Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAKURU Y’INYONGERA

Ingeso y’ukwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene

Ingeso y’ukwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene

Kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene, iyo ikaba ari ingeso yonona ubucuti umuntu afitaniye n’Imana, bituma aguma yiyumvira ivyiwe gusa kandi bironona ubwenge. * Vyongeye, umuntu afise iyo ngeso yoshobora kubona abandi nk’ibikoresho vyo kwimarirako inambu y’umubiri. Ivyo guhuza ibitsina nta ho biba bigihuriye n’urukundo, ahubwo bisigara ari ikintu kimufasha kwiryohera mu kanya isase no gutururuza inambu y’umubiri. Ariko iyo nambu ntiteba kwongera kuvyuka. Mu vy’ukuri, iyo ngeso ntiyica ibihimba vy’umubiri “ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri” itabereye, ahubwo irayikabura.—Abakolosayi 3:5.

Intumwa Paulo yanditse ati: “Bakundwa, twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima, tunonosore ubweranda mu gutinya Imana.” (2 Abakorinto 7:1) Niba uriko uragwa uvyuka ngo ubeho wisunga ayo majambo, ntiwihebure. Yehova yama “[y]iteguriye kubabarira” no gufasha. (Zaburi 86:5; Luka 11:9-13) Nkako, kuba wumva wiyagiriza kandi ukaguma ugira utwigoro ngo uvavanure n’iyo ngeso naho gacamwo ugasubira kuyirwamwo, birerekana ko uzovayo. Vyongeye, urama wibuka ko “Imana iruta imitima yacu ikaba kandi izi ibintu vyose.” (1 Yohani 3:20) Imana ntiraba gusa ibicumuro dukora; iraba umuntu wese uko yakabaye. Ivyo bituma itwumviriza n’ikibabarwe igihe tuyitakambira tuyisaba imbabazi. Nturambirwe rero no kwitura Imana mw’isengesho wicishije bugufi kandi ubigiranye ubwira, nka kurya kw’umwana yitura se igihe afise ingorane. Yehova azokuronsa ijwi ryo mu mutima rityoroye. (Zaburi 51:1-12, 17; Yesaya 1:18) Ariko ntiwumve, urakeneye gukora uhuza n’amasengesho utura. Nk’akarorero, urakwiye kwamirira kure ubwoko bwose bw’amasanamu y’ibiterasoni, ukirinda n’abagenzi babi. *

Niba iyo ngeso ibandanije, vyoba vyiza ubibwiye umuvyeyi wawe mukirisu canke uwundi mugenzi akomeye mu kwizera kandi akwitwararika. *Imigani 1:8, 9; 1 Abatesalonika 5:14; Tito 2:3-5.

^ ing. 1 Kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene ni ugukuyakuya ibihimba vy’irondoka gushika agize akanyengetera k’agaheta.

^ ing. 2 Imiryango myinshi yarafashe ingingo yo gushira orodinateri ahantu bose bashobora kuyibona bitagoranye kugira bacungere ingene ikoreshwa. Vyongeye, imiryango imwimwe iragura amaporogarama ya orodinateri abuza kwinjira mu mihora itabereye. Yamara rero, uribuka ko internet umuntu ashobora kandi kuyikoresha biciye kuri telefone ngendanwa no ku twuma two mu buhinga bwa none be n’uko ata porogarama yizigirwa ijana kw’ijana umuntu ashobora kuronka.

^ ing. 1 Niba wipfuza izindi mpanuro z’ingene wovavanura n’iyo ngeso, raba ikiganiro kivuga ngo “Notsinda gute ingeso yo kwimara inambu y’umubiri ndi jenyene?” kiri mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1, urupapuro rwa 178-182.