Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Ukuntu twomenya “Babiloni Akomeye”

Ukuntu twomenya “Babiloni Akomeye”

MU GITABU c’Ivyahishuwe usanga hari imvugo umuntu adakwiye guca afata urudome ku rundi. (Ivyahishuwe 1:1) Nk’akarorero, haravugwa umugore afise izina ryanditse ku ruhanga rwiwe ngo “Babiloni Akomeye.” Uwo mugore avugwa ko yicaye ku “masinzi n’amahanga.” (Ivyahishuwe 17:1, 5, 15) Kubera ko ata mugore nya mugore yoshobora kugira ico kintu, Babiloni Akomeye itegerezwa kuba ari imvugo y’ikigereranyo. None uwo mumaraya agereranya iki?

Mu Vyahishuwe 17:18, uwo mugore nyene w’ikigereranyo avugwa ko ari “igisagara gikomeye gifise ubwami ku bami b’isi.” Ijambo “igisagara” ryerekana umugwi w’abantu bungunganijwe. Kubera ko ico “gisagara gikomeye” kiganza “abami b’isi,” uwo mugore yitwa Babiloni Akomeye ategerezwa kuba ari ishirahamwe rifise akosho, rikwiye kw’isi yose. Rirashobora kwitwa mu buryo bubereye inganji y’isi yose. Inganji nyabaki? Inganji y’ivy’idini. Reka turabe ukuntu imirongo imwimwe yo mu gitabu c’Ivyahishuwe idushikana kuri ico ciyumviro.

Inganji ishobora kuba iy’ivya politike, ivy’ubudandaji canke ivy’idini. Uwo mugore yitwa Babiloni Akomeye si inganji y’ivya politike kubera ko Ijambo ry’Imana rivuga yuko “abami b’isi,” ni ukuvuga abanyapolitike bo muri iyi isi “bakoranye na we ubusambanyi.” Yakoze ubwo busambanyi mu kugiranira amasezerano n’abatware b’iyi si, kandi yarakoze ibishoboka vyose kugira ngo aronke ububasha yongere agire akosho kuri bo. Ni co gituma yitwa “wa mumaraya akomeye.”​—Ivyahishuwe 17:1, 2; Yakobo 4:4.

Babiloni Akomeye ntashobora kuba ari inganji y’ivy’ubudandaji kubera ko “abadandaza b’ingenzi bo kw’isi,” ni ukuvuga abantu bari mu vy’ubudandaji, bazomuririra niyatikizwa. Nkako abo bami n’abo badandaza, bavugwa ko bahagaze “nka hariya” bitegereza Babiloni Akomeye. (Ivyahishuwe 18:3, 9, 10, 15-17) Bica vyumvikana rero ko Babiloni Akomeye atari inganji y’ivya politike canke ngo abe inganji y’ivy’ubudandaji, ahubwo ni inganji y’ivy’idini.

Kuba Babiloni Akomeye ari inganji y’ivy’idini, biremezwa kandi n’amajambo avuga ko azimiza amahanga yose biciye ku “bupfumu” bwiwe. (Ivyahishuwe 18:23) Kubera ko ubwoko bwose bw’ubupfumu bujanye n’ivy’idini bukaba kandi buva ku madayimoni, ntibitangaje kubona Bibiliya yita Babiloni Akomeye “uburaro bw’amadayimoni.” (Ivyahishuwe 18:2; Gusubira mu vyagezwe 18:10-12) Iyo nganji ivugwa kandi ko irwanya yivuye inyuma idini ry’ukuri, mu guhama “abahanuzi” n’“aberanda.” (Ivyahishuwe 18:24) Nkako, Babiloni Akomeye aranka urunuka idini ry’ukuri ku buryo ahama bimwe bikaze, mbere akica “ivyabona vya Yezu.” (Ivyahishuwe 17:6) Biragaragara rero yuko uwo mugore yitwa Babiloni Akomeye agereranya inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, iyigizwe n’amadini yose arwanya Yehova Imana.