Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 8

Imana ikunda abantu badahumanye

Imana ikunda abantu badahumanye

“Ku wuguma adahumanye uzokwerekana ko udahumanye.”—ZABURI 18:26.

1-3. (a) Kubera iki inabibondo yitwararika kuraba ko agahungu kiwe kambaye neza kandi gasukuye? (b) Kubera iki Yehova ashaka ko abamusenga baba abadahumanye, kandi ni igiki kituremesha kuguma tudahumanye?

INABIBONDO ariko arategura agahungu kiwe kugira baje gutembera. Aritwararika kuraba yuko kiyoze be n’uko impuzu zako zimeze neza kandi zisukuye. Arazi ko isuku rihambaye cane ku magara yako. Arazi kandi ko ukuntu ako gahungu kaboneka bigira ico bikoze ku kuntu abavyeyi bako bavugwa.

2 Data wa twese wo mw’ijuru Yehova ashaka ko abasavyi biwe baba abadahumanye. Ijambo ryiwe rigira riti: “Ku wuguma adahumanye uzokwerekana ko udahumanye.” * (Zaburi 18:26) Yehova aradukunda; arazi ko isuku ridufitiye akamaro kanini. Yiteze kandi ko twebwe Ivyabona vyiwe dutuma avugwa neza. Nkako, isuku ryacu ryo ku mubiri hamwe n’inyifato yacu nziza biraninahaza Yehova n’izina ryiwe ryeranda, aho kumusiga iceyi.Ezekiyeli 36:22; soma 1 Petero 2:12.

3 Kumenya yuko Imana ikunda abantu badahumanye biraturemesha kuguma tudahumanye. Dushaka ko uburyo tubayeho butera iteka Yehova kuko tumukunda. Dushaka kandi kwigumiza mu rukundo rwiwe. Nimuze rero twihweze igituma dukwiye kuguma tudahumanye, ico kuba uwudahumanye bisobanura be n’ico twokora kugira tugume tudahumanye. Uwo mwihwezo urashobora kudufasha kubona aho twoba dukeneye kuryohora.

KUBERA IKI DUKWIYE KUGUMA TUDAHUMANYE?

4, 5. (a) Ni imvo nyamukuru iyihe ituma tuguma tudahumanye? (b) Ukudahumana kwa Yehova kugaragarira gute mu biremwa vyiwe biboneka?

4 Uburyo bumwe Yehova akoresha mu kutuyobora ni akarorero aduha. Ni co gituma Ijambo ryiwe riduhimiriza riti: “Nimwigane Imana.” (Abanyefeso 5:1) Ehe raba imvo nyamukuru ituma tuguma tudahumanye: Yehova Imana dusenga ntahumanye, aratyoroye kandi ni mweranda mu mice yose.—Soma Abalewi 11:44, 45.

5 Ukudahumana kwa Yehova, cokimwe n’izindi kamere ziwe nyinshi be n’ibikorwa vyiwe, biragaragarira mu biremwa vyiwe biboneka. (Abaroma 1:20) Isi yagenewe kuba ahantu hadahumanye abantu baba. Yehova yarashize mu bidukikije ibintu biza birasukura ikirere cacu be n’amazi. Imikorobe imwimwe usanga ihingura imyanda igahinduka ibintu ata co vyonona. Abahinga barakoresheje tumwe muri utwo tunyabuzima dutoduto turya ico tubonye cose kugira basukure ahasesetse ibitoro be n’ibindi bintu bitosekaza ibidukikije, bitewe n’ubwikunzi bw’abantu n’umwina wabo. Si agaseseshwarumuri, ukudahumana ni ikintu gihambaye kuri umwe ‘yahingura isi.’ (Yeremiya 10:12) Na twebwe ni ko dukwiye kubibona.

6, 7. Amategeko Imana yahaye Abisirayeli yerekanye neza gute ko ukudahumana cari igisabwa ku basenga Yehova?

6 Iyindi mvo yotuma tuguma tudahumanye ni uko Yehova, Umutegetsi Segaba wacu, asaba ko abamusenga baba abadahumanye. Mu gihe ca ya mategeko Yehova yaha Abisirayeli, ukudahumana n’ugusenga vyari ibintu bitigera bivana. Ayo mategeko yaratomora neza ko ku Musi w’impongano umuherezi mukuru atiyuhagira rimwe gusa, ahubwo ko yabwirizwa kwiyuhagira kabiri. (Abalewi 16:4, 23, 24) Abaherezi bariko bararangura ibanga ryabo basabwa gukaraba no kwiyoga ku birenge imbere yo gushikanira ibimazi Yehova. (Kuvayo 30:17-21; 2 Ngoma 4:6) Ayo mategeko yarerekana ibintu bishika 70 vyatuma umuntu aba uwuhumanye ku mubiri, bigatuma atemererwa kugira uruhara mu birori kanaka. Mu gihe Umwisirayeli yaba ahumanye ntiyashobora kugira uruhara mu bijanye n’ugusenga. Mu bihe bimwebimwe hoho no kwicwa yarashobora kwicwa aramutse abirenzeko. (Abalewi 15:31) Umuntu wese yanka gukurikiza uburyo bwo kwihumanura bwashinzwe, harimwo kwiyuhagira no kumesura impuzu ziwe, yategerezwa ‘kurandurwa mw’ishengero.’—Guharūra 19:17-20.

7 Naho tutagengwa na ya mategeko y’Abisirayeli, aradufasha gutahura ingene Imana ibona ibintu. Mu vy’ukuri, ayo mategeko yarerekana neza ko ukudahumana cari igisabwa ku basenga Imana. Yehova ntiyahindutse. (Malaki 3:6) Yehova yemera ugusenga kwacu igihe gusa ‘gutyoroye kandi kudahumanye.’ (Yakobo 1:27) Ni co gituma dukeneye kumenya ivyo atwitezeko muri uwo muce.

ICO KUBA UWUDAHUMANYE MU NYONGA Z’IMANA BISOBANURA

8. Yehova yiteze ko tuguma tudahumanye mu mice iyihe?

8 Muri Bibiliya, ijambo ‘ukudahumana’ ntiryerekeza gusa kw’isuku ryo ku mubiri. Kuba uwudahumanye mu nyonga z’Imana vyerekeye imice yose y’ubuzima bwacu. Yehova yiteze ko tuguma tudahumanye mu mice nyamukuru ine, ni ukuvuga mu bijanye n’ugusenga, mu nyifato runtu, mu bwenge no ku mubiri. Reka turimbure ico umwe wose muri iyo mice usobanura.

9, 10. Kudahumana mu bijanye n’ugusenga bisobanura iki, kandi ni ibiki abakirisu b’ukuri birinda?

9 Ukudahumana mu bijanye n’ugusenga. Muri make, kuguma tudahumanye mu bijanye n’ugusenga bisobanura kudasukiranya ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma. Igihe Abisirayeli bava i Babiloni bagarutse i Yeruzalemu, babwirizwa kwumvira iyi mpanuro yahumetswe igira iti: “Veyo, ntimukore ku gihumanye na kimwe . . . mugume mudahumanye.” (Yesaya 52:11) Ahanini Abisirayeli bari bagarutse kugira basubire gusenga Yehova. Bategerezwa kumusenga mu buryo budahumanye, ni ukuvuga butandujwe n’inyigisho be n’imigenzo yose vy’idini ry’Abanyababiloni vyatukisha Imana.

10 Muri iki gihe, abakirisu b’ukuri bategerezwa kwiyubara ngo ntibanduzwe n’ugusenga kw’ikinyoma. (Soma 1 Abakorinto 10:21.) Birahambaye cane ko twiyubara muri uwo muce, kuko akosho k’idini ry’ikinyoma gakwiye hose. Imigenzo, ibikorwa be n’ibirori bitandukanye bigirwa mu bihugu vyinshi usanga bifitaniye isano n’inyigisho z’idini ry’ikinyoma, nka ya nyigisho ivuga ngo iyo umuntu apfuye hapfa ikibiribiri gusa. (Umusiguzi 9:5, 6, 10) Abakirisu b’ukuri baririnda imigenzo ishingiye ku nyigisho z’ikinyoma. * Ntidukwiye kudohoka ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zerekeye ugusenga kudahumanye kubera abandi baturemereye.—Ivyakozwe 5:29.

11. Kudahumana mu nyifato runtu bisobanura iki, kandi ni kubera iki bihambaye cane ko tuguma tudahumanye muri uwo muce?

11 Ukudahumana mu nyifato runtu. Kuguma tudahumanye mu nyifato runtu birimwo kwirinda ubwoko bwose bw’ubuhumbu. (Soma Abanyefeso 5:5.) Birahambaye cane ko tuguma tudahumanye mu nyifato runtu. Nk’uko tuza kubibona mu kigabane gikurikira, kugira ngo twigumize mu rukundo rw’Imana dutegerezwa ‘guhunga ubusambanyi.’ Abasambanyi batigaya “[nti]bazotorana ubwami bw’Imana.” (1 Abakorinto 6:9, 10, 18) Mu nyonga z’Imana, abasambanyi bari mu bantu “basesemye bagendera mu mucafu wabo.” Batikubise agashi, “umugabane wabo uzoba . . . urupfu rwa kabiri.”—Ivyahishuwe 21:8.

12, 13. Ni isano irihe riri hagati y’ivyiyumviro n’ibikorwa, kandi dushobora gute kuguma tudahumanye mu bwenge?

12 Ukudahumana mu bwenge. Ivyo dukora tuba twabanje kuvyiyumvira. Hamwe tworeka ivyiyumviro bibi bikaka indaro mu muzirikanyi wacu, bitebe bitebuke bizodushikana ku gakora ibintu bihumanye. (Matayo 5:28; 15:18-20) Ariko nitwuzuza umuzirikanyi wacu ivyiyumviro bityoroye, bizotuvyurira umutima wo kugumana inyifato idahumanye. (Soma Abafilipi 4:8.) None dushobora gute kuguma tudahumanye mu bwenge? Ubwa mbere hoho, turakeneye kwirinda uburyo bwose bwo kwinezereza bushobora kwonona ivyiyumviro vyacu. * Ikindi na co, turashobora kwuzuza umuzirikanyi wacu ivyiyumviro bidahumanye mu kwiga Ijambo ry’Imana tudahorereza.—Zaburi 19:8, 9.

13 Kugira twigumize mu rukundo rw’Imana, birahambaye cane ko tuguma tudahumanye mu bijanye n’ugusenga, mu nyifato runtu no mu bwenge. Iyo mice ijanye n’ukudahumana irarimburwa mu buryo bwuzuye mu bindi bigabane vy’iki gitabu. Reka ubu twihweze wa muce ugira kane, na wo ukaba ujanye n’isuku.

DUSHOBORA GUTE KUGUMA DUSUKUYE?

14. Kubera iki isuku atari ikibazo cega gusa umuntu ku giti ciwe?

14 Isuku ririmwo ukuguma dusukura umubiri wacu be n’ivyo dutunze. None isuku coba ari ikibazo cega umuntu ku giti ciwe ku buryo ata wundi coraza ishinga? Ukwo si ko biri na gatoyi ku basavyi ba Yehova. Nk’uko twamaze kubivuga, Yehova yipfuza ko tugira isuku atari gusa kubera yuko bitugirira akamaro, ariko kandi kubera yuko bituma avugwa neza. Zirikana kuri ka karorero twavuga mu ntango. Ubonye umwana yama asa nabi canke yambaye nabi, bituma wibaza ibibazo ku bijanye n’abavyeyi biwe, si ko none? Ntitwokwipfuza ko hagira ikintu na kimwe kijanye n’ukuntu tuboneka canke ukuntu tubayeho cosiga iceyi Data wa twese wo mw’ijuru canke ngo giteshe agaciro ubutumwa twamamaza. Ijambo ry’Imana rigira riti: “Ntidutanga mu buryo na bumwe igitsitaza na kimwe, kugira ngo ubusuku bwacu ntibutorwe amahinyu; ahubwo muri vyose turishimagiza nk’abasuku b’Imana.” (2 Abakorinto 6:3, 4) None dushobora gute kuguma turi abantu basukuye?

15, 16. Akamenyero ko kugira isuku kagizwe n’ibiki, kandi impuzu zacu zikwiye kuba zimeze gute?

15 Ukuntu twisukura be n’ukuntu tuboneka. Naho imico kama n’ubuzima usanga bitandukanye mu gihugu n’ikindi, muri rusangi turashobora kuronka agasabuni n’amazi kugira twame twiyuhagira no kugira ngo twe n’abana bacu tugume dusukuye. Mu bintu biranga akamenyero ko kugira isuku harimwo ugukaraba n’isabuni be n’amazi meza imbere yo gufungura canke gukora ku bifungurwa, igihe tuvuye kwa surwumwe, igihe duhejeje kwoza umwana canke kumuhindurira ivyahi. Gukaraba n’isabuni be n’amazi meza birashobora kuturinda indwara kandi birashobora no kurokora ubuzima. Birashobora gukinga ikwiragira ry’imigera, gutyo bigafasha abantu kwirinda indwara z’ugucibwamwo. Mu bihugu aho abantu baba mu mazu adafise ya miringoti itwara imyanda, barashobora kwimba imisarani.Gusubira mu vyagezwe 23:12, 13.

16 Impuzu zacu na zo nyene zirakeneye kwama zimesurwa kugira zibe izisukuye kandi ziboneke neza. Impuzu z’umukirisu si ngombwa ngo zibe izizimvye canke iziharawe, ariko zikwiye kuba ari izibereye, zisukuye kandi ziranga urupfasoni. (Soma 1 Timoteyo 2:9, 10.) Aho turi hose, twipfuza ko ukuntu tuboneka gushariza “inyigisho y’Umukiza wacu, Imana.”—Tito 2:10.

17. Kubera iki inzu yacu n’ivyo dutunze bikwiye kwama bisukuye kandi biboneka neza?

17 Inzu tubamwo be n’ivyo dutunze. Inzu tubamwo si ngombwa ngo ibe iyihanitse canke iyigizwe n’ibihinda; ariko rero, ikwiye kuba isukuye kandi iboneka neza bivanye n’uburyo dufise. Niba na ho dutunze icuma dukoresha mu kwiyunguruza tugiye ku makoraniro canke mu ndimiro, turashobora gukora uko dushoboye kugira kigume gisukuye imbere n’inyuma. Ntidukwiye kwibagira yuko igihe inzu be n’ivyo dutunze bisukuye, ubwavyo bishinga intahe. Nakare tugenda turigisha abantu yuko Yehova ari Imana idahumanye, yuko “[azo]honya abahonya isi,” be n’uko Ubwami bwiwe bugiye guhindura iyi si tubako ikaba Iparadizo. (Ivyahishuwe 11:18; Luka 23:43) Nta gukeka rero ko twipfuza yuko inzu yacu n’ivyo dutunze vyerekana ko tumaze gutangura gutsimbataza akamenyero k’isuku kazoba gakenewe cane mw’isi nshasha igiye kuza.

Isuku ririmwo ukuguma dusukura umubiri wacu n’ivyo dutunze

18. Twokwerekana gute ko twubaha Ingoro y’Ubwami yacu?

18 Aho dusengera. Urukundo dukunda Yehova ruratuma twubaha Ingoro y’Ubwami yacu, ino ikaba ari ikibanza dusengeramwo Imana. Igihe abashasha baje ku Ngoro y’Ubwami, dushaka ko basigarana mu bwenge ishusho ibereye ku bijanye n’aho dusengera. Ingoro y’Ubwami irakeneye kwama isukurwa kandi igasanurwa kugira igume iteye igomwe kandi ibereye ijisho. Twerekana ko twubaha Ingoro y’Ubwami yacu mu gukora ivyo dushoboye vyose kugira igume imeze neza. Ni agateka gutanga umwanya wacu kugira dufashe gusukura aho dusengera, mu ‘kuhasanura no mu kuhasanasana.’ (2 Ngoma 34:10) Izo ngingo ngenderwako nyene zirakora igihe tugirira amateraniro canke amahwaniro ku Ngoro y’amateraniro canke ku yindi nyubakwa.

TWIYUHAGIRE INGESO BE N’IBIKORWA BIHUMANYE

19. Ni ibiki dukeneye kwirinda kugira tugume tudahumanye, kandi Bibiliya idufasha gute?

19 Kugira tugume tudahumanye ku mubiri, turakeneye kwirinda ingeso n’ibikorwa bihumanye, nko kunywa itabi, ubugoro, inzoga zirenze be no gukoresha ibintu vyizizira umuntu canke biyovya ubwenge kiretse mu bijanye n’ubuvuzi. Bibiliya ntidondagura ingeso n’ibikorwa vyose bihumanye kandi bishisha vyeze muri iki gihe, ariko irimwo ingingo ngenderwako zidufasha gutahura ukuntu Yehova abona ivyo bintu. Kubera tuzi uko Yehova abona ivyo bintu, urukundo tumukunda ruratuvyurira umutima wo kubaho mu buryo ashima. Nimuze turimbure ingingo ngenderwako zitanu dusanga mu Vyanditswe.

20, 21. Yehova yipfuza ko tuvavanura n’ibikorwa ibihe, kandi ni imvo ihambaye iyihe yotuma tumugamburukira?

20 “Ko . . . dufise iyo mihango ga bakundwa, twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima, tunonosore ubweranda mu gutinya Imana.” (2 Abakorinto 7:1) Yehova ashaka ko tuvavanura n’ibikorwa vyonona umubiri wacu n’ivyiyumviro vyacu. Dutegerezwa rero kwirinda ibintu bitwizizira vyotugirira nabi ku mubiri no mu bwenge.

21 Bibiliya iraduha imvo ikomeye yotuma “twiyuhagir[a] ubuhumane bwose.” Urabona ko mu 2 Abakorinto 7:1 hatangura hagira hati: ‘Ko dufise iyo mihango.’ Ni imihango iyihe? Nk’uko bivugwa mu mirongo y’imbere, Yehova asezerana ati: “Nzobakira. Kandi nzobabera so.” (2 Abakorinto 6:17, 18) Iyumvire gatoyi: Yehova asezerana kugukingira no kugukunda nka kurya sebibondo akunda kandi agakingira umwana wiwe. Yamara rero, Yehova azoshitsa ivyo bintu ari uko gusa wirinze ubuhumane bw’“umubiri n’ubw’umutima.” Ese rero ukuntu vyoba biranga ubupfu uretse ingeso canke igikorwa ico ari co cose gishisha ngo bikubuze kugiranira na Yehova ubwo bucuti somambike bw’agaciro!

22-25. Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zodufasha kwirinda ingeso n’ibikorwa bihumanye?

22 “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.” (Matayo 22:37) Iryo ni ryo bwirizwa Yezu yavuze ko rihambaye kuruta ayandi. (Matayo 22:38) Yehova arabereye ko tumukunda muri ubwo buryo. Kugira tumukunde n’umutima wacu wose n’ubuzima bwacu bwose be n’umuzirikanyi wacu wose, dutegerezwa kwirinda ingeso zishobora gutuma urupfu rudukubiranya canke zikagabanya ubushobozi Imana yaduhaye bwo kwiyumvira.

23 “[Yehova ara]ha abantu bose ubuzima n’impemu n’ibintu vyose.” (Ivyakozwe 17:24, 25) Ubuzima ni ingabirano iva ku Mana. Turakunda iyo Mana, ari co gituma dushaka kwerekana ko duha agaciro iyo ngabirano. Turirinda ingeso canke ibikorwa vyose bibangamira amagara yacu, kubera tuzi yuko ibintu mwene ivyo vyerekana ko tudaha agaciro ingabirano twahawe y’ubuzima.—Zaburi 36:9.

24 “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Matayo 22:39) Ingeso n’ibikorwa bihumanye akenshi usanga bitagira ingaruka ku wubikora gusa, birazigira no ku bamukikije. Nk’akarorero, umwotsi w’itabi uragira ingaruka mbi ku batarinywa bawuhumetse. Umuntu agirira nabi abantu bari iruhande yiwe aba ariko arahonyanga itegeko ry’Imana ridusaba gukunda mugenzi wacu. Vyongeye, aba yerekanye ko akunda Imana ku karimi gusa.—1 Yohani 4:20, 21.

25 “Ubandanye kubibutsa kuyobokera no kugamburukira intwaro n’abakuru.” (Tito 3:1) Mu bihugu vyinshi, gutunga ibiyayuramutwe canke kubikoresha ni ukurenga amategeko. Abakirisu b’ukuri rero ntibabitunga canke ngo babikoreshe.—Abaroma 13:1.

26. (a) Ni ibiki dukwiye gukora kugira tugume mu rukundo rw’Imana? (b) Kubera iki kuguma tudahumanye mu nyonga z’Imana ari bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kubaho?

26 Kugira tugume mu rukundo rw’Imana, turakwiye kuguma tudahumanye mu mice yose, atari mu muce umwe canke ibiri gusa. Kwirinda no kuvavanura n’ingeso be n’ibikorwa bihumanye ntivyoroshe, ariko birashoboka. * Mu vy’ukuri, nta bundi buryo bwo kubaho bwoza buruta ubwo, kuko Yehova yama atwigisha ibitugirira akamaro. (Soma Yesaya 48:17.) Ikiruta vyose, iyo tugumye tudahumanye, turahimbarwa no kumenya ko turiko turatuma Imana dukunda ivugwa neza, gutyo tukigumiza mu rukundo rwayo.

^ ing. 2 Ijambo ryo mu rurimi rw’intango rihindurwa ngo ‘kudahumana’ rimwe na rimwe ryerekeza kw’isuku ryo ku mubiri, ariko kenshi risigura ukudahumana mu nyifato runtu no mu bijanye n’ugusenga.

^ ing. 26 Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Noba nihata ngo nkore ibigororotse?” be n’uruvuga ngo “ Ku Mana vyose birashoboka”.

^ ing. 67 Si ko asanzwe yitwa kubera ko bitashimwe ko amenyekana.