Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki ndwaye cane gutya?

Kubera iki ndwaye cane gutya?

IKIGABANE CA 8

Kubera iki ndwaye cane gutya?

“Igihe ukiri muto, womengo nta cogukonya. Ariko igihe indwara ikomeye igufashe bukwi na bukwi, uca ubona ko wahora wihenda. Uca wumva umengo washaje hataragera.”—Jason.

IGIHE Jason yari afise imyaka 18, yaramenye ko arwaye indwara bitiriye Crohn, ikaba ari indwara yo mu mara isinzikaza kandi ibabaza. Hari aho na wewe woba urwaye indwara idakira canke ukaba ufise ubumuga. Ibikorwa abandi babona ko ari ibisanzwe, nko kwiyambika, gufungura canke kuja kw’ishure, vyoshobora kuba bikugora cane.

Indwara idakira yoshobora gutuma wumva umengo uri mu gasho, ata mwidegemvyo ufise. Woshobora kwumva irungu, ugatangura mbere kwibaza nimba waracumuye ku Mana canke ko Imana yoba iriko irakugerageza bimwe bidasanzwe. Ariko rero, Bibiliya ivuga iti: “Imana [nti]shobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” (Yakobo 1:13) Indwara ni ikintu gisanzwe muri ubu buzima turimwo, kandi twese turashikirwa n’“ibihe be n’ibishika giturumbuka.”—Umusiguzi 9:11.

Igishimishije, Yehova Imana yarasezeranye isi nshasha aho “[a]ta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’” (Yesaya 33:24) Mbere n’abapfuye bazozurwa kugira bibere muri iyo si nshasha. (Yohani 5:28, 29) Ariko none mu kurindira, wovyifatamwo neza gute mu ngorane urimwo?

Ntiwihebure. Bibiliya ivuga iti: “Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra.” (Imigani 17:22) Hari abobona ko bitabereye ko umuntu anezerwa canke atwenga igihe ahanzwe n’indwara ikomeye. Ariko rero kuba umuntu ajajura mu buryo bubereye no kwifatanya n’abantu banezerewe, birashobora kukuruhura bikanatuma ubuzima butakurambira. Nuzirikane rero ico wokora kugira urushirize kubaho unezerewe. Uribuka ko umunezero ari kamere iva ku Mana, ikaba ari imwe muri kamere zigize icamwa c’impwemu yayo. (Abagalatiya 5:22) Iyo mpwemu irashobora kugufasha kwihanganira indwara unezerewe ku rugero kanaka.—Zaburi 41:3.

Niwishingire imigambi ishoboka. Bibiliya ivuga iti: “Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.” (Imigani 11:2) Ukwifata ruto bizokurinda kuba sindabibazwa canke kwibabara birenze. Nk’akarorero, nimba utugara tugukundiye, kwinonora imitsi mu buryo bubereye birashobora kugufasha kworoherwa. Ni co gituma ibitaro bimwebimwe bikunze gutegekanya ivyo kuvura abakiri bato bamugaye mu kubafasha kwinonora imitsi. Akenshi, kwinonora imitsi mu buryo bubereye birashobora gutuma unyaruka gukira, bikagufasha no kutihebura. Igihambaye rero ni ugusuzuma utibesha uko ivyawe vyifashe maze ukishingira imigambi ishoboka.

Niwige kuyaga n’abandi. Wovyifatamwo gute abandi bavuze amajambo ababaza ku vyerekeye ukuntu umerewe? Bibiliya ivuga iti: “Ntushire umutima wawe ku majambo yose abantu bovuga.” (Umusiguzi 7:21) Rimwe na rimwe, usanga vyoba vyiza kuruta winumiye. Canke na ho urashobora kwitanga abovuga amajambo mwene ayo. Nk’akarorero, nimba abo muri kumwe basa n’abumva ubuyega kubera ugendera ku gakinga k’abamugaye, nugerageze gutuma bumva bisanzuye. Woshobora kuvuga uti: “Hari aho mwoba muriko muribaza ingene namugaye. Mwoshima kubimenya?”

Ntutane n’akabando. Igihe Yezu yari mu mubabaro ukomeye, yarasenze Imana, arayizigira yongera agumiza amaso ku munezero yogize muri kazoza aho kuyagumiza ku mubabaro yarimwo. (Abaheburayo 12:2) Yarigiye ku bintu bitoroshe vyamushikiye. (Abaheburayo 4:15, 16; 5:7-9) Yaremeye gufashwa no kuremeshwa. (Luka 22:43) Yashize imbere ineza y’abandi aho kwitwararika imibabaro yarimwo.—Luka 23:39-43; Yohani 19:26, 27.

Yehova ‘arakubabaye’

Naho woba urwaye gute, ntukwiye kwiyumvira yuko Imana ibona ko ata co ukimaze. Ahubwo nyabuna, Yehova araha agaciro abinanata ngo bamuhimbare. (Luka 12:7) ‘Arakubabaye’ ku giti cawe, kandi arahimbarwa no kugukoresha mu murimo wiwe, naho urwaye canke umugaye.—1 Petero 5:7.

Ntureke rero ngo ubwoba canke amakenga bikubuze gukora ivyo wipfuza kandi ukwiye gukora. Niwame uhanga amaso Yehova Imana ngo agufashe. Arazi ivyo ukeneye be n’ingene wiyumva. Vyongeye, arashobora kuguha “ububasha burengeye ubusanzwe” kugira agufashe kwihangana. (2 Abakorinto 4:7) Hari aho uzoteba ukabona ibintu mu buryo bwiza nk’uwitwa Timothy, uwo batoye indwara y’uburuhe budahera igihe yari afise imyaka 17. Avuga ati: “Nk’uko bivugwa mu 1 Abakorinto 10:13, Yehova ntashobora kureka ngo dushikirwe n’ivyo tudashobora kwihanganira. Nca nibwira rero nti: Nimba Umuremyi wanje yizigiye ko nshobora kwihanganira iki kigeragezo, none ndi iki ku buryo nomuhaririza?”

Igihe hari umuntu uzi arwaye

Bite ho nimba ufise amagara meza mugabo ukaba uzi umuntu arwaye canke amugaye? Womufasha gute? Ikintu gihambaye wogira ni ukugaragaza “impuhwe” n’“ikibabarwe.” (1 Petero 3:8) Nugerageze gutahura ivyo uwo muntu ariko aracamwo. Nubone ingorane arimwo nk’uko we azibona. Uwitwa Nina, akaba yavutse afise ingorane y’uruti rw’umugongo, avuga ati: “Kubera yuko ndi mugufi kandi nkaba ngendera ku gakinga k’abamugaye, hari abantu bamvugisha nk’aho umenga ndi umwana, kandi ivyo biranca intege. Ariko rero abandi baragira utwigoro bakicara kugira duse n’abareha, maze bakanganiriza. Emwe ivyo birampimbara koko!”

Hamwe utoraba gusa ingorane z’amagara abo bantu bafise, urashobora kubona ko bameze nkawe. Numenye kandi ko ushobora “[guha] ingabirano y’ivy’impwemu” mwene abo bantu biciye ku vyo uvuga! Niwabigira, na wewe uzokwironkera imihezagiro, kuko hazobaho “uguhanahana indemesho.”—Abaroma 1:11, 12.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 13

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Ico gihe . . . nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”—Yesaya 33:23, 24.

IMPANURO

Ubumenyi buratuma ubwoba bugabanuka. Niwige rero vyinshi bishoboka ku bijanye n’ukuntu umerewe. Nimba hari ibikuzazaniye, nubaze umuganga akuvura ibibazo bitomoye.

WARI UBIZI . . . ?

Indwara canke ubumuga ufise si igihano Imana yaguhaye. Ahubwo nyabuna ni ingaruka z’agasembwa twese twarazwe na Adamu.—Abaroma 5:12.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira ngume mbona ibintu mu buryo bwiza naho ndwaye canke mugaye, nzokora ibi: ․․․․․

Umugambi umwe ushoboka nokwishingira ni ․․․․․

Nimba hari uwumbwiye ibintu bibi ku bijanye n’ingene merewe, ndashobora guca mbona ibintu ku burimbane mu gukora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Wokoresha gute amayagwa yo muri iki kigabane kugira ufashe umuntu amugaye canke afise indwara idakira?

Nimba urwaye indwara idakira, ni ibintu vyiza ibihe wozirikana kugira ntikubuze gukora ivyo ushoboye?

Kubera iki imibabaro ishikira umuntu atari icerekana ko adatoneshwa n’Imana?

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 75]

DUSTIN, imyaka 22

“Ndibuka ko naciye ngwa mu maboko ya mama ndarira igihe namenya yuko ngiye kwama ngendera mu gakinga k’abamugaye. Nari mfise imyaka umunani gusa.

Mfise indwara y’imitsi (dystrophie musculaire). Bisaba ko banyambika, banyoza kandi bakantamika. Sinshobora gukiriza amaboko na gato. Yamara, namye mfise vyinshi nkora mu buzima kandi ndahimbawe, nkaba mfise na vyinshi nkenguruka. Ndaja kwamamaza ntahorereza kandi ndi umukozi w’ishengero. Simbona mbere ko ubuzima ari amananiza. Mu murimo wa Yehova, umuntu yama afise ivyo akora n’ivyo arindiranye igishika. Nditeganye umushasharo isi nshasha y’Imana, aho ‘nzonanagira nk’ifumbēri.’”—Yesaya 35:6.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 75]

TOMOKO, imyaka 21

“Igihe nari mfise imyaka ine gusa, umuganga yambwiye ati: ‘Uzobwirizwa kwama uterwa umuti wa “insuline” ubuzima bwawe bwose.’

Gucungera urugero rw’isukari iri mu maraso ni urugamba ku muntu afise indwara y’igisukari. Akenshi, usanga ntashobora gufungura igihe ndavyipfuza, igihe ntavyipfuza na ho ugasanga mbwirizwa gufungura. Gushika uno musi maze guterwa inshinge nka 25.000, nkaba naramaze gutimba ku maboko no ku matako. Ariko abavyeyi banje baramfashije guhimbarirwa ubuzima uko bishoboka kwose. Bamye na ntaryo bafise urweze n’ivyizigiro, kandi bandeze bamfasha guha agaciro ibijanye n’ugusenga. Yehova yarankoreye ivyiza vyinshi. Igihe utugara twankundira, naciye mfata ingingo yo kugaragaza ko ndamukengurukira mu gutangura umurimo w’igihe cose.”

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 75]

JAMES, imyaka 18

“Abantu usanga batazi ingene bakwiye gufata umuntu atameze nk’abandi, na jewe nkaba ntameze nk’abandi.

Mfise ubumuga bw’amagufa butuma umuntu adakura neza. Abantu usanga bitwararika cane ibiboneka inyuma, nkaba rero nama ngerageza kuvuga n’urujwi runini kugira nerekane ko ntari umwana. Aho kurazwa ishinga n’ivyo ntandukaniyeko n’abandi, ngerageza kwitwararika ico ndi koko. Ndahimbarirwa ukuntu mbayeho. Ndiyigisha Bibiliya ngasaba Yehova ngo amfate mu mugongo. Abo mu muryango wacu bama bandemesheje. Ndarindiranye igishika igihe Imana izokuraho indwara zose. Mu kurindira, ubumuga bwanje turabana, ariko sindabwemerera ko bugenga ubuzima bwanje.”

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 75]

DANITRIA, imyaka 16

“Naramenye ko hari ikitagenda neza igihe no guterura gusa ikirahuri c’amazi vyambera urugamba.

Kugendana indwara yo mu magufa no mu ngingo (fibromyalgie) ntivyoroshe kandi birababaza cane. Kubera ko ndi umuyabaga, nipfuza kumera nk’abagenzi banje, ariko ibintu vyose bisigaye bingora kuruta uko vyahoze. No kugira ntore agatiro ni intambara! Ariko rero naramenye yuko Yehova amfashije nshobora kugira ico nimariye naho mfise ingorane. Narashoboye mbere kumara umwanya wiyongereye namamaza ndi umutsimvyi afasha. Ntivyari vyoroshe ariko narabishoboye. Ndagerageza gukora ibinshobokeye. Ndamenya aho inguvu zanje zigarukira, nkirinda gukora ivyo ntashoboye. Bishitse nkibagira, mawe yama aca ankebura!”

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 75]

ELYSIA, imyaka 20

“Nahoze ndi umunyeshure aronka amanota meza cane. Ubu no gusoma iryungane risanzwe ni urugamba, kandi ivyo rimwe na rimwe bituma nihebura.

Indwara y’uburuhe budahera (syndrome de fatigue chronique) iratuma ibikorwa vyoroshe biba ibigoye. Mbere no kwikura mu gitanda usanga kenshi bidashoboka. Yamara rero, sinigeze ndeka indwara yanje ngo abe ari yo indanga. Ndasoma Bibiliya yanje buri musi, naho nosoma imirongo nk’ingahe yonyene canke akaba ari uwo mu muryango ansomera. Ndakengurukira cane abagize umuryango wacu. Dawe yaranahevye agateka yari yatewe kw’ihwaniro kugira amfashe kuryitaba. Ntiyigeze yidoga. Yavuze ko agateka karuta utundi twose yari afise kwari ukwitwararika umuryango wiwe.”

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 75]

KATSUTOSHI, imyaka 20

“Bukwi na bukwi ndazanzamuka, nkaboroga, ngasambagirika, mbere n’ibintu ngasanzaza ibindi nkamenagura.

Narwaye intandara kuva mfise imyaka itanu. Zaramfata gushika ku ncuro indwi ku kwezi. Mbwirizwa gufata imiti buri musi, bigatuma nca nduha ningoga. Ariko rero ndagerageza kwiyumvira abandi aho kuguma niyumvira ivyanje gusa. Mw’ishengero iwacu hariho abamamamaji b’igihe cose babiri tunganya imyaka, bakaba baramfashe mu mugongo cane. Igihe namara amashure, naciye nongereza uruhara ngira mu kwamamaza. Ego ni ko, mbwirizwa guhangana n’intandara ku musi ku musi. Ariko iyo numvise nihebuye, nca ngerageza kuruhuka. Bukeye, mba namaze gusubirana.”

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 75]

MATTHEW, imyaka 19

“Biragoye ko abo mu runganwe rwawe bakwubaha mu gihe babona ko uri ikiburirane.

Ndipfuza cane kwinonora imitsi, ariko sindabishobora. Mfise indwara ituma ubwonko bwononekara, mbere no gutambuka bikangora. Ariko rero, sinumira ku vyo ntashoboye. Nitunira cane ku vyo nshobora kurangura, nko gusoma. Ku Ngoro y’Ubwami ni ho hantu nshobora kwumva ntekaniwe, ata kwikanga ngo barancishamwo ijisho. Birahumuriza kandi kumenya ko Yehova ankunda aravye ico ndi imbere. Nkako, mu vy’ukuri jewe simbona ko ndi ikimuga. Mbona ko ndi umuntu afise urugamba rukomeye abwirizwa kurwana agatsinda.”

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 78]

MIKI, imyaka 25

“Nahoze nshobora kwinonora imitsi. Mu nyuma, igihe nari nkiri mu myaka y’ubuyabaga, wamengo nciye nsaza bukwi na bukwi.

Navukanye indwara y’umutima (“communication interauriculaire”), nkaba nari mfise igitoboro mu mutima. Ibimenyetso vyayo vyagiye kwibonekeza igihe nari umuyabaga. Barambaze, mugabo naho ubu haheze imyaka itandatu, ndacaruhishwa n’akantu gatoyi kandi nguma menetse umutwe. Ku bw’ivyo, ndishingira imigambi nshobora gushitsa y’igihe gito. Nk’akarorero, narashoboye kuba umwamamaji w’igihe cose, ahanini nkaba nabikoze mu kuza ndandikira abantu amakete nongera ndabahamagara kuri telefone. Vyongeye, indwara yanje yaramfashije gutsimbataza kamere ntahorana, nk’ukwihangana n’ukwicisha bugufi.”

[Ifoto ku rup. 74]

Indwara idakira yoshobora gutuma wumva umengo uri mu gasho, ariko Bibiliya iratanga icizigiro co kuronka umwidegemvyo