Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 1

‘Iki ni co ugukunda Imana gusobanura’

‘Iki ni co ugukunda Imana gusobanura’

“Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.”—1 YOHANI 5:3.

1, 2. Kubera iki dukunda Yehova?

WOBA ukunda Imana? Nimba umaze kwiyegurira Yehova Imana, nta gukeka ko wokwishura wivuye inyuma uti “egome,” kandi ntiwoba wihenze. Emwe, nta wobura gukunda Yehova! Turakunda Imana kuko na yo idukunda. Bibiliya iraserura ico ciyumviro mu kuvuga iti: “Turakunda, kuko ari [Yehova] yabanje kudukunda.”—1 Yohani 4:19.

2 Yehova ni we yibwirije kutwereka urukundo. Yaraturonkeje isi nziza tubako. Araturonsa ivyo dukenera mu vy’umubiri. (Matayo 5:43-48) Igihambaye kuruta, aradufasha kugiranira ubucuti bwiza na we. Yaraduhaye Ijambo ryiwe Bibiliya. Vyongeye, aradutera akamo ngo tumusenge twizigiye ko atwumva kandi akaturonsa impwemu nyeranda yiwe ngo idufashe. (Zaburi 65:2; Luka 11:13) N’ikiruta vyose, yararungitse Umwana wiwe akunda kuruta abandi bose kugira aducungure adukize icaha n’urupfu. Vy’ukuri, Yehova yaradukunze araherezako!—Soma Yohani 3:16; Abaroma 5:8.

3. (a) Twokora iki kugira tugume mu rukundo rw’Imana? (b) Ni ikibazo gihambaye ikihe dukeneye kwishura, kandi inyishu yaco tuyisanga hehe?

3 Yehova ashaka ko twungukira ku rukundo rwiwe ibihe bidahera. Ariko rero, ahanini bivana na twebwe. Ijambo ry’Imana riduhimiriza riti: “Mwigumize mu rukundo rw’Imana . . . ngo muronke ubuzima budahera.” (Yuda 21) Imvugo ngo “mwigumize” yerekana ko dutegerezwa kugira ico dukoze kugira tugume mu rukundo rw’Imana. Turakeneye kwitabira urukundo rwayo bimwe biboneka. Ikibazo gihambaye rero dukwiye kwibaza ni iki: ‘Nokwerekana gute ko nkunda Imana?’ Inyishu tuyisanga mu majambo yahumetswe intumwa Yohani yavuze ati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.” (1 Yohani 5:3) Birabereye ko dusuzuma twitonze ico ayo majambo asobanura, kuko twipfuza kwereka Umuremyi wacu ko tumukunda cane.

‘IKI NI CO UGUKUNDA IMANA GUSOBANURA’

4, 5. Vyagenze gute ngo utangure gukunda Yehova?

4 Igihe intumwa Yohani yandika ngo “ugukunda Imana” yariko yerekeza ku rukundo rukomeye umwe wese akunda Imana. Woba wibuka igihe watangura kwumva ko ukunze Yehova?

Kwiyegurira Imana no kubatizwa vyerekana ko dutanguye kubaho tugamburukira Yehova

5 Zirikana gatoyi igihe wamenya ari bwo bwa mbere ukuri kwerekeye Yehova n’imigambi yiwe maze ugatangura kumwizera. Waratahuye ko naho wari umucumuzi ukaba ata bucuti wari ufitaniye n’Imana, Yehova yatumye bishoboka ko uronka ubuzima butagira agasembwa nka bumwe Adamu yatakaza kandi ukabaho ibihe bidahera biciye kuri Kristu. (Matayo 20:28; Abaroma 5:12, 18) Waciye utahura akamaro k’inkuka Yehova yatanze mu kurungika Umwana wiwe akunda kuruta abandi bose kugira agupfire. Ivyo vyaragukoze ku mutima, uca utangura kwumva ukunze iyo Mana yagukunze bigeze iyo.—Soma 1 Yohani 4:9, 10.

6. Urukundo nyakuri rubonekera ku ki, kandi urwo ukunda Imana rwatumye ukora iki?

6 Yamara rero, iyo yari intango gusa y’urukundo nyakuri ukunda Yehova. Urukundo si ikintu twiyumvamwo gusa, kandi ntirugarukira ku majambo. Ugukunda Imana vy’ukuri si ugupfa kuvuga ngo “ndakunda Yehova.” Cokimwe n’ukwizera, urukundo nyakuri rubonekera mu bikorwa kandi ni vyo biruranga. (Yakobo 2:26) Neza na neza, urukundo rubonekera mu bikorwa bihimbara uwo ukunda. Ni co gituma igihe urukundo ukunda Yehova rwashinga imizi mu mutima wawe, waciye wumva ushatse kubaho mu buryo buhimbara So wawe wo mw’ijuru. Woba umaze kubatizwa? Niba warabatijwe, urukundo rukomeye ukunda Yehova hamwe n’ukumwihebera ni vyo vyatumye ufata iyo ngingo ihambaye kuruta izindi zose mu buzima bwawe. Wariyeguriye Yehova kugira ukore ivyo agomba, maze uravyerekana mu kubatizwa. (Soma Abaroma 14:7, 8.) Gushitsa iyo ndagano wagiranye na Yehova ata gufyina birimwo n’ivyo intumwa Yohani aca avuga ubukurikira.

‘TURUBAHIRIZA AMABWIRIZWA YAYO’

7. Amwamwe mu mabwirizwa y’Imana ni ayahe, kandi kuyubahiriza bisaba iki?

Yohani arasigura ico ugukunda Imana bisobanura ati: ‘Turubahiriza amabwirizwa yayo.’ None amabwirizwa y’Imana ni iki? Mw’Ijambo ryiwe Bibiliya, Yehova araturonsa amabwirizwa atari make adomako. Nk’akarorero, aratubuza ingeso zimwezimwe nk’akaborerwe, ubusambanyi, ugusenga ibigirwamana, kwiba n’ukubesha. (1 Abakorinto 5:11; 6:18; 10:14; Abanyefeso 4:28; Abakolosayi 3:9) Kwubahiriza amabwirizwa y’Imana bisaba gukurikiza ingingo ngenderwako zitomoye Bibiliya itanga zijanye n’inyifato runtu.

8, 9. Twomenya gute ibihimbara Yehova no mu gihe ata tegeko ridomako Bibiliya itanga? Tanga akarorero.

8 Ariko rero, kugira duhimbare Yehova, hari n’ibindi dukeneye gukora uretse ukugamburuka amabwirizwa yiwe adomako. Yehova ntaturemereza amategeko agenga akantu kose mu buzima bwa misi yose. Ku bw’ivyo, buri musi twoshobora guhura n’ibintu vyinshi usanga ata mabwirizwa yo muri Bibiliya ajanye na vyo. None mu bihe nk’ivyo twomenya gute icohimbara Yehova? Bibiliya irimwo amakuru arashe yerekana uko Imana ibona ibintu. Uko twiga Bibiliya, ni ko tumenya ivyo Yehova akunda n’ivyo yanka. (Soma Zaburi 97:10; Imigani 6:16-19) Buhorobuhoro, turatahura kamere hamwe n’ibikorwa ashima. Uko turushiriza kumenya kamere ya Yehova n’inzira ziwe, ni ko bitworohera kureka ivyiyumviro vyiwe bikatuyobora mu ngingo dufata no mu vyo dukora. Gutyo rero, no mu bintu usanga ata tegeko ritomoye ryo muri Bibiliya rihari, akenshi turashobora gutahura neza “ukugomba kwa Yehova ukwo ari kwo.”—Abanyefeso 5:17.

9 Nk’akarorero, nta tegeko ridomako dusanga muri Bibiliya ritubuza kuraba amasenema canke ibiganiro vyo kuri televiziyo vyerekana ubukozi bw’ikibi canke ubuhumbu bw’agahomerabunwa. Ariko none twoba dukeneye vy’ukuri itegeko ridomako ritubuza ivyo bintu? Turazi ukuntu Yehova abona ivyo bintu. Ijambo ryiwe riratomora ko yanka “uwo wese akunda ubukazi.” (Zaburi 11:5) Riravuga kandi riti: “Imana izocira urubanza abasambanyi.” (Abaheburayo 13:4) Tuzirikanye kuri ayo majambo yahumetswe, turashobora gutahura neza ivyo Yehova agomba. Ni co gituma tutinezereza mu kurorera amasanamu yerekana amenya ivyo bintu Imana yacu yanka. Turazi ko Yehova ahimbarwa igihe twirinze ingeso mbi iyi si igerageza kwerekana nk’aho ari ukwinezereza ata co gutwaye. *

10, 11. Kubera iki duhitamwo kugamburukira Yehova, kandi tumugamburukira mu buryo ki?

10 Ni imvo nyamukuru iyihe ituma twubahiriza amabwirizwa y’Imana? Ni kubera iki dushaka kubaho imisi yose twisunga ukuntu Imana ibona ibintu? Ntiduhitamwo ingendo nk’iyo kugira gusa twirinde igihano abirengagiza ivyo Imana igomba baronka canke ingaruka mbi zibashikira. (Abagalatiya 6:7) Ahubwo riho tubona ko kugamburukira Yehova ari akaryo keza ko kumwereka yuko tumukunda. Nka kurya nyene umwana aguma arondera abishashaye gushimisha se wiwe, ni ko na twebwe tuguma turondera gushimwa na Yehova. (Zaburi 5:12) Ni we Data wa twese kandi turamukunda. Nta kindi coduhimbara canke cotumara akanyota kuruta kumenya yuko tubayeho mu buryo ‘Yehova ashima.’—Imigani 12:2.

11 Ntitugamburuka ku gahato rero. * Ntiduhitamwo amategeko tugamburuka kandi ntitugamburuka gusa igihe ata ngorane nyinshi canke ata n’imwe biduteza. Ahubwo riho, ‘turagamburuka bivuye ku mutima.’ (Abaroma 6:17) Twumva tumerewe nk’umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Nzohimbarwa rwose n’amabwirizwa yawe nakunze.” (Zaburi 119:47) Emwe, turahimbarwa no kugamburukira Yehova. Turazi neza yuko abereye ko tumugamburukira ata co turinze gusaba, kandi ni vyo atwitezeko. (Gusubira mu vyagezwe 12:32) Dushaka ko Yehova avuga ku bitwerekeye nka birya nyene Ijambo ryiwe rivuga ku vyerekeye Nowa. Ku bijanye n’uwo sekuruza w’imiryango w’umwizigirwa yerekanye ko akunda Imana mu kuyigamburukira mu myaka mirongo, Bibiliya ivuga iti: “Nowa akora yisunze ivyo Imana yari yamutegetse vyose. Akora kuno nyene.”—Itanguriro 6:22.

12. Ukugamburuka kwacu kunezereza Yehova ryari?

12 Yehova amererwa gute iyo tugamburutse n’umutima ukunze? Ijambo ryiwe rivuga yuko tuba ‘tunezereje umutima’ wiwe. (Imigani 27:11) Ukugamburuka kwacu kwoba vy’ukuri kunezereza umutima w’Umukama Segaba w’ibiriho vyose? Cane nyene, kandi ivyo birumvikana! Yehova yaturemanye umwidegemvyo. Ivyo bisobanura ko dufise uburenganzira bwo kwihitiramwo. Turashobora guhitamwo kugamburukira Imana canke kuyigambararira. (Gusubira mu vyagezwe 30:15, 16, 19, 20) Igihe tugamburukiye Yehova tubikunze kandi tukabigira kubera tumukunda cane, biratuma Data wa twese wo mw’ijuru ahimbarwa rwose. (Imigani 11:20) Tuba kandi duhisemwo ubuzima bwiza kuruta ubundi bwose.

“AMABWIRIZWA YAYO SI UMUZIGO”

13, 14. Kubera iki twovuga ko ‘amabwirizwa y’Imana atari umuzigo,’ kandi ni akarorero akahe kavyerekana?

13 Intumwa Yohani aravuga ikintu kidusubiriza umutima mu nda cane ku biraba ivyo Yehova adusaba, ati: “Amabwirizwa [yiwe] si umuzigo.” Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “umuzigo” muri 1 Yohani 5:3, urudome ku rundi risobanura “kuremera.” * Mu Bwuzure Bushasha, ico canditswe kivuga ngo “amabwirizwa yayo ntaremereye.” Yehova ntadusaba amananiza. Amategeko yiwe ntarengeye ubushobozi abantu b’abanyagasembwa bafise ku buryo batoyagamburuka.

14 Reka tubitangire akarorero: Dufate ko hari umugenzi somambike agusavye ngo umufashe kwimukira mu yindi nzu. Afise amasandugu menshi agomba gutwara. Amwe arahwahutse ku buryo umuntu umwe yoyatwara ata ngorane, mugabo ayandi araremereye, bigasaba ko aterurwa n’abantu babiri. Uwo mugenzi wawe aracaguye amasandugu yipfuza ko umutwaza. Ubwo yogusaba guterura amasandugu azi ko utoshobora? Oya nawe nu! Ntiyokwipfuza kukugirira nabi mu kukureka ngo ugerageze kuyatwara wenyene. Imana yacu yuzuye urukundo n’ubuntu na yo nyene ntidusaba kugamburuka amabwirizwa agoye cane. (Gusubira mu vyagezwe 30:11-14) Ntiyokwigera idusaba kwikorera uwo muzigo uremereye. Yehova aratahura ko turi n’aho tugeza, kuko “azi neza ingene tubumbwe, akibuka ko turi umukungugu.”—Zaburi 103:14.

15. Kubera iki twokwizigira tudakeka ko amabwirizwa ya Yehova ariho ku neza yacu?

15 Biri kure nk’ukwezi ko amabwirizwa ya Yehova yoba umuzigo; ahubwo nyabuna ariho ku neza yacu. (Soma Yesaya 48:17.) Ni co gituma Musa yabwiye Abisirayeli bo mu gihe ca kera ati: “Yehova yadutegetse gushitsa izi ngingo nyobozi zose, gutinya Yehova Imana yacu ku neza yacu nantaryo, kugira tugume turi bazima nk’uko biri uyu musi.” (Gusubira mu vyagezwe 6:24) Na twebwe nyene turashobora kwizigira tudakeka ko igihe Yehova aduha amabwirizwa yiwe, aba afise ku mutima ivyotugirira akamaro kuruta ibindi vyose, ni ukuvuga ukumererwa neza kwacu kw’igihe kirekire, ari na kwo kw’ibihe bidahera. Mu vy’ukuri, wumva none igihushane c’ivyo coshoboka? Yehova ni Imana y’ubukerebutsi butagira urugero. (Abaroma 11:33) Arazi rero icotubera ciza kuruta ibindi vyose. Vyongeye, Yehova ni we karorero ruheta k’urukundo. (1 Yohani 4:8) Kubera yuko urukundo ari yo kamere yiwe nyamukuru, ni rwo rugenga ibintu vyose avuga n’ivyo akora. Ni rwo amabwirizwa yose aha abasavyi biwe ashingiyeko.

16. Ni kubera iki dushobora kugamburuka naho iyi si mbi n’umubiri wacu bitwosha nabi?

16 Ivyo ntibisobanura ko kugamburukira Imana ari icoroshe. Dutegerezwa kunanira inyosha mbi ziva kuri ino si yononekaye, na yo ikaba “iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yohani 5:19) Dutegerezwa kandi kurwana n’umubiri wacu munyagasembwa utwosha kurenga ku mategeko y’Imana. (Abaroma 7:21-25) Ariko rero, urukundo dukunda Imana rurashobora gutsinda. Imana irahezagira aberekana ko bayikunda mu kuyigamburukira. Iraronsa impwemu nyeranda “abayigamburukira nka yo mutware.” (Ivyakozwe 5:32) Iyo mpwemu irama muri twebwe icamwa ciza cane, na co kikaba ari kamere nziza zishobora kudufasha kuguma tugamburuka.—Abagalatiya 5:22, 23.

17, 18. (a) Ni ibiki turimbura muri iki gitabu, kandi ni ibiki dukwiye kugumiza ku mutima igihe tubisuzuma? (b) Tuzokwihweza iki mu kigabane gikurikira?

17 Muri iki gitabu, turaza kwihweza ingingo ngenderwako za Yehova, amategeko yiwe agenga inyifato runtu be n’ibindi bintu vyinshi bihishura ukugomba kwiwe. Uko twihweza izo ngingo ngenderwako, hariho ibintu bitari bike bihambaye dukenera kugumiza mu muzirikanyi. Nimuze twame twibuka ko Yehova ataduhata ngo tugamburuke amategeko yiwe n’ingingo ngenderwako ziwe. Ahubwo riho, ashaka ko tumugamburukira bivuye ku mutima. Nimuze ntitwigere twibagira ko Yehova adusaba kubaho mu buryo butuma twironkera ivyiza vyinshi muri iki gihe be n’ubuzima budahera muri kazoza. Vyongeye, nimuze twame tubona ukugamburuka kwacu kuvuye ku mutima nk’akaryo keza ko kwereka Yehova ko tumukunda cane.

18 Kugira ngo Yehova adufashe gutandukanya ikibi n’iciza, yaraturemanye ijwi ryo mu mutima kubera adukunda. Ariko ntiwumve, kugira ijwi ryacu ryo mu mutima rituyobore neza, rirakeneye kumenyerezwa. Ivyo ni vyo twihweza mu kigabane gikurikira.

^ ing. 11 Mbere n’amadayimoni aragamburuka kandi atabishaka. Igihe Yezu yategeka amadayimoni kuva mu bantu yari yariziziye, nya madayimoni yabwirijwe kwemera ubukuru bwiwe no kugamburuka, naho nyene atabishaka.—Mariko 1:27; 5:7-13.

^ ing. 13 Muri Matayo 23:4, iryo jambo rikoreshwa mu kudondora “imitwaro iremereye,” ni ukuvuga amategeko yerekeye akantu kose n’imigenzo yashizweho n’abantu, ivyo wasanga abanditsi n’Abafarizayo baremereza abanyagihugu batobato. Mu Vyakozwe 20:29, 30, iryo jambo nyene rihindurwa ngo “agahahazo,” rikaba ryerekeza ku bahuni bacinyiza abandi ‘bovuze ibintu bigoramanze’ kandi bakarondera kuzimiza abandi.