Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 11

“Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka”

“Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka”

“Unezeranwe n’umugore wo mu buto bwawe.”—IMIGANI 5:18.

1, 2. Ni ikibazo ikihe tugira twihweze, kandi kubera iki?

WOBA wubatse urwawe? Niba wubatse, umubano wanyu woba uguhimbara canke urimwo ingorane zikomeye? Mwoba mwarahararukanye n’uwo mwubakanye? Mwoba mupfa kubana ariko ata munezero? Niba vyifashe gutyo, ushobora kuba ubabajwe n’uko igishika mwahorana mu mubano wanyu cagabanutse. Kubera yuko uri umukirisu, nta gukeka ko wipfuza yuko umubano wanyu uninahaza Yehova, ya Mana wikundira. Ni co gituma ibiriko biragushikira vyoshobora kuba bikubujije amahoro, bikanakuvuna umutima. Niba vyifashe gutyo, ntuce wiyumvira ko kabaye.

2 Hariho abakirisu bigeze kuba bafise ingorane mu mubano ariko ubu bakaba babanye neza. Barashoboye gukomeza ubucuti bwabo. None weho worushiriza gute guhimbarwa mu mubano wanyu?

NIWIYEGEREZE IMANA N’UWO MWUBAKANYE

3, 4. Kubera iki kwiyegereza Imana bituma abubakanye barushiriza kwiyumvanamwo? Tanga akarorero.

3 Kwiyegereza Imana bizotuma mwe n’uwo mwubakanye murushiriza kwiyumvanamwo. Uti kubera iki? Raba aka karorero: Dufate ko hariho umusozi muremure. Umugabo ahagaze munsi y’uwo musozi ku ruhande rumwe, umugore na we ku rundi ruhande. Bompi batanguye kuduga uwo musozi. Igihe bose bakiri mu ntango yawo, umwe usanga ari kure cane y’uwundi. Ariko uko umwe wese aduga agana kw’isonga ryawo, ni ko barushiriza kwegerana. Woba ubona icigwa kiremesha kiri muri ako karorero?

4 Akigoro ugira ngo ukorere Yehova bimwe bishitse koshobora kugereranywa n’ako wogira mu kuduga umusozi. Kubera yuko ukunda Yehova, twovuga ko umaze gutangura kwinanata ngo uduge uwo musozi. Ariko rero, niba mwe n’uwo mwubakanye mumaze guhararukana, ni nk’aho muriko muraduga, umwe ari hino uwundi hirya. None bizogenda gute nimwabandanya kuduga? Mu ntango mwoshobora kubona umengo umwe ari kure cane y’uwundi. Ariko uko mwinanata kugira mwiyegereze Imana, ivyo twogereranya no kuduga wa musozi, ni ko muzorushiriza kwiyumvanamwo. Si ivy’imbeshere, kwiyegereza Imana ni vyo bizotuma urushiriza kwiyegereza uwo mwubakanye. Ariko none ivyo wobishikako gute?

Gushira mu ngiro ubumenyi bwo muri Bibiliya birashobora gukomeza umubano wanyu

5. (a) Ni gute umuntu yorushiriza kwiyegereza Yehova n’uwo bubakanye? (b) Yehova abona gute umubano w’ababiranye?

5 Uburyo bumwe bwobafasha kuduga uwo musozi ni ukwumvira impanuro Ijambo ry’Imana ritanga zerekeye umubano w’ababiranye. (Zaburi 25:4; Yesaya 48:17, 18) Nk’akarorero, rimbura impanuro itomoye intumwa Paulo yatanze. Yavuze ati: “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose.” (Abaheburayo 13:4) Ivyo bisobanura iki? Imvugo ngo “uwuteye iteka” yerekana ko ari ikintu cubashwe cane kandi gifise agaciro. Ukwo ni ko nyene Yehova abona umubano w’ababiranye: arawubaha cane kandi abona ko ufise agaciro.

NUSUNIKWE N’URUKUNDO UKUNDA YEHOVA

6. Amajambo akikuje impanuro Paulo yatanze ku bijanye n’umubano w’ababiranye yerekana iki, kandi ni kubera iki kuyibuka bihambaye?

6 Kubera ko mwe n’uwo mwubakanye muri abasavyi b’Imana, musanzwe muzi ko umubano w’ababiranye uri n’agaciro, mbere ko ari mweranda. Yehova ni we yawutanguje. (Soma Matayo 19:4-6.) Ariko rero, niba umubano wanyu uri mu ngorane, kumenya gusa ko umubano uteye iteka vyoshobora kuba bidahagije ku buryo bituma mugaragarizanya urukundo n’icubahiro. None ni igiki cotuma mubigira? Raba witonze ukuntu Paulo yaseruye ico ciyumviro co gutera iteka. Ntiyavuze ngo “umubano w’ababiranye ni uwuteye iteka,” ariko yavuze ngo “umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka.” Paulo ntiyariko aserura gusa ukuntu abona ibintu; yariko arahimiriza abo yandikiye. * Kwibuka iryo tandukaniro vyoshobora gutuma urushiriza guha agaciro uwo mwubakanye. Uti kubera iki?

7. (a) Ni amabwirizwa ayahe yo mu Vyanditswe dukurikiza, kandi kubera iki? (b) Ni ivyiza ibihe biva ku kugamburuka?

7 Zirikana gatoyi ku kuntu ubona ayandi mabwirizwa yo mu Vyanditswe, nk’irijanye n’igikorwa co guhindura abantu abigishwa canke ya mpanuro yo gukoranira hamwe kugira dusenge Imana. (Matayo 28:19; Abaheburayo 10:24, 25) Gukurikiza ayo mabwirizwa ntivyama vyoroshe. Abantu ubwira inkuru nziza boshobora kuyakira nabi, akazi ukora na ko kakagusiga wasanzaye ku buryo kwitaba amakoraniro biba urugamba. Naho biri ukwo, urabandanya kwamamaza no kwitaba amakoraniro. Nta n’umwe ashobora kugutesha ivyo bikorwa, naho yoba Shetani! Uti kubera iki? Kubera yuko urukundo rwinshi ukunda Yehova rutuma ugamburuka amabwirizwa yiwe. (1 Yohani 5:3) None ivyo biraheza bikavamwo iki? Kwamamaza no kwitaba amakoraniro birakuronsa amahoro n’umunezero wo mu mutima kubera uzi yuko uriko urakora ivyo Imana igomba. Ayo mahoro n’uwo munezero biraheza bikakwongera inkomezi. (Nehemiya 8:10) None ivyo bitwigisha iki?

8, 9. (a) Ni igiki cotuma tugamburuka impanuro idusaba gutera iteka umubano w’ababiranye, kandi kubera iki? (b) Ni ivyiyumviro bibiri ibihe tugiye kwihweza?

8 Urukundo rugera kure ukunda Imana ruratuma ugamburuka ibwirizwa ryo kwamamaza no kwitaba amakoraniro naho hoba hari intambamyi zimeze gute. Urwo rukundo nyene rurashobora gutuma ugamburuka impanuro ya Bibiliya iguhimiriza ‘gutera iteka umubano wanyu’ n’igihe nyene bisa n’ibigoye. (Abaheburayo 13:4; Zaburi 18:29; Umusiguzi 5:4) Vyongeye, nk’uko nyene Yehova ahezagira cane utwigoro ugira mu kwamamaza no mu kwitaba amakoraniro, ni ko nyene azohezagira utwigoro ugira ngo utere iteka umubano wanyu.—1 Abatesalonika 1:3; Abaheburayo 6:10.

9 Ni gute none wotuma umubano wanyu uba uwuteye iteka? Urakeneye kwirinda inyifato iwuhungabanya. Urakeneye kandi gutera intambwe kugira ukomeze ubucuti mufitaniye n’uwo mwubakanye.

NIWIRINDE IMVUGO N’INYIFATO BITUKISHA UMUBANO

10, 11. (a) Ni ingeso iyihe itukisha umubano w’ababiranye? (b) Ni ikibazo ikihe dukwiye kubaza uwo twubakanye?

10 Haraciye igihe umukenyezi mukirisu umwe avuze ati: “Ndasenga nsaba Yehova ngo ampe ukwihangana.” Uti none yihanganira iki? Asigura ati: “Umunega wanje yama andyagagura. Nshobora kuba ata nguma mfise ku mubiri, ariko amajambo yiwe acumita ya misi yose, nk’aya ngo ‘uranduhije!’ canke ngo ‘nta co umaze!,’ yarankomerekeje mu mutima.” Uwo mukenyezi araserura ikintu tudakwiye gufata minenegwe, kino kikaba ari ugukoresha imvugo zicumita hagati y’abubakanye.

11 Ese ingene bibabaza igihe abakirisu bubakanye bateranye amajambo, bigatuma bagira ibisebe mu mutima usanga bitoroshe kuvura! Birumvikana ko umubano urangwamwo imvugo zibabaza udateye iteka. None mu mubano wanyu vyifashe gute? Uburyo bwiza bwo kubimenya ni ukubaza uwo mwubakanye wicishije bugufi, uti: “Amajambo nkubwira atuma umererwa gute?” Niba akubwiye ko kenshi amajambo uvuga amubabaza mu mutima, urakwiye kwikubita agashi.Abagalatiya 5:15; soma Abanyefeso 4:31.

12. Ni igiki coshobora gutuma Imana itemera ugusenga kw’umuntu?

12 Urama wibuka ko ukuntu ukoresha ururimi rwawe mu mubano wanyu bigira ico bikoze ku bucuti ufitaniye na Yehova. Bibiliya ivuga iti: “Nimba umuntu yibwira ko ari uwusenga mu buryo nyabwo yamara ntajiginyike ururimi rwiwe, mugabo akabandanya guhenda umutima wiwe bwite, ugusenga kw’uwo muntu nta co kuba kumaze.” (Yakobo 1:26) Imvugo ukoresha irafitaniye isano cane n’ugusenga kwawe. Hari abibaza ko ivyo bakorera i muhira ata co bitwaye mu gihe bavuga ko bakorera Imana, ariko Bibiliya ntishigikira ico ciyumviro. Uragaba! Ico si ikintu co gufata minenegwe. (Soma 1 Petero 3:7.) Naho woba ufise ubuhanga n’umwete bingana iki, niba ubabaza n’ibigirankana uwo mwubakanye mu gukoresha amajambo acumita, uratukisha umubano wanyu kandi Imana yoshobora kubona ko ugusenga kwawe ata co kumaze.

13. Umuntu ashobora gute gutuntuza uwo bubakanye?

13 Abubakanye barakeneye kandi kwiyubara ngo ntihagire uwubabaza uwundi mu buryo butigaragaza. Raba uturorero tubiri: Inabibondo yirerana abana yama yaterefonye umunega wo mw’ishengero kugira amusabe impanuro, kandi bakamara umwanya muremure baganira. Umuvukanyi atarubaka urwiwe buri ndwi yama amara umwanya munini akorana mu ndimiro na mushiki wacu yubatse. Umwe wese muri abo bantu bubatse twavuze ashobora kuba ata ntumbero mbi afise, ariko none inyifato yiwe ituma uwo bubakanye yumva amerewe gute? Umugore umwe yashikiwe n’ikintu nk’ico yavuze ati: “Birambabaza kubona umugabo wanje amarana umwanya munini n’uwundi mukenyezi wo mw’ishengero kandi akamwitwararika cane. Bituma numva nsuzuguritse.”

14. (a) Amajambo yo mw’Itanguriro 2:24 ashira ahabona ibanga irihe ryega abubakanye? (b) Ni ikibazo ikihe dukwiye kwibaza?

14 Birumvikana ko uwo mukenyezi n’abandi bashikirwa n’ikintu gisa n’ico mu mubano wabo bababara cane. Abo bubakanye usanga birengagiza impanuro ihambaye Imana itanga ku bijanye n’umubano w’ababiranye igira iti: “Umugabo azosiga se na nyina [yifatanye akaramata] n’umugore wiwe.” (Itanguriro 2:24, raba akajambo k’epfo) Naho abubatse baguma bubaha abavyeyi babo, Imana isaba ko imbere ya vyose babanza kwitwararika uwo bubakanye. Ku bw’ivyo, naho abakirisu bakunda cane abo basangiye ukwizera, abo bubakanye ni bo bitwararika imbere y’abandi. Igihe rero abakirisu bubatse baza baramarana umwanya urenze urugero n’abo basangiye ukwizera canke bakamenyerana na bo birenze, na canecane barya badasangiye igitsina, baba bariko barakwega ingorane mu mubano wabo bwite. Ivyo none vyoba vyoshobora gutuma haba ukutumvikana mu mubano wanyu? Niwibaze uti: ‘Noba mu vy’ukuri marana umwanya n’uwo twubakanye, nkamwitwararika kandi nkamugaragariza igishika akwiriye?’

15. Twisunze ibivugwa muri Matayo 5:28, ni kubera iki abakirisu bubatse badakwiye kumenyerana birenze n’umuntu badasangiye igitsina?

15 Vyongeye, abakirisu bubatse barenza urugero mu kwitwararika abo batubakanye badasangiye igitsina, baba bariko barikwegera ikara mu gashambara. Birababaje kubona hari abakirisu bubatse bahavuye bakundana n’abo bari bafitaniye imimenyerano irenze. (Matayo 5:28) Iyo mimenyerano yahavuye ibashikana ku nyifato itukisha umubano w’abubatse mbere gusumba. Raba ico intumwa Paulo yabivuzeko.

“UBURIRI BW’ABABIRANYE BWOYE GUHUMANA”

16. Paulo yagabishije gute ku bijanye n’umubano w’ababiranye?

16 Paulo akimara gutanga iyo mpanuro ijanye no ‘gutera iteka umubano w’ababiranye,’ yaciye agabisha ati: “Uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo.” (Abaheburayo 13:4) Paulo yakoresheje iyo mvugo ngo “uburiri bw’ababiranye” ashaka kuvuga amabanga y’abubatse. Ayo mabanga aba ‘ayadahumanye’ igihe gusa arangurwa hagati y’ababiranye. Ni co gituma abakirisu bumvira amajambo yahumetswe agira ati: “Unezeranwe n’umugore wo mu buto bwawe.”—Imigani 5:18.

17. (a) Ni kubera iki abakirisu batisunga ukuntu isi ibona ibijanye n’ukurenga ibigo? (b) Twokwigana gute akarorero ka Yobu?

17 Abantu barenga ibigo baba basuzuguye bimwe vy’akamaramaza amategeko y’Imana ajanye n’inyifato runtu. Ni ivy’ukuri ko benshi muri iki gihe babona yuko kurenga ibigo ari ibisanzwe. Yamara rero, abakirisu ntibakwiye kwoshwa n’ukuntu abantu babona ibijanye no kurenga ibigo. Baratahura ko impera n’imperuka “Imana [ari yo] izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo,” ko atari abantu bazoruca. (Abaheburayo 10:31; 12:29) Ni co gituma abakirisu b’ukuri bisunga ukuntu Yehova abona ico kintu. (Soma Abaroma 12:9.) Uribuka ko Yobu yavuze ati: “Nagiranye isezerano n’amaso yanje.” (Yobu 31:1) Kugira ngo abakirisu b’ukuri birinde gukora ikintu na kimwe cotuma barenga ibigo, baracungera amaso yabo ntibigere baraba umuntu badasangiye igitsina batubakanye ku buryo bamwipfuza.—Raba amakuru y’inyongera “Ico Bibiliya ivuga ku kwahukana n’ugutandukana.”

18. (a) Yehova abona ko kurenga ibigo ari bibi ku rugero rungana iki? (b) Ni isano irihe riri hagati y’ukurenga ibigo n’ugusenga ibigirwamana?

18 Yehova abona ko kurenga ibigo ari bibi ku rugero rungana iki? Amategeko Imana yahaye Abisirayeli aradufasha gutahura ukuntu Yehova abona ico kibazo. Muri Isirayeli, ukurenga ibigo n’ugusenga ibigirwamana vyari ibicumuro bituma umuntu acirwa urwo gupfa. (Abalewi 20:2, 10) Woba ubona isano riri hagati y’ivyo bintu bibiri? Umwisirayeli yasenga ikigirwamana yaba arenze kw’isezerano yagiraniye na Yehova. Umwisirayeli yarenga ibigo na we yaba arenze kw’isezerano yagiraniye n’uwo bubakanye. Bompi baba bahemutse. (Kuvayo 19:5, 6; Gusubira mu vyagezwe 5:9; soma Malaki 2:14.) Ni co gituma Yehova, ya Mana idahemuka kandi yizigirwa, yiyamiriza abo bantu bompi.—Zaburi 33:4.

19. Ni igiki cokomeza umwiyemezo umuntu afise wo kwirinda kurenga ibigo, kandi kubera iki?

19 Ego ni ko, abakirisu ntibakigengwa n’amategeko Imana yahaye Abisirayeli. Yamara, kwibuka yuko kurenga ibigo vyabonwa ko ari igicumuro gikomeye muri Isirayeli ya kera, vyoshobora gukomeza umwiyemezo abakirisu bafise wo kwirinda ico gicumuro. Uti kubera iki? Rimbura kino kigereranyo: Woba wokwigera winjira mw’isengero, ugapfukama imbere y’igishusho uhasanze maze ukagisenga? Woshobora guca uvuga uti: ‘Ntibikabe!’ Ariko none, ubwo wokora ico kintu hamwe bokwemerera umukagato w’amahera? Woshobora guca usubizayo uti: ‘Noba nasaze!’ Nkako, ico ciyumviro nyene c’uguhemukira Yehova mu gusenga ikigirwamana ni ikintu umukirisu w’ukuri yanka urunuka. Muri ubwo buryo nyene, abakirisu barakwiye kwanka urunuka iciyumviro co guhemukira Imana yabo Yehova n’abo bubakanye mu kurenga ibigo, naho boba babitumwe n’iki. (Zaburi 51:1, 4; Abakolosayi 3:5) Ntiturota dukora ikintu cotuma Shetani anezerwa ariko kigasiga iceyi Yehova n’umubano w’ababiranye mweranda.

UKUNTU WOKOMEZA UMUBANO WANYU

20. Ni ibiki bishikira imibano imwimwe? Bitangire akarorero.

20 Uretse kwirinda inyifato itukisha umubano, ni ibiki kandi wokora kugira urushirize guha agaciro uwo mwubakanye? Kugira uronke inyishu, reka tugereranye umubano w’ababiranye n’inzu. Utujambo twiza abubakanye babwirana, utuntu umwe akorera uwundi mu kumwereka ko amufise ku mutima be n’ibindi bintu bigaragaza ko baterana iteka na vyo tubigereranye n’ibisharizo vyo mu nzu. Niba mwe n’uwo mwubakanye mwumva yuko mushikirana ata ngorane, uwo mubano uca umera nk’inzu isharijwe neza, iboneka neza kandi iteye igomwe. Mu gihe igishika mufitaniye kigabanutse, ivyo bisharizo bica bigenda buhorobuhoro birazimangana, umubano wanyu ugasigara utagihimbaye nka kurya kw’inzu itagira igisharizo na kimwe. Kubera ko wipfuza kugamburuka itegeko ry’Imana risaba ‘gutera iteka umubano w’ababiranye,’ woshobora kugira ivyo uryohoye. Uko biri kwose, ico kintu c’agaciro kandi giteye iteka kirabereye gusanurwa canke gusubizwa uko cahora. Uti none ivyo wobigira gute? Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ubukerebutsi ni bwo bwubaka urugo, kandi ugutahura ni kwo kurushimangira. Ubumenyi ni bwo butuma ivyumba vyuzura ibintu vyose vy’agaciro bizimvye kandi bihimbaye.” (Imigani 24:3, 4) Reka turimbure ukuntu ayo majambo yokoreshwa mu bijanye n’umubano w’ababiranye.

21. Ni ibiki vyodufasha gukomeza umubano wacu intambwe ku yindi? (Raba kandi uruzitiro “ Nokora iki kugira nkomeze umubano wacu?”)

21 Muri ivyo bintu vy’agaciro vyuzuye urugo ruhimbaye harimwo kamere nk’urukundo nyakuri, ugutinya Imana be n’ukwizera gukomeye. (Imigani 15:16, 17; 1 Petero 1:7) Izo kamere zirakomeza umubano. Ariko none woba wabonye ukuntu ivyumba bivugwa muri uwo mugani vyuzuzwa ibintu vy’agaciro? Bica ku “bumenyi.” Mu vy’ukuri, igihe ubumenyi bwo muri Bibiliya bukoreshejwe buragira ububasha bwo guhindura ukuntu abantu biyumvira no gutuma banagura urukundo bahora bafitaniye. (Abaroma 12:2; Abafilipi 1:9) Ku bw’ivyo, igihe cose mwe n’uwo mwubakanye mwicaye maze mukarimbura mutekanye igisomwa co muri Bibiliya kivuga ivy’umubano w’ababiranye, nk’icanditswe c’umusi, ikiganiro gishingiye kuri Bibiliya co mu Munara w’Inderetsi canke Be maso!, ni nk’aho muba muriko murasuzuma igisharizo ciza gishobora gutuma inzu yanyu irushiriza gusa neza. Igihe urukundo mukunda Yehova rutumye mukurikiza mu mubano wanyu impanuro muba muhejeje kwihweza, ni nk’aho muba mushize ico gisharizo mu nzu yanyu. Ivyo bizotuma urukundo n’igishika vyahora biranga umubano wanyu bishobora kugaruka.

22. Nitwihatira kurangura uruhara rutwega mu bijanye n’ugukomeza umubano wacu w’ababiranye, ni ivyiza ibihe tuzoronka?

22 Ego ni ko, vyoshobora gusaba umwanya munini n’utwigoro dukomeye kugira usubizeho kimwekimwe cose muri ivyo bisharizo. Yamara, niwihatira kurangura uruhara rukwega, uzohimbarwa no kumenya ko uriko uragamburuka iri bwirizwa Bibiliya itanga rigira riti: “Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.” (Abaroma 12:10; Zaburi 147:11) Ikiruta vyose, utwigoro tudasanzwe ugira kugira utere iteka umubano wanyu tuzotuma uguma mu rukundo rw’Imana.

^ ing. 6 Imirongo ikikuje ico canditswe yerekana ko impanuro Paulo yatanze ku bijanye n’umubano w’ababiranye ari imwe mu zindi mpanuro yatanze.—Abaheburayo 13:1-5.