Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nokora iki umuvyeyi yiziziwe n’inzoga canke ibiyayuramutwe?

Nokora iki umuvyeyi yiziziwe n’inzoga canke ibiyayuramutwe?

IKIGABANE CA 23

Nokora iki umuvyeyi yiziziwe n’inzoga canke ibiyayuramutwe?

“Papa yavuze ko agiye gukanika umuduga, ariko umusi wose waheze tutazi iyo ari. Mama yaragerageje kumuterefona ariko ntiyigeze yitaba. Haciye akanya, narabonye ko mama asa n’uwuhagaritse umutima be n’uko asa n’uwugira asohoke. Yambariye ati: ‘Ngiye kurondera papa wawe.’

“Mu nyuma, mama yagarutse ari wenyene. Naramubajije nti: ‘Nta we wabonye?’ Na we ati: ‘Oya.’

“Naciye menya ko papa yari yasubiye kuduhenda nk’uko yahora abigira, kubera yari yariziziwe n’ibiyayuramutwe. Igihe yagaruka i muhira, twe na mama umutima ntiwari mu nda. Ku musi wakurikiye, sinigeze ndamuvugisha, kandi iyo ndavyibutse birambabaza cane.”​—Karen, imyaka 14.

ABAKIRI BATO amamiliyoni bama mu maganya aterwa no kubana n’umuvyeyi yiziziwe n’inzoga canke ibiyayuramutwe. Nimba umwe mu bavyeyi bawe afise iyo ngeso, vyoshobora kugutera isoni mbere bikanagushavuza.

Nk’akarorero, uwitwa Mary yarezwe n’umuvyeyi yaboneka ko ari sebibondo mwiza igihe ari mu bandi. Mugabo yaranywa inzoga nyinshi mu mpisho, kandi i muhira yaratuka umuryango wiwe akawugotsa. Mary avugana agahinda ivyo yibuka ati: “Abantu baraza bakatubwira ngo turahiriwe kuko ngo dufise umuvyeyi mwiza igitangaza.” *

Wovyifatamwo gute nimba umwe mu bavyeyi bawe yariziziwe n’inzoga canke ibiyayuramutwe?

Numenye icabitumye

Imbere ya vyose, ni vyiza ko utahura ingorane umuvyeyi wawe afise. Mu Migani 1:5 havuga hati: “Umuntu afise ugutegera ni we aronka ubuyobozi bw’ubuhanga.” Vyoba vyiza rero ugerageje gutahura ico bisobanura kwizizirwa n’inzoga canke ibiyayuramutwe, ingene bigenda ngo umuntu yizizirwe na vyo be n’ikibituma.

Nk’akarorero, umuntu yiziziwe n’inzoga si umuntu gacamwo akanywa inzoga nyinshi. Ahubwo ziba zaramugize umuja. Ziba zaramutwaye umutima n’ubwenge, kandi atanguye kunywa ntashobora kwigerera. Iyo ngeso yiwe irateza ingorane zikomeye mu muryango wiwe, ku kazi no ku magara yiwe.

Naho hari abantu bashobora kwizizirwa n’inzoga bivuye ku miryango baturukamwo, biboneka ko hari n’ababitumwa n’ivyo bagiye baracamwo mu buzima. Nkako, abantu benshi biziziwe n’inzoga akenshi usanga barihebuye. (Imigani 14:13) Bamwe muri bo usanga barezwe n’abavyeyi biziziwe n’inzoga. Abantu nk’abo bashobora kunywa kugira biyibagize ingorane bagize mu bwana. Ibintu nk’ivyo nyene vyoshobora gutuma umuntu yizizirwa n’ibiyayuramutwe.

Ariko ntiwumve, kunywa inzoga canke ibiyayuramutwe nta co bifasha umuntu atari ukwunyura ingorane ziwe; ivyiyumviro vyiwe n’inyiyumvo ziwe bica birushiriza kwononekara. Ni co gituma vyoshobora gukenerwa ko umuvyeyi wawe afashwa n’umuntu yavyigiye kugira ashobore kuvavanura n’iyo ngeso.

Ntumwitegeko ivyo adashoboye

Ego ni ko, kumenya igituma umuvyeyi wawe yigenza nabi ntibica bikuraho iyo ngorane. Ariko rero, gutegera iyo ngorane afise vyoshobora gutuma umutahura ku rugero kanaka.

Nk’akarorero, woba wokwitega ko umuvyeyi wawe yavunitse ukuguru akina nawe agapira? Bite ho hamwe woba uzi ko ari we yikwegeye iryo sanganya? Nta gukeka ko vyokubabaza. Ariko rero, wotahura ko atazoshobora gukina nawe agapira gushika akize. Gutahura ico kintu vyotuma utamwitegako ivyo adashoboye.

Muri ubwo buryo nyene, umuvyeyi yiziziwe n’inzoga canke ibiyayuramutwe ni nk’aho aba amugaye mu nyiyumvo no mu bwenge. Ego ni ko, ubwo bumuga ni we aba yarabwiteye kandi ntiwobura kubabazwa n’inyifato yiwe mbi. Ariko rero, umuvyeyi wawe ntazoshobora kukwitwararika neza gushika yivuje agakira iyo ngeso. Kubona iyo ngorane yiwe nk’ubumuga afise vyoshobora gutuma utamwitegako ivyo adashoboye.

Ico wokora

Mu gihe umuvyeyi wawe atazoba arahindura ingeso, ukwiye kumenya ko uzobwirizwa kwihanganira ingaruka z’inyifato yiwe. None muri ico gihe wokora iki?

Ntiwiteko ishavu. Umuvyeyi wawe wenyene ubwiwe ni we abazwa inyifato yiwe mbi. Mu Bagalatiya 6:5 havuga hati: “Umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.” Si wewe rero ufise ibanga ryo guhindura umuvyeyi wawe, eka kandi ntubwirizwa kumukingira ingaruka z’ingeso yiwe mbi. Nk’akarorero, ntubwirizwa kumukingira ikibaba ku mukoresha wiwe canke kumukura imbere y’umuryango usanze arambarayeho kubera akaborerwe.

Numuremeshe kurondera imfashanyo. Ingorane nyamukuru y’umuvyeyi wawe ishobora kuba ari ukwemera ko afise iyo ngorane. Igihe atekanye akaborerwe kamuvuyeko, uwundi muvyeyi wawe ari kumwe na bakuru bawe boshobora kumubwira ingaruka inyifato yiwe iriko iragira ku muryango be n’ico yokora kugira iyo ngorane ive mu nzira.

Vyongeye, vyoba vyiza uwo muvyeyi wawe yanditse inyishu z’ibibazo bikurikira: Ni ibiki bizonshikira n’umuryango wanje ninabandanya kunywa inzoga canke ibiyayuramutwe? Ni ibiki bizoshika ninaheba iyo ngeso? Ntegerezwa gukora iki kugira ndonke imfashanyo?

Ubonye ko induru zihava zaduka, nukure meza. Mu Migani 17:14 havuga hati: “Imbere y’uko haduka imitongano, have.” Ntiwishire mu kaga mu kwisuka mu mitongano. Nimba bishoboka, niwigire mu cumba canke ku mugenzi. Ubonye ko ushobora kugirirwa nabi, urashobora gutabaza.

Ntiwiyagirize bishitse ugashavura. Abakiri bato bamwebamwe bariyagiriza kubera bumvira ishavu umuvyeyi wabo afise iyo ngeso. Ni ibisanzwe kwumva ufise agashavu, canecane igihe iyo ngeso ituma uwo muvyeyi wawe atakwereka urukundo canke ngo agushigikire nk’uko bikwiye. Ego ni ko, Bibiliya igusaba gutera iteka umuvyeyi wawe. (Abanyefeso 6:2, 3) Ariko ukwo ‘kumutera iteka’ bisobanura kwubaha ubukuru afise, nka kurya nyene ubwirizwa kwubaha ubukuru bw’umupolisi canke bw’umucamanza. Ntibisobanura ko ushigikira ingeso y’uwo muvyeyi wawe. (Abaroma 12:9) Eka kandi ntuca uba umuntu mubi ngo ni uko uzinukwa ingeso yiwe yo kunywa inzoga canke ibiyayuramutwe. Nakare, iyo ngeso ni iyo kuzinukwa nyene!​—Imigani 23:29-35.

Niwifatanye n’abantu bakuremesha. Igihe muhira iwanyu harangwa akajagari, urashobora guca utangura kubona ibintu ukutari kwo. Birahambaye rero ko wifatanya n’abantu bakunda Imana kandi babona ibintu neza. Abagize ishengero rya gikirisu barashobora kukuremesha cane no kugushigikira, bigatuma uruhuka ingorane z’i muhira. (Imigani 17:17) Kwifatanya n’imiryango y’abakirisu birashobora kukwereka akarorero keza k’ubuzima bwo mu muryango, ntiwiyumvire ko bwama ari bubi nk’uko biri iwanyu.

Nurondere imfashanyo. Kugira umuntu ahumuye wizigiye ushobora kuyagira uko umerewe birafasha cane. Abakurambere b’ishengero bariteguriye kugufasha igihe cose ubakeneye. Bibiliya ivuga ko abo bagabo bashobora kuba “nk’ubwikingo bw’umuyaga be n’ubwihisho bw’ikirura c’imvura, nk’imigezi y’amazi mu gihugu kigadutse, nk’igitutu c’urutare ruremereye mu ntara irushe.” (Yesaya 32:2) Rero, ntutinye canke ngo uterwe isoni no kubitura ngo baguhumurize bongere baguhanure.

Muri ivyo vyiyumviro bitandatu duhejeje kuvuga, andika ng’aha ico uzogerageza gushira mu ngiro imbere y’ibindi vyose. ․․․․․

Hari aho utoshobora guhindura ukuntu ibintu vyifashe iwanyu, ariko urashobora guhindura ukuntu ubibona. Aho kugerageza guhindura umuvyeyi wawe, niwibande ku vyo wewe ushobora guhindura. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mugume mushitsa ubukiriro bwanyu.” (Abafilipi 2:12) Kubigenza gutyo bizogufasha kuguma ubona ibintu neza, kandi vyoshobora no gutuma umuvyeyi wawe arondera imfashanyo.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Bite ho nimba abavyeyi bawe bama bashwanye? Wokwihanganira gute umubabaro bitera?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 7 Nimba ufise umuvyeyi yiziziwe n’inzoga agufata nabi, urakwiye kurondera imfashanyo. Niwiture umuntu akuze wizigiye. Nimba uri Icabona ca Yehova, woshobora kwitura umukurambere w’ishengero canke uwundi mukirisu ahumuye.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe.”​—Imigani 19:11.

IMPANURO

Aho kwanka umuvyeyi wawe, niwanke inyifato yiwe mbi.​—Imigani 8:13; Yuda 23.

WARI UBIZI . . . ?

Muri Bibiliya, imvugo ngo ‘gutera iteka’ ishobora gusobanura gusa kwemera ubukuru. (Abanyefeso 6:1, 2) Ku bw’ivyo, gutera iteka umuvyeyi ntivyama bisigura gushigikira inyifato yiwe.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Umuvyeyi wanje niyatangura kuntuka canke kungirira nabi ku mubiri, nzokora ibi: ․․․․․

Ndashobora kuremesha umuvyeyi wanje kurondera imfashanyo mu gukora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Ni ibiki bituma abantu bamwebamwe bizizirwa n’inzoga canke ibiyayuramutwe?

Kubera iki atari wewe wobazwa ingeso mbi y’umuvyeyi wawe?

Ni ibiki ushobora guhindura mu bijanye n’ukuntu ivyawe vyifashe, kandi wobigira gute?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 192]

“Ndazi ko n’ubundi abavyeyi banje boshobora gutuma maramara muri kazoza, ariko kandi ndazi ko niniheka kuri Yehova azomfasha kwihangana.”​—Maxwell

[Uruzitiro ku rup. 198]

Igihe umuvyeyi ahevye gukorera Yehova

Wokora iki igihe umwe mu bavyeyi bawe aretse kubaho yisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, canke mbere akamenyesha ko atagishaka kuba mu bagize ishengero rya gikirisu?

Numenye ko Yehova atari wewe abaza inyifato y’umuvyeyi wawe. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese muri twebwe azokwibarizwa n’Imana ivyiwe.”​Abaroma 14:12.

Niwirinde agatima ko kwigereranya n’urundi rwaruka ivyarwo vyifashe neza. (Abagalatiya 5:26) Uwukiri muto umwe afise se yahevye umuryango wiwe avuga ati: “Aho kuguma wiyumvira ico kintu, birarushiriza kuba vyiza wiyumviriye canecane ukuntu wovyifatamwo.”

Nubandanye kwubaha uwo muvyeyi yataye umurongo kandi umugamburukire nimba ivyo agusavye bidahushanye n’ingingo ngenderwako z’Imana. Itegeko Yehova aha abana ryo gutera iteka abavyeyi babo ntirivana n’uko umuvyeyi aba yizera. (Abanyefeso 6:1-3) Iyo uteye iteka abavyeyi bawe kandi ukabagamburukira naho bafise utunenge, uba werekanye ko ukunda Yehova.​—1 Yohani 5:3.

Niwifatanye cane n’ishengero rya gikirisu. Uzohumurizwa n’umuryango munini w’abavukanyi. (Mariko 10:30) Umusore yitwa David yaratinya ko abagize ishengero bomwinuvye we hamwe n’abandi bo mu muryango wiwe kubera ko se yari yahevye gukorera Yehova. Ariko yarabonye ko ivyo yiyumvira atari vyo. Avuga ati: “Ntibadukumiriye. Ivyo vyaranyeretse neza ko ishengero ritubabara vy’ukuri.”

[Ifoto ku rup. 194]

Kubona ingorane umuvyeyi wawe afise nk’ubumuga vyoshobora gutuma utamwitegako ivyo adashoboye