Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 13

Imisi mikuru idahimbara Imana

Imisi mikuru idahimbara Imana

“Mugume mwiyemeza neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo.”—ABANYEFESO 5:10.

1. Yehova akwegera abantu bameze gute, kandi ni kubera iki bategerezwa kuguma bari maso?

YEZU yavuze ati: “Abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri, kuko vy’ukuri mwene abo ari bo Data arondera ngo bamusenge.” (Yohani 4:23) Igihe Yehova abonye abantu mwene abo, nk’uko vyagenze no kuri wewe, aca abakwegera kuri we no ku Mwana wiwe. (Yohani 6:44) Ese ukuntu baba batewe iteka! Ariko rero, abakunda ukuri kwo muri Bibiliya bategerezwa ‘kuguma biyemeza neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo’ kubera yuko Shetani ari karuhariwe mu guhenda abantu.—Abanyefeso 5:10; Ivyahishuwe 12:9.

2. Sigura ukuntu Yehova abona abagerageza gusukiranya ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma.

2 Zirikana ku vyabaye hafi y’Umusozi Sinayi igihe Abisirayeli basaba Aroni ngo abahingurire imana. Aroni yaciye apfa kwemera maze ahingura inyana y’inzahabu, avuga yuko iyo nyana yagereranya Yehova. Yavuze ati: “Ejo hariho umusi mukuru wa Yehova.” Yehova yoba yarirengagije ukwo gusukiranya ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma? Habe namba. Yaratumye abantu bashika 3.000 basenze iyo nyana bicwa. (Kuvayo 32:1-6, 10, 28) None icigwa ni ikihe? Niba dushaka kwigumiza mu rukundo rw’Imana, dutegerezwa ‘kudakora ku kintu gihumanye na kimwe’ maze ukuri tukakurinda ubwoko bwose bw’ubuhumane twivuye inyuma.—Yesaya 52:11; Ezekiyeli 44:23; Abagalatiya 5:9.

3, 4. Kubera iki dukwiye kwitwararika cane ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya igihe dusuzuma imigenzo n’imisi mikuru ikundwa na benshi?

3 Inyuma y’urupfu rw’intumwa, izakinga ngo ntihaduke ubuhuni, abiyita abakirisu badakunda ukuri baciye batangura gukurikiza imigenzo y’abapagani n’imisi mikuru yitwa ngo ni myeranda, bakavyitirira ubukirisu. (2 Abatesalonika 2:7, 10) Uko twihweza imwimwe muri iyo misi mikuru, uraza kubona ko irangwa n’impwemu y’isi, aho kurangwa n’impwemu y’Imana. Muri rusangi, imisi mikuru ihimbazwa mw’isi usanga ihuriye kuri iki kintu: Ikabura ivyipfuzo vy’umubiri kandi igashigikira inyigisho z’ikinyoma n’ubupfumu, ivyo akaba ari vyo biranga “Babiloni Akomeye.” * (Ivyahishuwe 18:2-4, 23) Ntiwibagire kandi ko Yehova yiboneye ibintu bisesemye abapagani bakora, ari na vyo nkomoko y’imigenzo myinshi abantu bakunda. Nta gukeka ko guhimbaza mwene iyo misi mikuru n’ubu bimubabaza cane. None ntitwari dukwiye kubona iyo misi mikuru nk’uko Yehova ayibona?—2 Yohani 6, 7.

4 Twebwe abakirisu b’ukuri turazi ko hariho imisi mikuru idahimbara Yehova. Ariko rero, turakeneye kwiyemeza dushikamye kudahirahira ngo tugire uruhara na rutoyi muri yo. Gusubira gusuzuma igituma Yehova adahimbarwa n’imisi mikuru nk’iyo bizokomeza umwiyemezo dufise wo kwirinda ikintu cose cotubuza kuguma mu rukundo rw’Imana.

GUSENGA IZUBA BIHINDUKA BIKITWA NOWELI

5. Kubera iki dushobora kwemera tudakeka ko Yezu atavutse ku wa 25 Kigarama?

5 Nta na hamwe Bibiliya ivuga ko umusi Yezu yavukiyeko woba warahimbazwa. Nkako, igenekerezo nyezina yavukiyeko ntirizwi. Ariko rero, turashobora kwemera tudakeka ko atavutse ku wa 25 Kigarama, igihe urushana ruba rurimwo imbeho izura inzara mu karere yavukiyemwo. * Nakare, Luka yanditse yuko igihe Yezu yavuka “abungere baba hanze” baragiye amasho yabo. (Luka 2:8-11) Iyaba abungere bari bamenyereye ‘kuba hanze’ mu kiringo cose c’umwaka, ico kintu nticari kwirirwa kirashimikwako. Ariko rero, kubera yuko mu gihe c’urushana i Betelehemu haba hari imvura n’urubura rwinshi, imikuku yaguma mu ruhongore, kandi abungere ntibashobora ‘kuba hanze.’ Bisubiye, Yozefu na Mariya bari bagiye i Betelehemu kuko Sezari Ogusito yari yategetse ko haba rusansuma. (Luka 2:1-7) Ntivyumvikana yuko Sezari yari gutegeka abantu banka ubutegetsi bw’Uburoma kuja mu bisagara vya ba sekuruza babo mu gihe c’urushana rurimwo imbeho izura inzara.

6, 7. (a) Imigenzo myinshi ikurikizwa kuri Noweli ishobora kuba ikomoka hehe? (b) Ni itandukaniro irihe riri hagati y’ugutanga kugirwa kuri Noweli be n’ukugirwa n’abakirisu?

6 Noweli ntishingiye ku Vyanditswe ahubwo ikomoka mu misi mikuru abapagani bahimbaza kera, nka ya Saturunaliya y’Abaroma, uwo ukaba wari umusi mukuru wahariwe ikimana c’abarimyi citwa Saturune. Muri ubwo buryo nyene, dufatiye ku kuntu abasenga ikimana zuba Mithra baharura, bahimbaza umusi w’ivuka ryaco ku wa 25 Kigarama. Noweli yatanguye guhimbazwa igihe ugusenga izuba kwari gukomeye cane i Roma, nk’ibinjana bitatu inyuma y’urupfu rwa Kristu.

Abakirisu b’ukuri batanga babitumwe n’urukundo

7 Mu gihe co guhimbaza iyo misi mikuru, abapagani barahanahana ingabirano bakongera bakitereka ibifungurwa n’ibinyobwa, ivyo bintu n’ubu bikaba bikorwa kuri Noweli. Ariko rero, nk’uko bisanzwe bigenda n’ubu, ingabirano nyinshi wasanga zitangwa mu buryo budahuje n’amajambo avugwa mu 2 Abakorinto 9:7, agira ati: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” Abakirisu b’ukuri batanga babitumwe n’urukundo, ntibatanga ngo ni uko ari kw’igenekerezo kanaka, kandi ntibatanga biteze gusubirizwa mu ndumane. (Luka 14:12-14; soma Ivyakozwe 20:35.) Vyongeye, barakenguruka cane kubona bakingirwa ibintu bishusha umutwe bijanye na Noweli bakongera bakirinda imitwaro iremereye y’amadeni abantu benshi bafata muri ico kiringo c’umwaka.—Matayo 11:28-30; Yohani 8:32.

8. Ba bantu baragurisha inyenyeri boba bahaye Yezu ingabirano ku musi w’ivuka ryiwe? Sigura.

8 Ariko rero, hari abovuga bati: “None ba bantu baragurisha inyenyeri ntibahaye Yezu ingabirano ku musi w’ivuka ryiwe?” Ivyo si vyo na gatoyi. Ingabirano batanze zari izo kugaragaza icubahiro bari bafitiye umuntu ahambaye, ivyo bikaba vyarakunda kugirwa kera. (1 Abami 10:1, 2, 10, 13; Matayo 2:2, 11) Mbere ntibaje muri rya joro nyene Yezu yavukiyeko. Igihe bashika, Yezu ntiyari akiri akayoya karyamye mu bwato; yari amaze amezi atari make avutse kandi yaba mu nzu.

ICO BIBILIYA IVUGA KU MISI MIKURU Y’IVUKA

9. Ni ikintu ikihe kidasanzwe kiranga imisi mikuru yo kwibuka ivuka ivugwa muri Bibiliya?

9 Naho nyene igihe uruyoya ruvutse vyama biteye umunezero, nta na hamwe Bibiliya ivuga ibijanye n’ihimbazwa ryo kwibuka umusi umusavyi w’Imana kanaka yavukiyeko. (Zaburi 127:3) Kwoba kwabaye ukwibagira gusa? Oya si vyo, kuko Bibiliya ivuga abantu babiri bahimbaje umusi wo kwibuka ivuka ryabo, na bo bakaba ari Farawo wo mu Misiri na Herodi Antipa. (Soma Itanguriro 40:20-22; Mariko 6:21-29.) Ariko rero, iyo misi mikuru yompi ivugwa nabi, na canecane uwo wa Herodi, kuko Yohani Umubatizi ari ho yaciriwe umutwe.

10, 11. Abakirisu ba kera babona gute imisi mikuru y’ukwibuka ivuka, kandi kubera iki?

10 Igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kivuga giti: “Abakirisu bo mu ntango babona ko guhimbaza umusi umuntu yavukiyeko ari umugenzo w’abapagani.” Nk’akarorero, Abagiriki ba kera bemera ko umuntu wese yaba afise umuzimu umukingira wafasha mu gihe c’ivuka ryiwe, maze ukabandanya umuzigama. Ikindi gitabu cerekeye imisi mikuru y’ivuka kivuga yuko uwo muzimu, “mu buryo busiga ubwenge, waba ufitaniye isano n’ikimana caba cavutse kw’igenekerezo rihuye n’iryo uwo muntu yavukiyeko.” Vyongeye, kuva kera na rindi imisi mikuru yo kwibuka ivuka yamye ifitaniye isano cane n’ukuragurisha inyenyeri.

11 Uretse ko abasavyi b’Imana ba kera biyamiriza imigenzo ijanye no kwibuka umusi w’ivuka kubera yakomoka ku bapagani no ku bupfumu, birashoboka kandi ko bayiyamiriza kubera ivyo bemera. Uti kubera iki? Bari abantu bicisha bugufi babona ko ivuka ryabo atari ikintu gihambaye ku buryo cari gikwiye guhimbazwa. * (Mika 6:8; Luka 9:48) Ahubwo riho, Yehova ni we baninahaza bakongera bakamushimira kubona yarabahaye ingabirano ntangere y’ubuzima. *Zaburi 8:3, 4; 36:9; Ivyahishuwe 4:11.

12. Umusi dupfiriyeko ushobora gute kuruta umusi twavukiyeko?

12 Imana ntiyibagira abantu baguma ari intahemuka gushika ku rupfu, kandi ico ni ikimenyamenya c’uko bazoronka ubuzima muri kazoza. (Yobu 14:14, 15) Mu Musiguzi 7:1 hagira hati: “Izina ryiza riraruta amavuta meza, n’umusi w’ugupfa uraruta umusi w’ukuvuka.” Iryo “zina ryiza” ni ukubonwa neza n’Imana kubera tuyikorera tudahemuka. Ntibitangaje rero kubona umusi mukuru umwe gusa abakirisu basabwa guhimbaza atari uwujanye n’ivuka rya Yezu, ahubwo ujanye n’urupfu rwiwe, “izina” ryiwe ry’agahebuza rikaba ari ikintu nyamukuru gituma tuzorokoka.—Abaheburayo 1:3, 4; Luka 22:17-20.

PASIKA

13, 14. Kubera iki abakirisu b’ukuri badahimbaza Pasika?

13 Pasika ni umusi mukuru abitwa abakirisu bahimbaza mu kwibuka izuka rya Yezu. None Yezu yoba yarasavye abakirisu guhimbaza izuka ryiwe? Habe namba. Ibitabu vya kahise vyerekana ko abakirisu bo mu ntango batahimbaza Pasika be n’uko uwo musi mukuru ushingiye ku migenzo y’abapagani. Igitabu kimwe (Encyclopædia Britannica) kigira giti: “Mw’Isezerano rishasha, nta kintu na kimwe cerekana ko umusi mukuru wa Pasika wahimbazwa. . . . Nta misi myeranda yabaho ku bakirisu bo mu ntango.”

14 Yehova yoba yokwemera ko abantu bahimbaza umusi mukuru ukomoka mu bapagani mu kwibuka izuka ry’Umwana wiwe? Ihibambewe! (2 Abakorinto 6:17, 18) Kira noneho, nta na hamwe Ivyanditswe bisaba abantu guhimbaza izuka rya Yezu. Ku bw’ivyo, guhimbaza Pasika ni uguhemuka.

IMIGENZO IJANYE N’URUPFU

15. Kubera iki abakirisu b’ukuri batagira imigenzo imwimwe ijanye n’urupfu?

15 Hariho imigenzo myinshi igirwa igihe umuntu yapfuye abakirisu bakwiye kwirinda. Igihe umuntu apfuye, abagandaye barashobora kumara ijoro ryose bateramiye ikiziga. Mu gihe co gufuba, bene umuntu barafata utuvu bagaterera mu mva. Inyuma y’amaziko haraba ukugandara, uguca ku mazi be n’ukumarirwa. Iyo migenzo yose irafitaniye isano n’inyigisho yuko umuntu adapfa ngo ahere be n’uko ngo ashobora kugirira nabi canke neza abasigaye. Igitabu Imigenzo y’ikirundi kivuga giti: “Ugupfa . . . ni ugusohoka mu kibiribiri gica citwa ikiziga, nya muntu akitambatambira ngaho yihweza utwo bamugirira ku kiziga ciwe maze akazōhōra.” Kubera yuko abapfuye ‘ata co bazi namba,’ abipfuza kwigumiza mu rukundo rw’Imana baririnda umugenzo wose ufitaniye isano no gutinya abapfuye.—Umusiguzi 9:5, 10.

IBIRORI VY’UBUGENI BWANYU NIBIGUME BIDAHUMANYE

16, 17. Ni kubera iki abimirije kurushinga bakwiye gusuzuma bisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya imigenzo ijanye n’ubugeni ikurikizwa mu karere iwabo?

16 Ubu bwa vuba, “nta jwi ry’umukwe n’iry’umugeni rizokwigera ryongera kwumvikana” muri Babiloni Akomeye. (Ivyahishuwe 18:23) Uti kubera iki? Ni kubera yuko Babiloni ubwayo itazoba ikiriho, imwe mu mvo izotuma ivaho ikaba ari ubupfumu bwayo bushobora guhumanya umubano w’ababiranye guhera ku musi w’ubugeni.—Mariko 10:6-9.

17 Imigenzo usanga itandukanye bivanye n’igihugu umuntu arimwo. Imigenzo imwimwe isa n’aho ata co itwaye ushobora gusanga ikomoka mu vyo Abanyababiloni bari bamogoreye gukora, bino bikaba vyiyumvirwa ko vyari bigenewe kwipfuriza umugisha abageni n’abatumire babo. (Yesaya 65:11) Biratomoye rero ko abo bose bipfuza kuguma mu rukundo rw’Imana bategerezwa kwirinda mwene iyo migenzo mibi.—Soma 2 Abakorinto 6:14-18.

18. Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zikwiye kuyobora umusore n’inkumi bategekanya kugira ubugeni be n’abatumire babo?

18 Abasavyi ba Yehova baririnda imigenzo y’isi yoshobora gutuma ubugeni n’agatutu bitakaza icubahiro canke bigashobora kubabaza ijwi ryo mu mutima rya bamwebamwe. Nk’akarorero, baririnda amajambo yotera ubuyega abageni n’abandi. Ntibakoresha amajambo y’abantu b’isi ashimika ku kuronka amaronko. (Luka 6:31; 10:27; 1 Abakorinto 2:12) Bisubiye, baririnda kugira ibintu bihanitse bitagaragaza ukwifata ruto, ariko bigaragaza “uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho.” (1 Yohani 2:16) Niba utegekanya kugira ubugeni, ntiwigere wibagira yuko Yehova ashaka ko uwo musi udasanzwe ukubera ikintu ushobora kwama wibuka ukanezerwa, aho kwicuza. *

UMUGENZO WO KUDUZA IBIRAHURI WOBA ARI MUBI?

19, 20. Igitabu kimwe kivuga iki ku nkomoko y’umugenzo wo kuduza ibirahuri, kandi ni kubera iki abakirisu batawukurikiza?

19 Kuduza ibirahuri imbere y’ukwihereza ibinyobwa ni umugenzo umenyerewe kugirwa mu manza z’ubugeni no mu zindi manza zo kwinezereza. Igitabu kivuga ibijanye n’inzoga be n’imico kama casohotse mu 1995 kigira giti: “Kuduza ibirahuri imbere y’ukwihereza ibinyobwa . . . bishobora kuba ari ibisigarira vy’umugenzo wa kera wo gushikanira ibimana ikinyobwa ceranda . . . mu kubishimira kubona vyumvirije igisabisho vyatuwe mu majambo makeyi nk’aya ngo ‘twirambire’ canke ngo ‘tugire amagara meza!’”

20 Ego ni ko abantu benshi boshobora kuba batabona ko uwo mugenzo ufitaniye isano n’idini canke ukwemera ibintazi. Yamara rero, umugenzo wo kuduza ibirahuri birimwo inzoga woshobora kubonwa nk’ugusaba Imana umuhezagiro mu buryo budahuye n’Ivyanditswe.—Yohani 14:6; 16:23. *

“YEMWE ABAKUNDA YEHOVA, NIMWANKE IKIBI”

21. Ni ibirori ibihe bikundwa na benshi abakirisu bokwirinda naho bitoba bijanye n’idini, kandi kubera iki?

21 Inyifato runtu iriko iratituka cane muri iki gihe, bikaba biterwa na Babiloni Akomeye mu buryo bwibonekeza canke butibonekeza. Ivyo birerekanwa n’ukuntu ibihugu bimwebimwe usanga bishigikira ibirori vyo kwidagadura bigirwa buri mwaka. Mwene ivyo birori biba birimwo intambo ziteye isoni n’uguhayagiza ukuryamana kw’abasangiye igitsina. Uwundi musi mukuru ukundwa na benshi ni uguhimbaza umwaka mushasha. Ko ivyo birori bikunze kurangwa n’ibintu Bibiliya yiyamiriza, vyoba bibereye ko umuntu akunda Yehova abijamwo canke ko abirorera? Ubwo yoba azinukwa ikibi aramutse abikoze? (Zaburi 1:1, 2; 97:10) Ese ukuntu vyoba vyiza yiganye agatima k’umwanditsi wa zaburi, uwasenze ati: “Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro”!—Zaburi 119:37.

22. Ni ryari umukirisu yokwifatira ingingo yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima niba yoja mu musi mukuru kanaka?

22 Mu gihe c’imisi mikuru ihimbazwa mw’isi, umukirisu yokwiyubara ngo inyifato yiwe ntitume abandi biyumvira ko ariko arayihimbaza. Paulo yanditse ati: “Mwaba murya canke munywa canke mukora ikindi kintu cose, mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.” (1 Abakorinto 10:31; raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene wofata ingingo nziza”.) Yamara rero, niba bigaragara ko umugenzo canke umusi mukuru kanaka utarimwo ibintu bijanye n’idini ry’ikinyoma, ivya politike canke ukwiratira igihugu, kandi ukaba udateye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ico gihe umukirisu umwumwe wese yokwifatira ingingo niba yowujamwo. Naho ari ukwo, yorimbura ukuntu abandi babibona kugira ntabatsitaze.

NUNINAHAZE IMANA MU MVUGO NO MU NGIRO

23, 24. Twoburanira gute ingingo ngenderwako za Yehova?

23 Abantu benshi babona ko imisi mikuru imwimwe ikundwa cane ahanini ari akaryo keza k’uko abagize umuryango canke abagenzi bahurira hamwe. Ku bw’ivyo, niba hari umuntu yibwira ko tutagira urukundo canke ko turenza urugero kubera twisunga Ivyanditswe, turashobora kumusigurira n’umutima mwiza yuko Ivyabona vya Yehova bahimbarwa no gukoranira hamwe n’incuti n’abagenzi mu buryo bubereye. (Imigani 11:25; Umusiguzi 3:12, 13; 2 Abakorinto 9:7) Turahimbarwa no kunezeranwa n’abacu mu gihe ico ari co cose c’umwaka. Ariko kubera yuko dukunda Imana n’ingingo ngenderwako zayo, ntitwipfuza guhumanya mwene ivyo biringo bihimbaye mu gukurikiza imigenzo iyibabaza.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ugusenga kw’ukuri kuraturonsa umunezero mwinshi”.

24 Hari Ivyabona baroraniwe igihe baganira n’abantu vy’ukuri bipfuza gutahura bakoresheje ivyiyumviro dusanga mu kigabane ca 16 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? * Ariko rero, uribuka ko intumbero yacu ari ukubakora ku mutima, atari uguharira na bo. Ku bw’ivyo, nugaragaze icubahiro n’ubwitonzi kandi “imvugo ya[we] yamane igikundiro, irunze umunyu.”Abakolosayi 4:6.

25, 26. Abavyeyi bofasha gute abana babo gukomeza ukwizera n’urukundo bakunda Yehova?

25 Twebwe abasavyi ba Yehova turafise amakuru ahagije. Turazi igituma twemera ibintu bimwebimwe kandi tukabigendera, ibindi na vyo tukavyirinda. (Abaheburayo 5:14) Bavyeyi, nimwigishe rero abana banyu kuzirikana bisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ivyo bizokomeza ukwizera kwabo, bibafashe guha inyishu zishingiye ku Vyanditswe abababaza ivyo bemera, vyongere bibakure amazinda yuko Yehova abakunda.—Yesaya 48:17, 18; 1 Petero 3:15.

26 Abasenga Imana “mu mpwemu no mu kuri” ntibirinda gusa imisi mikuru idashingiye ku Vyanditswe, ariko kandi barihatira kuba imvugakuri mu mice yose y’ubuzima. (Yohani 4:23) Muri iki gihe, abantu bivugira ngo “uwutabeshe ntasumira umwana.” Ariko nk’uko tuza kubibona mu kigabane gikurikira, vyama ari vyiza gukora ibintu nk’uko Imana ishaka.

^ ing. 3 Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Noba nkwiye guhimbaza uwu musi mukuru?”. Ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova kirimwo urutonde rw’imisi yitwa ngo ni myeranda be n’iyindi abantu bahimbaza. Ico gitabu casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 5 Twisunze ibihe bivugwa muri Bibiliya n’inkuru za kahise, birashoboka ko Yezu yoba yavutse mu kwezi kw’Abayuda kwitwa Etanimu, kukaba guhurirana n’igice ca nyuma ca Nyakanga n’igice ca mbere ca Gitugutu, ufatiye ku kirangamisi c’ubu.

^ ing. 11 Amategeko Imana yahaye Abisirayeli yasaba ko umugore ahejeje kwibaruka ashikanira Imana ikimazi c’igicumuro. (Abalewi 12:1-8) Kubera ko ico kintu Abisirayeli basabwa cabibutsa bimwe bikomeye ko abantu baraga abana babo igicumuro, carabafasha kubona ivuka ry’umwana mu buryo bubereye kandi gishobora kuba carabakuramwo agatima ko gukurikiza imigenzo y’abapagani ijanye n’ivuka.Zaburi 51:5.

^ ing. 18 Raba ibiganiro bitatu bivuga ivyerekeye imanza z’ubugeni n’ibihe vy’ukwinezereza turi kumwe n’abandi, mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2006, urupapuro rwa 18-31.

^ ing. 24 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.