Si ngombwa ngo urinde kuba uwutunganye kugira ngo wiyegurire Imana. Yehova arazi ubushobozi bwawe kandi ntiyigera yitega ko ukora ivyo udashoboye. (Zaburi 103:14) Yipfuza ko uroranirwa kandi azogufasha. (Soma Yesaya 41:10.) Urashobora kwemera udakeka ko uramutse wizigiye Yehova n’umutima wawe wose, “azogorora iminyuro yawe.”​—Imigani 3:5, 6.

NUGARAGAZE KO WIYEGUYE MU KUBATIZWA

20. Ni kubera iki kwiyegurira Yehova atari ikintu kigumizwa mw’ibanga?

20 Uzirikanye ibintu duhejeje kuganira, vyoshobora kugufasha kwiyegurira Yehova mw’isengesho. Umuntu wese akunda Imana vy’ukuri, ategerezwa no ‘kwatura icese kugira ngo aronke ubukiriro.’ (Abaroma 10:10) Wobigira gute?

Ibatisimu yerekana ko tuba dupfuye ku bijanye n’uburyo twahora tubayeho maze tukaba bazima kugira dukore ivyo Imana igomba

21, 22. ‘Wokwatura icese’ gute ukwizera kwawe?

21 Numenyeshe umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere yo mw’ishengero urimwo ko wipfuza kubatizwa. Azotunganya ivy’uko hagira abakurambere basuzumira hamwe nawe ibibazo bikeyi bijanye n’inyigisho za Bibiliya z’ishimikiro. Abo bakurambere nibabona ko ukwije ibisabwa, bazokubwira ko wemerewe kubatizwa ku karyo kazokurikira. * Kuri bene ivyo biringo harashikirizwa insiguro ica irya n’ino insobanuro y’ibatisimu. Uwuyishikiriza araheza agasaba abagiye kubatizwa bose ngo bishure ibibazo bibiri vyoroshe, bukaba ari bumwe mu buryo bwo ‘kwatura icese’ ukwizera kwabo.

22 Ibatisimu ni yo yerekana ku mugaragaro ko wiyeguriye Imana, gutyo ukaba ubaye Icabona ca Yehova. Ababatizwa baribizwa mu mazi umubiri wose kugira ngo berekane ku mugaragaro ko bamaze kwiyegurira Yehova.

INSOBANURO Y’IBATISIMU YAWE

23. Kubatizwa “mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda” bisobanura iki?

23 Yezu yavuze ko abigishwa biwe bobatijwe “mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda.” (Matayo 28:19) Ivyo bisobanura ko uwugiye kubatizwa yemera ubukuru bwa Yehova Imana be n’ubwa Yezu Kristu. (Zaburi 83:18; Matayo 28:18) Aremera kandi uruhara rw’impwemu nyeranda y’Imana ari yo nguvu ikora.​—Abagalatiya 5:22, 23; 2 Petero 1:21.

24, 25. (a) Ibatisimu igereranya iki? (b) Ni ikibazo ikihe gikeneye inyishu?

24 Ariko rero, ibatisimu si ukwiyibirira mu mazi gusa. Igereranya ikintu gihambaye cane. Kwibira mu mazi bisobanura ko upfuye ku bijanye n’uburyo wahora ubayeho. Kwiburuka vyerekana ko ubaye muzima kugira ngo ukore ivyo Imana igomba. Uribuka kandi ko wiyeguriye Yehova Imana ubwiwe, utiyeguriye igikorwa, ikintu kanaka woharanira, abandi bantu canke ishirahamwe kanaka. Kwiyegura be n’ibatisimu vyawe, ni intango yo kugiranira n’Imana ubugenzi bwa hafi, ni ukuvuga ubucuti somambike.​—Zaburi 25:14.

25 Ibatisimu si icemeza ko umuntu azorokoka. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mugume mushitsa ubukiriro bwanyu mutinya kandi mujugumira.” (Abafilipi 2:12) Ibatisimu ni intasa. Ikibazo gica kivyuki: Woguma gute mu rukundo rw’Imana? Ikigabane cacu ca nyuma kiratanga inyishu.

^ ing. 21 Ibihe vy’ibatisimu vyama ari umuce ugize amateraniro n’amahwaniro agirwa n’Ivyabona vya Yehova ku mwaka ku mwaka.