Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abo mudasangiye igitsina

Abo mudasangiye igitsina

IGIHIMBA CA 1

Abo mudasangiye igitsina

Uri kw’ishure maze ubonye umuhungu n’umukobwa bariko bagenda bafatanye amaboko. Wiyumva gute?

□ Nta co bimbwira

□ Numva agashari

□ Ishari riranyica

Uriko uraraba isenema hamwe n’abagenzi. Ugize gutya, usanze umwe wese ari kumwe n’uwiwe kiretse wewe gusa! Wiyumva gute?

□ Nta ngorane bintera

□ Numva ubuyega

□ Numva ishari ryinshi

Umugenzi wawe somambike aherutse kugomwa uwo badasangiye igitsina, ubu bakaba batanguye kuza baragendana. Wiyumva gute?

□ Ndanezerwa

□ Numva agashari

□ Ndababara

Aho utereje amaso hose haba kw’ishure, mw’ibarabara canke kw’isoko, ubona umuhungu n’umukobwa. Igihe cose ubabonye, uca wumva nawe wipfuje cane kurondera uwo mwokundana. Ariko none woba ugeze gutera iyo ntambwe? Nimba ugeze, ushobora gute kuronka uwo muberanye? Umuronse na ho, mushobora gute kuguma mutanduye igihe mugenderanira? Ikigabane ca 1-5 bizokuronsa inyishu z’ivyo bibazo.

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose ku rupapuro 12, 13]