Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Abantu boba vy’ukuri bafise muri bo ikintu kitaboneka kandi kidahwera?

Abantu boba vy’ukuri bafise muri bo ikintu kitaboneka kandi kidahwera?

ABANTU benshi bemera yuko hariho ikintu kitaboneka kandi kidahwera kiturimwo. Biyumvira yuko iyo umuntu apfuye, ico kintu gica kiva mu kibiribiri hanyuma kikabandanya kubaho. Kubera yuko iyo nyigisho ikwiragiye cane, benshi baratangara iyo bamenye ko itigishwa na gato muri Bibiliya. None Ijambo ry’Imana ryerekana ko bitugendera gute iyo dupfuye?

UKUNTU IJAMBO NEʹPHESH N’IJAMBO PSY·KHEʹ AKORESHWA MURI BIBILIYA

Ushobora kuba wibuka ko mu ntango Bibiliya yanditswe ahanini mu giheburayo no mu kigiriki. Ijambo ry’igiheburayo neʹphesh be n’ijambo ry’ikigiriki psy·kheʹ akoreshwa muri Bibiliya, ahindurwa muri Bibiliya zimwezimwe ngo “ubugingo,” “umutima,” “umutima w’ubwenge” canke “umushaha.” Turavye ukwo kuntu yahinduwe, ntiyahinduwe neza. Ijambo neʹphesh be n’ijambo psy·kheʹ aboneka incuro zirenga 800 mu Vyanditswe, akaba ahanini yerekeza (1) ku bantu, (2) ku bikoko, canke (3) ku buzima bw’umuntu kibure bw’igikoko. Reka turabe ivyanditswe bimwebimwe bishira ahabona izo nsobanuro zitatu zitandukanye.

Igihe yerekeza ku bantu. “Mu misi ya Nowa, . . . abantu [psy·kheʹ] bakeyi, ni ukuvuga abantu umunani, [barakijijwe] biciye mu mazi.” (1 Petero 3:20) Ngaho, ijambo ry’ikigiriki “psy·kheʹ” ryahinduwe ngo “abantu,” rikaba ryerekeza kuri Nowa, umukenyezi wiwe, abahungu biwe batatu hamwe n’abagore babo. Muri Kuvayo 16:16 haravuga ubuyobozi bwahawe Abisirayeli ku bijanye n’ukwegeranya manu. Babwiwe bati: “Nimutore kuri vyo . . . hisunzwe igitigiri c’abantu [neʹphesh] umwe wese muri mwebwe afise mw’ihema ryiwe.” Urabona rero yuko ukuntu manu umuntu yegeranya yaba ingana vyavana n’igitigiri ca neʹphesh, ni ukuvuga c’abantu bari muri urwo rugo. Ubundi burorero bwo muri Bibiliya bw’ahantu ijambo “neʹphesh” canke “psy·kheʹ” ryakoreshejwe mu kwerekeza ku muntu canke ku bantu tubusanga mw’​Itanguriro 46:18; muri Yosuwa 11:11; mu Vyakozwe 27:37 no mu Baroma 13:1.

Igihe yerekeza ku bikoko. Mu nkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’irema, dusoma duti: “Imana yongera kuvuga iti: ‘Amazi natume hagwirirana umugwirirano w’ibifise ubuzima [neʹphesh], kandi ibiremwa biguruka nibiguruke hejuru y’isi, mu kirere c’amajuru.’ Imana yongera kuvuga iti: ‘Isi nizane ibifise ubuzima nk’uko amoko yavyo ari: igikoko c’igitungano, igikoko kigendagenda n’igikoko c’ikinyeshamba co kw’isi nk’uko ubwoko bwaco buri.’ Biraheza biba kuno.” (Itanguriro 1:20, 24) Muri iyo mirongo, iryo jambo nyene ry’igiheburayo neʹphesh rirakoreshwa ku mafi, ku bikoko vy’ibitungano no ku bikoko vyo mw’ishamba. Iryo jambo nyene rirakoreshwa ku nyoni no ku bindi bikoko mw’​Itanguriro 9:10; mu Balewi 11:46 no mu Guharūra 31:28.

Igihe yerekeza ku buzima bw’umuntu. Rimwe na rimwe, ijambo ry’igiheburayo neʹphesh be n’ijambo ry’ikigiriki psy·kheʹ asobanura ubuzima bw’umuntu. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Egera ubuzima [neʹphesh] bwanje, ubuhabuze; nuncungure kubera abansi banje.” (Zaburi 69:18) Raba kandi amajambo Yezu yavuze ati: “Uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura; mugabo uwuheba ubuzima [psy·kheʹ] bwiwe kubera jewe azobukiza.” (Luka 9:24) Muri iyo mirongo ya Bibiliya, ijambo ry’igiheburayo neʹphesh be n’ijambo ry’ikigiriki psy·kheʹ biribonekeza ko asobanura ubuzima ari bwo muntu.

Niwabandanya kwiga Ijambo ry’Imana, uzobona ko ata na hamwe muri Bibiliya yose uko ingana ijambo ry’igiheburayo neʹphesh canke ijambo ry’ikigiriki psy·kheʹ risobanura ikintu “kidahwera” canke “camaho.”

“IMPWEMU” ICO ARI CO

Reka ubu na ho turabe ingene Bibiliya ikoresha ijambo “impwemu.” Abantu bamwebamwe biyumvira ko “impwemu” ari ikintu kidahwera kiri mu mubiri. Ariko rero, si ko biri.

Abanditsi ba Bibiliya bakoresheje ijambo ry’igiheburayo ruʹach canke ijambo ry’ikigiriki pneuʹma igihe bariko barandika ibijanye n’“impwemu.” Ivyanditswe ubwavyo birerekana ico ayo majambo asobanura. Nk’akarorero, muri Zaburi 104:29 havuga hati: “[Wewe Yehova] utwaye impwemu [ruʹach] yavyo, biracikana, bigasubira mu mukungugu wavyo.” Muri Yakobo 2:26 na ho havuga ko “umubiri utagira impwemu [pneuʹma] uba upfuye.” Muri iyo mirongo rero, ijambo “impwemu” ryerekeza ku kintu gituma umubiri ugira ubuzima. Umubiri utarimwo impwemu uba upfuye. Ku bw’ivyo, ijambo “impwemu” ryerekeza ku nguvu itaboneka ituma ibiremwa vyose biri n’ubuzima bibandanya kubaho.

Umubiri urakeneye impwemu kugira ngo ukore, nka kurya nyene iradiyo ikeneye umuyagankuba kugira ngo ivuge. Dutange akarorero kabitomora kuruta: iyumvire ivyerekeye iradiyo ntoyi. Iyo ushize amabuye mw’iradiyo hanyuma ukayatsa, umucanwa uri muri ayo mabuye ni nk’aho uca utuma nya radiyo igira ubuzima. Ariko rero, iradiyo itarimwo amabuye ni nk’aho iba yapfuye. No ku maradiyo usanga acomekwa ku muyagankuba ni ko bimera; ntavuga igihe adacometse. Muri ubwo buryo nyene, impwemu ni inguvu ituma umubiri wacu ugira ubuzima. Vyongeye, nka kurya kw’umuyagankuba, iyo mpwemu ntifise inyiyumvo kandi ntishobora kwiyumvira. Ni inguvu itagira kamere y’umuntu. Mugabo iyo mpwemu ari yo nguvu y’ubuzima, itariho imibiri yacu ‘ica icikana, igasubira mu mukungugu wayo,’ nk’uko umwanditsi wa Zaburi yabivuze.

Mu Musiguzi 12:7 haravuga ivyerekeye ugupfa kw’umuntu hati: “Umukungugu [ugereranya umubiri wiwe] usubira mw’ivu nk’uko wari, impwemu na yo igasubira ku Mana y’ukuri yayitanze.” Igihe impwemu ari yo nguvu y’ubuzima ivuye mu mubiri, umubiri uca upfa hanyuma ugasubira iyo wavuye, ni ukuvuga mw’ivu. Muri ubwo buryo nyene, inguvu y’ubuzima isubira iyo yavuye, ni ukuvuga ku Mana. (Yobu 34:14, 15; Zaburi 36:9) Ivyo ntibisobanura yuko inguvu y’ubuzima mu vy’ukuri igenda mw’ijuru. Ahubwo riho, bisobanura ko ku muntu apfuye, icizigiro ico ari co cose co kuzosubira kubaho gihagaze kuri Yehova Imana. Ni nk’aho twovuga ko ubuzima bwiwe buba buri mu maboko y’Imana. Bivuye ku bubasha bw’Imana, ni ho gusa iyo mpwemu ari yo nguvu y’ubuzima, igarukanwa muri nya muntu akabona gusubira kubaho.

Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko ivyo nyene ari vyo Imana izogirira abari mu “mva” bose! (Yohani 5:28, 29) Mu gihe c’izuka, uwari asinziriye mu rupfu Yehova azomuronsa umubiri mushasha hanyuma asubire kuwugira muzima mu kuwushiramwo impwemu, ari yo nguvu y’ubuzima. Ese ukuntu uwo uzoba ari umusi uteye umunezero!

Wipfuza kumenya n’ibindi ku vyerekeye amajambo neʹphesh na psy·kheʹ be n’amajambo ruʹach na pneuʹma nk’uko akoreshwa muri Bibiliya, urashobora kuronka amakuru ngirakamaro mu gatabu Bitugendera Gute Iyo Dupfuye? no mu gitabu Comment raisonner à partir des Écritures, urupapuro rwa 27-32 be n’urwa 135-140, vyompi bikaba vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.