Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAKURU Y’INYONGERA

Ingene twofata uwaciwe mw’ishengero

Ingene twofata uwaciwe mw’ishengero

Ni ibintu bike bidutera intuntu kuruta igihe incuti canke umugenzi somambike aciwe mw’ishengero kubera yakoze icaha ntiyigaye. Ukuntu twakira ubuyobozi Bibiliya itanga kuri ico kibazo kurerekana ingene urukundo dukunda Imana rungana be n’urugero tugezako mu kutadohoka ku ndinganizo yashizeho. * Reka turimbure ibibazo bimwebimwe bivyuka ku bijanye n’ivyo.

Dukwiye gufata gute uwaciwe mw’ishengero? Bibiliya ivuga iti: “[Mureke] kwivanga n’uwo wese yitwa mwene wacu akaba ari umusambanyi canke umunyamunoho canke uwusenga ibigirwamana canke uwutukana canke imborerwa canke umunyazi, no gusangira ntimugasangire n’umuntu mwene uyo.” (1 Abakorinto 5:11) Ku bijanye n’umuntu wese “[ataguma] mu nyigisho ya Kristu,” Bibiliya ivuga iti: “Ntimwigere mumwakira mu mazu yanyu canke ngo mumuramutse. Kuko uwumuramukije aba afatanije na we mu bikorwa vyiwe vy’ububisha.” (2 Yohani 9-11) Ntitwifatanya n’abaciwe mw’ishengero, haba mu bijanye n’ugusenga canke mu bundi buryo. Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Kigarama 1981, urupapuro rwa 23 wavuze uti: “Kuramutsa umuntu gusa birashobora kuba intambwe ya mbere ituma tuyaga na we, canke mbere bigashobora gutuma tuba abagenzi. Twoba none twoshima gutera iyo ntambwe yotuma tugiranira ubugenzi n’umuntu yaciwe?”

Vyoba ari ngombwa yuko tumwirinda buhere? Egome, kandi hariho imvo zitari nke zotuma tubigira. Ubwa mbere, birerekana ko turi intahemuka ku Mana no kw’Ijambo ryayo. Ntitugamburukira Yehova igihe gusa ibintu vyoroshe. Urukundo dukunda Imana ruratuma tugamburuka amabwirizwa yayo yose, tukibuka ko itarenganya, ko idukunda be n’uko amategeko yayo ariho ku neza yacu. (Yesaya 48:17; 1 Yohani 5:3) Ubwa kabiri, kwirinda umucumuzi atigaya biradukingira ubwacu bigakingira n’ishengero ryose ibintu vyokwonona ubucuti dufitaniye n’Imana be n’inyifato yacu nziza, kandi biratuma ishengero riguma rivugwa neza. (1 Abakorinto 5:6, 7) Ubwa gatatu, gukurikiza tudahemuka impanuro Bibiliya itanga vyoshobora mbere kugirira neza uwo muntu yaciwe. Gushigikira ingingo yafashwe na komite ncarubanza vyoshobora gukora ku mutima uwo mucumuzi gushika ubu ataremera gufashwa n’abakurambere. Gutakaza ubugenzi yari afitaniye n’abantu akunda vyoshobora gutuma ‘agarura akenge,’ akabona uburemere bw’ikibi yakoze maze agatera intambwe zotuma agaruka kuri Yehova.Luka 15:17.

Bite ho mu gihe uwaciwe ari incuti yacu? Mu bihe nk’ivyo, ubucuti bwa hafi dufitaniye mu muryango burashobora kugerageza ukudahemuka kwacu bimwe bikomeye. None dukwiye gufata gute incuti yacu yaciwe? Aha ntidushobora guca irya n’ino ibintu vyose bishobora gushika, ariko reka twibande ku bintu bibiri nyamukuru.

Ica mbere: igihe uwaciwe akibana n’umuryango wiwe wa hafi. Kubera ko gucibwa bidaca bikuraho ubucuti bw’amaraso, ibikorwa bisanzwe vya misi yose vyo mu muryango canke ibindi bintu bakorana vyoshobora kubandanya. Ariko rero, biciye ku nyifato yiwe, uwo muntu aba yahisemwo guhagarika kwifatanya n’incuti ziwe z’Ivyabona mu bijanye n’ugusenga. Ku bw’ivyo, abo basangiye umuryango b’intahemuka nta co baba bagihuriyeko na we mu bijanye n’ugusenga. Nk’akarorero, igihe bahuriye hamwe mu gusenga kwo mu muryango, uwo yaciwe ntiyogira uruhara muri iyo porogarama. Ariko rero, niba akiri umwana mutoyi, abavyeyi biwe baba bagifise ibanga ryo kumwigisha no kumutoza indero. Ku bw’ivyo, abavyeyi boshobora kumugirira inyigisho ya Bibiliya. *Imigani 6:20-22; 29:17.

Ica kabiri: igihe uwaciwe atabana n’umuryango wiwe wa hafi. Naho rimwe na rimwe vyokenerwa ko abagize umuryango babonana na we kugira bihweze ibibazo vyega umuryango, ivyo bikwiye kugirwa gake gashoboka. Incuti zitabana n’uwo muntu yaciwe ntizikwiye kurondera ivyitwazo vyo kubonana na we. Ahubwo nyabuna, zirubahiriza indinganizo ishingiye ku Vyanditswe ijanye n’ugucibwa kubera zitipfuza guhemukira Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Igihe zigumye ari intahemuka birafasha uwo mucumuzi, bigatuma yungukira ku ndero yatojwe. *Abaheburayo 12:11.

^ ing. 1 Ubuyobozi Bibiliya itanga kuri ico kibazo ni bwo nyene bukora ku biyonjoroye mw’ishengero.

^ ing. 2 Ushaka ayandi makuru yerekeye abana baciwe mw’ishengero ariko bakaba bakibana n’umuryango, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2001, urupapuro rwa 27-28.

^ ing. 3 Ushaka ayandi makuru ajanye n’ingene wofata incuti zaciwe, raba impanuro zishingiye ku Vyanditswe dusanga mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Myandagaro 2002, urupapuro rwa 3-4 no mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1988, urupapuro rwa 26-31.