Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Ihimbaza ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba riha Imana icubahiro

Ihimbaza ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba riha Imana icubahiro

ABAKIRISU basabwa guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Iryo himbaza ryitwa kandi “imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba.” (1 Abakorinto 11:20) Ni ikintu kidasanzwe ikihe kiri muri iryo himbaza? Ryogirwa ryari kandi gute?

Yezu Kristu yatanguje iryo himbaza mw’ijoro rya Pasika y’Abayuda yo mu 33 inyuma ya Kristu. Pasika wari umusi mukuru ugirwa rimwe gusa mu mwaka ku musi ugira 14 w’ukwezi kw’Abayuda kwitwa Nisani. Kugira ngo Abayuda batore iryo genekerezo, biboneka ko barindira umusi wo ku mpeshi aho umutaga n’ijoro vyompi vyagira amasaha nka cumicumi n’abiri. Umusi wa mbere w’imboneko z’ukwezi waza inyuma y’uwo musi wo ku mpeshi, ni wo werekana ko ukwezi kwa Nisani gutanguye. Pasika yaca iba ku musi ugira 13 inyuma y’aho, izuba rirenze.

Yezu yahimbaje Pasika ari kumwe n’intumwa ziwe, arataramura Yuda Isikariyoti, araheza atanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Izo mfungurwa zasubiriye Pasika y’Abayuda, zikaba rero zikwiye guhimbazwa rimwe gusa ku mwaka.

Injili ya Matayo ivuga iti: “Yezu atora umukate, hanyuma amaze kuwuhezagira, arawumanyura awuhereza abigishwa, avuga ati: ‘Akire, murye. Iki gisobanura umubiri wanje.’ Atora n’igikombe, hanyuma amaze gukenguruka, arakibaha, avuga ati: ‘Nimukinyweko mwese; kuko iki gisobanura “amaraso yanje y’isezerano” agiye guseswa ku bwa benshi ku bwo kubabarirwa ibicumuro.’”​—Matayo 26:26-28.

Bamwebamwe bemera yuko Yezu yahinduye umukate ugacika umubiri nya mubiri wiwe, umuvinyu na wo ugacika amaraso nya maraso yiwe. Ariko rero, nta cari bwahinduke ku mubiri w’inyama wa Yezu igihe yatanga uwo mukate. Intumwa za Yezu zoba mu vy’ukuri zariko zirya umubiri nya mubiri wiwe zongera zinywa amaraso nya maraso yiwe? Oya, kubera ko ivyo vyobaye ari ukurya umuntu, gutyo akaba ari ukurenga kw’itegeko ry’Imana. (Itanguriro 9:3, 4; Abalewi 17:10) Nk’uko muri Luka 22:20 havyerekana, Yezu yavuze ati: “Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha hishimikijwe amaraso yanje, ayagiye guseswa ku bwanyu.” None ico gikombe coba caciye gihinduka nya guhinduka kiba “isezerano rishasha”? Ivyo ntivyari gushoboka, kubera ko isezerano ari umwumvikano, atari ikintu gifadika.

Ni co gituma, waba umukate canke umuvinyu, vyari ibimenyetso gusa. Umukate ugereranya umubiri wa Kristu utunganye. Yezu yakoresheje umukate wasigaye ku mfungurwa za Pasika. Nya mukate ntiwarimwo umwambiro. (Kuvayo 12:8) Akenshi muri Bibiliya umwambiro ugereranya igicumuro canke ukwononekara. Nya mukate rero ugereranya umubiri utunganye Yezu yatanze. Ntiwagira igicumuro.​—Matayo 16:11, 12; 1 Abakorinto 5:6, 7; 1 Petero 2:22; 1 Yohani 2:1, 2.

Umuvinyu utukura ugereranya amaraso ya Yezu. Ayo maraso atuma isezerano rishasha rigira agaciro. Yezu yavuze ko amaraso yiwe yasheshwe “ku bwo kubabarirwa ibicumuro.” Abantu rero barashobora kuba abadahumanye imbere y’Imana no kugiriranira isezerano rishasha na Yehova. (Abaheburayo 9:14; 10:16, 17) Iryo sezerano ari wo mwumvikano, rituma abakirisu b’abizigirwa 144.000 bashobora kuja mw’ijuru. Aho mw’ijuru bazokora ari abami n’abaherezi ku bw’uguhezagirwa kw’abantu bose.​—Itanguriro 22:18; Yeremiya 31:31-33; 1 Petero 2:9; Ivyahishuwe 5:9, 10; 14:1-3.

Ni bande bakwiye gufungura kuri ivyo bimenyetso vy’Icibutso? Birumvikana ko abari mw’isezerano rishasha, ni ukuvuga abafise icizigiro co kuba mw’ijuru, ari bo gusa bakwiye gufata ku mukate no ku muvinyu. Impwemu nyeranda y’Imana irajijura abo bantu ko batowe ngo bazobe abami mw’ijuru. (Abaroma 8:16) Baragiraniye kandi na Yezu isezerano ry’Ubwami.​—Luka 22:29.

Tuvuge iki ku bafise icizigiro co kuba mw’Iparadizo ng’aha kw’isi ibihe bidahera? Baragamburuka ibwirizwa rya Yezu bakitaba ihimbaza ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, yamara bakaza ari abarorerezi bubaha, atari abaje gufata ku bimenyetso. Rimwe mu mwaka ku wa 14 Nisani, izuba rirenze, Ivyabona vya Yehova barahimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Naho kw’isi yose hari abantu ibihumbi bikeyi gusa bavuga ko bafise icizigiro co kuba mw’ijuru, iryo himbaza rirahambaye ku bakirisu bose. Rituma bose baronka akaryo ko kuzirikana urukundo rudasanzwe rwa Yehova Imana na Yezu Kristu.​—Yohani 3:16.