Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Ukuntu izina ry’Imana rikoreshwa be n’insobanuro yaryo

Ukuntu izina ry’Imana rikoreshwa be n’insobanuro yaryo

MURI Zaburi 83:18 hahinduwe gute muri Bibiliya yawe? Muri Bibiliya y’isi nshasha uwo murongo uhindurwa gutya: “Kugira bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.” Izindi Bibiliya zitari nke zihindura uwo murongo mu buryo nk’ubwo. Ariko rero, Bibiliya nyinshi zirareka gushiramwo izina Yehova, mu gishingo caryo zikahashira amazina y’icubahiro nk’“Umukama,” “Umwami Imana” canke “Uhoraho.” Ni igiki gikwiye gukoreshwa muri uwo murongo? Ryoba ari izina ry’icubahiro canke izina Yehova?

Izina ry’Imana mu ndome z’igiheburayo

Uwo murongo urimwo izina ry’uruharo. Mu giheburayo co mu ntango igice kinini ca Bibiliya canditswemwo, uwo murongo urabonekamwo izina ry’uruharo ridasanzwe. Mu ndome z’igiheburayo, ryandikwa ngo יהוה (YHWH). Mu kirundi, iryo zina rikunze guhindurwa ngo “Yehova.” None iryo zina ryoba riboneka mu murongo wa Bibiliya umwe gusa? Oya. Mu gisomwa co mu ntango co mu Vyanditswe vy’igiheburayo, riboneka incuro hafi 7.000!

Izina ry’Imana rihambaye ku rugero rungana iki? Reka turabe rya sengesho ry’akarorero Yezu Kristu yigishije. Ritangura riti: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.” (Matayo 6:9) Mu nyuma, Yezu yasenze Imana ati: “Data, ninahaza izina ryawe.” Mu kumwishura, Imana yavugiye mw’ijuru iti: “Nararininahaje kandi nzokwongera kurininahaza.” (Yohani 12:28) Biragaragara ko izina ry’Imana rihambaye cane. Kubera iki none abahinduzi bamwebamwe baretse gushira iryo zina muri Bibiliya zabo, mu gishingo caryo bakahashira amazina y’icubahiro?

Bisa n’uko vyatewe n’imvo nyamukuru zibiri. Iya mbere, ni uko benshi bavuga ko iryo zina ridakwiye gukoreshwa ngo kubera ko muri iki gihe ata wuzi ukuntu ryahora ryaturwa mu ntango. Igiheburayo ca kera candikwa ata ndome zivuga. Ni co gituma ata n’umwe muri iki gihe azi neza na neza ingene abantu batura izina YHWH igihe Bibiliya yariko irandikwa Ariko none ivyo vyoba bikwiye kutubuza gukoresha izina ry’Imana? Igihe Bibiliya yariko irandikwa, izina Yezu rishobora kuba ryaturwa ngo Yeshua canke kumbure Yehoshua. Nta n’umwe yokwemeza ngo ryaturwa gutya. Yamara, muri iki gihe abantu bo kw’isi yose bavuga izina Yezu mu buryo butandukanye, bakaryatura bisunze uko basanzwe bavuga ururimi rwabo. Ntibareka gukoresha iryo zina ngo ni uko batazi ingene ryaturwa mu kinjana ca mbere. Muri ubwo buryo nyene, hamwe woja mu kindi gihugu, wosanga mu rurimi rw’aho hantu izina ryawe ryaturwa mu buryo butandukanye cane n’ukuntu risanzwe ryaturwa mu rurimi rwawe kavukire. Ni co gituma ukutamenya neza ingene izina ry’Imana ryaturwa kera bidakwiye gutuma ureka kurikoresha.

Imvo igira kabiri ikunda gutangwa ku bijanye n’igituma izina ry’Imana ryakuwe muri Bibiliya, ishingiye ku mugenzo w’Abayuda wa kera cane. Benshi muri bo biyumvira ko izina ry’Imana ridakwiye gucishwa no mu kanwa. Biboneka ko iyo nyigisho ishingiye ku gukoresha nabi itegeko ryo muri Bibiliya rigira riti: “Ntugafate izina rya Yehova Imana yawe nk’aho ata co rimaze, kuko Yehova atazoreka guhana uwufata izina ryiwe nk’aho ata co rimaze.”​—Kuvayo 20:7.

Iryo tegeko ribuza gukoresha nabi izina ry’Imana. Ariko none ryoba ribuza gukoresha iryo zina igihe vyogiranwa icubahiro? Habe na gato. Abanditse Ivyanditswe vy’igiheburayo (bimwe bita Isezerano rya Kera) bose bari abagabo b’abizigirwa bari babayeho bisunga rya Tegeko Imana yaha Abisirayeli ba kera. Yamara, barakunda gukoresha izina ry’Imana. Nk’akarorero, bararishize mu mazaburi menshi abasavyi b’Imana amasinzi n’amasinzi baririmba n’ijwi rirenga. Mbere na Yehova Imana yarategetse abasavyi biwe kwambaza izina ryiwe kandi abantu b’abizigirwa barabigamburutse. (Yoweli 2:32; Ivyakozwe 2:21) Ni co gituma abakirisu bo muri iki gihe batareka gukoresha izina ry’Imana babigiranye icubahiro, nk’uko na Yezu yarikoresha.​—Yohani 17:26.

Abahinduzi ba Bibiliya barakoze ikosa rikomeye mu gufata izina ry’Imana bakarisubiriza amazina y’icubahiro. Batuma Imana isa n’uko iri kure cane be n’uko itagira inyiyumvo, mu gihe Bibiliya ihimiriza abantu kugiranira “ubugenzi somambike na Yehova.” (Zaburi 25:14) Dufate ko ufise umugenzi somambike. Ubona woshobora gushikirana na we mu gihe woba utigeze umenya izina ryiwe? Muri ubwo buryo nyene, igihe abantu bagumye bahishwa izina ry’Imana ari ryo Yehova, boshobora gute vy’ukuri kugiranira na yo ubucuti bwa hafi? Vyongeye, igihe abantu badakoresheje izina ry’Imana, ntibanamenya insobanuro yaryo idasanzwe. None izina ry’Imana risobanura iki?

Imana ubwayo yarasiguriye umusavyi wayo w’umwizigirwa Musa insobanuro y’izina ryayo. Igihe Musa yabaza Imana izina ryayo, yishuye iti: “Nzocika ico nzocika.” (Kuvayo 3:14) Bibiliya imwe y’uwitwa Rotherham ihindura ayo majambo ngo: “Nzoba ico ari co cose nzoshaka.” Yehova arashobora rero kuba ico ari co cose gikenewe no gutuma ibiremwa vyiwe bicika ico ari co cose gikenewe kugira arangure umugambi wiwe.

Dufate ko woba ushoboye kuba ico ari co cose ushatse. Ni igiki wokorera abagenzi bawe? Bishitse umwe akarwara cane, woca uba umuganga w’umuhanga ukamuvura. Nimba uwundi yahomvye, woca uba umugiraneza yifise ukamufasha. Ariko rero, ikizwi coco ni uko wewe hari ivyo udashoboye. Twese ni ukwo. Uko wiga Bibiliya, uzotangazwa no kubona ingene Yehova aba ico ari co cose gikenewe kugira ashitse ivyo yasezeranye. Arahimbarwa kandi no gukoresha ububasha bwiwe ku neza y’abamukunda. (2 Ngoma 16:9) Abatazi izina ryiwe ntibashobora kubona izo kamere ziwe zikwegera.

Birumvikana ko izina Yehova ryari rikwiye gukoreshwa muri Bibiliya. Kumenya ico risobanura no kutitinya kurikoresha mu gusenga kwacu, biradufasha cane kurushiriza kwiyegereza Dawe wa twese wo mw’ijuru Yehova. *

^ ing. 3 Wipfuza kumenya n’ibindi ku vyerekeye izina ry’Imana, ico risobanura be n’igituma rikwiye gukoreshwa mu gusenga, raba agatabu Le nom divin qui demeure à jamais, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.