Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noshobora gute gutsinda irungu?

Noshobora gute gutsinda irungu?

IKIGABANE CA 9

Noshobora gute gutsinda irungu?

Hazindutse hasa neza, ariko nta co ufise uri bukore. Abagenzi bawe bose bobo basohotse kuryimara. Basubiye kugukumira! Kuba batagutumiye ubwavyo biragutuntuje, mugabo ico vyerekana na co kiza gisongera isibe. Wibwira uti: ‘Ngira ngo ndi n’ikitagenda neza. Kubera iki ga yemwe ata n’umwe ampa nirwere?’

HARI aho ivyo bihejeje kuvugwa vyoba bimaze kugushikira nka kangahe. Woshobora kwumva umengo hariho imanga nini igutandukanya n’urunganwe rwawe. Igihe cose ugerageje kuyaga na bo, uca utangura kudidinganya. Igihe uronse akaryo ko kwifatanya na bo, uca wumva wishwe n’isoni. Kubera iki kwifatanya n’abandi vyonyene ari urugamba kuri wewe?

Aho kwigungira ukwa wenyene, woshobora kwubaka ico twokwita ikiraro kigushoboza gushikira abandi. Reka turabe ingene wobigenza.

Imanga ya 1: Kwisuzugura. Abakiri bato bamwebamwe baguma bikengera. Bibwira yuko ata n’umwe abakunda be n’uko ata kintu c’ingirakamaro bafise boterera mu kiyago. Kwoba ari ukwo nawe wiyumva? Nimba ari ukwo biri, kwisuzugura nta kindi bizogufasha atari ukwagura ya manga igutandukanya n’urunganwe rwawe.

Ikiraro: Niwibande kuri kamere nziza ufise. (2 Abakorinto 11:6) Niwibaze uti: ‘Ni kamere nziza izihe mfise?’ Iyumvire kamere nziza woba ufise maze uzandike aha hepfo.

․․․․․

Nta gukeka ko ufise utunenge, kandi ni vyiza kutumenya. (1 Abakorinto 10:12) Ariko kandi urafise vyinshi abandi bashobora kwungukirako. Kumenya kamere nziza ufise bizotuma ushira umutima mu nda maze wikuremwo agatima ko kwisuzugura.

Imanga ya 2: Isoni. Uripfuza gutanguza ikiyago, ariko akaryo kabonetse ukumva umengo ntiwokurako umunwa. Uwitwa Elizabeth w’imyaka 19 yidoga ati: “Namana amasoni. Birangora cane kuyagisha abandi ku makoraniro ya gikirisu; ababishobora ndabakurira inkofero!” Nimba umeze nka Elizabeth, woshobora kwumva umengo iyo manga ntiwoyijabuka naho woraramwo.

Ikiraro: Niwitwararike abandi vy’ukuri. Ntibigutere ubwoba. Si ngombwa ngo uce ushikirana n’uwo ari we wese. Nutangure witwararike umuntu umwe gusa. Umuhungu umwe yitwa Jorge avuga ati: “Kubaza gusa abandi amakuru yabo canke ayo ku kazi biratuma murushiriza kumenyana.”

Ng’iyi inama tukugiriye: Nturondere abagenzi mu bo munganya imyaka bonyene. Bamwebamwe mu bantu bavugwa muri Bibiliya bagiraniye ubugenzi somambike kuruta abandi bose, wasanga barushanya imyaka myinshi. Aho twovuga nka Rusi na Nawomi, Dawidi na Yonatani, tutibagiye Timoteyo na Paulo. (Rusi 1:16, 17; 1 Samweli 18:1; 1 Abakorinto 4:17) Uribuka kandi ko ukuyaga ari uguhana ijambo, si ukuryihariza. Abantu barakunda uwubatega amatwi. Nimba rero ukunda kugira amasoni, niwibuke yuko atari wewe ubwirizwa kuvuga wenyene mu kiyago cose.

Andika abantu babiri bakuze woshima ko murushiriza kumenyana.

․․․․․

Ubona gute wegereye umwe muri abo bantu ugatangura kumuyagisha? Uko urushiriza kwiyegereza “umuryango wose w’abavukanyi,” ni ko irungu ufise rizogenda riragabanuka.—1 Petero 2:17.

Imanga ya 3: Inyifato itabereye. Hari abantu bigira abazi vyose bakama batuka abandi, babatora amahinyu canke babashira hasi. Hari n’abakunda guhaririza abandi no kubemeza ivyiyumviro vyabo. Kubera ko bigira “[aba]gororotsi birenze urugero,” usanga bihutira gucira urubanza umuntu wese atabaho nk’uko bashaka. (Umusiguzi 7:16) Uko biri kwose, ntiwoshima kubana n’abantu bameze gutyo! Ariko none, ubwo ntiwosanga abandi baguca kure kubera ko ubwawe umeze gutyo? Bibiliya ivuga iti: “Igipfu kivuga amajambo menshi.” Yongerako iti: “Mu murengera w’amajambo ntihaburamwo ukugabitanya.”—Umusiguzi 10:14; Imigani 10:19.

Ikiraro: Nugire “impuhwe.” (1 Petero 3:8) Naho uwundi mwoba mutabona ibintu kumwe, niwihangane umureke avuge. Nushimike ku vyo muhurizako. Nimba ubonye ko hari ibintu mudahurizako ubwirizwa kuvuga, nubigirane ukwiyorosha be n’ubugenge.

Nuvugishe abandi nk’uko nawe woshima ko bakuvugisha. Bibiliya iduhanura ngo ‘tugume dukora vyose ata myidodombo n’impari.’ (Abafilipi 2:14) Impari zidakenewe canke ugutyekeza abandi, cokimwe n’ukubatuka canke kubereka ko bama bari mu makosa, nta kindi bivamwo atari ugutuma baguhunga. Bazorushiriza kugukunda igihe ‘imvugo yawe yamana igikundiro.’—Abakolosayi 4:6.

Mwoba muzogiranira ubugenzi vyanka vyakunda?

Umaze kwisuzuma ufatiye kuri uwo mwihwezo mugufi, hari aho woba ubona uburyo bumwebumwe wokwubaka ikiraro kugira ujabuke imanga ishobora kuba igutandukanya n’abandi. Ariko ntiwumve, ntiwitege ibidashoboka. Ntiwitege ko uzokundwa na bose. Yezu yavuze ko hobayeho abantu banka mbere n’abakora ibigororotse. (Yohani 15:19) Urumva rero ko ata co bimaze kurondera kugiranira ubugenzi n’abandi vyanka vyakunda.

Yamara rero, urashobora kugira utwigoro turimwo uburimbane kugira ube umuntu ashimwa n’abandi utiriwe urarenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Samweli wo mu bihe vya Bibiliya yari yariyemeje ashikamye gukora ibihimbara Imana. None havuyemwo iki? Yagumye akura, “[arushiriza] gushimwa imbere ya Yehova n’imbere y’abantu.” (1 Samweli 2:26) Na wewe niwinanata gatoyi, uzobishikako!

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 8

Ushaka kumenya n’ibindi, nurorere DVD “Les jeunes s’interrogent... Comment se faire de vrais amis?” Iraboneka mu ndimi zirenga 40

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Umugenzi wawe somambike araguhindutse nk’inzoka yo mu nda. None wovyifatamwo gute?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Uwuvomēra abandi ku bwinshi na we ubwiwe azovomērwa ku bwinshi.”—Imigani 11:25.

IMPANURO

Nuremeshe ikiyago. Nk’akarorero, nimba umuntu akubajije ko woba wasozereye indwi neza, ntuvuge gusa ngo ‘ego.’ Numusigurire icatumye uryoherwa. Nuce rero umubaza na we ingene vyagenze.

WARI UBIZI . . . ?

Bibiliya ivuga ko Musa, Yeremiya na Timoteyo bashobora kuba bari abanyamasoni.—Kuvayo 3:11, 13; 4:1, 10; Yeremiya 1:6-8; 1 Timoteyo 4:12; 2 Timoteyo 1:6-8.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Intambamyi ikunze kuntandukanya n’abandi ni ․․․․․

Nzoyitorera umuti mu gukora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Ni kubera iki abakirisu bamwebamwe boshobora kwumva irungu?

Ni igiki cogufasha kubona ibikwerekeye mu buryo bubereye, aho kwicwa n’ivyiyumviro bibi?

Woremesha gute mutoyi wawe ariko agerageza gutsinda irungu?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 88]

“Umukenyezi umwe dusangiye ukwizera yarashatse ko tuba abagenzi, ariko naramaze igihe ntaramwemerera. Igihe nahava nkamwemerera, nasanze nari narajujuse! Yarambereye umwe mu bagenzi beza kuruta abandi bose nigeze kugira, naho andusha imyaka 25 yose!”—Marie

[Ifoto ku rup. 87]

Urashobora kwubaka ikiraro kiguhuza n’urunganwe rwawe