Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Ukuri ku vyerekeye Data, Umwana be n’impwemu nyeranda

Ukuri ku vyerekeye Data, Umwana be n’impwemu nyeranda

ABANTU bemera inyigisho y’Ubutatu bavuga yuko Imana igizwe n’abaperesona batatu, ni ukuvuga Data, Umwana na Mpwemu Yera (uwo abandi bita Mutima Mweranda). Bivugwa yuko abo baperesona batatu bose bangana, bashobora vyose be n’uko batagira intango. Inyigisho y’Ubutatu ivuga rero yuko Data ari Imana, Umwana ari Imana na Mpwemu Yera akaba Imana, yamara hakaba hari Imana imwe gusa.

Abantu benshi bemera inyigisho y’Ubutatu bariyemerera yuko badashobora kuyisigura. Naho ari ukwo, boshobora kwiyumvira ko yigishwa muri Bibiliya. Ntitwogenda tutavuze yuko iryo jambo “Ubutatu” ata na hamwe riboneka muri Bibiliya. Ariko none, Bibiliya yoba irimwo iciyumviro cerekeye Ubutatu? Kugira ngo twishure ico kibazo, reka turabe icanditswe abashigikira Ubutatu bakunda kwishimikiza mu gushigikira iyo nyigisho.

“UWO JAMBO YAR’IMANA”

Muri Yohana 1:1 havuga hati: “Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’uwo Jambo yar’Imana.” (Bibiliya Yera) Hirya gatoyi muri ico kigabane nyene, intumwa Yohani arerekana mu buryo butomoye yuko “uwo Jambo” ari Yezu. (Yohana 1:14) Ariko rero, kubera ko Jambo yitwa Imana, hari abaca bafata ko Umwana na Data bategerezwa kuba mu bigize Imana imwe.

Nugume wibuka ko ico gice co muri Bibiliya, mu ntango cari canditse mu kigiriki. Mu nyuma, abahinduzi barahinduye igisomwa c’ikigiriki mu zindi ndimi. Ariko rero, abahinduzi batari bake ba Bibiliya ntibakoresheje ayo majambo avuga ngo “Uwo Jambo yar’Imana.” Kubera iki? Bishimikije ivyo bari bazi ku kigiriki cakoreshejwe muri Bibiliya, abo bahinduzi bashitse ku ciyumviro c’uko amajambo ngo “uwo Jambo yar’Imana” akwiye guhindurwa ukundi. Uti gute? Raba uturorero dukeyi: “Uwo Logosi [ni ukuvuga Jambo] yari afise imero y’Imana.” (A New Translation of the Bible) “Uwo Jambo yari imana.” (The New Testament in an Improved Version) “Uwo Jambo yari kumwe n’Imana kandi yari asangiye ubwoko na se.” (The Translator’s New Testament) Nk’uko izo Bibiliya zivyerekana, Jambo si Imana ubwayo. * Ahubwo, kubera yuko uwo Jambo afise ikibanza co hejuru cane mu vyo Yehova yaremye, yitwa “imana.” Ijambo “imana” ng’aha risobanura “umunyabubasha.”

NURONDERE KUMENYA N’IBINDI

Abantu benshi ntibazi ikigiriki cakoreshejwe muri Bibiliya. Ushobora gute none kumenya neza ico intumwa Yohani yashaka kuvuga? Rimbura aka karorero: Umwigisha umwe ariko arasigurira icigwa kanaka abanyeshure. Mu nyuma, bibonetse ko abo banyeshure badatahura kumwe insobanuro yabahaye. None abo banyeshure botorera gute umuti ico kibazo? Bakwiye gusaba uwo mwigisha izindi nsobanuro. Nta gukeka yuko kumenya n’ibindi bijanye n’ico cigwa, vyobafasha kurushiriza gutahura bimwe umwigisha yabasobanurira. Muri ubwo buryo nyene, kugira ngo utahure neza insobanuro y’ibiri muri Yohana 1:1, ukwiye kuraba mu Njili ya Yohani kugira ngo umenye n’ibindi ku bijanye n’ikibanza Yezu afise. Ivyo bizotuma ushika ku ciyumviro c’ukuri.

Nk’akarorero, rimbura ivyo Yohani yanditse mu nyuma mu kigabane ca 1 ku murongo wa 18. Yavuze ati: “Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana [Mushoboravyose].” Yamara abantu barabonye Yezu, ari we Mwana, kubera yuko Yohani avuga ati: “Jambo [ari we Yezu yacitse] umubiri, aba hagati muri twebwe, kandi twaritegereje ubuninahazwa bwiwe.” (Yohani 1:14) Vyoshoboka gute none ngo uwo Mwana abe mu bigize Imana Mushoboravyose? Yohani avuga kandi ko yari “kumwe n’Imana.” None umuntu ashobora gute kuba ari kumwe n’uwundi muntu, muri ico gihe nyene akaba uwo muntu? Vyongeye, nk’uko vyanditswe muri Yohani 17:3, Yezu aratomora itandukaniro riri hagati yiwe na Se wiwe wo mw’ijuru. Yita Se wiwe “Imana yonyene y’ukuri.” Si ivyo gusa, amaja mu mpera y’Injili yiwe, Yohani arabivuga mu majambo make ati: “Ibi vyaranditswe kugira ngo mwemere yuko Yezu ari we Kristu Umwana w’Imana.” (Yohani 20:31) Urabona yuko Yezu atitwa Imana yamara ko yitwa Umwana w’Imana. Ayo makuru yandi ashikirizwa mu Njili ya Yohani arerekana ingene twari dukwiye gutahura icanditswe ca Yohana 1:1. Yezu, ari we Jambo, ni “imana” mu buryo bw’uko afise ikibanza co hejuru, ariko akaba atangana n’Imana Mushoboravyose.

NIWIYEMEZE NEZA KO IVYO ARI UKURI

Subira uzirikane ka karorero ka wa mwigisha na ba banyeshure. Tuvuge yuko hari abanyeshure bagikekeranya, naho nyene bamaze kwumviriza izindi nsobanuro z’uwo mwigisha. Mbega none bokora iki? Boshobora kwitura uwundi mwigisha kugira ngo abasigurire n’ibindi ku vyerekeye ico kibazo. Uwo mwigisha agira kabiri aciye yemeza ivyo uwa mbere yari yasiguye, amakenga ya benshi mu banyeshure yoshobora guhera. Muri ubwo buryo nyene, nimba utaranyurwa ku vyo umwanditsi wa Bibiliya Yohani yashatse kuvuga koko ku vyerekeye ubucuti buri hagati ya Yezu n’Imana Mushoboravyose, wokwitura uwundi mwanditsi wa Bibiliya kugira ngo uronke ayandi makuru. Nk’akarorero, raba ivyo Matayo yanditse. Ku vyerekeye iherezo ry’ivy’iyi si, yarasubiyemwo amajambo Yezu yavuze, ati: “Nayo ivy’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa.” (Matayo 24:36) Ayo majambo yemeza gute ko Yezu atari Imana Mushoboravyose?

Yezu avuga yuko Data azi vyinshi kurusha Umwana. Ariko rero, iyo Yezu aza kuba ari mu bigize Imana Mushoboravyose, yari kumenya ivyo Data azi vyose. Ni co gituma Umwana na Data badashobora kungana. Yamara, hari abovuga bati: ‘Yezu mu buzima bwiwe yagize uturanga tubiri. Ngaho avuga ari umuntu.’ Mugabo, naho vyari kuba ari ukwo vyifashe, impwemu nyeranda yoyo twoca tuyivugako iki? Nimba iyo mpwemu nyeranda na Data biri mu bigize Imana imwe, ni kubera iki Yezu atavuze ko iyo mpwemu yoyo izi ivyo Data azi?

Uko uzobandanya kwiga Bibiliya, ni ko uzomenya ibindi vyanditswe vyinshi vyerekeye ico kibazo. Ivyo vyanditswe biremeza neza ukuri kwerekeye Data, Umwana be n’impwemu nyeranda.​—Zaburi 90:2; Ivyakozwe 7:55; Abakolosayi 1:15.

^ ing. 3 Wipfuza kumenya n’ayandi makuru ku bijanye na Yohani 1:1, raba ikiganiro kivuga ngo “Jambo, yoba yari “Imana” canke yari “imana”?” mu munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2008, wasohowe n’Ivyabona vya Yehova.