Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 16

Nurwanye Shetani n’amayeri yiwe

Nurwanye Shetani n’amayeri yiwe

“Murwanye Shetani, na we azobahunga.”—YAKOBO 4:7.

1, 2. Ni bande bahimbarwa mu gihe c’ibatisimu?

NIBA umaze imyaka mirongo ukorera Yehova, kumbure uramaze kwumviriza insiguro z’ibatisimu zitari nke zishikirizwa ku materaniro n’amahwaniro tugira. Naho woba umaze kwitaba ivyo biringo incuro n’izindi, nta gukeka ko wumva ukozwe ku mutima igihe ubonye abagiye kubatizwa bahaguruka kugira bishure vya bibazo bibiri umushikirizansiguro ababaza. Muri ako kanya, uza wumva uruyogoyogo mu bari aho bose kubera akamwemwe, bagaca bakoma amashi menshi cane. Kwibonera umugwi munini w’abantu biyongereye ku bandi bamaze kuja ku ruhande rwa Yehova, vyoshobora gutuma wumva amosozi adengereye mu maso. Ese akanyamuneza tugira mu bihe nk’ivyo!

2 Benshi muri twebwe usanga ibirori vy’ibatisimu tubibona gake mu mwaka, ariko abamarayika bobo babibona kenshi. Woba ushobora kwiyumvisha “akanyamuneza” kaba “mw’ijuru” igihe abamarayika bitegereza abantu ibihumbi hirya no hino kw’isi biyongera ku gice kiboneka c’ishirahamwe rya Yehova uko indwi itashe? (Luka 15:7, 10) Nta gukeka ko abamarayika bahimbarwa cane no kwibonera iryo yongerekana!—Hagayi 2:7.

SHETANI “AGENDAGENDA NK’INTAMBWE IROHA”

3. Kubera iki Shetani agendagenda “nk’intambwe iroha,” kandi ashaka iki?

3 Ariko rero, hariho ibiremwa usanga ishavu ririko riraniga mu gihe c’ibatisimu. Shetani n’amadayimoni inzigo irabarya igihe babona abantu ibihumbi bamirira kure iyi si yononekaye. Nkako, Shetani yariraririye avuga yuko ata muntu n’umwe akorera Yehova kubera amukunda vy’ukuri be n’uko ata n’umwe yoguma ari umwizigirwa aramutse ashikiwe n’ikigeragezo gikaze. (Soma Yobu 2:4, 5.) Igihe cose umuntu afashe ingingo yo kwiyegurira Yehova, aba yerekanye ko Shetani ari umubeshi. Ni nk’aho ku ndwi ku ndwi Shetani akubitwa amakofe ibihumbi n’ibihumbi mu kiringo cose c’umwaka. Ntibitangaje rero kubona “agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa”! (1 Petero 5:8) Iyo “ntambwe” irashashaye kuturotsa mu kwonona canke mbere mu guhagarika ubucuti dufitaniye n’Imana.—Zaburi 7:1, 2; 2 Timoteyo 3:12.

Igihe cose umuntu yiyeguriye Yehova akabatizwa, aba yerekanye ko Shetani ari umubeshi

4, 5. (a) Ni mu buryo bubiri buhambaye ubuhe Yehova yashingiye akarimbi Shetani? (b) Ni igiki umukirisu w’ukuri yokwemera adakeka?

4 Naho duhanganye n’umwansi akomeye, nta mvo n’imwe yotuma dutekerwa n’ubwoba. Uti kubera iki? Kubera yuko Yehova yamaze gushingira akarimbi ntarengwa iyo “ntambwe iroha,” akaba yabigize mu buryo bubiri buhambaye. Ubwo buryo ni ubuhe? Ubwa mbere, Yehova yaravuze imbere y’igihe ko “isinzi rinini” ry’abakirisu b’ukuri bazorokoka ya “makuba akomeye” yimirije. (Ivyahishuwe 7:9, 14) Ivyo Imana ivuze vyama biranguka. Na Shetani rero arazi ko adashobora kwosha abasavyi b’Imana bose uko bagize umugwi.

5 Akarimbi ka kabiri Shetani yashingiwe tukabonera mu kuri kw’ishimikiro kwavuzwe n’umusavyi w’Imana w’umwizigirwa yabayeho kera. Umuhanuzi Azariya yabwiye Umwami Asa ati: “Yehova azobana namwe nimwabana na we.” (2 Ngoma 15:2; soma 1 Abakorinto 10:13.) Uburorero bwinshi bwo muri Bibiliya burerekana ko kuva kera Shetani atigeze ashobora kurotsa umuntu n’umwe yagumye yiyegereje Yehova. (Abaheburayo 11:4-40) Muri iki gihe, umukirisu aguma yiyegereza Imana arashobora kurwanya Shetani kandi akamutsinda. Kanatsinda, Ijambo ry’Imana ridukura amazinda riti: “Murwanye Shetani, na we azobahunga.”—Yakobo 4:7.

“DUFISE INTAMBARA YO KUNIGANA . . . N’IBINYANKOMEZI VY’IMPWEMU BIBI”

6. Shetani agerageza gute kurotsa abakirisu umwumwe ukwiwe?

6 Shetani ntashobora gutahukana intsinzi muri iyo ntambara, mugabo arashobora kuza ararotsa umwumwe muri twebwe mu gihe tutagumye turikanuye. Shetani arazi ko adashobora kuturotsa atabanje gutuma ubucuti dufitaniye na Yehova bugoyagoya. None akora iki kugira ashike kuri iyo ntumbero? Aradutera yivuye inyuma, akadutera umwe wese ukwiwe, kandi abigiranye amayeri. Reka twihweze ubwo buryo butatu nyamukuru akoresha.

7. Kubera iki Shetani atera abasavyi ba Yehova yivuye inyuma?

7 Aradutera yivuye inyuma. Intumwa Yohani yavuze ati: “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yohani 5:19) Ayo majambo arimwo imburi ku bakirisu b’ukuri bose. Kubera yuko Shetani amaze kurotsa iyi si igizwe n’abantu batibanga Imana, ubu arashobora kwibanda ku basavyi ba Yehova bamuciye mu myanya y’intoke, mbere akabatera yivuye inyuma. (Mika 4:1; Yohani 15:19; Ivyahishuwe 12:12, 17) Afise ishavu ryinshi kuko azi ko asigaranye igihe gito. Ni co gituma yongereje ibitero vyiwe. Ubu ariko aragaba ibitero vyiwe vya nyuma vy’ubunyamaswa kugira yonone ubucuti dufitaniye n’Imana.

8. Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko dufise “intambara yo kunigana” n’amadayimoni?

8 Aradutera umwe wese ukwiwe. Intumwa Paulo yagabishije abakirisu bagenziwe ati: “Dufise intambara yo kunigana, . . . n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha mu bibanza vyo mw’ijuru.” (Abanyefeso 6:12) Kubera iki Paulo yakoresheje ijambo “kunigana”? Iyo mvugo itanga iciyumviro c’intambara yo kunyinyana mufatanye, urugamba rw’imbonankubone. Mu gukoresha iryo jambo rero Paulo yashaka kwerekana ko umwe wese muri twebwe ategerezwa kurwana n’amadayimoni. Twaba tuba mu gihugu aho abemera ibintazi ari benshi canke bake, ntidukwiye kwigera twibagira ko igihe twiyegurira Yehova ari nk’aho twari twinjiye mu rubuga rw’intambara yo kunigana. Iyo ntambara itangura n’imiburiburi igihe twiyeguriye Imana. Ntibitangaje rero kubona Paulo yahimirije incuro zitatu zose abakirisu b’i Efeso ngo ‘bahagarare bashikamye’!—Abanyefeso 6:11, 13, 14.

9. (a) Kubera iki Shetani n’amadayimoni bakoresha “amayeri” atandukanye? (b) Kubera iki Shetani arondera kwonona ivyiyumviro vyacu, kandi twomutsinda gute? (Raba uruzitiro “ Uragaba ku mayeri ya shetani!”) (c) Ni umutego uwuhe tugira twihweze?

9 Imitego y’amayeri. Paulo ahanura abakirisu ngo bahagarare bashikamye mu kurwanya “amayeri” ya Shetani. (Abanyefeso 6:11) Urabona ko iryo jambo Paulo akoresha riri mu bwinshi. Amadayimoni ntakoresha uburyo bumwe gusa bw’amayeri, kandi hariho igituma abigenza gutyo. Hari abakirisu bagumye bashikamye mu kigeragezo kanaka, mu nyuma ukumva baraguye bitumwe n’ikigeragezo c’ubundi buryo. Shetani n’amadayimoni rero barihweza bitonze ukuntu umwumwe wese muri twebwe yigenza kugira bamenye aho agoyagoya cane. Baca bafatira ku bugoyagoye ubwo ari bwo bwose babonye ko bushobora kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova. Ariko rero, turahiriwe kubona dushobora kumenya uburyo butandukanye Shetani akoresha, kuko Bibiliya ibutwereka. (2 Abakorinto 2:11) Mu ntango y’iki gitabu twarabonye imitego imwimwe akoresha nk’uguhahamira ubutunzi, abagenzi babi hamwe n’ubuhumbu. Reka ubu twihweze uwundi mutego w’amayeri Shetani akoresha, na wo ukaba ari ubupfumu.

KUJA MU BUPFUMU NI UGUHEMUKA

10. (a) Ubupfumu ni iki? (b) Yehova abona gute ubupfumu, kandi natwe dukwiye kububona gute?

10 Umuntu aja mu bupfumu aba ariko arakorana n’amadayimoni. Kuragura, kuroga, guterekera imizimu no kwambara ibiheko ni bimwebimwe mu bikorwa vy’ubupfumu. Turazi neza ko ubupfumu ari ikintu “giteye ishishi” kuri Yehova. (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12; Ivyahishuwe 21:8) Kubera ko na twebwe dutegerezwa ‘kuzinukwa ikibi,’ ntitwokwubahuka gukorana n’amadayimoni. (Abaroma 12:9) Twoba tumenje turamutse duhemukiye Data wa twese wo mw’ijuru Yehova!

11. Kubera iki Shetani yoba aronse intsinzi ikomeye bishitse agatuma tuja mu bupfumu? Tanga akarorero.

11 Shetani arazi yuko tugiye mu bupfumu twoba duhemukiye Yehova bimwe vy’akamaramaza. Iyo ni yo mvo ituma arondera kutwosha ngo tubujemwo. Igihe cose Shetani ashoboye gutuma umukirisu aja mu bintu vy’amadayimoni, aba atahukanye intsinzi ikomeye. Uti kubera iki? Raba aka karorero: Hamwe umusoda yohemuka akava mu gisoda yarimwo maze akifatanya n’ingabo z’abansi, umukomanda w’ingabo agiyemwo yotamba agatarika. Yoshobora mbere kwerekana ku mugaragaro uwo musoda yahemutse kugira acokore umukomanda w’ingabo yahoramwo. Muri ubwo buryo nyene, bishitse umukirisu akaja mu bupfumu, ni nk’aho yoba yiyonkoye kuri Yehova n’ibigirankana maze akemera gutwarwa na Shetani. Iyumvire nawe ukuntu Shetani yotamba agatarika ariko arerekana ku mugaragaro uwo muntu, nk’aho yoba ari umudari yatahukanye mu ntambara! Hari n’umwe muri twebwe yorota aha mwene iyo ntsinzi Shetani? Eka da! Ntitugeza guhemuka.

IBIBAZO BIVYURA AMAKENGA

12. Ni uburyo ubuhe Shetani akoresha kugira ahindure ukuntu tubona ubupfumu?

12 Nitwaguma tuzinukwa ubupfumu, Shetani ntazoshobora kudutega aciye kuri bwo. Aca arondera rero ukuntu yohindura ivyiyumviro vyacu. Uti gute? Ararondera ingene yotuma abakirisu bazazanirwa, ku buryo bamwe bashobora kwiyumvira yuko ‘iciza ari ikibi, ikibi na co kikaba iciza.’ (Yesaya 5:20) Kugira abishikeko, akenshi yikora kuri bumwe mu buryo yakoresheje kuva kera, ni ukuvuga ibibazo bivyura amakenga.

13. Ni ryari Shetani yakoresheje ibibazo kugira avyure amakenga?

13 Raba ukuntu Shetani yakoresheje ubwo buryo kera. Muri Edeni yabajije Eva ati: “Ni ivy’ukuri yuko Imana yavuze ngo ntimuze murye ku giti na kimwe co mu murima?” Mu gihe ca Yobu, abamarayika bakoraniye hamwe mw’ijuru, Shetani yabajije ati: “Ugira ngo Yobu atinyira Imana ubusa?” Igihe Yezu yatangura igikorwa ciwe aha kw’isi na ho Shetani yamugerageje mu kuvuga ati: “Nimba uri umwana w’Imana, bwira aya mabuye acike imikate.” Ibaze nawe ntuze! Shetani yarubahutse kuvuguruza amajambo Yehova ubwiwe yari yavuze amayinga nk’atandatu imbere y’aho, ati: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.”—Itanguriro 3:1; Yobu 1:9; Matayo 3:17; 4:3.

14. (a) Shetani akoresha gute amayeri kugira abantu ntibatahure ko ubupfumu ari bubi koko? (b) Ni imice iyihe tugira twihweze?

14 Muri iki gihe, Shetani arakoresha amayeri nk’ayo nyene kugira abantu ntibatahure ko ubupfumu ari bubi koko. Birababaje kubona yarashoboye kuvyura amakenga mu basavyi ba Yehova bamwebamwe. Batanguye kwibaza niba ubwoko bumwebumwe bw’ubupfumu bwoba ari bubi vy’ukuri. (2 Abakorinto 11:3) None twofasha gute mwene abo bantu kubogora ivyiyumviro vyabo? Twokora iki kugira ntiduhendwe n’amayeri ya Shetani? Kugira twishure ivyo bibazo, reka twihweze imice ibiri y’ubuzima Shetani yujujemwo ivy’ubupfumu mu buryo bwihishije. Iyo mice ni ukwinezereza hamwe n’ukwivuza.

AFATIRA KU VYO TWIPFUZA N’IVYO DUKENEYE

15. (a) Abantu benshi mu bihugu vya Buraya na Amerika ya ruguru babona gute ubupfumu? (b) Abakirisu bamwebamwe bohejwe gute n’ukuntu isi ibona ubupfumu?

15 Abantu benshi, canecane mu bihugu vya Buraya na Amerika ya ruguru, babona ko ukuragura n’ubundi bwoko bw’ubupfumu ata co bitwaye. Amasenema, ibitabu, ibiganiro vyo kuri televiziyo n’udukino two kuri orodinateri usanga vyerekana ibikorwa vy’amadayimoni nk’aho ari ibintu bitwenza abantu, bibacisha ubwenge kandi ata co vyonona. Ibitabu n’amasenema vyigana inkuru z’ubupfumu usanga bihurumbirwa n’abantu benshi cane. Biragaragara rero ko amadayimoni yashoboye gutuma abantu babona ko ubupfumu ata co butwaye. None abakirisu boba barandukiwe n’ako gatima? Bamwebamwe baraguye muri uwo mutego. Uti gute? Raba akarorero kavyerekana: Inyuma y’aho umukirisu umwe arabiye isenema y’ubupfumu, yavuze ati: “Jewe nirabiye isenema, nta bupfumu nakoze.” Kubera iki kwiyumvira gutyo birimwo akaga?

16. Kubera iki ari bibi guhitamwo ukwinezereza kurimwo ubupfumu?

16 Naho hariho itandukaniro hagati y’ugukora ubupfumu no kuburorera, ivyo ntibisobanura yuko kurorera ubupfumu ata kaga birimwo. Uti kubera iki? Zirikana iki kintu: Ijambo ry’Imana ryerekana ko yaba Shetani canke amadayimoni yiwe badashobora kumenya ivyo twiyumvira. * Ku bw’ivyo, nk’uko twamaze kubivuga, kugira ngo amadayimoni amenye ivyo turiko turiyumvira be n’ubugoyagoye dufise, ategerezwa kwitegereza yitonze ivyo dukora, ushizemwo n’uburyo bwo kwinezereza duhitamwo. Igihe umukirisu akunda amasenema canke ibitabu bivuga ivy’ubupfumu, maji, ukwizizirwa n’amadayimoni canke ibindi biganiro mwene ivyo, aba ariko arereka amadayimoni aho agoyagoya. Ayo madayimoni rero, afatiye kuri ubwo bugoyagoye yabonye, yoshobora guca yongereza ibitero vyo kurwanya uwo mukirisu gushika amwigaruriye. Nkako, abantu bamwebamwe batanguye gukwegerwa n’ukwinezereza kurimwo ubupfumu bahavuye bisuka mu vyo gukora ubupfumu.—Soma Abagalatiya 6:7.

Igihe ukitswe n’amagara, niwiyegereze Yehova kugira agufashe

17. Ni amayeri ayahe Shetani yoshobora gukoresha ku mukirisu akitswe n’amagara?

17 Shetani ntafatira gusa ku cipfuzo dufise co kwinezereza, arafatira no ku vyo dukeneye mu bijanye no kwivuza. Uti gute? Umukirisu yita ku rutare ngo yivuze ariko amagara yiwe akaguma ayonga yoshobora kwumva yihebuye cane. (Mariko 5:25, 26) Canke na ho yoshobora gutangura kwiyumvira yuko bamuroze. Shetani n’amadayimoni yiwe bashobora guca bafatira kuri iyo ngorane. Amadayimoni yoshobora kwosha uwo mukirisu arwaye ngo akoreshe imiti canke uburyo bwo kwivuza burimwo “ububasha bw’ivy’amageza” canke ubupfumu. (Yesaya 1:13) Ayo mayeri y’amadayimoni aramutse akunze, yoshobora gutuma ubucuti uwo murwayi yari afitaniye n’Imana butosekara. Uti gute?

18. Ni uburyo bwo kuvura ubuhe umukirisu yokwamirira kure, kandi kubera iki?

18 Yehova yagabishije Abisirayeli bari bisutse mu vy’ugukoresha “ububasha bw’ivy’amageza,” ati: “Iyo mugaranzuye ibiganza, ndabahisha amaso yanje. Naho mutura amasengesho menshi, sinumviriza.” (Yesaya 1:15) Birumvikana ko twoshima kwirinda ikintu cose cotangira amasengesho dutura Yehova kandi kigatuma atadushigikira, na canecane igihe dukitswe n’amagara. (Zaburi 41:3) Ku bw’ivyo, nimba uburyo kanaka bwo gusuzuma indwara canke kuyivura burimwo imihamuro, umukirisu w’ukuri akwiye kubwamirira kure. * (Matayo 6:13) Aho ni ho azokwizigira ko Yehova amufata mu mugongo.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Bwoba ari ubupfumu vy’ukuri?

INKURU ZIGANA IVY’AMADAYIMONI

19. (a) Shetani yatumye abantu benshi bemera iki ku bijanye n’ububasha afise? (b) Ni inkuru izihe abakirisu b’ukuri bakwiye kwirinda?

19 Mu bihugu vya Buraya na Amerika ya ruguru usanga abantu benshi batemera ko ububasha bwa Shetani buteye akaga, ariko ukwo si ko bimeze mu yindi mihingo y’isi. Muri iyo mihingo usanga Shetani yarifatiye abantu benshi, ku buryo bemera ko afise ububasha burengeye ubwo afise vy’ukuri. Abantu bamwebamwe bamana ubwoba bw’amadayimoni. Inkuru zigana ibikorwa bitangaje vy’amadayimoni ziriraye. Inkuru nk’izo akenshi usanga abantu bazigana bashwashwanutse cane kandi zikaryohera ugutwi. Twoba dukwiye gukwiragiza mwene izo nkuru? Oya nawe nu! Abakirisu b’ukuri baririnda ico kintu kubera imvo zibiri zihambaye.

20. Ni gute umuntu yosanga ariko aramamaza ivyiyumviro vya Shetani?

20 Ubwa mbere, umuntu akwiragiza inkuru zigana ibikorwa bitangaje vy’amadayimoni aba ariko ashigikira Shetani. Uti gute? Ijambo ry’Imana ntirihakana ko Shetani ashoboye gukora ibitangaza, ariko kandi riratugabisha yuko akoresha ‘ibimenyetso vy’ububeshi n’uruhendo.’ (2 Abatesalonika 2:9, 10) Narirya Shetani ari umubeshi katwa, arazi uburyo bwo kwosha imizirikanyi y’abantu bakunda ivy’ubupfumu, akamenya n’ingene yotuma bemera ibintu bitari vyo. Abantu nk’abo boshobora kwemera badakeka yuko bigeze kubona no kwumva ibintu kanaka, kandi ugasanga bariko bavyiganira abandi nk’aho ari ibintu vyabaye koko. Izo nkuru zabo zirahava zikarenza urugero bitumwe n’uko abandi baza barazisubiramwo. Hamwe umukirisu yokwiragiza mwene izo nkuru, yoba ariko arakamira mu coze Shetani, umwe “se w’ikinyoma.” Yoba ariko aramamaza ivyiyumviro vya Shetani.—Yohani 8:44; 2 Timoteyo 2:16.

21. Ibiyago vyacu twipfuza kubishingira ku ki?

21 Ubwa kabiri, naho umukirisu yoba yarigeze gukorana n’amadayimoni, yokwirinda kuza aratera inkuru zishingiye kuri ivyo bintu, abiyagira abo basangiye ukwizera. Kubera iki? Bibiliya iduhanura iti: “Dushin[g]e ijisho ya Mboneza akaba na We atuma ukwizera kwacu kuba ukutagira akanenge, ari we Yezu.” (Abaheburayo 12:2) Emwe, dutegerezwa kugumiza ivyiyumviro vyacu kuri Kristu, aho kubigumiza kuri Shetani. Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, ntiyanezereje abigishwa biwe mu kubiganira inkuru zerekeye amadayimoni, naho yari afise amakuru menshi yerekeye Shetani n’ivyo ashoboye gukora. Yezu yibanda ku butumwa bw’Ubwami. Twipfuza rero kwigana Yezu n’intumwa mu gushingira ibiyago vyacu ku “bintu vy’agatangaza vy’Imana.”—Ivyakozwe 2:11; Luka 8:1; Abaroma 1:11, 12.

22. Twokora iki kugira twongereze ‘akanyamuneza kaba mw’ijuru’?

22 Ni ivy’ukuri ko Shetani akoresha amayeri menshi, harimwo n’ubupfumu, kugira ngo yonone ubucuti dufitaniye na Yehova. Ariko rero, nitwazinukwa ikibi maze tukumira ku ciza, Shetani ntazoronka akaryo na kamwe ko gusenyura umwiyemezo wacu wo kwiyamiriza ubwoko bwose bw’ubupfumu. (Soma Abanyefeso 4:27.) Iyumvire ukuntu hazoba “akanyamuneza kenshi mw’ijuru” nitwabandanya “guhagarara [d]ushikamye imbere y’amayeri ya Shetani” gushika igihe azoba atakiriho!—Luka 15:7; Abanyefeso 6:11.

^ ing. 16 Amazina adondora Shetani (nk’aya ngo Umurwanizi, Uwambika ibara abandi, Umubeshi, Umugerageji, Umunyabinyoma) ntiyerekana ko afise ubushobozi bwo kumenya ibiri mu mitima yacu. Ariko Yehova wewe adondorwa ko “[a]suzuma imitima,” Yezu na we ko “asesangura amafyigo n’imitima.”—Imigani 17:3; Ivyahishuwe 2:23.

^ ing. 18 Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo “Nugume wisunga Ivyanditswe mu bijanye no kubungabunga amagara” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2008, urupapuro rwa 23-27.