Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuzima burimwo tubiri bwoba bubereye?

Ubuzima burimwo tubiri bwoba bubereye?

IKIGABANE CA 16

Ubuzima burimwo tubiri bwoba bubereye?

□ Kunywa inzoga

□ Kwifatanya n’abagenzi abavyeyi bawe babona ko ari babi

□ Kwumviriza imiziki itabereye

□ Kuja mu manza ziteye amakenga

□ Gukundana mu mpisho

□ Kuraba amasenema y’ubukazi canke y’ubuhumbu kibure gukina udukino two kuri videwo tw’ubukazi

□ Gukoresha imvugo iteye isoni

RABA ibintu bitondetse kuri urwo rupapuro. Hoba hari ico ukora muri vyo abavyeyi bawe batabizi? Nimba kiriho, ushobora kuba uzi ko ivyo ukora ari bibi. Woshobora no kuba wumva ijwi ryo mu mutima rikwagiriza. (Abaroma 2:15) Ariko kubarira abavyeyi bawe ibibi uriko urakora, wumva ari amananiza. Ukubitije agatima ku kuntu abavyeyi bawe bovyakira uramutse ubibabwiye, woshobora guca winumira, ukihumuriza uti: “Ko batabizi nta co bitwaye.” Yamara none, woba utahura ko ubwo ari ubuzima burimwo tubiri? Ni igiki coba gituma uhisha ico uri?

Gushaka kwigenga

Bibiliya ivuga ko umusi uri izina “umugabo azosiga se na nyina.” (Itanguriro 2:24) No ku mugore ni ukwo nyene. Ni ibisanzwe ko wipfuza kuba umuntu akuze, akoresha ubwenge bwiwe kandi yifatira ingingo. Ariko rero, hari abakiri bato baca bagarariza igihe abavyeyi batabemereye gukora ibintu bitaranga ubukerebutsi canke bitabereye.

Ego ni ko, hariho abavyeyi basa n’abakavya. Umwigeme umwe yitwa Kim yidoga ati: “Ni nk’aho tutemerewe kuraba isenema n’imwe.” Yongerako ati: “Dawe yaratubujije kwumviriza imiziki nka yose!” Igihe abakiri bato bamwebamwe babona ko bazitiwe birenze urugero, baca batangura kwipfuza kumera nka bagenzi babo babona ko basa n’abafise umwidegemvyo wiyongereye.

Umwigeme yitwa Tammy avuga ko iyindi mvo ishobora gutuma bamwebamwe bagira ubuzima burimwo tubiri ari ukurondera kwemerwa n’abo bigana. Agira ati: “Natanguye kuza ndakoresha imvugo iteye isoni kw’ishure. Vyatuma numva meze nk’abandi bana. Nahavuye ntangura kunywa itabi. Naranywa n’inzoga gushika aho mborerwa. Mu nyuma naratanguye kurondera abahungu dukundana, nkabigira mu mpisho kubera ko abavyeyi banje bankarira, bakaba batari kubinyemerera.”

Umuhungu w’umuyabaga yitwa Peter ibintu nk’ivyo vyaramushikiye. Avuga ati: “Nakuriye mu muryango w’Ivyabona vya Yehova. Ariko naratinya cane ko abandi bana bantwenga.” None yavyifashemwo gute? Agira ati: “Naragerageje gutuma abandi banshima. Narabesha nkongera ngatanga ivyitwazo bisigura igituma ntakira ingabirano bampa ku misi mikuru y’amadini.” Peter amaze gutangura kudohoka mu tuntu dutoduto, ntiyatevye kwisuka mu ngeso mbi zikomeye.

Nta na kimwe gihishijwe Yehova

Ivyo kugira ubuzima burimwo tubiri si bishasha. Abisirayeli ba kera bamwebamwe na bo nyene baragerageje kugira ubuzima burimwo tubiri biyumvira yuko vyokwijanye. Ariko rero, umuhanuzi Yesaya yarabagabishije ati: “Baragowe abagera kure cane mu guhisha inama Yehova ubwiwe, ibikorwa vyabo bikabera ahantu h’umwiza, bakavuga bati: ‘Ni nde atubona, kandi ni nde atuzi?’” (Yesaya 29:15) Abisirayeli baribagiye yuko Imana yabona ivyo bakora. Igihe kigeze, yarabahaniye amakosa yabo.

Ni ko biri no muri iki gihe. Naho wonyegeza abavyeyi bawe ingeso mbi ufise, Yehova Imana we ntushobora kumuca mu ryahumye. Mu Baheburayo 4:13 havuga hati: “Nta kiremwa na kimwe kitibonekeza imbere yayo, ahubwo vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro mu maso y’uwuri n’ico atubaza.” None wumva kwinyegeza bimaze iki? Wibuke ko udashobora guhoyahoya Imana ngo ni uko uyisenga igihe witaba amakoraniro ya gikirisu. Yehova arabimenya igihe abantu ‘bamutera iteka n’iminwa yabo mugabo imitima yabo yigijwe kure yiwe cane.’—Mariko 7:6.

Wari uzi ko abafise ubuzima burimwo tubiri batuntuza Yehova? Ivyo vyoba bishoboka? Birashoboka nyene! Igihe Abisirayeli ba kera baheba Itegeko ry’Imana, “[baratuntuje] Umweranda wa Isirayeli.” (Zaburi 78:41) Ese ukuntu abwirizwa kuba atuntura muri kino gihe iyo abakiri bato bakoze ibintu bibi mu mpisho kandi ‘baratojwe indero n’ivyiyumviro vyabo bikayoborwa nk’uko Yehova yashinze’!—Abanyefeso 6:4.

Gorora ibintu

Vy’ukuri, urakwiye kwaturira Imana n’abavyeyi bawe ivyo ukora mu mpisho, kandi na wewe ubwawe vyogufasha. Nta wohakana ko ivyo vyoshobora gutuma umaramara kumbure bikanatuma utozwa indero. (Abaheburayo 12:11) Nk’akarorero, nimba wamenyereye kuza urabesha, waratumye abavyeyi bawe bataba bakikwizigira. Ntutangare rero baciye bamara igihe bagufatira ingingo zikaze kuruta uko vyahora. Naho ari ukwo, kwatura amakosa yawe ni vyo vyiza kuruta. Uti kubera iki?

Tubitangire akarorero: Dufate ko mwe n’umuryango wanyu mwasohotse gutembera. Uhengereye abavyeyi bawe baravye hirya, uciye urenga itegeko baguhaye ryo kuguma hafi yabo, maze amaherezo urazimiye. Bukwi na bukwi, ugiye wumva uhonyoye mu rushanga, utanguye kunyika. Woba womaramara ku buryo utokwitabariza? Woba wotinya ngo abavyeyi bawe bohava baguhambarira kubera wirengagije impanuro baguhaye? Habe namba! Ahubwo nyabuna woca uyiha umunwa.

Muri ubwo buryo nyene, nimba ufise ubuzima burimwo tubiri, urakeneye imfashanyo bimwe vyihuta. Ego ni ko ntushobora guhindura ivyaheze, ariko urashobora guhindura ibiri imbere. Naho bitoroshe, ni vyiza ko usaba imfashanyo imbere y’uko wikwegera ibara ukarikwegera n’umuryango wanyu. Nimba vy’ukuri wicuza ku vyo wakoze, Yehova azokubabarira.—Yesaya 1:18; Luka 6:36.

Nubwire rero ukuri abavyeyi bawe. Niwemere ko wabababaje. Niwemere bagukosore. Niwabigenza gutyo, uzonezereza abavyeyi bawe na Yehova Imana. Vyongeye, uzokwumva amahoro adasanzwe azanwa no kuba ufise ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi.—Imigani 27:11; 2 Abakorinto 4:2.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Hari vyinshi muhuriyeko n’abo mwigana. Ariko none, ukwiye kumenya iki ku bugenzi bwo kw’ishure?

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Uwupfuka ibigabitanyo vyiwe ntazororanirwa, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi.”—Imigani 28:13.

IMPANURO

Ntufatire mu rwara amakosa yawe, ariko kandi ntugwe mu mutego wo kwiyumvira ko utakivayo. Niwibuke ko Yehova yiteguriye kubabarira.—Zaburi 86:5.

WARI UBIZI . . . ?

Kwiyagiriza birashobora kuba vyiza: birashobora gutuma umuntu yikebuka. Ariko umuntu amogorera icaha aronona ijwi ryiwe ryo mu mutima. Rica ritimba nka kurya kw’inkovu y’ubushe.—1 Timoteyo 4:2.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Nimba mfise ubuzima burimwo tubiri, nzobiyaga na ․․․․․

Noshobora kwemera ugutozwa indero kwose ndonse mu gukora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Ni igiki gituma imiyabaga imwimwe igira ubuzima burimwo tubiri? ․․․․․

Ingaruka zimwezimwe zo kugira ubuzima burimwo tubiri ni izihe? ․․․․․

Ni kubera iki ari vyiza kuvavanura n’ico kintu? ․․․․․

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 140]

“Nibaza ko abakiri bato bakwiye kwimenyekanisha ko ari abakirisu bisunga ingingo zigenga inyifato runtu ziri hejuru, kandi bakabigira vuba bishoboka. Uko bateba kubigira, ni ko birushiriza kubagora.”—Linda

[Ifoto ku rup. 141]

Nimba uriko uranyika mu rushanga rugereranywa n’ubuzima burimwo tubiri, urakeneye kwitabariza