Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 6

Ingene wohitamwo uburyo bwiza bwo kwinezereza

Ingene wohitamwo uburyo bwiza bwo kwinezereza

“Mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.”—1 ABAKORINTO 10:31.

1, 2. Ni ihitamwo irihe dukeneye kugira mu bijanye n’ukwinezereza?

DUFATE ko ugira urye icamwa kiryoshe cane ariko ugasanga hariho agace kaboze. Mbega wokora iki? Woshobora guhitamwo kurya ico camwa cose harimwo n’aho haboze, canke ukagita cose, canke na ho ukabozora ako gace kaboze maze ukarya igice kimeze neza. Wewe wohitamwo iki?

2 Ukwinezereza hari ukuntu kumeze nk’ico camwa. Vyoshika ukipfuza kwisamaza, mugabo ugasanga bwinshi mu buryo bwo kwinezereza buriho muri iki gihe burononekaye nka kurya kw’icamwa kiboze. None woca ukora iki? Hari abirengagiza ivyo bintu bibi maze bakemera uburyo bwose bwo kwinezereza dusanga muri iyi si. Abandi na bo baraheba uburyo bwose bwo kwinezereza kugira birinde ingorane. Hari n’abandi birinda uburyo bwo kwinezereza bwonona, ariko bakaza baracishamwo bakinezereza mu buryo butari bubi. Ni igiki wohitamwo muri ivyo kugira wigumize mu rukundo rw’Imana?

3. Ni igiki tugira twihweze?

3 Benshi muri twebwe bohitamwo ubwo buryo bwa gatatu. Turazi ko kwinezereza bikenewe, ariko kandi dushaka kwinezereza gusa mu buryo budahumanye. Ku bw’ivyo, turakeneye kurimbura ukuntu twomenya uburyo bubereye n’ubutabereye ubwo ari bwo. Ariko imbere y’aho, reka tubanze twihweze ukuntu ihitamwo tugira mu vyo kwinezereza rishobora kugira ico rikoze ku gusenga kwacu.

“MUKORE VYOSE KU BW’UBUNINAHAZWA BW’IMANA”

4. Ukwiyegura kwacu gukwiye kugira ico gukoze gute ku kuntu duhitamwo uburyo bwo kwinezereza?

4 Haraciye igihe Icabona ageze mu zabukuru yabatijwe mu 1946 avuze ati: “Nariyemeje kuba ari ho ndi igihe cose hashikirizwa insiguro y’ibatisimu maze nkumviriza nitonze nk’aho ari jewe ngira mbatizwe.” Uti kubera iki? Yasiguye ati: “Kwama nibuka ko niyeguriye Imana vyaramfashije kuguma ndi umwizigirwa.” Nta gukeka ko na wewe ari ko ubibona. Kwibuka ko wasezeraniye Yehova yuko uzomukorera ubuzima bwawe bwose, biratuma ubandanya kwihangana. (Soma Umusiguzi 5:4.) Nkako, kuguma uzirikana ku kwiyegura kwawe ntibigira ico bikoze gusa ku kuntu ubona umurimo wa gikirisu, biragira ico bikoze no ku yindi mice yose y’ubuzima bwawe, ushizemwo n’ukwinezereza. Intumwa Paulo yarashimitse kuri ukwo kuri igihe yandikira abakirisu bo mu gihe ciwe ati: “Mwaba murya canke munywa canke mukora ikindi kintu cose, mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.”—1 Abakorinto 10:31.

5. Amajambo dusanga mu Balewi 22:18-20 adufasha gute kubona ingabisho yihishije mu Baroma 12:1?

5 Ikintu cose ukora mu buzima kirafitaniye isano n’ugusenga kwawe. Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, yarakoresheje amajambo afise insobanuro ikomeye kugira afashe abo basangiye ukwizera gutahura ico kintu. Yabahimirije ati: “Mushikirize imibiri yanyu nk’ikimazi kizima, ceranda, cemerwa ku Mana, igikorwa ceranda kijana n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.” (Abaroma 12:1) Tuvuze umubiri wawe haba harimwo umuzirikanyi wawe, umutima wawe n’inkomezi zawe. Ivyo vyose ni vyo ukoresha mu gusukurira Imana. (Mariko 12:30) Paulo avuga ko umurimo mwene uwo ukorana umutima wawe wose ari “ikimazi.” Iyo mvugo irimwo ingabisho yihishije. Igihe Abisirayeli bagengwa n’amategeko Imana yahaye Musa, Imana ntiyakira ikimazi gihumanye. (Abalewi 22:18-20) Muri ubwo buryo nyene, niba ikimazi cacu co mu buryo bw’impwemu hari ukuntu gihumanye, Imana ntishobora kucakira. Uti none ivyo bishoboka gute?

6, 7. Umukirisu yoshobora gute guhumanya umubiri wiwe, kandi vyogira ingaruka izihe?

6 Paulo yahimirije abakirisu b’i Roma ati: “[Ntimubandanye] gushikiriza ibihimba vyanyu igicumuro.” Paulo yababwiye kandi ‘kwica ingeso z’umubiri.’ (Abaroma 6:12-14; 8:13) Mu ntango y’iryo kete, yari yatanze uburorero bumwebumwe bwa mwene izo “ngeso z’umubiri.” Ku bijanye n’abacumuzi, dusoma duti: “Akanwa kabo kuzuye ukuvumana.” “Ibirenge vyabo vyihutira gusesa amaraso.” “Nta gutinya Imana kuri imbere y’amaso yabo.” (Abaroma 3:13-18) Umukirisu yobaye ahumanije umubiri wiwe igihe akoresheje “ibihimba” vyawo mu gukora ibintu mwene ivyo biranga igicumuro. Nk’akarorero, niba muri iki gihe umukirisu araba n’ibigirankana mwene ya masanamu y’ibiterasoni canke akarorera amasenema y’ubukozi bw’ikibi, yoba ariko ‘arashikiriza amaso yiwe igicumuro,’ gutyo akaba yanduje umubiri wiwe wose. Ugusenga kwiwe kwose kwoca gucika ikimazi gihumanye kitemerwa n’Imana. (Gusubira mu vyagezwe 15:21; 1 Petero 1:14-16; 2 Petero 3:11) Ese ingene yoba yikwegeye akarambaraye kubera yahisemwo ukwinezereza kutabereye!

7 Biratomoye rero ko ihitamwo umukirisu agira mu vy’ukwinezereza rifise ingaruka zikomeye cane. Nta gukeka ko twipfuza kwinezereza mu buryo butuma ikimazi duha Imana kirushiriza kugira agaciro, aho kugihumanya. Reka turabe ingene twomenya uburyo bwo kwisamaza bubereye n’ubutabereye.

“MUZINUKWE IKIBI”

8, 9. (a) Muri rusangi, ukwinezereza kwogaburwa mu mice ibiri iyihe? (b) Ni ukwinezereza ukuhe twamirira kure, kandi kubera iki?

8 Muri rusangi, ukwinezereza gushobora kugaburwa mu mice ibiri. Umuce umwe ugizwe n’ukwinezereza abakirisu bategerezwa kwirinda; uwundi na wo ugizwe n’ukwinezereza abakirisu bamwe boshobora kubona ko kubereye, abandi na bo bakabona ko kutabereye. Reka tubanze turimbure uwo muce wa mbere ujanye n’ukwinezereza abakirisu bategerezwa kwirinda.

9 Nk’uko twamaze kubibona mu kigabane ca 1, uburyo bumwebumwe bwo kwinezereza usanga bushingiye ku bintu Bibiliya yiyamiriza idakikiriza. Aho twovuga nk’imihora ya internet, amasenema, imiziki n’ibiganiro vyo kuri televiziyo biremesha ubukozi bw’ikibi canke ibintu bifitaniye isano n’amashetani, amasanamu y’ibiterasoni kibure izindi ngeso zisesemye. Kubera ko ubwo buryo bwo kwinezereza usanga buhayagiza ibintu biteye kubiri n’ingingo ngenderwako n’amategeko yo muri Bibiliya, abakirisu b’ukuri barakwiye kubwirinda. (Ivyakozwe 15:28, 29; 1 Abakorinto 6:9, 10; Ivyahishuwe 21:8) Iyo wamiriye kure ukwo kwinezereza kutabereye, uba weretse Yehova ko ‘uzinukwa ikibi’ be n’uko uguma witandukanya n’ibibi. Ivyo bituma ugira “ukwizera kutagira ubwiyorobetsi.”—Abaroma 12:9; Zaburi 34:14; 1 Timoteyo 1:5.

10. Ni ivyiyumviro ibihe bijanye no kwinezereza birimwo akaga, kandi kubera iki?

10 Ariko rero, hari abovuga yuko ata kibi kiri mu kwinezereza mu kuraba ibintu vyerekana ubuhumbu mu buryo bweruye. Bashobora kwibwira bati: ‘Ibintu mwene ivyo noshobora kubiraba mu masenema canke kuri televiziyo, yamara sinokwigera ndabikora.’ Kwiyumvira gutyo ni ukwihenda kandi birimwo akaga. (Soma Yeremiya 17:9.) Umuntu aryoherwa no kuraba ibintu Yehova yiyamiriza, mbega yovuga vy’ukuri ko ‘azinukwa ikibi’? Kwama tugaburira umuzirikanyi wacu ibintu bibi birashobora kutuyovya ubwenge. (Zaburi 119:70; 1 Timoteyo 4:1, 2) Akamenyero mwene ako koshobora kugira ingaruka ku vyo dukora canke ku kuntu tubona ibibi abandi bakora.

11. Ibivugwa mu Bagalatiya 6:7 bijanye gute no kwinezereza?

11 Ivyo turabibona muri iki gihe cacu. Hari abakirisu bisutse mu buhumbu bitumwe n’ivyo bari bamenyereye kuraba mu kwinezereza. Baratahuye ko “ico umuntu abiba cose ari co nyene [y]imbura,” mugabo babitahura babanje kwibonerako. (Abagalatiya 6:7) Ariko rero, izo ngaruka zibabaje urashobora kuzirinda. Niwabiba mu muzirikanyi wawe ibintu vyiza, uzokwironkera imihezagiro myinshi mu buzima.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Nohitamwo gute uburyo bwo kwinezereza?”.

NUHITEMWO WISUNZE INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA

12. Mu Bagalatiya 6:5 hajanye gute no kwinezereza, kandi ni ubuyobozi ubuhe budufasha kwifatira ingingo muri ivyo?

12 Reka ubu na ho twihweze umuce ugira kabiri, na wo ukaba ugizwe n’ukwinezereza kurimwo ibintu Ijambo ry’Imana ritiyamiriza bimwe bitomoye ariko kandi rikaba ritabishigikira mu buryo budomako. Igihe umukirisu ahisemwo kwinezereza muri ubwo buryo, arakwiye kwifatira ingingo ku vyo we abona ko bibereye. (Soma Abagalatiya 6:5.) Ariko rero, hariho ubuyobozi bwodufasha guhitamwo neza no muri uwo muce. Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako, ni ukuvuga ukuri kw’ishimikiro kudufasha gutegera ukuntu Yehova abona ibintu. Nitwisunga neza izo ngingo ngenderwako, tuzoshobora gutahura “ukugomba kwa Yehova ukwo ari kwo” mu mice yose, harimwo n’amahitamwo tugira mu vyo kwinezereza.—Abanyefeso 5:17.

13. Ni igiki kizotuvyurira umutima wo kwirinda uburyo bwo kwinezereza bushobora kuba budahimbara Yehova?

13 Birumvikana ko abakirisu bose batabona kumwe ikibereye n’ikitabereye. (Abafilipi 1:9) Vyongeye, abakirisu baratahura yuko mu bijanye n’ukwinezereza, usanga umwe wese akunda ibitandukanye n’ivy’uwundi. Ku bw’ivyo, ntidukwiye kwitega ko abakirisu bose bafata ingingo imwe ku kintu kinaka. Naho biri ukwo, uko tureka ingingo ngenderwako z’Imana zikosha umuzirikanyi wacu n’umutima wacu, ni ko tuzoba abashashaye kwirinda uburyo bwose bwo kwinezereza bushobora kuba budahimbara Yehova.—Zaburi 119:11, 129; 1 Petero 2:16.

14. (a) Ni igiki dukwiye kurimbura igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza? (b) Dushobora gute kugumiza ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima?

14 Igihe uhitamwo uburyo bwo kwinezereza, hari ikindi kintu gihambaye ukwiye kurimbura, na co kikaba ari umwanya bigutwara. Ukwinezereza uhitamwo kurahishura ivyo ubona ko bibereye, umwanya ukoresha na wo ugahishura ivyo ubona ko bihambaye. Ata gukeka, ibijanye n’ugusenga ni vyo abakirisu babona ko bihambaye kuruta ibindi vyose. (Soma Matayo 6:33.) Ariko none ni igiki ushobora gukora kugira ngo urabe neza ko ivy’Ubwami biguma biri mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe? Intumwa Paulo yavuze ati: “Mugume muraba neza ukuntu mugenda, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi, mwicungurira umwanya ubereye.” (Abanyefeso 5:15, 16) Nkako, kwishingira neza umwanya udakwiye kurenza uriko urinezereza bizogufasha kuronka umwanya ukenewe wo kwitwararika “ibihambaye kuruta ibindi,” ni ukuvuga ibikorwa bituma ukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova.—Abafilipi 1:10.

15. Ni kubera iki biranga ubukerebutsi kwiyubara cane igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza?

15 Biraranga ubukerebutsi kwiyubara cane igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza. Ivyo none bishaka kuvuga iki? Subira urimbure ka karorero k’icamwa. Kugira wirinde guhava usanga wariye kuri ka gace kaboze utanabizi, ntukibozorera neza na neza harya haboze, ariko ukibozorera hirya gato y’aho kiboze. Muri ubwo buryo nyene, ni vyiza kwiyubara cane igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezerereza. Umukirisu w’inkerebutsi ntiyirinda gusa uburyo bwo kwinezereza buhonyanga imbonankubone ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ariko kandi aririnda n’uburyo buteye amakenga canke busa n’uburimwo ibintu vyonona ubucuti afitaniye na Yehova. (Imigani 4:25-27) Kuguma wumiye kw’Ijambo ry’Imana bizogufasha kubigenza gutyo.

“IBITANDUYE VYOSE”

Gukurikiza ingingo ngenderwako z’Imana igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza birakingira ubucuti dufitaniye na Yehova

16. (a) Twokwerekana gute ko tubona ibijanye n’inyifato runtu nk’uko Yehova abibona? (b) Gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bishobora gute kuba akamenyero mu buzima bwawe?

16 Igihe abakirisu b’ukuri bahitamwo uburyo bwo kwinezereza, babanza kurimbura bitonze ukuntu Yehova abona ibintu. Bibiliya irahishura ukuntu Yehova yiyumva be n’ingingo ngenderwako ziwe. Nk’akarorero, Umwami Salomo aradondagura ibintu Yehova yanka, nk’“ururimi rw’ikinyoma n’amaboko asesa amaraso y’intungane, umutima urementanya imigambi mibi, ibirenge vyihutira kwirukira ikibi.” (Imigani 6:16-19) None ukuntu Yehova abona ibintu gukwiye kugira ico gukoze gute ku kuntu ubibona? Umwanditsi wa Zaburi ahanura ati: “Yemwe abakunda Yehova, nimwanke ikibi.” (Zaburi 97:10) Amahitamwo ugira mu vyo kwinezereza arakwiye kwerekana ko mu vy’ukuri wanka ivyo Yehova yanka. (Abagalatiya 5:19-21) Urama wibuka kandi ko ivyo ukora uri wenyene ari vyo bihishura ico uri koko kuruta birya ukorera ku mugaragaro. (Zaburi 11:4; 16:8) Ku bw’ivyo, niba wipfuza vy’ukuri kwisunga ivyiyumviro vya Yehova mu mice yose y’ubuzima bwawe mu bijanye n’inyifato runtu, uzokwama ugira amahitamwo ahuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Bizoheza bibe akamenyero mu buzima bwawe.—2 Abakorinto 3:18.

17. Imbere y’uguhitamwo uburyo bwo kwinezereza, ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

17 Ni igiki kandi wokora kugira urabe neza ko uhuza n’ukuntu Yehova abona ibintu igihe uhitamwo uburyo bwo kwinezereza? Niwibaze uti: ‘Ivyo bizogira ico bikoze gute kuri jewe no ku bucuti mfitaniye n’Imana?’ Nk’akarorero, imbere y’ugufata ingingo niba wororera isenema yinaka, niwibaze uti: ‘Mbega iyo senema izogira ingaruka iyihe kw’ijwi ryanje ryo mu mutima?’ Reka turimbure ingingo ngenderwako twoshobora kwisunga ku bijanye n’ico kibazo.

18, 19. (a) Ingingo ngenderwako iri mu Bafilipi 4:8 idufasha gute kumenya niba twinezereje mu buryo bubereye canke butabereye? (b) Ni izindi ngingo ngenderwako izihe zogufasha gucagura uburyo bwiza bwo kwinezereza? (Raba akajambo k’epfo.)

18 Ingingo ngenderwako nyamukuru tuyisanga mu Bafilipi 4:8, na yo ikaba igira iti: “Ivy’ukuri vyose, ibihambaye vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivyo gukundwa vyose, ibivugwa neza vyose, nimba hari ingeso nziza zose be n’ikibereye gushimagizwa cose, bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira.” Paulo ntiyariko avuga ivy’ukwinezereza, ahubwo yariko avuga ivyo umutima uzirikanako, bino bikaba bikwiye kuba bishingiye ku bintu bihimbara Imana. (Zaburi 19:14) Ariko rero, ayo majambo Paulo yavuze arashobora gukora no mu bijanye n’ukwinezereza. Uti gute?

19 Niwibaze uti: ‘Mbega amasenema, udukino two kuri videwo, imiziki canke ubundi bwoko bw’ukwinezereza mpitamwo, vyoba vyuzuza mu muzirikanyi wanje “ibitanduye vyose”?’ Nk’akarorero, umaze kurorera iyo senema, ni amashusho ayahe aca aguma agaruka mu muzirikanyi wawe? Niba ari ayahimbaye, ayatanduye be n’ayaruhura, ico gihe uzoca umenya ko winezereje mu buryo bwiza. Ariko rero, niba isenema waravye itumye wiyumvira ibintu bibi, ico gihe uzoba winezereje mu buryo butabereye, mbere bwonona. (Matayo 12:33; Mariko 7:20-23) Uti kubera iki? Kwiyumvira ibintu vyanduye birahungabanya amahoro yawe yo mu mutima, bigatuma ijwi ryawe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ritimba kandi bigashobora kwonona ubucuti ufitaniye n’Imana. (Abanyefeso 5:5; 1 Timoteyo 1:5, 19) Kubera yuko mwene ubwo buryo bwo kwinezereza bukugirako ingaruka mbi, niwiyemeze kubwirinda. * (Abaroma 12:2) Numere nk’Umwanditsi wa Zaburi yasenze Yehova amusaba ati: “Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro.”—Zaburi 119:37.

NURONDERE AKARUSHO K’ABANDI

20, 21. Amajambo yo mu 1 Abakorinto 10:23, 24 afitaniye isano gute n’uguhitamwo uburyo bwiza bwo kwinezereza?

20 Paulo yaravuze ingingo ngenderwako nyamukuru yo muri Bibiliya dukwiye kurimbura witonze igihe dufata ingingo mu bintu vyega umuntu ku giti ciwe. Yavuze ati: “Vyose biremerwa, mugabo si vyose bifise akarusho. Vyose biremerwa, mugabo si vyose vyubaka. Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.” (1 Abakorinto 10:23, 24) None iyo ngingo ngenderwako ijanye gute n’uguhitamwo uburyo bwiza bw’ukwinezereza? Urakwiye kwibaza uti: ‘Ubu buryo bwo kwinezereza mpisemwo bushobora kugira ico bukoze gute ku bandi?’

21 Ijwi ryawe ryo mu mutima ryoshobora kukwemerera kwinezereza mu buryo bunaka ubona ko ‘bwemewe.’ Yamara rero, niba ubonye ko ubwo buryo bubabaza abandi musangiye ukwizera bafise ijwi ryo mu mutima ribabuza vyinshi kuruta, vyoba vyiza uburetse. Uti kubera iki? Kubera yuko udashaka ‘gucumura kuri bene wanyu,’ canke mbere ‘gucumura kuri Kristu’ nk’uko Paulo yabivuze, mu gutuma abo musangiye ukwizera bibagora kuguma ari abizigirwa ku Mana. Urakwiye gufata nkama iyi mpanuro igira iti: “Mwirinde kuba ibitsitaza.” (1 Abakorinto 8:12; 10:32) Abakirisu b’ukuri muri iki gihe barakurikiza impanuro ziranga ukwitwararika abandi kandi zitahurika Paulo yatanze, ivyo bakabigira mu kwirinda uburyo bwo kwinezereza bwoshobora kuba ‘bwemewe,’ yamara ‘butubaka.’—Abaroma 14:1; 15:1.

22. Ni kubera iki abakirisu batitega ko bose babona kumwe ibintu vyega umuntu ku giti ciwe?

22 Ariko hariho n’ubundi buryo bwo kurondera akarusho k’abandi. Umukirisu afise ijwi ryo mu mutima rimubuza vyinshi, arakwiye kudashimika ku vy’uko bose mw’ishengero bisunga ukuntu abona ukwinezereza kubereye ukwo ari kwo. Hamwe yobigenza gutyo, yoba abaye nk’umushoferi yitega ko abandi bashoferi bose bagendera ku muvuduko wiwe. Ivyo ntivyoba vyumvikana. Bivuye ku rukundo rwa gikirisu, umuntu afise ijwi ryo mu mutima rimubuza vyinshi arakwiye kwubahiriza abo basangiye ukwizera batabona nka we uburyo kanaka bw’ukwinezereza, yamara bukaba butarenga ku ngingo ngenderwako zigenga abakirisu. Gutyo rero, aba aretse ‘ukugira ibitegereka kwiwe kukamenyekana ku bantu bose.’—Abafilipi 4:5; Umusiguzi 7:16.

23. Ushobora gute kuraba neza ko uhitamwo uburyo bubereye bwo kwinezereza?

23 Muri make, none ushobora gute kuraba neza ko uhitamwo uburyo bwiza bw’ukwinezereza? Niwamirire kure uburyo bwose bwo kwinezereza bwerekana ibikorwa vyononekaye kandi vy’ubushegabo Ijambo ry’Imana ryiyamiriza ridakikiriza. Nukurikize ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gukora ku buryo butandukanye bwo kwinezereza Bibiliya itagira ico ibuvugako mu buryo budomako. Niwirinde uburyo bw’ukwinezereza bukomeretsa ijwi ryawe ryo mu mutima, kandi wemere guheba ubushobora kubabaza abandi, na canecane abo musangiye ukwizera. Ese umwiyemezo wawe wo kubigenza gutyo wotuma Imana ininahazwa kandi ugatuma mwe n’umuryango wawe muguma mu rukundo rwayo.

^ ing. 19 Izindi ngingo ngenderwako zikora ku bijanye n’ukwinezereza tuzisanga mu Migani 3:31; 13:20; mu Banyefeso 5:3, 4 no mu Bakolosayi 3:5, 8, 20.