Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Ukuntu ubuhanuzi bwa Daniyeli bwavuze ivyerekeye ugushika kwa Mesiya

Ukuntu ubuhanuzi bwa Daniyeli bwavuze ivyerekeye ugushika kwa Mesiya

UMUHANUZI Daniyeli yabayeho hagisigaye imyaka irenga 500 ngo Yezu avuke. Naho ari ukwo, Yehova yarahishuriye Daniyeli amakuru yotumye abantu bashobora kumenya neza na neza igihe Yezu yorobanuriweko, ni ukuvuga igihe yogenywe ngo abe Mesiya ari we Kristu. Daniyeli yabwiwe ati: “Ukwiye kumenya kandi ugatahura bimwe vyimbitse yuko kuva igihe hazosohorwa ijambo ryo gusubizaho Yeruzalemu no gusubira kuyubaka, gushika kuri Mesiya Indongozi, hazoba amayinga indwi, habe n’amayinga mirongo itandatu n’abiri.”​—Daniyeli 9:25.

Kugira ngo tumenye neza igihe Mesiya yoshikiyeko, dukeneye kubanza kumenya aho twohera mu guharura ikiringo gishikana kuri Mesiya. Nk’uko ubwo buhanuzi bwabivuze, ni “kuva igihe [hosohowe] ijambo ryo gusubizaho Yeruzalemu no gusubira kuyubaka.” None iryo ‘jambo ryasohowe’ ryari? Dukurikije ivyo umwanditsi wa Bibiliya Nehemiya yavuze, ijambo ryo gusubira kwubaka impome zikikije Yeruzalemu ryasohowe “mu mwaka ugira mirongo ibiri wa Aritazeruzi umwami.” (Nehemiya 2:1, 5-8) Abahinga mu vya kahise baremeza yuko Aritazeruzi yatanguye gutegeka mu mwaka wa 475 imbere ya Kristu. Ni co gituma umwaka ugira 20 w’inganji yiwe ari umwaka wa 455 imbere ya Kristu. Ubu rero turafise aho duhera mu guharura ibijanye na bwa buhanuzi bwa Daniyeli bwerekeye Mesiya, akaba ari umwaka wa 455 imbere ya Kristu.

Daniyeli arerekana ingene ikiringo kidushikana kuri “Mesiya Indongozi” cobaye kireha. Ubwo buhanuzi buvuga ko hobaye “amayinga indwi, ha[kaba] n’amayinga mirongo itandatu n’abiri,” yose hamwe akaba ari amayinga 69. None ico kiringo kireha gute? Bibiliya zitari nke zerekana yuko ayo atari amayinga agizwe n’imisi ndwindwi, yamara ko ari amayinga agizwe n’imyaka. Ivyo bisobanura ko iyinga ryose rigizwe n’imyaka indwi. Ico ciyumviro c’amayinga agizwe n’imyaka, ni ukuvuga ibiringo bigizwe n’imyaka ndwindwi, cari kimenyerewe mu Bayuda bo mu bihe vya kera. Nk’akarorero, uko imyaka indwi iheze barahimbaza umwaka w’Isabato. (Kuvayo 23:10, 11) Ku bw’ivyo, ayo mayinga 69 y’ubuhanuzi angana n’imyaka 7 kugwiza 69, yose hamwe ikaba imyaka 483.

Ubu hasigaye ko duharura. Duharuye iyo myaka 483 guhera ku mwaka wa 455 imbere ya Kristu, bidushikana ku mwaka wa 29 inyuma ya Kristu. Uwo ni wo mwaka nyene Yezu yabatirijwemwo maze aba Mesiya. * (Luka 3:1, 2, 21, 22) Iryo none si iranguka ritangaje ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya?

^ ing. 2 Guhera mu 455 imbere ya Kristu gushika muri 1 imbere ya Kristu, haciye imyaka 454. Guhera muri 1 imbere ya Kristu gushika muri 1 inyuma ya Kristu, haciye umwaka umwe (nta mwaka wa zero wabayeho). Vyongeye, guhera muri 1 inyuma ya Kristu gushika mu 29 inyuma ya Kristu, haciye imyaka 28. Duteranije ivyo bitigiri bitatu vy’imyaka (454 + 1 + 28), dutora imyaka 483. Yezu ‘yakuweho’ mu kwicwa mu mwaka wa 33 inyuma ya Kristu, mu kiringo c’iyinga rigira 70 rigizwe n’imyaka. (Daniyeli 9:24, 26) Raba igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel! ikigabane ca 11, be n’igitabu Étude pérspicace des Écritures, igitabu ca 2, urupapuro rwa 995-997. Ivyo bitabu vyompi vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.