Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAYAGWA Y’INYONGERA

1914 ni umwaka udasanzwe mu buhanuzi bwa Bibiliya

1914 ni umwaka udasanzwe mu buhanuzi bwa Bibiliya

ABATOHOJI BA BIBILIYA bari baratangaje ko hobaye ibintu bidasanzwe mu mwaka wa 1914. Ivyo babitangaje hagisigaye imyaka mirongo ngo bibe. Ivyo vyari ibiki, kandi ni ibimenyamenya ibihe vyerekana ko umwaka wa 1914 ari umwaka uhambaye?

Nk’uko vyanditswe muri Luka 21:24, Yezu yavuze ati: “Yeruzalemu hazohonyangwa n’amahanga, kugeza ibihe vyashinzwe vy’amahanga [“ibihe vy’Abanyamahanga,” Bibiliya Yera] birangutse.” Yeruzalemu wari umurwa mukuru w’ihanga ry’Abayuda, ni ukuvuga icicaro gikuru c’ubutegetsi bw’abami bakomoka mu nzu y’Umwami Dawidi. (Zaburi 48:1, 2) Ariko rero, abo bami ntibari bameze nk’izindi ndongozi z’amahanga. Bicara “ku ntebe y’ubwami ya Yehova,” bakaba baserukira Imana ubwayo. (1 Ngoma 29:23) Gutyo, Yeruzalemu yagereranya ubutegetsi bwa Yehova.

None ubutegetsi bw’Imana bwatanguye gute “[gu]honyangwa n’amahanga,” kandi ivyo vyabaye ryari? Ivyo vyabaye mu 607 imbere ya Kristu igihe Yeruzalemu yigarurirwa n’Abanyababiloni. “Intebe y’ubwami ya Yehova” nta wari akiyicayeko kandi ukuganza kw’abami bakomoka mu muryango wa Dawidi kwari kubaye kurahagarara. (2 Abami 25:1-26) None ukwo ‘guhonyangwa’ kwobandanije ibihe vyose? Oya, kubera ko ubuhanuzi bwa Ezekiyeli bwavuze ku vyerekeye umwami wa nyuma yategeka ari i Yeruzalemu, ari we Zedekiya, buti: “Ambura igitambara co mu mutwe, ukure urugori. . . . Ni ukuri nta we kizokwegukira gushika haje uwubifitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko, kandi sinzobura kukimuha.” (Ezekiyeli 21:26, 27) Uwo “[a]fitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko” urugori rwa Dawidi ni Kristu Yezu. (Luka 1:32, 33) Ukwo ‘guhonyangwa’ rero kworangiye Yezu abaye Umwami.

None ico kintu gihambaye coshitse ryari? Yezu yerekanye ko hari ikiringo ntarengwa ubutegetsi bw’Abanyamahanga bwashingiwe. Inkuru iri muri Daniyeli ikigabane ca 4 ni yo irimwo ibidufasha kumenya uko ico kiringo kingana. Yigana indoto zirimwo ubuhanuzi Umwami Nebukadinezari wa Babiloni yarose. Yabonye igiti c’inganzamarumbu cicirwa. Igishitsi caco nticari kunaga kubera ko cari gihambirijwe ivyuma n’imiringa. Umumarayika yavuze ati: “Ibihe indwi bigikurakuranirweko.”​—Daniyeli 4:10-16.

Muri Bibiliya, rimwe na rimwe barakoresha ibiti bashaka kuvuga ubutegetsi. (Ezekiyeli 17:22-24; 31:2-5) Ukwicira rero ico giti, bigereranya ukuntu ubutegetsi bw’Imana, ubwategeka biciye ku bami bategeka bari i Yeruzalemu, bwobaye burahagarikwa. Ariko rero, ivyo bintu vyabonywe mu ndoto birerekana ko ukwo ‘guhonyangwa kwa Yeruzalemu’ kwobaye ukw’igihe gito, ni ukuvuga ikiringo c’“ibihe indwi.” None ico kiringo kireha gute?

Mu Vyahishuwe 12:6, 14 herekana ko ibihe bitatu n’igice c’igihe bingana n’“imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu.” “Ibihe indwi” vyoca rero bingana n’iyo misi uyigwije na kabiri, ni ukuvuga imisi 2.520. Ariko rero haciye imisi 2.520 gusa Yeruzalemu itemvye, amahanga ntiyahagaritse ‘guhonyanga’ ubutegetsi bw’Imana. Bica biboneka rero ko ubwo buhanuzi bushaka kuvuga igihe kirekire cane kuruta ico. Dufatiye ku bivugwa mu Guharūra 14:34 no muri Ezekiyeli 4:6, ahavuga ko “umusi uhwana n’umwaka,” ivyo “bihe indwi” vyobaye bingana n’imyaka 2.520.

Iyo myaka 2.520 yatanguye muri Gitugutu 607 imbere ya Kristu, igihe Yeruzalemu yigarurirwa n’Abanyababiloni maze umwami akomoka kuri Dawidi akabogozwa. Ico kiringo carangiye muri Gitugutu 1914. Ico gihe, “ibihe vyashinzwe vy’amahanga” vyari birangiye, maze Yezu Kristu arimikwa n’Imana aba Umwami mw’ijuru. *​—Zaburi 2:1-6; Daniyeli 7:13, 14.

Nk’uko nyene Yezu yari yarabivuze, “ukuhaba” kwiwe ari Umwami mw’ijuru kwaranzwe n’ibintu bikomakomeye vyabaye mw’isi, ni ukuvuga intambara, amapfa, vya nyamugigima be n’ibiza. (Matayo 24:3-8; Luka 21:11) Ivyo bintu biratanga ikimenyamenya gikomeye c’uko vy’ukuri mu 1914 ari ho Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru bwashingwa be n’uko ari ho “imisi ya nyuma” y’ivy’iyi si mbi yatangura.​—2 Timoteyo 3:1-5.

^ ing. 4 Kuva muri Gitugutu 607 imbere ya Kristu gushika muri Gitugutu mu mwaka wa 1 imbere ya Kristu, haciye imyaka 606. Kubera ko ata mwaka wa zero wabayeho, kuva muri Gitugutu mu mwaka wa 1 imbere ya Kristu gushika muri Gitugutu 1914 inyuma ya Kristu, haciye imyaka 1.914. Dufashe imyaka 606 tukongerako imyaka 1.914, dutora imyaka 2.520. Wipfuza amakuru ajanye n’ukuntu Yeruzalemu yatemvye mu 607 imbere ya Kristu, raba ikiganiro kivuga ngo “Chronologie” mu gitabu Étude perspicace des Écritures, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.