Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 12

Tuvuge amajambo ‘meza yubaka’

Tuvuge amajambo ‘meza yubaka’

“Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu, ahubwo havemwo ijambo ryose ryiza ryo kwubaka.”—ABANYEFESO 4:29.

1, 2. Imwe mu ngabirano Yehova yaduhaye ni iyihe, kandi ishobora gute gukoreshwa nabi?

HAMWE woba wagabiye ikintu umuntu ukunda, mbega wokwumva umerewe gute bishitse akagikoresha nabi n’ibigirankana? Dufate ko wamuhaye ikinga, maze mu nyuma ukamenya ko yaritwaye uko yishakiye, bigatuma akomeretsa abandi. Ubwo ntivyokubabaza?

2 Ubushobozi bwo kuvuga ni ingabirano iva kuri Yehova, wa Mutanzi w’“ingabirano nziza yose be n’impano yose itagira akanenge.” (Yakobo 1:17) Iyo ngabirano idutandukanya n’ibikoko ntidushoboza gusa gushikiriza abandi ivyiyumviro vyacu, ariko kandi iratuma dushobora kubaserurira ukuntu twiyumva. Ariko rero, cokimwe n’ikinga, iyo ngabirano y’ukuvuga irashobora gukoreshwa nabi. Ese ukuntu bitegerezwa kuba bibabaza Yehova igihe tuvuga ibisunitswe n’impwemu, bigatuma abandi bababara!

3. Kugira tugume mu rukundo rw’Imana, dukwiye gukoresha gute ingabirano y’ukuvuga?

3 Kugira tugume mu rukundo rw’Imana, turakeneye gukoresha iyo ngabirano nk’uko uwayitanze ashaka. Yehova aratomora neza imvugo imuhimbara iyo ari yo. Ijambo ryiwe rivuga riti: “Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu, ahubwo havemwo ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva.” (Abanyefeso 4:29) Nimuze duce irya n’ino igituma dukeneye kwiyubara mu vyo tuvuga, turabe imvugo dukwiye kwirinda be n’ukuntu twovuga ibintu ‘vyiza vyubaka.’

IGITUMA DUKENEYE KWIYUBARA MU VYO TUVUGA

4, 5. Imigani imwimwe yo muri Bibiliya idondora gute ububasha amajambo afise?

4 Imvo imwe ihambaye ituma twiyubara mu vyo tuvuga ni uko amajambo afise ububasha. Mu Migani 15:4 hagira hati: “Ugutekana kw’ururimi ni igiti c’ubuzima, mugabo ubugorame muri rwo busobanura ukuvunika umutima.” Nka kurya nyene amazi ahembura igiti cari gitanguye gukabirana, ni ko n’amajambo avuzwe n’ururimi rutekanye ashobora kuruhurira abayumviriza. Yamara rero, ururimi ruvuga ibintu bigoramanze rurashobora guca intege abandi. Nkako, amajambo tuvuga arafise ububasha bwo gukomeretsa abandi canke kubavura.—Imigani 18:21.

5 Mu kudondora mu buryo bukomeye ububasha amajambo afise, uwundi mugani ugira uti: “Hari uwuvuga atiyumviriye nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota.” (Imigani 12:18) Amajambo asunitswe n’impwemu arashobora gukomeretsa abandi kandi akonona ubucuti mufitaniye. Woba urigera wumva ukomerekejwe n’amajambo asogota nk’inkota? Igishimishije, uwo mugani nyene uca wongerako uti: “Ururimi rw’abantu b’inkerebutsi ruravūra.” Amajambo yitondewe avuzwe n’umuntu afise ubukerebutsi buva ku Mana arashobora kuvura umutima wishwe n’umubabaro kandi akanagura ubucuti. Woba wibuka igihe wibonera ukuntu amajambo aranga ubuntu afise ububasha buvūra? (Soma Imigani 16:24.) Kubera tuzi yuko amajambo tuvuga afise ububasha, nta gukeka ko twipfuza gukoresha ururimi rwacu kugira ruvure abandi aho kubababaza.

Amajambo meza araruhura

6. Kubera iki bitugora gucungera ururimi?

6 Naho twokwita ku rutare, ntidushobora gucungera ururimi rwacu ijana kw’ijana. Ng’iyi rero imvo igira kabiri yotuma twiyubara mu vyo tuvuga: Igicumuro n’agasembwa bituma dukoresha nabi ururimi rwacu. Amajambo tuvuga aba avuye mu mutima, “impengamiro y’umutima w’umuntu [na yo ikaba] ari mbi.” (Itanguriro 8:21; Luka 6:45) Ni co gituma ari urugamba gucungera ururimi rwacu. (Soma Yakobo 3:2-4.) Naho tudashobora gucungera ururimi rwacu ijana kw’ijana, turashobora kuryohora ukuntu turukoresha. Nka kurya nyene umuntu ariko arajabuka uruzi ategerezwa kuguma anyinyana n’umukuba ngo ntumutware, ni ko na twebwe dutegerezwa kuguma turwanya agatima ko gukoresha nabi ururimi rwacu.

7, 8. Ivyo tuvuga bigira ingaruka izihe ku gusenga kwacu?

7 Imvo igira gatatu ituma ducungera ururimi rwacu ni uko Yehova ari n’ico atubaza ku bijanye n’ivyo tuvuga. Ukuntu dukoresha ururimi rwacu ntibigira ingaruka gusa ku bucuti dufitaniye n’abantu nkatwe, biragira ingaruka no ku kuntu Yehova atubona. Muri Yakobo 1:26 havuga hati: “Nimba umuntu yibwira ko ari uwusenga mu buryo nyabwo yamara ntajiginyike ururimi rwiwe, mugabo akabandanya guhenda umutima wiwe bwite, ugusenga kw’uwo muntu nta co kuba kumaze.” Nk’uko twabibonye mu kigabane c’imbere y’iki, imvugo yacu irafitaniye isano cane n’ugusenga kwacu. Niba tudacungera ururimi rwacu, tukareka rukavuga amajambo ababaza arimwo ubumara, ibintu vyose dukora mu murimo w’Imana vyoshobora kuba impfagusa. None ico si ikintu dukwiye kuzirikanako?—Yakobo 3:8-10.

8 Turafise rero imvo zumvikana zo kwirinda gukoresha nabi iyo ngabirano y’ukuvuga. Imbere yo kurimbura ubwoko bw’imvugo zubaka, nimuze duce irya n’ino imvugo itabereye ku mukirisu w’ukuri.

IMVUGO ISAMBURA

9, 10. (a) Ni imvugo bwoko ki isigaye ikoreshwa cane mw’isi ya kino gihe? (b) Ni kubera iki dukeneye kwamirira kure imvugo iteye isoni? (Raba n’akajambo k’epfo.)

9 Imvugo iteye isoni. Ibitutsi, ibishegu be n’ubundi bwoko bw’imvugo iteye isoni biri mu bigize imvugo ikoreshwa buri musi mw’isi ya kino gihe. Abantu benshi usanga bakoresha indahiro ziteye isoni kugira bashimike ku vyo bavuga canke bigaterwa n’uko batazi amajambo abereye bokoresha. Abahinga mu vyo gutwenza barakunze gukoresha amajambo ataranga urupfasoni canke y’ibishegu kugira batwenze abantu. Ariko rero, imvugo iteye isoni si ikintu co gukinisha. Harashize nk’imyaka 2.000 intumwa Paulo ahanuye ishengero ry’i Kolosayi kwikunkumura “amajambo ateye isoni.” (Abakolosayi 3:8) Paulo yabwiye ishengero ry’i Efeso yuko “ibijajuro biteye isoni” biri mu bintu ‘no kuvugwa bidakwiye kuvugwa’ mu bakirisu b’ukuri.—Abanyefeso 5:3, 4.

10 Imvugo iteye isoni ni igisesema kuri Yehova. Vyongeye, ni igisesema ku bantu bamukunda. Nkako, urukundo dukunda Yehova ruratuma twamirira kure imvugo iteye isoni. Igihe Paulo andondagura “ibikorwa vy’umubiri,” aravugamwo n’“ubuhumane,” ubushobora kuba burimwo n’imvugo ihumanye. (Abagalatiya 5:19-21) Ico kintu kirahambaye cane. Umuntu arashobora gucibwa mw’ishengero niba yarahanuwe akatari gake ariko ntiyigaye, akamogorera gukoresha amajambo ateye isoni, y’agahomerabunwa kandi yononekaye. *

11. Urusaku ni iki, kandi kuvuga abandi biba bibi ryari?

11 Urusaku no kwambika ibara abandi. Urusaku ni ukuyaga ibitagira mvura ku vyerekeye abantu n’ubuzima bwabo. None ukuvuga abandi vyoba imisi yose ari bibi? Si bibi nk’igihe vyoba ari ibiyago vyiza, aho usanga turiko turavuga amakuru meza canke y’ingirakamaro, nk’ayajanye n’uwuherutse kubatizwa canke uwukeneye akajambo k’indemesho. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baritwararika cane ineza y’abandi bakongera bagahanahana amakuru yerekeye abo basangiye ukwizera. (Abanyefeso 6:21, 22; Abakolosayi 4:8, 9) Ariko rero, ukuvuga abandi birashobora kubabaza nimba bigoreka ibintu vyabaye canke bigashira ku kabarore ibintu vyari ibanga. N’igihambaye kuruta, birashobora gutuma twambika ibara abandi, ico kikaba ari ikintu cama conona. Kwambika ibara abandi ni “ukuvuga ibinyoma . . . bibatyoza kandi bikabasiga iceyi.” Nk’akarorero, Abafarizayo baragize umugambi wo kwambika ibara Yezu ata kindi barondera atari ukumutyoza. (Matayo 9:32-34; 12:22-24) Kwambika ibara abandi akenshi biratera amahane.—Imigani 26:20.

12. Ni kubera iki abasenga Yehova birinda kwambika ibara abandi?

12 Yehova ntafatira mu rwara ibijanye n’abantu bakoresha ingabirano y’ukuvuga kugira batyoze abandi canke batere amacakubiri. Aranka urunuka “a[ba]tera amahane mu bavukana.” (Imigani 6:16-19) Ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “umubesheranyi” ni di·aʹbo·los, rikaba kandi rikoreshwa kuri Shetani. Ni we “Mubesheranyi” katwa yambika ibara Imana. (Ivyahishuwe 12:9, 10) Nta gukeka ko twipfuza kwirinda imvugo yotuma tumera nka Shetani. Imvugo yambika ibara abandi, ino ikaba ihayagiza ibikorwa vy’umubiri nk’“amahane” be n’“amacakubiri,” nta kibanza ifise mw’ishengero. (Abagalatiya 5:19-21) Ni co gituma imbere yo gusubiramwo amakuru yerekeye umuntu, ukwiye kwibaza uti: ‘Ubwo aya makuru ni ay’ukuri? Kuyavuga vyoba ari vyiza? Vyoba bikenewe canke vyoba bibereye ko ndayabwira abandi?’—Soma 1 Abatesalonika 4:11.

13, 14. (a) Ibitutsi bishobora kugira ingaruka izihe ku bavyumva? (b) Kubera iki umuntu afise ingeso yo gushira hasi abandi aba ariko yishira mu kaga?

13 Ugutukana. Nk’uko tumaze kubibona, amajambo tuvuga arashobora kubabaza abandi. Tuvugishije ukuri, kubera ko turi abanyagasembwa, birashika twese tukavuga ibintu mu nyuma tukicuza. Ariko rero, Bibiliya iratuburira ku bijanye n’ubwoko bw’imvugo ata kibanza namba zifise mu rugo rw’abakirisu canke mw’ishengero. Paulo yahanuye abakirisu ati: “Umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe.” (Abanyefeso 4:31) Mu zindi Bibiliya iryo jambo “ugutukana” rihindurwa ngo “amajambo mabi,” “imvugo ibabaza” canke “imvugo ikomeretsa.” Ugutukana, ukwo na kwo kukaba kurimwo ivy’ukwita abandi amazina y’agasuzuguro n’ukubanebagura udatezura, kurashobora kubakurako agashambara, bagasigara bumva ko ata co bamaze. Kubera ko abana basanzwe bafise ikibabarwe n’ukwizigira abandi, ni bo canecane bavunika umutima igihe batutswe.—Abakolosayi 3:21.

14 Bibiliya iriyamiriza ingeso yo gushira hasi abandi ukoresheje amajambo ateye isoni canke y’akagaye. Umuntu amogorera mwene iyo mvugo aba yishize mu kaga, kuko ashobora gukurwa mw’ishengero mu gihe atemeye kubogorwa. Atikubise agashi, yoshobora no kutazoronka ubuzima mw’isi nshasha. (1 Abakorinto 5:11-13; 6:9, 10) Birumvikana rero ko tudashobora kuguma mu rukundo rw’Imana niba dufise ingeso yo kuvuga ibintu bitabereye, vy’ikinyoma kandi bitaranga ubuntu. Imvugo nk’iyo irasambura.

AMAJAMBO ‘MEZA YUBAKA’

15. Imvugo ‘nziza yubaka’ imeze gute?

15 Dushobora gute gukoresha ingabirano y’ukuvuga nk’uko uwayitanze ashaka? Uribuka ko Ijambo ry’Imana riduhimiriza kuvuga “ijambo ryose ryiza ryo kwubaka.” (Abanyefeso 4:29) Yehova arahimbarwa igihe tuvuze amajambo yubaka abandi, abaremesha kandi abakomeza. Bisaba ko tubanza kuzirikana kugira tuvuge amajambo nk’ayo. Nta rutonde rw’amategeko twokurikiza Bibiliya itanga, eka kandi nta rutonde tuyisangamwo rw’ubwoko bwemewe bw’“imvugo imeze neza.” (Tito 2:8) Kugira tuvuge amajambo ‘meza yubaka,’ vyoba vyiza tugumye twibuka ibi bintu bitatu bisanzwe ariko bihambaye biranga imvugo yubaka, na vyo bikaba ari ukuba ibereye, iy’ukuri kandi iranga ubuntu. Dufise ivyo bintu mu bwenge, nimuze turimbure uburorero bukeyi budomako bw’imvugo yubaka.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyo mvuga vyoba vyubaka abandi?

16, 17. (a) Kubera iki ari vyiza gukeza abandi? (b) Ni ryari twokeza abandi mw’ishengero canke mu muryango?

16 Gukeza abandi ata buryarya. Yehova na Yezu barazi ko bikenewe gukeza abandi no kubashima. (Matayo 3:17; 25:19-23; Yohani 1:47) Na twebwe abakirisu vyoba vyiza dukeje abandi ata buryarya. Uti kubera iki? Mu Migani 15:23 havuga hati: “Ijambo rije ku gihe caryo, ewe kuntu ari ryiza!” Nuce wibaza uti: ‘Niyumva gute igihe abandi bankeje ata buryarya? None ntibinezereza kandi bikandemesha?’ Nkako, igihe abandi bagukeje ata buryarya birakwereka ko bashima ivyo ukora, ko bakwitwararika be n’uko utwigoro wagize tutabaye impfagusa. Ivyo biratuma wumva ko hari ico umaze, bigatuma no hanyuma ukorana umwete mwinshi kuruta. Ko uryoherwa igihe abandi bagukeje, none weho ntukwiye gukora ibishoboka vyose kugira ukeze abandi?—Soma Matayo 7:12.

17 Niwimenyereze kurondera iciza mu bandi, maze ubakeze. Mw’ishengero, woshobora kwumva umuntu ashikirije neza ikiganiro mu gihe c’ikoraniro, ukabona uwukiri muto ariko arondera gushikira imigambi yo mu vy’impwemu, canke uwugeze mu zabukuru adasiba ku makoraniro naho yitereye mu myaka. Gukeza abantu nk’abo ata buryarya vyoshobora kubeza umutima kandi bigakomeza umwiyemezo bafise wo gukorera Yehova. Mu muryango na ho, umunega canke umukenyezi arakeneye kwumva uwundi amukeza yongera amushimira abigiranye igishika. (Imigani 31:10, 28) Abana ni bo canecane baryoherwa igihe bamenye ko abandi bababona kandi ko babakengurukira. Gukeza umwana no kumushimira bituma amererwa nka kurya nyene igiterwa kimererwa iyo kironse akazuba n’amazi. Bavyeyi, nimurondere uturyo two gukeza abana banyu mufatiye kuri kamere nziza bagaragaza be n’utwigoro bagira. Gukeza abana bawe gutyo birashobora gutuma barushiriza kugira ubutinyutsi n’ukwumva ko bari n’ico bamaze, maze bakarushiriza kwita ku rutare kugira bakore ibigororotse.

18, 19. Kubera iki dukwiye gukora ibishoboka vyose kugira turemeshe abo dusangiye ukwizera, kandi twobigira gute?

18 Kuremesha abandi no kubahoza. Yehova aritwararika cane “abaciye bugufi” hamwe n’“abajanjagurwa.” (Yesaya 57:15) Ijambo ryiwe riduhimiriza ‘kuguma duhozanya’ no ‘kuyagisha abadendebukiwe n’ijwi ryirura.’ (1 Abatesalonika 5:11, 14) Nta gukeka ko Imana ibona kandi igakenguruka utwigoro tugira two kuremesha no guhoza abo dusangiye ukwizera barembejwe n’umubabaro.

Yehova aranezerwa igihe tuvuga amajambo yubaka abandi

19 None wovuga iki kugira wubake umukirisu mugenzawe yadendebukiwe canke yavunitse umutima? Ntiwiyumvire yuko utegerezwa gutorera umuti iyo ngorane vyanse bikunze. Akenshi amajambo asanzwe ni yo afasha cane. Nusubirize umutima mu nda uwo muntu yavunitse umutima mu kumwereka yuko umwitwararika. Nuture isengesho uri kumwe n’uwo muntu yadendebukiwe. Urashobora gutakambira Yehova umusaba ngo amufashe kumenya ko Imana n’abandi bantu bamukunda cane. (Yakobo 5:14, 15) Numukure amazinda yuko akenewe mw’ishengero be n’uko afise agaciro. (1 Abakorinto 12:12-26) Nusome icanditswe co muri Bibiliya kiremesha kugira umusubirize umutima mu nda yuko Yehova amubabaye vy’ukuri. (Zaburi 34:18; Matayo 10:29-31) Nufate umwanya uhagije wo kubwira uwo muntu yavunitse umutima “ijambo ryiza,” kandi nta gukeka ko amajambo avuye ku mutima azomufasha kwumva yuko akundwa kandi ahabwa agaciro.—Soma Imigani 12:25.

20, 21. Ni ibiki bituma impanuro iba ngirakamaro?

20 Impanuro ngirakamaro. Kubera yuko tudatunganye, rimwe na rimwe twese turakenera guhanurwa. Bibiliya ituremesha iti: “Umviriza impanuro kandi wemere indero, kugira ngo uze ucike inkerebutsi muri kazoza kawe.” (Imigani 19:20) Abakurambere si bo bonyene batanga impanuro. Abavyeyi barahanura abana babo. (Abanyefeso 6:4) Vyoshobora gukenerwa ko bashiki bacu bahumuye bahanura abakenyezi bakiri bato. (Tito 2:3-5) Urukundo dukunda abandi ni rwo rutuvyurira umutima wo gutanga impanuro ku buryo uwuyihawe ashobora kuyemera atarinze kwumva ko ashizwe hasi. Ni igiki none gishobora kudufasha gutanga impanuro muri ubwo buryo? Rimbura ibintu bitatu bituma impanuro irushiriza kuba ngirakamaro: (1) agatima uwutanga impanuro afise n’imvo ibimutumye, (2) ico impanuro ishingiyeko, (3) ukuntu itanzwe.

21 Impanuro iba ngirakamaro bivanye n’uwuyitanze. Niwibaze uti: ‘Ni ryari binyorohera kwemera impanuro?’ Igihe uzi neza ko uwuriko araguhanura akwitwararika, atavuga abitumwe n’ishavu kandi akaba ata zindi mvo zihishije abigirana, uroroherwa no kwemera iyo mpanuro. Ku bw’ivyo, igihe uhanura abandi, ubwo ntukwiye kubigenza gutyo nyene? Vyongeye, impanuro zivamwo ivyiza ziba zishingiye kw’Ijambo ry’Imana. (2 Timoteyo 3:16) Impanuro izo ari zo zose dutanga zikwiye kuba zishingiye ku Vyanditswe: twoshobora kubisoma muri Bibiliya canke kubisubiramwo ku munwa. Ni co gituma abakurambere biyubara ngo ntibemeze abandi ku nguvu ivyiyumviro vyabo bwite; eka kandi ntibagoreka Ivyanditswe ngo batume bisa n’aho Bibiliya ishigikira ukuntu bo babona ibintu. Impanuro zirarushiriza kandi kuba ngirakamaro igihe zitanzwe mu buryo bubereye. Impanuro zitanganywe umutima mwiza ziroroha kwemera kandi zigatuma uwuzihawe agumana agateka kiwe.—Abakolosayi 4:6.

22. Wiyemeje gukoresha gute ingabirano y’ukuvuga?

22 Mu vy’ukuri, ubushobozi bwo kuvuga ni ingabirano y’agaciro iva ku Mana. Urukundo dukunda Yehova rurakwiye gutuma dukoresha neza iyo ngabirano, aho kuyikoresha nabi. Nimuze twame twibuka ko amajambo tuvuga ashobora kwubaka canke gusambura. Ese twokwihatira gukoresha iyo ngabirano nk’uko Umuremyi ashaka, ni ukuvuga mu ‘kwubaka’ abandi. Imvugo yacu izoheza iruhurire abadukikuje yongere idufashe kuguma mu rukundo rw’Imana.

^ ing. 10 Muri Bibiliya, ijambo “ubuhumane” rifise insobanuro yagutse ishobora kuba irimwo ivyaha vyinshi. Naho atari ubuhumane bwose bisaba ko bwicarirwa na komite ncarubanza, umuntu arashobora gucibwa mw’ishengero mu gihe amogoreye ubuhumane bukomeye ariko ntiyigaye.—2 Abakorinto 12:21; Abanyefeso 4:19; raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2006.