Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki noguma ndi isugi?

Kubera iki noguma ndi isugi?

IKIGABANE CA 5

Kubera iki noguma ndi isugi?

“Hari igihe numva umengo noryamana n’umuhungu.”—Kelly.

“Numva umengo simeze nk’abandi kubera ntararyamana n’umukobwa.”—Jordon.

“WOBA ukiri isugi?” Ico kibazo coshobora gutuma uhinda agashitsi! Mu mihingo myinshi, uwukiri muto akiri isugi yoshobora kubonwa nk’agahabwa, akabonwa nk’umuntu ari n’agahaze. Ntibitangaje rero kubona abakiri bato benshi cane bakora ubusambanyi bakiri imiyabaga!

Ivyipfuzo birakwega, urunganwe rugasongera isibe

Nimba uri umukirisu, urazi ko Bibiliya igusaba “[kw]irinda ubusambanyi.” (1 Abatesalonika 4:3) Naho ari ukwo, woshobora gusanga bikugora gucungera inambu y’umubiri. Umusore yitwa Paul yiyemera ati: “Hari igihe ivyiyumviro bibi vyiyadukiza mu bwenge bwanje ata kintu kiboneka kibitumye.” Numenye neza ko akenshi inyiyumvo nk’izo ziba ari izisanzwe.

Ariko ntiwumve, kwama ucokorwa canke utyekezwa kubera ukiri isugi ntibiryoshe na gato! Nk’akarorero, wokwiyumva gute abo mu runganwe rwawe bakubwiye ko ata muntu urimwo kubera ata we muraryamana? Uwitwa Ellen avuga ati: “Abo mu runganwe bakwereka ko gusambana ari ikintu kiryoshe kandi gisanzwe. Igihe utaza urasambana, babona ko uri ikiburirane.”

Ariko rero, hariho ikintu kijanye n’ubusambanyi abo mu runganwe rwawe bashobora kuba birengagiza. Nk’akarorero, uwitwa Maria vyarashitse araryamana n’umuhungu bakundana. Yigana ati: “Mu nyuma numvise isoni n’ibimaramare. Numvise niyanse nongera ndanka uwo muhungu twakundana.” Abakiri bato benshi ntibazi ko ivyo bintu vyama vyashitse. Mu vy’ukuri, guhuza ibitsina n’umuntu utarubaka urwawe ni ikintu gisiga inkovu mu mutima, kikagira n’ingaruka ziteye agahinda!

Ariko rero, umwigeme yitwa Shanda abaza ati: “Ni kubera iki Imana yashize mu bakiri bato inambu y’umubiri kandi izi yuko batemerewe guhaza iyo nambu imbere y’uko bukaba izabo?” Ico ni ikibazo ciza. Ariko rimbura ibibazo bikurikira:

Inambu y’umubiri coba ari co cipfuzo gikomeye conyene ugira? Habe namba. Yehova Imana yakuremanye ubushobozi bwo kugira ivyipfuzo n’inyiyumvo bitandukanye.

Woba ubwirizwa guca uhaza icipfuzo cose kivyutse muri wewe? Oya. Imana yaraguhaye n’ubushobozi bwo kwigumya.

None icigwa tuhakura ni ikihe? Hari aho utoshobora kubuza ko ivyipfuzo bimwebimwe bikuzamwo ariko urashobora kubicungera. Mu vy’ukuri, guca uhaza inambu y’umubiri igihe cose ivyutse vyoba ari cokimwe no guca ukubita umuntu igihe cose bishitse ugashavura.

Ico womenya coco, Imana ntiyigeze itegekanya ko dukoresha nabi ibihimba vyacu vy’irondoka. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese muri mwebwe [amenye] kuganza umubiri wiwe bwite mu kwezwa no mw’iteka.” (1 Abatesalonika 4:4) Nk’uko nyene hariho “igihe co gukunda n’igihe co kwanka,” hariho n’igihe co guhaza inambu y’umubiri be n’igihe co kwigumya. (Umusiguzi 3:1-8) Biratomoye rero ko ushoboye gucungera ivyipfuzo vyawe!

Ariko none, wokwishura iki hagize uwugucokora akakubwira asa n’uwutavyumva ngo “Aho vy’ukuri uracari isugi?” Ntibigutere isoni. Nimba uwo muntu ashaka gusa kugushira hasi, woshobora kumubwira uti: “Ndacari isugi nyene. Kandi nokubwira ko ndavyishimira!” Canke woshobora kuvuga uti: “Ico ni ikibazo kiraba umuntu ku giti ciwe. Sinshima kukiganira n’abandi.” * (Imigani 26:4; Abakolosayi 4:6) Ariko rero, hari aho wobona ko bibereye ko uwuriko arakubaza umusigurira n’ibindi. Muri ico gihe woshobora kumusigurira impagararo yawe ishingiye kuri Bibiliya.

Hari izindi nyishu ubona woha umuntu ariko aragutyekeza ngo “Aho vy’ukuri uracari isugi?” Nimba ziriho, nuzandike aha munsi.

․․․․․

Ingabirano y’agaciro

Imana imererwa gute igihe abantu bahuje ibitsina imbere yo kwubaka izabo? Dufate ko waguriye ingabirano umugenzi. Ariko imbere y’uko uyimuha, usanze yayitekuruye kubera ugusuma urusaku gusa! None ivyo ntivyogushavuza? Ibaze rero ingene Imana yomererwa hamwe woryamana n’umuntu imbere yo kwubaka urwawe. Ishaka ko wigumya gushika wubatse urwawe maze ukabona kwinovora ingabirano yo kurangura amabanga y’abubatse.—Itanguriro 1:28.

None ukwiye kwifata gute igihe inambu y’umubiri ivyutse? Muri make, niwige kwigumya. Ivyo urabishoboye! Nusabe Yehova agufashe. Impwemu yiwe irashobora kwongereza ubushobozi ufise bwo kwigumya. (Abagalatiya 5:22, 23) Ntiwibagire ko Yehova “[a]ta ciza na kimwe azokwima abagendera mu kutagira amahinyu.” (Zaburi 84:11) Uwukiri muto yitwa Gordon avuga ati: “Igihe ntanguye kwiyumvira ko kuryamana n’umuntu ntarubaka urwanje atari bibi cane, nca nzirikana ku ngaruka vyogira ku bucuti mfitaniye na Yehova ngaca mbona ko ata gicumuro na kimwe nobukaba.”

Emwe, ubusugi si indwara canke ikintu giteye isoni. Ahubwo nyabuna ubuhumbu ni bwo ari ikintu gitesha agaciro, giteye isoni n’akaga. Ntureke rero ngo ivyiyumviro vy’isi bitume ubona ko hari ico uhajije kubera ko wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ugumye uri isugi, uba ukingiye ubuzima bwawe, ukaba wirinze n’umubabaro wo mu mutima. N’ikiruta vyose, uba ukingiye ubucuti ufitaniye n’Imana.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 24

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 15 Biri n’ico bivuze kubona Yezu yahisemwo kwinumira igihe Herodi yariko aramubaza ibibazo. (Luka 23:8, 9) Akenshi, kwinumira ni bwo buryo bwiza bwo kwishura ibibazo biteye ubuyega.

ICANDITSWE NYAMUKURU

Nimba umuntu yiyemeje kugumya ubusugi bwiwe akaba yafashe iyo ngingo mu mutima wiwe bwite, azoba agize neza.1 Abakorinto 7:37.

IMPANURO

Niwirinde kwifatanya n’abantu batumira ku ngingo ngenderwako zijanye n’ukwigenza runtu, mbere naho boba bivugisha ko musangiye ukwemera.

WARI UBIZI . . . ?

Abantu bigenza nabi mu vy’igitsina ntibaca bahinduka ngo ni uko bubatse izabo. Ariko rero, abantu batarukaba izabo bubahiriza ingingo ngenderwako z’Imana zerekeye ukwigenza runtu, bobo akenshi usanga badahemukira abo bubakanye.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Nimba nshaka kuguma ndi isugi gushika nubatse urwanje, nzokora ibi: ․․․․․

Abagenzi banje nibatuma bingora kwumira ku mwiyemezo wanje, nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Wibaza ko ari kubera iki hari abatyekeza abakiri isugi?

Kubera iki bishobora kutorohera umuntu kuguma ari isugi?

Kuguma uri isugi gushika wubatse urwawe birimwo ivyiza ibihe?

Wosigurira gute mutoyi wawe ivyiza biva ku kuguma ari isugi?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 51]

“Kuguma nibuka ko ‘ata musambanyi canke umuntu ahumanye azogira ico atorana mu bwami bw’Imana,’ biramfasha kunanira ibinyosha kuja mu buhumbu.” (Abanyefeso 5:5)—Lydia

[Uruzitiro ku rup. 49]

Ivyiyumviro wokwifashisha

Ni ibiki vy’ukuri bishika mu nyuma?

Akenshi urunganwe rwawe be n’uburyo bwo kwisamaza bukundwa na benshi birahisha ingaruka mbi zishikira abahuza ibitsina batarubaka izabo. Ihweze ibintu bikurikira. Wibaza ko ari ibiki vy’ukuri vyoshikira iyi miyabaga?

Umuhungu mwigana ariko arigamba ngo amaze kuryamana n’abakobwa benshi. Avuga ko biryoshe be n’uko ata n’umwe bigirira nabi. Ni ibiki vy’ukuri bishikira uwo muhungu hamwe n’abo bakobwa mu nyuma? ․․․․․

Uriko uraba isenema maze irangiye imiyabaga ibiri itubakanye iriko irahuza ibitsina ngo ni bwo buryo bwo kwerekana ko ikundana. Mu buzima bwa misi yose, ni ibiki vyobashikira mu nyuma? ․․․․․

Uhuye n’umusore mwiza maze agusavye ngo muryamane. Akubwiye ko ata wuzobimenya. Hamwe womwemerera ugaca ugerageza kubihisha, ni ibiki vy’ukuri vyoshika mu nyuma? ․․․․․

[Ifoto ku rup. 54]

Kuryamana n’umuntu utarubaka urwawe ni nko gutekurura ingabirano utarahabwa