Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 9

“Nimuhunge ubusambanyi”

“Nimuhunge ubusambanyi”

“Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina, ari kwo gusenga ibigirwamana.”—ABAKOLOSAYI 3:5.

1, 2. Ni amayeri ayahe Balamu yakoresheje kugira agirire nabi abasavyi ba Yehova?

UMUROVYI aragiye mu gace akunda kurobamwo. Hari ifi kanaka arondera. Arambitse igera icambo yacaguye, maze atereye umugozi mu mazi. Haciye umwanya, agiye abona nya mugozi uranangiriye, inkoni uboheyeko na yo irigonze. Wa murovyi aciye akwega ico yafashe. Aramwenyura, kubera azi ko yahisemwo icambo ciza.

2 Mu 1473 imbere ya Kristu, umugabo yitwa Balamu yarazirikanye yitonze ku cambo yokoresheje. Uwo mugabo yariko ahiga abasavyi b’Imana bari bakambitse mu biyaya vy’i Mowabu, ku rubibe ico gihugu cahana na ca Gihugu c’isezerano. Naho Balamu yigira umuhanuzi wa Yehova, mu vy’ukuri yari umuntu ahahamira amaronko yari yahawe ingero kugira avume Abisirayeli. Ariko rero, Yehova yarahaserutse bituma Balamu ahezagira Abisirayeli aho kubavuma. Kubera yuko Balamu atashaka ko iyo ngero imucika, yiyumviriye ko Imana ubwayo yari gushobora kuvuma Abisirayeli baramutse bakoze igicumuro gikomeye. Balamu afise mu bwenge iyo ntumbero, yaciye aterera icambo ciwe, ni ukuvuga abakobwa bezabeza b’i Mowabu.—Guharūra 22:1-7; 31:15, 16; Ivyahishuwe 2:14.

3. Amayeri ya Balamu yashitse ku ki?

3 None ayo mayeri hari ico yashitseko? Egome, ku rugero runaka. Abagabo b’Abisirayeli ibihumbi mirongo baraguye muri uwo mutego mu “gushurashura n’abakobwa ba Mowabu.” Baratanguye mbere gusenga ibigirwamana vy’i Mowabu, ushizemwo na Bayali ishisha y’i Peyori, na yo ikaba yari ikigirwamana c’irondoka. Ivyo vyatumye Abisirayeli 24.000 batikirira aho nyene ku rubibe rw’Igihugu c’isezerano. Mbega ibara!—Guharūra 25:1-9.

4. Kubera iki Abisirayeli ibihumbi baguye mu mutego w’ubuhumbu?

4 None vyagenze gute ngo ibintu bigere iyo hose? Benshi mu bantu bari bamaze gutsimbataza umutima mubi mu kuva kuri Yehova, ya Mana yari yarabarokoye mu Misiri, ikabagaburira mu bugaragwa ikongera ikabayobora ata nkomanzi gushika ku rubibe rw’Igihugu c’isezerano. (Abaheburayo 3:12) Intumwa Paulo yarazirikanye kuri ico kintu maze yandika ati: “Eka kandi ntituze turakora ubusambanyi, nk’uko bamwe muri bo bakoze ubusambanyi, hakagwa ibihumbi mirongo ibiri na bitatu muri bo ku musi umwe.” *1 Abakorinto 10:8.

5, 6. Kubera iki inkuru y’ingene Abisirayeli bacumuye mu biyaya vy’i Mowabu ihambaye kuri twebwe?

5 Iyo nkuru yo mu gitabu co Guharūra irimwo ivyigwa bihambaye ku basavyi b’Imana muri iki gihe, narirya twimirije kwinjira mu gihugu kiruta kure n’iyo igihugu c’isezerano. (1 Abakorinto 10:11) Nk’akarorero, ukuntu abantu batwawe n’ubuhumbu muri iki gihe biratwibutsa Abanyamowabu ba kera, uretse ko ivy’ubu birenze urugero. Vyongeye, uko umwaka utashe abakirisu ibihumbi baragwa mu buhumbu, ca cambo nyene cafata Abisirayeli. (2 Abakorinto 2:11) N’ikindi kandi, mu kwigana Zimuri umwe yubahuka kuzana Umumidiyanikazi mw’ikambi y’Abisirayeli gushika no mw’ihema ryiwe, abantu bamwebamwe bifatanya n’abasavyi b’Imana mbere n’abakirisu bamwebamwe babatijwe baragira akosho kabi mw’ishengero rya gikirisu.—Guharūra 25:6, 14; Yuda 4.

6 Woba ubona ko tumeze nk’Abisirayeli igihe bari mu biyaya vy’i Mowabu? Woba ubona ko impembo yawe yegereje, ya si nshasha umaze igihe kirekire urindiriye? Niba ari ukwo, nukore ibishoboka vyose kugira wigumize mu rukundo rw’Imana mu kwumvira itegeko rigira riti: “Nimuhunge ubusambanyi.”—1 Abakorinto 6:18.

Utereje amaso mu biyaya vy’i Mowabu

UBUSAMBANYI NI IKI?

7, 8. “Ubusambanyi” ni iki, kandi ni gute abasambanyi bimbura ivyo babiba?

7 Twisunze uko rikoreshwa muri Bibiliya, ijambo “ubusambanyi” (mu kigiriki por·neiʹa) ryerekeza ku guhuza ibitsina hagati y’abantu batubakanye mu buryo bwemewe n’Ivyanditswe. Aho harimwo ukurenga ibigo, ubumaraya, guhuza ibitsina kw’abantu batubakanye, kumarana inambu y’umubiri mu guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka canke mu kubicisha mu kibuno be no gukuyakuya ibihimba vy’irondoka vy’umuntu mutubakanye. Harimwo kandi n’igihe ivyo bintu bigirwa hagati y’abantu basangiye igitsina hamwe no kwimarira inambu y’umubiri ku bikoko. *

8 Ivyanditswe biratomora neza ko abasambanyi badashobora kuguma mw’ishengero rya gikirisu be n’uko batazoronka ubuzima budahera. (1 Abakorinto 6:9; Ivyahishuwe 22:15) Ikigeretseko, no muri iki gihe abo bantu barikwegera ingorane nyinshi: ntibaba bacizigirwa kandi basigara bumva ata co bamaze, bakagira ingorane mu mubano, ijwi ryo mu mutima rikabagiriza ikibi, bagatwara inda batipfuza, bakandura indwara mbere n’ugupfa bagapfa. (Soma Abagalatiya 6:7, 8.) Ni kubera iki none umuntu yokwisuka mu ngendo izomukwegera ayo magorwa yose? Birababaje kubona benshi batazirikana kuri izo ngorane imbere yo gutera intambwe ya mbere ishikana ku busambanyi, akenshi ikaba ari ukuraba amasanamu y’ibiterasoni.

INTAMBWE YA MBERE ISHIKANA KU BUSAMBANYI

9. Amasanamu y’ibiterasoni yoba ata co atwaye nk’uko bamwe babivuga? Sigura.

9 Mu bihugu vyinshi, amasanamu y’ibiterasoni usanga yerekanwa aho bacururiza ibinyamakuru, mu miziki no kuri televiziyo. Internet yoyo umengo yuzuye mwene ayo masanamu y’ibiterasoni. * None ayo masanamu yoba ata co atwaye nk’uko bamwe babivuga? Uwokubesha! Abaraba ayo masanamu boshobora kumogorera ingeso yo kwimara inambu y’umubiri ari bonyene kandi bakitsimbatazamwo “inambu z’umubiri z’agaterasoni.” Ivyo vyoshobora gutuma umuntu yizizirwa n’ubuhumbu, akagira ivyipfuzo bibi, bikamugora kwumvikana n’uwo bubakanye, mbere n’ukwahukana bakahukana. * (Abaroma 1:24-27; Abanyefeso 4:19) Ukwizizirwa n’ubuhumbu umuhinga umwe abigereranya n’indwara ya kanseri. Avuga ati: “Biguma bisinzikaza umuntu kandi bikaguma vyiyongera. Ni gake cane vyiheza vyonyene, kandi biragoye rwose kuvura no gukiza.”

Ni vyiza ko abavyeyi bacungera ivyo abana babo baraba

10. Twoshira mu ngiro gute ingingo ngenderwako dusanga muri Yakobo 1:14, 15? (Raba n’uruzitiro “ Icamfashije guheba ingeso mbi”.)

10 Rimbura amajambo dusanga muri Yakobo 1:14, 15, ahagira hati: “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite. Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro; igicumuro na co iyo kiranguwe, kivyara urupfu.” Ku bw’ivyo, bishitse ukagira icipfuzo kibi, nuce ubwo nyene ucikuramwo! Nk’akarorero, nka hamwe woza ubona uguye kw’ishusho ikabura inambu y’umubiri, nuce ubwo nyene uraba hirya canke uzimye orodinateri, kibure uhindure umurongo wa televiziyo. Nukore ibikenewe vyose kugira wirinde icipfuzo c’ubuhumbu kitaragushwaramwo ngo kikuganze!—Soma Matayo 5:29, 30.

11. Twokwerekana gute ko twizigira Yehova igihe turwanya ivyipfuzo bibi?

11 Umwe atuzi neza kuruta uko twiyizi ari n’imvo yumvikana yo kuduhimiriza ati: “Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina ari kwo gusenga ibigirwamana.” (Abakolosayi 3:5) Ego ni ko, kubigenza gutyo vyoshobora kuba urugamba. Ariko uribuka ko dufise Umuvyeyi wo mw’ijuru adukunda kandi yihangana dushobora kwitura. (Zaburi 68:19) Bishitse rero ukagira ivyiyumviro bibi, nuce umwitura udatebaganye. Nusenge usaba “ububasha burengeye ubusanzwe,” maze wihatire kugumiza umuzirikanyi ku bindi bintu.—2 Abakorinto 4:7; 1 Abakorinto 9:27; raba uruzitiro ruvuga ngo “ Novavanura gute n’akamenyero kabi?

12. “Umutima” wacu usobanura iki, kandi twowurinda gute?

12 Wa mugabo w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa, kuko ari wo uvamwo amasôko y’ubuzima.” (Imigani 4:23) “Umutima” wacu usobanura ico turi imbere, ni ukuvuga ukuntu Imana itubona. Vyongeye, ukuntu abandi batubona si vyo bizotuma turonka canke tutaronka ubuzima budahera, ahubwo ni ukuntu Imana ibona “umutima” wacu. Ico ciyumviro kirasanzwe, ariko si ico gufatira mu rwara. Kugira ngo wa mugabo w’umwizigirwa Yobu ntarabe umugore ku buryo amwipfuza, yari yaragiraniye isezerano n’amaso yiwe. (Yobu 31:1) Mbega akarorero keza! Umwanditsi wa Zaburi yaraseruye iciyumviro gisa n’ico, igihe yasenga ati: “Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro.”—Zaburi 119:37.

DINA NTIYIYUBAYE

13. Dina yari nde, kandi ni kubera iki twovuga ko yahisemwo nabi abagenzi?

13 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 3, abagenzi bacu barashobora kutugirako akosho gakomeye, kaba keza canke kabi. (Imigani 13:20; soma 1 Abakorinto 15:33.) Fata akarorero ka Dina umukobwa wa Yakobo. Naho Dina yari yarezwe neza, yarihenze mu kugiranira ubugenzi n’abakobwa b’Abanyakananikazi. Cokimwe n’Abanyamowabu, vyari bizwi ko Abanyakanani batwawe n’ubuhumbu. (Abalewi 18:6-25) Ku bagabo b’Abanyakanani, ushizemwo na Shekemu, uno akaba ari we ‘yubahwa kuruta’ abo mu nzu ya se bose, Dina yari indya zizanye.—Itanguriro 34:18, 19.

14. Uguhitamwo abagenzi kwa Dina kwakweze gute akarambaraye?

14 Igihe Dina yabona Shekemu ashobora kuba ata mugambi yari afise wo kuryamana na we. Ariko Shekemu we yakoze ivyo Abanyakanani benshi bari gukora igihe inambu y’umubiri ivyutse. Ukwirwanira kwose Dina yoba yaragize ku munota wa nyuma kwabaye impfagusa. Uburuhiro Shekemu ‘yaramufashe maze aryamana na we aramwonona.’ Bisa n’uko Shekemu yahavuye “akunda” Dina, ariko akaba kari kabaye. (Soma Itanguriro 34:1-4.) Dina si we wenyene yashikiwe n’ingaruka z’ico kintu. Ihitamwo yagize ryabaye intandaro y’ibintu vyahavuye bitukisha umuryango wiwe wose vyongera birawusiga iceyi.—Itanguriro 34:7, 25-31; Abagalatiya 6:7, 8.

15, 16. Tworonka gute ubukerebutsi nyakuri? (Raba n’uruzitiro “ Ivyanditswe vyo kuzirikanako.”)

15 Dina ashobora kuba yarahakuye icigwa gihambaye, ariko yacize abanje kwibonerako. Abakunda Yehova kandi bakamugamburukira ntibiga babanje kwibonerako. Kubera yuko bumvira Imana, bahitamwo ‘kugendana n’inkerebutsi.’ (Imigani 13:20a) Ku bw’ivyo, baratahura neza “inzira yose y’iciza,” maze bakirinda gushikirwa n’ingorane be n’imibabaro, bitari ngombwa.Imigani 2:6-9; Zaburi 1:1-3.

16 Ubukerebutsi buva ku Mana buronswa abo bose babunyotewe kandi bakaburondera mu gusenga bakobeje no mu kwama biga Ijambo ry’Imana n’ibitabu bitangwa na wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. (Matayo 24:45; Yakobo 1:5) Ukwicisha bugufi na kwo nyene kurahambaye, na kwo kukaba kubonekera ku mutima ukunze wo gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya. (2 Abami 22:18, 19) Nk’akarorero, umukirisu arashobora kuba yemera neza ko umutima wiwe ari umuhemu be n’uko ari mubi cane. (Yeremiya 17:9) Ariko none bishitse akagwa mu ngorane, yoba azokwicisha bugufi akemera impanuro n’imfashanyo iranga urukundo ahabwa?

17. Vuga ikintu coshobora gushika mu muryango, uce werekana ingene umuvyeyi yofasha umukobwa wiwe kuzirikana.

17 Ihe ishusho y’iki kintu: Umuvyeyi arankiye umukobwa wiwe gusohokana n’umusore mukirisu ata wundi muntu abaherekeje. Nya mukobwa aciye asubizayo ati: “None ntunyizigira ga papa? Nta bintu bibi tuza gukora!” Uwo mukobwa yoshobora kuba akunda Yehova kandi akaba ata kibi yipfuza gukora, ariko none yoba ariko aragendera “mu bukerebutsi” buva ku Mana? Yoba ariko ‘arahunga ubusambanyi’ canke ariko apfa kwizigira “umutima wiwe bwite” n’ubujuju n’akantu? (Imigani 28:26) Hari aho woba ubona izindi ngingo ngenderwako zofasha uwo muvyeyi n’umukobwa wiwe kuzirikana kuri ico kintu.—Raba Imigani 22:3; Matayo 6:13; 26:41.

YOZEFU YARAHUNZE UBUSAMBANYI

18, 19. Ni ikigeragezo ikihe cashikiye Yozefu, kandi yavyifashemwo gute?

18 Yozefu, musaza wa Dina basangiye nyina, yari umusore mwiza yakunda Imana kandi yahunze ubusambanyi. (Itanguriro 30:20-24) Akiri umwana, yariboneye ingaruka zakwezwe n’ikosa mushikiwe yakoze. Nta gukeka ko kwibuka izo ngaruka hamwe n’icipfuzo yari afise co kwigumiza mu rukundo rw’Imana vyamukingiye mu nyuma igihe yari mu Misiri, maze inabuja akaguma amuryosharyosha “ku musi ku musi” ngo baryamane. Kubera yuko Yozefu yari umushumba, ntiyari gutanga imihoho ngo yigire kuko abashumba batari bafise ubwo burenganzira. Yabwirijwe kwihanganira ico kintu akoresheje ubukerebutsi n’uburindutsi. Ivyo yarabigize mu kwiyama muka Potifari akatari gake, mu nyuma na ho arateba arahunga.—Soma Itanguriro 39:7-12.

19 Zirikana gatoyi: Ubwo Yozefu yari kuva imbere y’ico kigeragezo iyaba yari asanzwe yishiramwo ivyiyumviro vyo kuryamana n’uwo mugore? Ntivyari kumworohera. Yozefu ntiyagumye yitsimbatazamwo ivyiyumviro vy’ubuhumbu, ahubwo yaraha agaciro ubucuti yari afitaniye na Yehova, ivyo bikaba vyigaragaza mu majambo yabwiye muka Potifari. Yamubwiye ati: “Databuja . . . nta kintu na kimwe yanyimye kiretse wewe, kuko uri umugore wiwe. None noshobora nte gukora ico kibi gikomeye ngacumura koko ku Mana?”Itanguriro 39:8, 9.

20. Yehova yayoboye gute ibintu ku bijanye na Yozefu?

20 Iyumvire umunezero Yehova yagize igihe yitegereza ingene Yozefu arwana urugamba buri musi ngo agume ari intadohoka, naho yari kure y’umuryango wiwe! (Imigani 27:11) Mu nyuma Yehova yarayoboye ibintu bituma Yozefu akurwa mw’ibohero, aca agirwa umushikiranganji wa mbere wa Misiri be n’uwujejwe ibifungurwa. (Itanguriro 41:39-49) Ese ukuntu amajambo yo muri Zaburi 97:10 ari ay’ukuri, akaba agira ati: “Yemwe abakunda Yehova, nimwanke ikibi. Arinda ubuzima bw’intahemuka ziwe; abarokora mu kuboko kw’ababisha.”

21. Umuvukanyi akiri muto wo muri Afrika yagaragaje gute umutima rugabo?

21 No muri iki gihe nyene, abasavyi b’Imana benshi barerekana ko ‘banka ikibi, bagakunda iciza.’ (Amosi 5:15) Umuvukanyi akiri muto wo mu gihugu co muri Afrika aribuka yuko hari umukobwa bigana yamwemereye ko boryamanye aramutse amweretse mu kibazo c’ibiharuro. Nya muvukanyi avuga ati: “Naciye ubwo nyene ndamwamirira kure. Kubera yuko nanse guhemuka, narazigamye agateka kanje n’icubahiro canje, ivyo bikaba bifise agaciro kanini cane kuruta inzahabu n’ifeza.” Gukora icaha vyoshobora gutuma umuntu ‘anezerwa akanya gato,’ ariko ukwo kuryoherwa akenshi gutuma umuntu agira intuntu nyinshi. (Abaheburayo 11:25) Vyongeye, usanga ata co kuvuze ugereranije n’agahimbare kamaho kazanwa no kugamburukira Yehova.—Imigani 10:22.

NIWEMERE GUFASHWA NA YA MANA Y’IMBABAZI

22, 23. (a) Bishitse umukirisu agakora igicumuro gikomeye, ni kubera iki ivyiwe bitaba birangiye? (b) Ni imfashanyo iyihe umucumuzi ashobora kuronka?

22 Kubera turi abanyagasembwa, twese biratugora gucungera ivyipfuzo vy’umubiri no gukora ibigororotse mu nyonga z’Imana. (Abaroma 7:21-25) Yehova arazi neza ico kintu, kuko “[y]ibuka ko turi umukungugu.” (Zaburi 103:14) Ariko vyoshobora gushika umukirisu agakora igicumuro gikomeye. None ico gihe ivyiwe vyoba birangiye? Habe namba! Uwo mucumuzi yoshobora gushikirwa n’ingaruka mbi, nk’uko vyashikiye Umwami Dawidi. Ariko rero, Imana yama “[y]iteguriye kubabarira” abigaya kandi ‘bakatura’ ibicumuro vyabo.—Zaburi 86:5; Yakobo 5:16; soma Imigani 28:13.

23 Ikigeretseko, Imana ibigiranye ubuntu yararonkeje ishengero rya gikirisu “ingabirano z’abagabo,” ni ukuvuga abungere bahumuye mu vy’impwemu bakwije ibisabwa kandi bashashaye gufasha abandi. (Abanyefeso 4:8, 12; Yakobo 5:14, 15) Baba bipfuza gufasha umucumuzi kunagura ubucuti afitaniye n’Imana no kuronka “ubukerebutsi” kugira ntasubire gukora ico gicumuro nk’uko wa mugabo w’inkerebutsi yabivuze.—Imigani 15:32.

‘NIWIRONSE UMUTIMA W’UBUKEREBUTSI’

24, 25. (a) Umusore avugwa mu Migani 7:6-23 yerekanye gute ko “atagira umutima”? (b) Ni gute ‘tworonka umutima w’ubukerebutsi’?

24 Bibiliya iravuga ivyerekeye umuntu “[a]tazi utuntu n’utundi” be n’umuntu “yironsa umutima w’ubukerebutsi.” (Imigani 7:7) Kubera yuko umuntu “[a]tazi utuntu n’utundi” aba adatahura neza ingene Yehova abona ibintu kandi akaba ataramenya vyinshi mu murimo w’Imana, yoshobora kutabona ibintu mu buryo bwiza. Cokimwe na wa musore avugwa mu Migani 7:6-23, yoshobora gukora igicumuro gikomeye bitagoranye. Ariko rero, “uwironsa umutima w’ubukerebutsi” aritaho cane umuntu w’imbere mu kwiga Ijambo ry’Imana adahorereza abijanisha n’isengesho. Vyongeye, arakora ibishoboka vyose ngo ivyiyumviro vyiwe, ivyipfuzo vyiwe n’imigambi yiwe abihuze n’ivyo Imana igomba. Gutyo, aba yerekanye ko “akunda ubuzima bwiwe,” kandi “azoronka ivyiza.”—Imigani 19:8.

25 Niwibaze rero uti: ‘Noba narajijutse rwose ko ingingo ngenderwako z’Imana zigororotse? Noba nemera ntakeka ko kuzikurikiza bizana agahimbare ntangere?’ (Zaburi 19:7-10; Yesaya 48:17, 18) Niba hari amakenga na makeyi ufise, nutunganye iyo ngorane. Nuzirikane ku nkurikizi zo kwirengagiza amategeko y’Imana. Ikigeretseko, ‘nuhonje, ubone ko Yehova aryoshe’ mu kubaho wisunga ukuri no mu kwuzuza ubwenge bwawe ivyiyumviro bibereye, ni ukuvuga ibintu vy’ukuri, bigororotse, bitanduye, bikundwa kandi bivugwa neza. (Zaburi 34:8; Abafilipi 4:8, 9) Urashobora kwemera udakeka ko niwarushiriza kubigenza gutyo uzorushiriza gukunda Imana, gukunda ivyo ikunda no kwanka ivyo yanka. Yozefu yari umuntu nkatwe, ariko yarashoboye ‘guhunga ubusambanyi’ kuko yaretse Yehova aramubumbabumba mu myaka myinshi, aramuha umutima. Ese nawe wobigenza gutyo!—Yesaya 64:8.

26. Ni iciyumviro gihambaye ikihe kizokwihwezwa ubukurikira?

26 Umuremyi ntiyaduhaye ibihimba vy’irondoka kugira tubikoreshe mu kwiryohererwa gusa, ahubwo kwari ukugira ngo bidufashe kurondoka no kunezerererwa amabanga y’abubatse. (Imigani 5:18) Ibiganiro bibiri bikurikira biraca irya n’ino ukuntu Imana ibona umubano w’ababiranye.

^ ing. 4 Biboneka ko igitigiri kivugwa mu gitabu co Guharūra kirimwo “abakuru bose b’abantu” bishwe n’abacamanza. Birashoboka ko abo bakuru bashika 1.000, ugaca wongerako n’abo Yehova ubwiwe yiyiciye.Guharūra 25:4, 5.

^ ing. 7 Ushaka kumenya insobanuro y’ubuhumane n’ubushirasoni, raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2006, wasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 9 Ivyo bintu vy’ibiterasoni ni amafoto, inyandiko canke amajwi bigenewe gukabura inambu y’umubiri. Ishobora kuba ari ifoto y’umuntu umwe ivyura inambu y’umubiri canke abantu babiri kibure barenga bariko bahuza ibitsina mu buryo bw’agahomerabunwa.

^ ing. 9 Ibijanye n’ukwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene birarimburwa mu makuru y’inyongera “Ingeso y’ukwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene.”