Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 3

Dukunde abo Imana ikunda

Dukunde abo Imana ikunda

“Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”—IMIGANI 13:20.

1, 2. Ni ukuri ntaseswa ukuhe Bibiliya iserura?

ABANTU boshobora kugereranywa n’ipampa. Biroroshe ko ipampa rinywa ivyo barijobetsemwo. Na twebwe nyene biroroshe cane ko twigana inyifato y’abantu badukikuje, ingingo ngenderwako bisunga hamwe na kamere zabo, ugasanga vyabaye tutabiciye n’ikanda.

2 Bibiliya iraserura ukuri ntaseswa igihe ivuga iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.” (Imigani 13:20) Uwo mugani ntushaka kuvuga gusa kubonana n’umuntu rimwerimwe. Imvugo ngo ‘kugendana’ itanga iciyumviro co gucudika n’umuntu. * Igitabu kimwe c’ivya Bibiliya kiragira ico kivuze kuri ico canditswe, giti: “Kugendana n’umuntu bisobanura kumukunda no kwifatanya na we.” Hari uwohakana none ko vyoroshe kwigana abo dukunda? Mu vy’ukuri, kubera yuko usanga tubiyumvamwo cane, barashobora kutugirako akosho gakomeye, kaba keza canke kabi.

3. Twohitamwo gute abagenzi batugirako akosho keza?

3 Kugira twigumize mu rukundo rw’Imana, birahambaye cane ko turondera abagenzi batugirako akosho keza. None twobigira gute? Muri make, ni mu gukunda abo Imana ikunda, abagenzi bayo bakaba abagenzi bacu. Zirikana gatoyi: None hari abagenzi beza tworonka boza baruta abafise kamere Yehova arondera mu bipfuza kuba abagenzi biwe? Reka rero twihweze abantu Imana ikunda abo ari bo. Nitwatahura neza ukuntu Yehova abona ibintu, tuzoshobora guhitamwo abagenzi beza.

ABO IMANA IKUNDA

4. Kubera iki Yehova afise uburenganzira bwo kudapfa uwo agize umugenzi, kandi ni kubera iki yise Aburahamu ‘umugenzi wiwe’?

4 Yehova ntapfa uwo agize umugenzi, kandi arabifitiye uburenganzira. Nakare, ni we Mukama Segaba w’ijuru n’isi, kandi kuba umugenzi wiwe ni iteka ntangere. Ni bande none ahitamwo ngo bamubere abagenzi? Yehova yiyegereza abantu bamwizigira kandi bamwizera baherejeko. Reka dufate akarorero k’umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu, uwuzwi kubera ukwizera kwiwe kudasanzwe. Biragoye kwiyumvira ikindi kintu cogerageza ukwizera kw’umuvyeyi kuruta kumusaba gutanga umwana wiwe kw’ikimazi. * Yamara, Aburahamu “yabaye nk’aho ashikanye Izahaki,” kuko yari yizigiye adakeka ko “Imana yari ishoboye no kumuzura mu bapfuye.” (Abaheburayo 11:17-19) Kubera ko Aburahamu yerekanye ukwizera n’ukugamburuka mwene ukwo, Yehova yarahimbawe no kumwita ‘umugenzi wiwe.’Yesaya 41:8; Yakobo 2:21-23.

5. Yehova abona gute abamugamburukira badahemuka?

5 Yehova araha agaciro cane abamugamburukira badahemuka. Arakunda abahitamwo kuguma ari intahemuka kuri we imbere y’ibindi vyose. (Soma 2 Samweli 22:26.) Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 1, Yehova aranezerezwa cane n’abamugamburukira kubera bamukunda. Mu Migani 3:32 havuga hati: “Kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse.” Abaguma bashitsa ivyo Yehova abasaba arabatumira n’umutima mwiza ngo babe abashitsi mw’“ihema” ryiwe, ni ukuvuga ko abaha ikaze ngo bamusenge bongere bamwiture batitinya.—Zaburi 15:1-5.

6. Twokwerekana gute ko dukunda Yezu, kandi Yehova abona gute abakunda Umwana wiwe?

6 Yehova arakunda abakunda Umwana wiwe w’ikinege Yezu. Yezu yavuze ati: “Nimba umuntu ankunda, azokwubahiriza ijambo ryanje, kandi Dawe azomukunda, kandi tuzoza kuri we tubane na we.” (Yohani 14:23) Twokwerekana gute ko dukunda Yezu? Ni mu gukurikiza ivyo yadutegetse, tutibagiye igikorwa yadushinze co kwamamaza inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa. (Matayo 28:19, 20; Yohani 14:15, 21) Turerekana kandi ko dukunda Yezu igihe ‘dukurikira neza intambuko ziwe,’ tukamwigana mu mvugo no mu ngiro aho twebwe abantu b’abanyagasembwa tugeza. (1 Petero 2:21) Yehova arakorwa ku mutima n’abantu bihata ngo babeho nka Kristu babitumwe n’urukundo bakunda uwo Mwana wiwe.

7. Kubera iki ari vyiza ko abagenzi ba Yehova ari bo tugira abagenzi bacu?

7 Ukwizera, ukudahemuka, ukugamburuka n’ugukunda Yezu n’inyifato yiwe, izo ni zimwe muri kamere Yehova arondera mu bagenzi biwe. Umwe wese rero akwiye kwibaza ati: ‘Izo kamere zoba zibonekeza mu bagenzi banje bashika? Abagenzi ba Yehova boba ari bo bagenzi banje?’ Vyoba vyiza duhisemwo abagenzi nk’abo. Abantu bafise kamere zishimwa n’Imana kandi bamamaza inkuru nziza y’Ubwami n’umwete barashobora kutugirako akosho keza. Ivyo bizotuma tubaho duhuza n’umwiyemezo twagize wo guhimbara Imana.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Umugenzi mwiza ameze gute?”.

 

AKARORERO KO MURI BIBILIYA

8. Ni igiki gitangaje uravye ubucuti bwari hagati y’aba bantu: (a) Nawomi na Rusi (b) ba basore batatu b’Abaheburayo (c) Paulo na Timoteyo.

8 Ivyanditswe birimwo uburorero bwinshi bw’abantu bironkeye ivyiza kubera bahisemwo abagenzi beza. Aho twovuga nk’ubucuti bwari hagati ya Nawomi n’umukazana wiwe Rusi, ubwari hagati ya ba basore batatu b’Abaheburayo baguma bafatanye mu nda i Babiloni, be n’ubwari hagati ya Paulo na Timoteyo. (Rusi 1:16; Daniyeli 3:17, 18; 1 Abakorinto 4:17; Abafilipi 2:20-22) Ariko rero, reka dushimikire ku kandi karorero kadasanzwe k’ubugenzi bwari hagati ya Dawidi na Yonatani.

9, 10. Ubugenzi bwa Dawidi na Yonatani bwari bushingiye ku ki?

9 Bibiliya ivuga yuko inyuma y’aho Dawidi yiciye Goliyati, “umutima wa Yonatani [waciye] ufatana n’uwa Dawidi, maze Yonatani atangura kumukunda nk’uko yikunda.” (1 Samweli 18:1) Ukwo ni ko ubugenzi bw’intamenwa bwatanguye naho barushanya imyaka myinshi cane, kandi bwarabandanije gushika Yonatani aguye ku rugamba. * (2 Samweli 1:26) None ubwo bucuti bukomeye bwari hagati y’abo bagenzi bwari bushingiye ku ki?

10 Urukundo Dawidi na Yonatani bakunda Imana be n’icipfuzo gikomeye bari bafise co kuguma ari abizigirwa kuri yo ni vyo vyatumye baba abagenzi. Abo bagabo babiri bose baripfuza guhimbara Imana. Umwe wese yari afise kamere zatuma uwundi amushima. Nta gukeka ko Yonatani yatangarira umutima rugabo n’umwete vy’uwo musore yaburanira izina rya Yehova ata bwoba. Nta mazinda ko Dawidi na we yubaha uwo mugabo yamuboneye izuba yashigikira adahemuka indinganizo za Yehova, akongera agashira inyungu za Dawidi imbere y’iziwe ata bwikunzi. Nk’akarorero, raba ivyashitse igihe Dawidi yari yihebuye cane, aza arinyegeza mu bugaragwa kugira yikinge uburake bw’Umwami w’umubisha Sauli, se wa Yonatani. Yonatani yarerekanye ukudahemuka kudasanzwe,aribwiriza maze “aja iyo Dawidi ari, . . . amuremēsha mu vy’Imana.” (1 Samweli 23:16, Bibiliya Yera) Iyumvire nawe ukuntu Dawidi yumvise amerewe igihe umugenzi wiwe akunda cane yamuserukako akamuremesha! *

11. Akarorero ka Yonatani na Dawidi katwigisha iki ku bijanye n’ubugenzi?

11 None akarorero ka Yonatani na Dawidi katwigisha iki? Imbere ya vyose, turabona ko ubucuti dufitaniye n’Imana ari co kintu nyamukuru gikwiye guhuza abagenzi. Iyo twiyegereje abo dusangiye ukwizera, imico runtu be n’icipfuzo co kuguma turi abizigirwa ku Mana, turashobora kwungurana ivyiyumviro, tugatahurana kandi tukaremeshanya mu kubwirana inkuru zubaka. (Soma Abaroma 1:11, 12.) Abagenzi mwene abo b’intahemuka ku Mana tubasanga mu bo dusangiye ukwizera. Ivyo none vyoba bisobanura ko abitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami bose ari abagenzi beza? Si ko vyama biri.

INGENE TWOHITAMWO ABAGENZI

12, 13. (a) Kubera iki dutegerezwa kuraba neza abo tugira abagenzi no mu bakirisu nkatwe? (b) Amashengero yo mu kinjana ca mbere yari afise ingorane iyihe? Ni gute Paulo yabakebuye mu buryo bukomeye?

12 Niba twipfuza abagenzi badufasha gukomeza ubucuti dufitaniye n’Imana, dutegerezwa guhitamwo twitonze mbere no mw’ishengero. None ivyo vyoba bikwiye kudutangaza? Habe namba. Abakirisu bamwebamwe bo mw’ishengero bibasaba igihe kirekire kugira bakomeze ubucuti bafitaniye na Yehova, nka kurya nyene ivyamwa bimwebimwe bimara ku giti igihe kirekire kugira bishe. Gutyo rero, buri shengero usanga ririmwo abakirisu badakomeye ku rugero rumwe mu vy’impwemu. (Abaheburayo 5:12–6:3) Ariko ntiwumve, abakiri bashasha n’abagoyagoya turabakunda kandi tukabihanganira, kuko dushaka kubafasha gukomeza ubucuti bafitaniye na Yehova.—Abaroma 14:1; 15:1.

13 Mw’ishengero hoshobora gushika ibintu bisaba ko turaba neza abagenzi bacu. Bamwe boshobora kuba bafise inyifato iteye amakenga. Abandi na bo ugasanga bariko barandukirwa n’agatima ko kugira umujinya canke kwidodomba. Amashengero yo mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu yaragize iyo ngorane. Naho benshi bari abizigirwa, bamwebamwe ntibigenza neza. Kubera ko bamwebamwe mw’ishengero ry’i Korinto batagumije inyigisho kanaka za gikirisu, intumwa Paulo yaragabishije iryo shengero ati: “Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Abakorinto 15:12, 33) Paulo yaraburiye Timoteyo yuko mbere no mu bakirisu bagenziwe hashobora kuba harimwo abatigenza neza. Timoteyo yasabwe guca kure mwene abo bantu, ntabagire abagenzi bashika.—Soma 2 Timoteyo 2:20-22.

14. Twokurikiza gute impanuro Paulo yatanze ku biraba abagenzi?

14 Twoshira mu ngiro gute ingingo ngenderwako dusanga muri izo mpanuro Paulo yatanze? Ni mu kwirinda gucudika n’umuntu uwo ari we wese, yaba ari uwo mw’ishengero canke hanze yaryo, yoshobora kutugirako akosho kabi. (2 Abatesalonika 3:6, 7, 14) Dutegerezwa gukingira ubucuti dufitaniye na Yehova. Uribuka ko ingeso z’abagenzi bacu bashika zitwandukira nka kurya amazi yinjira mw’ipampa. Ntushobora kujobeka ipampa mu mazi mabi ngo witege ko rivayo ritekeye amazi meza; na twebwe ntidushobora kwifatanya n’abantu babi ngo twitege kubigirako ikintu ciza.—1 Abakorinto 5:6.

Turashobora kuronka abagenzi beza mu bo dusangiye ukwemera

15. Wokora iki kugira uronke mw’ishengero abagenzi bakunda Yehova?

15 Duhiriwe duhishije, uturyo two kuronka abagenzi beza mu bo dusangiye ukwemera turuzuye. (Zaburi 133:1) None woronka gute mw’ishengero abagenzi bakunda Yehova? Niwatsimbataza kamere hamwe n’inyifato Imana ishima, nta gukeka ko n’abandi bafise umutima nk’uwo bazokwumva bagukunze. Ariko rero, hari n’aho wokenera gukora n’ibindi kugira uronke abandi bagenzi. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene twaronse abagenzi beza”.) Nurondere abafise kamere wipfuza kugira. Niwumvire impanuro ya Bibiliya idusaba ‘kwaguka,’ urondere kugiranira ubugenzi n’abo musangiye ukwemera utaravye ibara ry’urukoba, igihugu baturukamwo canke imico kama yabo. (2 Abakorinto 6:13; soma 1 Petero 2:17.) Ntugarukire gusa ku bo munganya imyaka. Uribuka ko Yonatani yarusha imyaka myinshi Dawidi. Abagenzi bakuze turashobora kubungukirako ibintu vyinshi kubera utuntu n’utundi bazi be n’ubukerebutsi bwabo.

IGIHE HABAYE INGORANE

16, 17. Iyo umuvukanyi atubabaje, ni kubera iki tudakwiye guca duheba ishengero?

16 Kubera ko ishengero usanga ririmwo abantu bafise kamere zitandukanye kandi bakuriye mu bintu bitandukanye, birashika hakaba ingorane. Umukirisu mugenzi wacu yoshobora kuvuga canke gukora ikintu kitubabaza. (Imigani 12:18) Rimwe na rimwe usanga ingorane zunyurwa n’ukudahuza kamere, ugutahurana nabi canke ukutabona ibintu kumwe. Twoba tuzotsitazwa n’izo ngorane maze tugaca duheba ishengero? Ivyo ntitwobigira niba vy’ukuri dukunda Yehova hamwe n’abo akunda.

17 Kubera ko Yehova ari we yaturemye akaba ari na we atuzigama, birabereye ko tumukunda kandi tukamwihebera. (Ivyahishuwe 4:11) Vyongeye, birabereye ko dushigikira twivuye inyuma ishengero ahimbarwa no gukoresha. (Abaheburayo 13:17) Bishitse rero umuvukanyi wacu akatubabaza canke akaduhemukira, ntituzoheba ishengero mu kwerekana ko vyatubabaje. Ivyo wumva twovyubahuka gute? Yehova si we aba yatubabaje. Urukundo dukunda Yehova ntirwodukundira kumutera ibitugu no kwitandukanya n’abasavyi biwe!Soma Zaburi 119:165.

18. (a) Twokora iki kugira turemeshe amahoro mw’ishengero? (b) Ni ivyiza ibihe twironkera igihe tubabariye abandi?

18 Urukundo dukunda abo dusangiye ukwemera ruratuma turemesha amahoro mw’ishengero. Yehova ntiyitega ko abo akunda baba abatunganye, kandi na twebwe ntidukwiye kuvyitega. Urukundo ruradufasha kwirengagiza udukosa tw’abandi no kwibuka ko twese tudatunganye be n’uko dukora amakosa. (Imigani 17:9; 1 Petero 4:8) Urukundo ruratuma tubandanya “kubabarirana ata gahigihigi.” (Abakolosayi 3:13) Gukurikiza iyo mpanuro ntivyama vyoroshe. Hamwe tutotsinda ishavu, twoshobora gusanga twabaye abanyenzigo, kumbure tukibwira ko ishavu dufise hari ukuntu rihana uwatubabaje. Ariko mu vy’ukuri, ni twebwe bigirira nabi. Kubabarira abandi biratuzanira ivyiza vyinshi. (Luka 17:3, 4) Biratuma tugira amahoro mu mutima, bikazigama amahoro mw’ishengero kandi n’ikiruta vyose bikazigama ubucuti dufitaniye na Yehova.—Matayo 6:14, 15; Abaroma 14:19.

NI RYARI TWOHAGARIKA UBUGENZI?

19. Ni ibiki vyoshobora gutuma duhagarika ubugenzi twari dufitaniye n’umuntu?

19 Hari igihe biba ngombwa ko duhagarika ubugenzi twari dufitaniye n’uwahora ari mw’ishengero. Ivyo bishika igihe umuntu aciwe mw’ishengero kubera yarenze kw’itegeko ry’Imana ntiyigaye, canke igihe yihakanye ukwizera mu kwigisha inyigisho z’ikinyoma canke mu kwiyonjorora mw’ishengero. Ijambo ry’Imana ritubwira ridakikiriza yuko ‘tureka kwivanga’ na mwene abo bantu. * (Soma 1 Abakorinto 5:11-13; 2 Yohani 9-11) Vyoshobora kutugora cane kwirinda umuntu kumbure yahora ari umugenzi canke akaba ari incuti. Twoba tuzoguma dushikamye, tukerekana ko kudahemukira Yehova no kwubaha amategeko yiwe agororotse ari vyo dushira imbere? Uribuka ko Yehova aha agaciro kanini ukudahemuka n’ukugamburuka kwacu.

20, 21. (a) Kubera iki guca mw’ishengero umucumuzi ari icerekana ko tumukunda? (b) Kubera iki bihambaye ko duhitamwo neza abagenzi bacu?

20 Mu vy’ukuri, guca mw’ishengero umucumuzi atigaya ni indinganizo Yehova yashizeho kubera adukunda. Uti gute? Birerekana ko dukunda izina ryeranda rya Yehova, amategeko yiwe na Yehova ubwiwe. (1 Petero 1:15, 16) Birakingira ishengero. Abagize ishengero b’abizigirwa barakingirwa utwosho tubi tw’abacumura n’ibigirankana, kandi bakabandanya gusenga Imana bazi ko ishengero ari ahantu hatekanye hatagira akosho k’ino si mbi. (1 Abakorinto 5:7; Abaheburayo 12:15, 16) Ukwo gukosorwa gukomeye ni uburyo bwo kwereka uwo mucumuzi yuko tumukunda. Hari aho koba ari ko gakoni yari akeneye kugira yikubite agashi maze agaruke kuri Yehova.—Abaheburayo 12:11.

21 Wa wundi ati: “Ubana na Suneba ugasuneba nka we.” Birahambaye rero ko duhitamwo neza abagenzi bacu. Nitwaronderera abagenzi mu bagenzi ba Yehova, tugakunda abo Imana ikunda, tuzosanga dukikujwe n’abagenzi beza kuruta abandi bose. Ibintu vyiza tuzobigirako bizodufasha gushitsa ico twiyemeje, na co kikaba ari uguhimbara Yehova.

^ ing. 2 Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo ‘kugirana imigenderanire’ rihindurwa kandi ngo “kwifatanya” canke “kugiranira ubugenzi.”—Abacamanza 14:20; Imigani 22:24.

^ ing. 4 Mu gusaba ico kintu Aburahamu, Yehova yari aduciriye agace ku bijanye n’incungu ubwiwe yotanze biciye ku Mwana wiwe w’ikinege. (Yohani 3:16) Yehova yaciye ahaseruka maze amuronsa impfizi y’intama ngo abe ari yo atanga mu kibanza ca Izahaki.—Itanguriro 22:1, 2, 9-13.

^ ing. 9 Igihe Dawidi yagarika Goliyati yari “agahungu gusa,” ni ukuvuga ko yari akiri muto kandi yari afise nk’imyaka 30 igihe Yonatani yapfa. (1 Samweli 17:33; 31:2; 2 Samweli 5:4) Yonatani yapfuye afise nk’imyaka 60, bikaba biboneka ko yasumvya Dawidi hafi imyaka 30.

^ ing. 10 Muri 1 Samweli 23:17 herekana ko Yonatani yavuze ibintu bitanu kugira aremeshe Dawidi: (1) Yarahumurije Dawidi ngo ntagire ubwoba. (2) Yaramukuye amazinda yuko utwigoro twa Sauli ata co twoshitseko. (3) Yaribukije Dawidi ko yohawe ubwami nk’uko Imana yari yarabisezeranye. (4) Yarasezeraniye Dawidi ko atomuhemukiye. (5) Yarabwiye Dawidi ko na Sauli yari azi neza yuko Yonatani yari intahemuka kuri Dawidi.

^ ing. 19 Niba wipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye ukuntu wofata abaciwe canke abiyonjoroye, raba amakuru y’inyongera “Ingene twofata uwaciwe mw’ishengero”.