Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 14

Tube imvugakuri muri vyose

Tube imvugakuri muri vyose

“Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”—ABAHEBURAYO 13:18.

1, 2. Kubera iki Yehova ahimbarwa iyo abonye turiko turihatira kuba imvugakuri? Tanga akarorero.

INABIBONDO n’agahungu kiwe bavuye mw’ibutike. Bukwi na bukwi, ako kana gaciye gahagarara kijiriwe mu maso. Gafise mu minwe imbombo kakuye muri iyo butike. Kari kashatse gusaba nyina ngo ayikagurire mugabo gaca karibagira. Kararirira imbere ya nyina gatuntuye cane. Nyina aragasubiriza umutima mu nda, bagaca basubira inyuma muri ya butike kugira gasubize nya mbombo kongere gasabe ikigongwe. Igihe ako gahungu kabigenza gutyo, nyina wako akamwemwe karamusya kandi akumva akishimiye cane. Uti kubera iki?

2 Ni ibintu bike bihimbara abavyeyi nko kubona abana babo bariko baratahura akamaro ko kuvugisha ukuri. Ukwo ni ko na Data wa twese wo mw’ijuru, we “Mana y’inyakuri” amererwa. (Zaburi 31:5) Igihe yihweza iterambere tugira mu gukomeza ubucuti dufitaniye na we, arahimbarwa no kubona ukuntu twihatira kuba imvugakuri. Kubera yuko twipfuza kumuhimbara no kwigumiza mu rukundo rwiwe, twumva tumerewe nk’intumwa Paulo igihe yavuga ati: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” (Abaheburayo 13:18) Nimuze twihweze imice ine nyamukuru y’ubuzima, iyo twosanga rimwe na rimwe ari urugamba rutoroshe kugaragazamwo ko turi imvugakuri. Turaheza turabe ivyiza bimwebimwe bivamwo.

TWISUZUME TUTIBESHA

3, 4. Ijambo ry’Imana rituburira gute ku ngeramizi z’ukwibesha?

3 Ikintu ca mbere kitugora ni ukwisuzuma tutibesha. Biroroshe cane ko abantu badatunganye bibesha. Nk’akarorero, Yezu yabwiye abakirisu b’i Lawodiseya ko bari baribeshe mu kwiyumvira yuko bari abatunzi, ariko mu vy’ukuri bari ‘aboro, impumyi, kandi bari gusa’ mu buryo bw’impwemu; bari bateye ikigongwe. (Ivyahishuwe 3:17) Ukwo kwibesha nta kindi kwashitseko atari ukwunyura ibintu.

4 Ushobora kandi kuba wibuka ko intumwa Yakobo yagabishije ati: “Nimba umuntu yibwira ko ari uwusenga mu buryo nyabwo yamara ntajiginyike ururimi rwiwe, mugabo akabandanya guhenda umutima wiwe bwite, ugusenga kw’uwo muntu nta co kuba kumaze.” (Yakobo 1:26) Hamwe twokwiyumvira yuko dushobora gukoresha nabi ururimi rwacu mugabo Yehova akemera ugusenga kwacu, twoba turiko turibesha. Ugusenga kwacu kwoba ari impfagusa, kwoba ari uguta umwanya. Ni igiki coturinda iyo ngorane?

5. Ni ibiki bizodufasha kwisuzuma tutibesha?

5 Muri ico canditswe nyene, Yakobo asanisha ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana n’icirore. Aduhanura kwihweza twitonze muri rya tegeko ritunganye ry’Imana, tugaca duhindura ibikenewe. (Soma Yakobo 1:23-25.) Bibiliya irashobora kudufasha kwisuzuma tutibesha, tukabona aho dukeneye kuryohora. (Gucura intimba 3:40; Hagayi 1:5) Twoshobora kandi gusenga Yehova tumusaba ngo adusuzume, maze adufashe kubona utunenge dukomeye twoba dufise no kudukosora. (Zaburi 139:23, 24) Uburyarya ni ubugoyagoye budashoka bwibonekeza, kandi dukwiye kububona nk’uko Data wa twese wo mw’ijuru abubona. Mu Migani 3:32 havuga hati: “Umunyamayeri [ni] ikintu giteye ishishi kuri Yehova, mugabo kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse.” Yehova arashobora kudufasha kubona ibijanye n’ukuvuga ukuri nk’uko abibona hamwe no gusuzuma ivyo dukora dufatiye ku kuntu abona ibintu. Uribuka ko Paulo yavuze ati: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse.” Muri iki gihe ntidushobora kuba abantu batunganye, yamara turafise icipfuzo gikomeye co kuba imvugakuri kandi turihatira kubishikako.

TUBE IMVUGAKURI MU MURYANGO

Kwirinda uburyarya biratubuza gukora ibintu tutokwubahuka kwereka abandi

6. Ni kubera iki abubakanye bakwiye kubwirana ukuri, kandi ni ingorane izihe baba birinze?

6 Ukuri ni kwo gukwiye kuranga umuryango w’abakirisu. Umugabo n’umugore bategerezwa rero guseruranira akari ku mutima no kuvugana ukuri. Umubano w’abakirisu ntukwiye kubamwo ibintu bibabaza kandi bihumanye nk’ukumenyerana cane n’uwo mutubakanye, gukundana mu mpisho biciye kuri internet canke kuraba amasanamu y’ibiterasoni. Hari abakirisu bagiye muri ivyo bintu bibi mugabo barabihisha abo bubakanye. Umuntu akora ivyo aba ari indyarya. Raba amajambo wa Mwami w’umwizigirwa Dawidi yavuze, ati: “Sinicaranye n’abantu b’ababeshi; kandi sininjirana n’abanyegeza ico bari.” (Zaburi 26:4) Niba wubatse, ntiwigere wisuka mu ngeso yotuma uhisha uwo mwubakanye ico uri!

7, 8. Ni uburorero ubuhe bwo muri Bibiliya bushobora gufasha abana kumenya agaciro k’ukuba imvugakuri?

7 Igihe abavyeyi bigisha abana babo agaciro ko kuba imvugakuri, biraba vyiza bakoresheje uburorero bwo muri Bibiliya. Ku bijanye n’uburorero bubi, boshobora gukoresha inkuru yerekeye Akani, uwivye akongera akagerageza kubihisha; iyerekeye Gehazi, uwabeshe kugira yironkere amahera; hamwe n’iyerekeye Yuda, uwivye akongera akabesha kugira agirire nabi Yezu.—Yosuwa 6:17-19; 7:11-25; 2 Abami 5:14-16, 20-27; Matayo 26:14, 15; Yohani 12:6.

8 Ku bijanye n’uburorero bwiza na ho, hariho inkuru ya Yakobo, uwahimirije abahungu biwe gusubiza amahera bari basanze mu magunira yabo kubera yibaza ko abayashizemwo bari bihenze. Hariho kandi inkuru ya Yefuta n’umukobwa wiwe yubahirije indagano se yari yagize naho vyamusavye ukwitanga gukomeye cane; hakaba n’iyerekeye Yezu, uwariye umutima amenyo akidondora imbere y’akagwi k’ababisha kugira ashitse ubuhanuzi yongere akingire abagenzi biwe. (Itanguriro 43:12; Abacamanza 11:30-40; Yohani 18:3-11) Ubwo burorero bukeyi bwoshobora kuronsa abavyeyi amakuru yo mw’Ijambo ry’Imana yobafasha kwigisha abana babo agaciro ko kuba imvugakuri.

9. Ni igiki abavyeyi bakwiye kwirinda nimba bashaka kwigisha abana babo kuba imvugakuri biciye ku karorero, kandi ni kubera iki akarorero kabo gahambaye?

9 Kwigisha abana muri ubwo buryo bituma abavyeyi bagira ibanga rihambaye. Intumwa Paulo yabajije ati: “Ariko none, wewe wigisha uwundi, ntiwiyigisha? Wewe wamamaza ngo: ‘Ntiwibe,’ uriba?” (Abaroma 2:21) Abavyeyi bamwebamwe baratuma abana babo bazazanirwa igihe babigisha kuba imvugakuri ariko ugasanga si vyo bo bagira. Abo bavyeyi boshobora kwisigura ku bijanye n’ukwiba utuntu dutoduto, bakavuga bati: “Erega ku kazi gutwara utuntu mwene utu ni ibisanzwe.” Canke na ho ku bijanye n’ukubesha bakisigura bati: “Kwari ukwijajurira, nta co bitwaye.” Mu vy’ukuri, ukwiba ni ukwiba, naho icibwe coba gifise agaciro kangana gute. Vyongeye, ikinyoma kiguma ari ikinyoma, tutiriwe turaraba ivyo muriko muraganirako canke urugero rw’ico kinyoma. * (Soma Luka 16:10.) Abana ntibateba guhinyura ko umuntu ari indyarya kandi ivyo vyoshobora gutuma bataba imvugakuri. (Abanyefeso 6:4) Yamara rero, igihe abana bize kuba imvugakuri biciye ku karorero k’abavyeyi babo, birashoboka rwose ko bazokura baninahaza Yehova muri iyi si yuzuye ububeshi.—Imigani 22:6.

TUBE IMVUGAKURI MW’ISHENGERO

10. Ku bijanye n’ibiyago tugirana n’abo dusangiye ukwizera, ni ibiki dukwiye kwibuka?

10 Kwifatanya n’abakirisu bagenzi bacu biraturonsa uturyo twinshi two kwerekana ko turi imvugakuri. Nk’uko twavyize mu kigabane ca 12, turakeneye kwiyubara ku kuntu dukoresha ingabirano twahawe y’ukuvuga, na canecane igihe turi kumwe n’abo dusangiye ukwizera. Ibiyago vya misi yose birashobora gucika urusaku bitagoranye, mbere bigashika no kwambika ibara abandi. Igihe tugiye turavugavuga amakuru tutazi neza, twoshobora gusanga turiko turafasha gukwiragiza ibinyoma. Ni vyiza rero ko ducungera iminwa yacu. (Imigani 10:19) Ku rundi ruhande, twoshobora kuba tuzi ko ikintu kinaka ari ukuri, ariko ivyo ntibisobanura yuko duca tucandagaza. Nk’akarorero, hari aho ico kintu coba kitaturaba, canke na ho bikaba bitaranga umutima mwiza kukivugavuga. (1 Abatesalonika 4:11) Hari abavuga amajambo acumita bagaca bisigura ngo ni ukutarya umunwa, yamara rero amajambo tuvuga akwiye kwamana igikundiro n’ubuntu.—Soma Abakolosayi 4:6.

11, 12. (a) Ni gute bamwebamwe bongera ikibi mu kindi? (b) Ni ibinyoma ibihe Shetani akwiragiza ku bijanye n’ibicumuro bikomeye, kandi twobirwanya gute? (c) Twogaragaza gute ko turi imvugakuri kw’ishirahamwe rya Yehova?

11 Birahambaye canecane ko tubwiza ukuri abatuja imbere mw’ishengero. Hari abakora ibibi bikomeye usanga bongera ikibi mu kindi mu kugerageza guhisha icaha bakoze no mu kubesha abakurambere b’ishengero igihe bababajije ibijanye n’ico caha. Mwene abo bantu baca batangura kugira ubuzima burimwo tubiri, bakerekana ko bakorera Yehova kandi baguma bakora icaha gikomeye. Mu vy’ukuri, ivyo bituma ubuzima bwose bw’umuntu burangwa n’ububeshi. (Zaburi 12:2) Abandi na bo usanga babwira abakurambere ibintu bimwebimwe gusa vy’ukuri, yamara ibihambaye bakabibahisha. (Ivyakozwe 5:1-11) Inyifato nk’iyo akenshi iterwa n’ukwemera ibinyoma Shetani akwiragiza.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ibinyoma Shetani akwiragiza ku bijanye n’ibicumuro bikomeye”.

 

12 Birahambaye kandi ko tuba imvugakuri kw’ishirahamwe rya Yehova igihe twishura ibibazo vyo ku nkaratasi zuzuzwa. Nk’akarorero, igihe dutanga raporo y’umurimo twaranguye mu busuku, turiyubara kugira ngo ntitwandike ibitigiri bitari vyo. N’igihe nyene twuzuza urukaratasi rwo gusaba kuja mu murimo kanaka, dukwiye kutigera tubesha ku bijanye n’ukuntu amagara yacu yifashe canke iyindi mice y’ubuzima bwacu.—Soma Imigani 6:16-19.

13. Twogaragaza gute ko turi imvugakuri igihe twe n’uwo dusangiye ukwizera dukorera hamwe urudandaza canke akazi?

13 Kuba imvugakuri mu vyo dukorana n’abo dusangiye ukwizera birajamwo kandi n’ivy’urudandaza n’akazi. Rimwe na rimwe, abo dusangiye ukwizera boshobora gukorera hamwe urudandaza. Barakwiye kwiyubara ngo ntibaganire ivy’urwo rudandaza bari ku Ngoro y’Ubwami canke mu ndimiro. Canke woshobora gusanga umwe ari umukoresha w’uwundi. Nimba dukoresha abavukanyi bacu, vyoba vyiza twirinze kubarenganya, tukabahemba ku gihe amahera twumvikanye, tutibagiye no kubaronsa uturusho dutegekanywa canke dusabwa n’amategeko. (1 Timoteyo 5:18; Yakobo 5:1-4) Igihe na ho dukorera umuvukanyi, turakora ibikorwa vyose bikwiranye n’umushahara aduhemba. (2 Abatesalonika 3:10) Ntitwitega gufatwa mu buryo budasanzwe ngo ni uko dukoreshwa n’umuvukanyi, nk’aho umenga abwirizwa kuturonsa imisi y’akaruhuko canke utundi turusho abandi bakozi badahabwa.—Abanyefeso 6:5-8.

14. Igihe abakirisu basangiye urudandaza, ni igiki bakwiye gutegekanya kandi kubera iki?

14 Bite ho mu gihe dusangiye umutahe canke twasabiye hamwe ingurane? Bibiliya iratanga ingingo ngenderwako ihambaye kandi y’ingirakamaro yokwisungwa, na yo ikaba ari ugushira mu nyandiko ikintu cose cerekeye urwo rudandaza. Nk’akarorero, igihe Yeremiya yagura itongo, yaratunganije yuko handikwa ivyete bibiri, ivyabona bakabishirako umukono maze bikabikwa neza kugira baze bavyikoreko mu nyuma. (Yeremiya 32:9-12; raba kandi Itanguriro 23:16-20.) Igihe dukorana urudandaza n’abo dusangiye ukwizera, gushira mu nyandiko amakuru yose y’ido n’ido yerekeye urwo rudandaza ku rukaratasi rwateguwe neza, rugaterwako umukono n’ivyabona, ntibiba bisobanura ko tutizigiranira. Ahubwo riho, birafasha kwirinda ko hokwaduka ukutumvikana, ukuvunika umutima mbere n’ugucanamwo. Abakirisu bose bakorera hamwe urudandaza barakwiye kuguma bibuka ko ata rudandaza na rumwe rukwiye kubangamira ubumwe n’amahoro vy’ishengero. *1 Abakorinto 6:1-8.

TUBE IMVUGAKURI MURI IYI SI

15. Yehova abona gute ibintu bikorwa mu rudandaza rurimwo ububeshi, kandi abakirisu babona gute mwene ivyo bintu naho bikundwa na benshi?

15 Umukirisu ntakwiye kuba imvugakuri mw’ishengero gusa. Paulo yavuze ati: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” (Abaheburayo 13:18) Ku bijanye n’urudandaza, Umuremyi wacu arashima cane ko tuba imvugakuri. Igitabu c’Imigani conyene kiravuga akatari gake ibijanye n’umunzane ubesha. (Imigani 11:1; 20:10, 23) Mu bihe vya kera, abantu bari bamenyereye gukoresha iminzane n’amabuye mu rudandaza kugira bapime ibintu umuntu yaba aguze be n’amahera yatanga mu kubigura. Abadandaza b’ababeshi barashobora gukoresha ubwoko bubiri bw’amabuye yo gupima be n’umunzane ubesha kugira bahende bongere bibe abaguzi. * Yehova aranka urunuka ivyo bintu! Kugira twigumize mu rukundo rwiwe, turirinda twivuye inyuma ibintu vyose bijanye n’urudandaza rurimwo ububeshi.

16, 17. Ni ububeshi ubuhe bwiraye mw’isi ya kino gihe, kandi abakirisu b’ukuri biyemeje gukora iki?

16 Kubera ko Shetani ari we mutware w’iyi si, ntidutangazwa n’ukubona ububeshi bwiraye. Ku musi ku musi turahura n’ibintu bitwosha kuba ababeshi. Igihe abantu buzuza inkaratasi zo gusaba akazi, barakunze kubesha no kurenza urugero, bakiyitirira amashure batize canke bakabesha mu vyo bavuga ko baranguye. Igihe na ho buzuza inkaratasi z’inzira, z’amakori, za asiransi n’izindi nk’izo, usanga batanga inyishu zitari zo kugira bironkere ivyo bashaka. Abanyeshure benshi bariba mu bibazo. Abandi na bo igihe bandika ibitabu canke amaraporo bagira barangije amashure, boshobora kuja kuri internet maze bakimura ivyo uwundi muntu yakoze bagaheza bakavyiyitirira. N’ikindi kandi, igihe abantu bafise ivyo basaba abategetsi akenshi barabaha ibiturire kugira baronke ivyo bipfuza. Nta kindi twokwitega kubona muri iyi si aho abantu benshi usanga “ari abikunda, inkunzi z’amahera, . . . badakunda iciza.”—2 Timoteyo 3:1-5.

17 Abakirisu b’ukuri biyemeje kutagira ikintu na kimwe muri ivyo bakora. Kuba imvugakuri usanga rimwe na rimwe ari urugamba kubera yuko abagendera mu nzira zirimwo ububeshi basa n’abaroranirwa, mbere bagatera imbere muri iyi si. (Zaburi 73:1-8) Muri ico gihe, abakirisu boshobora kugira ingorane mu vy’ubutunzi kubera ko bipfuza kuguma ari imvugakuri “muri vyose.” None utwo twigoro twoba ari impfagusa? Haba namba! Uti kubera iki? Ni ivyiza ibihe biva ku kuba imvugakuri?

IVYIZA VYO KUBA IMVUGAKURI

18. Kubera iki kumenyekana ko turi imvugakuri biri n’agaciro kanini?

18 Mu buzima, ni ibintu bike bifise agaciro kuruta kumenyekana ko uri imvugakuri n’umwizigirwa. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Noba ndi imvugakuri mu bihe vyose?”) Kandi ubiravye neza, twese turashobora kuba imvugakuri! Ivyo ntibivana n’ubuhanga dufise, ubutunzi dufise, ukuntu dusa canke ikibanza dufise mu kibano. Yamara rero, benshi barananirwa kwihesha iryo zina ryiza. Ni katabona bose. (Mika 7:2) Naho bamwe bogutwenga kubera uri imvugakuri, abandi boshobora gushima ukuntu umeze, bigatuma bakwizigira kandi bakakwubaha. Benshi mu Vyabona vya Yehova mbere barahatoreye akoyoko kubera ari imvugakuri. Baragumijwe mu kazi igihe abakozi babi baba birukanywe, canke na ho bararonswa akazi igihe hari hakenewe cane abakozi b’imvugakuri.

19. Kuba imvugakuri bigira ico bikoze gute kw’ijwi ryacu ryo mu mutima no ku bucuti dufitaniye na Yehova?

19 Naho ivyo bitogushikira, kuba imvugakuri birashobora kukuzanira ivyiza mbere bihambaye kuruta. Uzogira ijwi ryo mu mutima ryiza. Paulo yanditse ati: “Tuzi neza yuko turi n’ijwi ryo mu mutima rigororotse.” (Abaheburayo 13:18) N’ikindi kandi, Data wa twese wo mw’ijuru adukunda ntabura kubona ukuntu uvugwa neza, kandi arakunda abantu b’imvugakuri. (Soma Zaburi 15:1, 2; Imigani 22:1.) Ego cane, kuba imvugakuri biragufasha kwigumiza mu rukundo rw’Imana, kandi nta yindi mpera yoza iruta iyo. Nimuze ubu na ho turimbure ikindi kiganiro kijanye n’ukuba imvugakuri, na co kikaba kitwereka ukuntu Yehova abona akazi.

^ ing. 9 Igihe mw’ishengero hagize umuntu amogorera kubesha ku mugaragaro abigiranye umutima mubi, bikaba biboneka ko afise intumbero yo kugirira nabi abandi, abakurambere boshobora gushinga komite ncarubanza.

^ ing. 14 Ku bijanye n’icokorwa igihe urudandaza rusangiwe na benshi rugenze nabi, raba amakuru y’inyogera “Gutunganya amatati ajanye n’amafaranga.”

^ ing. 15 Bakoresha ubwoko bumwe bw’amabuye mu kurangura ubundi na bwo mu kugurisha, ubwo bwoko bwompi bukaba bwatuma biyungukira. Bashobora kuba kandi barakoresha umunzane wasanga uruhande rumwe ari rurerure canke ruremereye gusumba urundi kugira bashobore kwiba umuguzi igihe cose abashoreye.