Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urusaku rwoba ari rubi cane?

Urusaku rwoba ari rubi cane?

IKIGABANE CA 12

Urusaku rwoba ari rubi cane?

“Umusi umwe naragiye ku rubanza. Bukeye hari hakwiragiye ibihuha ngo nararyamanye n’umwe mu bahungu bari ng’aho. Ivyo ntivyari vyo na gato!”—Linda.

“Rimwe na rimwe mpora numva ibihuha ngo ndakundana n’umuntu kanaka, umuntu mbere ntanazi! Abantu benshi bavuga urusaku ntibitwararika gusuzuma ivyo bavuga.”—Mike.

URUSAKU rurashobora gutuma ugira intuntu mu buzima. Ivyo uwitwa Ambre w’imyaka 19 arabizi. Avuga ati: “Bama bamvuzeko urusaku. Harigeze gukwiragizwa ibihuha ngo mfise inda, ngo maze gukorora inda akatari gake kandi ngo ndadandaza ibiyayuramutwe nkongera nkabinywa. Jewe sinzi igituma bamvuzeko ivyo bintu!”

Umuhungu canke umukobwa afise intumbero mbi arashobora kukwambika ibara ata n’ijambo avuze, akoresheje ubuhinga bwo kurungika ubutumwa biciye kuri Internet canke kuri telefone. Apfa gusa gufyonda ubuto bukeya kugira arungikire inkuru z’ibihuha abantu batari bake baba bazishashaye! Mu bihe bimwebimwe usanga harashizweho umuhora kugira gusa bacafuze umuntu kanaka. Mbere hariho n’imihora yo kuri Internet yuzuyeko amakuru y’urusaku abantu batokwubahutse kuvuga.

Kuvuga abandi vyama ari bibi?

Shira akamenyetso ahabereye.

Kuvuga abandi vyama ari bibi. □ Ni vyo □ Si vyo

None inyishu ibereye ni iyihe? Bivana. Nimba ari ukuvuga umuntu bisanzwe, hari igihe bitaba ari bibi. Nakare, Bibiliya idusaba ‘kwiyumvira ivy’abandi.’ (Ab’i Filipi 2:4, Bibiliya Yera) Ariko ivyo ntibisobanura ko dukwiye kwita mu bitaturaba. (1 Petero 4:15) Mugabo ibiyago bisanzwe akenshi usanga bituma umuntu amenya amakuru ngirakamaro, nk’uwimirije kwubaka urwiwe canke uwuherutse kwibaruka. Tutabeshanye, ntitwoshobora kuvuga ko twitwararika abandi nimba tutigera tuvuga ibiberekeye!

Yamara rero, ikiyago gisanzwe kirashobora gucika urusaku bitagoranye. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kwivugira gusa ngo “Franck na Sandrine boberana,” uwundi agaca abirunga umunyu ngo “Franck na Sandrine barakundana,” kandi Franck na Sandrine ata kintu na kimwe bazi mu vy’urwo rukundo. Woshobora kuvuga uti: ‘Ivyo nta co bitwaye.’ Ubwo none ukwo ni ko wovuga hamwe yoba ari wewe uriko uravugwa?

Uwitwa Julie w’imyaka 18 yarashikiwe n’ikintu gisa n’ico kandi vyaramubabaje. Avuga ati: “Vyaranshavuje kandi vyatumye ntangura kwibaza nimba nobandanya kwizigira abandi.” Uwitwa Jane w’imyaka 19 na we nyene yarashikiwe n’ikintu nk’ico. Agira ati: “Naciye ntangura kwirinda uwo muhungu bavuga ko dukundanye.” Yongerako ati: “Vyari bibabaje kubera ko twari abagenzi, nkaba nabona ko twari kuyaga ntivyirirwe biravyura ibihuha!”

Nukatishe ikiyago ubigiranye ukwiyubara

Wocungera gute ururimi rwawe igihe bishitse ukagomba kuvuga urusaku? Kugira uronke inyishu y’ico kibazo, nuzirikane ku buhanga busabwa kugira ngo utware umuduga mw’ibarabara ricamwo imiduga myinshi. Utanavyiteze, vyoshobora gukenerwa ko uva ku murongo w’imiduga wariko ukaja ku wundi, ko ureka uwundi muduga ukarengana, canke ko uhagarara. Igihe ugumye urikanuye, urabona ibiri imbere ugaca umenya ingene uvyifatamwo.

Ni ko bimeze no mu bijanye n’ukuyaga. Mu bisanzwe urashobora kubimenya igihe ikiyago gitanguye guhinduka urusaku. None igihe ivyo bishitse, woba ushobora kumera nk’uwuhinduye umurongo ubigiranye ubuhanga? Ivyo utabigize, umenye neza ko urusaku rushobora gukora ibara. Uwitwa Mike yigana ati: “Narigeze kuvuga nabi umukobwa umwe, ngo abahungu baramutwaye umutima, hanyuma biramushikira. Sinzokwigera nibagira ijwi yakoresheje igihe yaza kubimbaza be n’ingene yari yababajwe n’ayo majambo navuze ntabanje kwiyumvira. Twaratunganije iyo ngorane, ariko sinumvise merewe neza kubera nari nzi ko namubabaje ukuraho!”

Nta gukeka ko amajambo ashobora kubabaza umuntu. Mbere na Bibiliya iremeza ko “hari uwuvuga atiyumviriye nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota.” (Imigani 12:18) Ni co gituma bihambaye ko urimbura amajambo yawe imbere yo kuvuga! Ego ni ko vyoshobora gusaba ukwigumya kugira ngo uhagarike ikiyago gishushe. Naho ari ukwo, uwitwa Carolyn w’imyaka 17 avuga ati: “Nurabe neza ivyo uvuga. Nimba utavyumvanye umuntu wizigiye, woshobora gusanga uriko urakwiragiza ibinyoma.” Nimba rero ubona ko ikiyago gishobora gucika urusaku, nushire mu ngiro impanuro Paulo yatanze iguhimiriza ‘kwishingira intumbero yo kubaho utekanye no kuraba ivyawe bwite.’—1 Abatesalonika 4:11.

Wokwerekana gute ko witwararika ivy’abandi utiriwe urabinjirira mu buzima? Imbere yo kuvuga ivyerekeye umuntu kanaka, niwibaze uti: ‘Noba vy’ukuri mfise amakuru yose? Ni kubera iki ngira mvuge aya makuru? Ninavuga urusaku bizogira ico bikoze gute ku kuntu jewe nzwi?’ Ico kibazo ca nyuma kirahambaye, kubera yuko kumenyekana ko uri umunyarusaku bihishura vyinshi ku vyerekeye ukuntu wewe umeze kuruta ukuntu uwo uriko uravuga ameze.

Igihe ari wewe bavuzeko urusaku

Wokora iki igihe bakuvuzeko urusaku? Mu Musiguzi 7:9 hatugabisha hati: “Ntiwihute kubabara mu mutima wawe.” Ahubwo gerageza uvyihoze. Bibiliya ivuga iti: “Ntushire umutima wawe ku majambo yose abantu bovuga, . . . kuko umutima wawe uzi neza yuko incuro nyinshi na wewe nyene wahamagariye akabi ku bandi.”—Umusiguzi 7:21, 22.

Ego ni ko, nta mvo n’imwe yumvikana yotuma umuntu avuga urusaku. Ariko rero, uciye utwarwa n’ishavu vyoshobora kugutukisha kuruta urwo rusaku ubwarwo! Ubona gute none uvyifashemwo nk’uko uwitwa Renee avyifatamwo? Avuga ati: “Mu bisanzwe ndababara igihe hari uwamvuze nabi, ariko nca ngerageza kuvyihoza, nkibwira nti: ‘Kumbure ejo bazoba bariko bavuga uwundi canke ikindi kintu.’” *

Nube inkerebutsi rero, ukatishe ikiyago kugira ntigicike urusaku. Igihe na ho ari wewe bavuze nabi, nugaragaze ko uhumuye mu kudatwarwa n’ishavu. Reka ibikorwa vyiza ukora bikuvugire. (1 Petero 2:12) Niwabigenza gutyo, uzoguma ufitaniye n’abandi ubucuti bwiza wongere ugume ushimwa n’Imana.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 20 Rimwe na rimwe, vyoshobora kuba vyiza urondeye ingene mwoganira n’uwavuze urwo rusaku ubigiranye ubugenge. Ariko kenshi usanga ivyo bitanakenewe, kuko “urukundo rupfuka ibicumuro indiri.”—1 Petero 4:8.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Uwurinda akanwa kiwe aba ariko azigama ubuzima bwiwe. Uwutaburura iminwa yiwe, emwe, uwo azohura n’agatikizo.”—Imigani 13:3.

IMPANURO

Igihe wumvise urusaku, woshobora kwivugira uti: “Ivyo bintu jewe numva bitampimbaye. Nakare uwo muntu ntari ng’aha ngo yisigure.”

WARI UBIZI . . . ?

Kwumviriza urusaku vyonyene birashobora gutuma wagirwa n’uko warugizemwo uruhara. Iyo uhaye amatwi umunyarusaku, uba utumye iyo nkuru irandagata!

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Nivyasubira gushika nkumva ngomba gukwiragiza ibihuha, nzoca nkora ibi: ․․․․․

Nimba hari uwamvuzeko ibintu bibi, nzotorera umuti ico kibazo mu gukora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Ni ryari vyoba bibereye kuyaga ivy’abandi?

Vyoba birashika bakakuvugako urusaku? Nimba vyarashitse, wavyigiyeko iki?

Kwararaza abandi bishobora gute kugutukisha?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 107]

“Emwe, narahakuye icigwa igihe uwo nari navuzeko urusaku yabimenya agaca aza kubimbaza neza. Nta ho nari gushobora guhungira! Naratahuye ko ari vyiza kuvugana ukuri n’umuntu aho kumwararaza!”—Paula

[Ifoto ku rup. 108]

Nka kurya kw’ikirwanisho, urusaku rurashobora gukomeretsa umuntu kandi rukamusiga iceyi