Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ishure n’urunganwe

Ishure n’urunganwe

IGIHIMBA CA 4

Ishure n’urunganwe

Vyoba bikugora kuronka amanota abayabaye mu vyigwa bimwebimwe?

□ Ego

□ Oya

Vyoba birashika bakagutoteza canke bakagerageza kuguhumbisha kw’ishure?

□ Ego

□ Oya

Vyoba bihora bishika ukumva wokwifatanya n’urunganwe rwawe mu ngeso itabereye?

□ Ego

□ Oya

Hari aho woba wibwira uti: ‘Nkaramuka ndangije amashure impore, n’ibindi ntibizonanira!’ Aho harimwo ukuri. Nakare, ibigushikira kw’ishure birerekana aho ubwenge bwawe bugera, uko ivyawe vyifashe mu vy’inyiyumvo be n’ukuntu ubucuti ufitaniye n’Imana bumeze. Woronka gute inyigisho iri ku burimbane utiriwe urandukirwa n’agatima ko kutibanga Imana karanga bamwebamwe mu runganwe rwawe? Ikigabane ca 13-17 bizogufasha kuronka ubuhanga ukeneye.

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 112, 113]