Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nokwikuramwo gute ivyiyumviro bitabereye?

Nokwikuramwo gute ivyiyumviro bitabereye?

IKIGABANE CA 29

Nokwikuramwo gute ivyiyumviro bitabereye?

UMUSORE yitwa Michael avuga ati: “Igihe cose nsanga ndiko ndiyumvira abakobwa, mbere n’igihe tutaba turi kumwe. Sindavyumva. Rimwe na rimwe biranka n’uko ngumiza ubwenge hamwe!”

Cokimwe na Michael, woba umara umwanya munini uriko wiyumvira abo mudasangiye igitsina? Nimba ari ukwo biri, woshobora kwumva umengo uguma unyinyana n’ivyiyumviro vyawe. Ivyiyumviro vy’ubuhumbu vyoshobora gushwara mu muzirikanyi wawe nka kurya kw’igitero c’abasoda. Michael avuga ati: “Ivyo vyiyumviro birashobora kukwiganzira. Birashobora gutuma ukevya ugaca mu yindi nzira kugira gusa uce iruhande y’umukobwa mwiza, uri mw’iduka na ho ugaca ku rundi ruhande kugira gusa witegereze neza umukobwa kanaka.”

Ariko rero, uribuka ko inambu y’umubiri ubwayo atari mbi. Nakare, Imana yaremye umugabo n’umugore ku buryo biyumvanamwo cane, umubano w’abubatse ukaba ari intunganyo ibereye ituma bahaza iyo nambu y’umubiri. Igihe utarubaka urwawe, woshobora kwumva inambu y’umubiri ikaze. Iyo ivyo bishitse, ntuce wiyumvira yuko uri umuntu mubi cane canke ko udashobora kubaho wigenza runtu. Ubishatse urashobora kuguma udahumanye! Ariko rero kugira ubishobore, bizosaba ko wirinda kuguma wiyumvira abo mudasangiye igitsina. None ivyo wobigira gute?

Nube maso ku bagenzi bawe. Igihe abo mwigana batanguye kuyaga ivy’ubuhumbu, woshobora kwumva umengo nawe wojamwo kugira gusa ntibagucishemwo ijisho. Ariko rero mu vy’ukuri, ivyo nta kindi bizogufasha atari ugutuma bikugora gucungera ivyiyumviro vyawe. None ukwiye gukora iki? Woba ukwiye guca uhaguruka ukigira? Cane nyene, kandi kubigira ntibikwiye kugutera isoni! Akenshi urashobora kurondera uburyo ugenda utiriwe uriyerekana ko uri umugororotsi, bigatuma bagutyekeza.

Niwirinde ukwisamaza kurimwo ubuhumbu. Mu bisanzwe, amasenema yose n’imiziki yose ntivyama ari bibi. Ariko rero, ukwisamaza kwo muri iki gihe usanga ahanini kugenewe gukabura inambu y’umubiri. None Bibiliya iduhanura iki? Ivuga iti: “Twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima, tunonosore ubweranda mu gutinya Imana.” (2 Abakorinto 7:1) Niwamirire kure ukwisamaza kwose kwohava kuvyura muri wewe inambu y’umubiri. *

Ingorane yo kwimara inambu y’umubiri uri wenyene

Hari abakiri bato bagerageza gutururuza inambu y’umubiri mu kwikuyakuya ibihimba vy’irondoka. Ariko ivyo birashobora kuvamwo ingorane zikomeye. Bibiliya ihimiriza abakirisu iti: “Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina.” (Abakolosayi 3:5) Ingeso yo kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene ntimufasha na gato ‘kwica inambu y’umubiri.’ Ahubwo riho irayikabura ikongera ikayikomeza!

Iyo ngeso irashobora kukugira umuja w’ivyipfuzo vyawe. (Tito 3:3) Ikintu kimwe cogufasha kuyitsinda, ni ukuraba umuntu witura. Umukirisu umwe yamaze imyaka myinshi anyinyana n’iyo ngeso avuga ati: “Ese iyo ndinduka nkagira uwo ndabibwiye igihe nari nkiri muto! Naramaze imyaka myinshi niyagiriza, kandi vyarononye cane ubucuti nari mfitaniye n’abandi, na canecane ubwo nari mfitaniye na Yehova.”

None ni nde wobibwira? Akenshi vyoba vyiza ubibwiye umuvyeyi wawe. Canke na ho, umukirisu ahumuye wo mw’ishengero arashobora kugufasha. Woshobora gutanguza ico kiyago uti: “Nshaka kukubwira ikintu kimpagaritse umutima cane.”

Uwitwa André yarabibwiye umukurambere mukirisu, kandi vyaramufashije cane. Avuga ati: “Igihe yariko aranyumviriza, nagiye mbona amosozi amwuzura mu maso. Mpejeje, yaransubirije umutima mu nda ko Yehova ankunda. Yarambwiye ko iyo ngorane atari jewe jenyene ndayifise. Yaransezeraniye ko azoguma akurikirana iterambere ryanje be n’uko azonzanira ayandi makuru ashingiye kuri Bibiliya. Maze kubimwiganira, naciye niyemeza kubandanya urwo rugamba, naho vyashika ngasubira kugwa muri iyo ngeso.”

Uwitwa Mário yahisemwo kuvyiganira se, uno akaba yaramugaragarije impuhwe yongera aramutahura. Yaranamubwiye ko na we nyene yanyinyanye n’iyo ngeso akiri muto. Mário avuga ati: “Kuba papa yavugishije ukuri kandi ata buryarya vyarandemesheje cane. Naciye ntahura ko na jewe nshobora gutsinda urwo rugamba kuko na we yarutsinze. Narakozwe ku mutima cane n’ukuntu yamfashe ku buryo vyanse ko nigumya ngaca nkorora amosozi.”

Nk’ukwo kwa André na Mário, urashobora kuronka imfashanyo mu rugamba urimwo rwo kurwanya iyo ngeso. Naho vyoshika ugasubira kuyigwamwo, ntutane n’akabando! Numenye neza ko ushobora gutsinda urwo rugamba. *

Nucungere ivyiyumviro vyawe

Intumwa Paulo yavuze ati: “Umubiri wanje ndawukubitagura ibipfunsi nkawujana nk’umuja.” (1 Abakorinto 9:27) Muri ubwo buryo nyene, vyoshobora kuba ngombwa ko ugira ico ukoze ata gufyina igihe ivyiyumviro bitabereye bikuje mu muzirikanyi. Nimba ivyo vyiyumviro bibandanije, nugerageze kwinonora imitsi. Bibiliya ivuga iti: “Kumenyereza umubiri bi[ra]gira akamaro kuri bike.” (1 Timoteyo 4:8) Hari aho woba ukeneye gusa gutambuka unyaruka canke kumara iminuta mikeyi winonora imitsi kugira ngo ushobore kwikuramwo ivyo vyiyumviro.

Ikiruta vyose, ntufate minenegwe imfashanyo ushobora guhabwa n’Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru. Umukirisu umwe avuga ati: “Igihe numvise inambu y’umubiri ivyutse, nca nsenga n’umwete.” Imana ntizotuma ureka kwiyumvira abo mudasangiye igitsina. Ariko ibigufashijemwo, uzobona ko hariho ibindi bintu vyinshi ushobora kwiyumvira.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 7 Igihimba ca 8 c’iki gitabu kiraca irya n’ino ibijanye n’ukwiruhura be n’ukwisamaza.

^ ing. 14 Ushaka ayandi makuru ku vyerekeye ingeso yo kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene, raba Igitabu ca 1, ikigabane ca 25.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Nimba hari ingeso nziza zose be n’ikibereye gushimagizwa cose, bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira.”​—Abafilipi 4:8.

IMPANURO

Nimba vyarashitse ugasubira kugwa mu ngeso yo kwimara inambu y’umubiri uri wenyene, ntutane n’akabando! Nusuzume icabitumye, maze ugerageze kucirinda.

WARI UBIZI . . . ?

Ivyo uguma wiyumvira birashobora kuguhindura, bigahindura n’ivyo ukora.—Yakobo 1:14, 15.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira nirinde kuguma niyumvira abo tudasangiye igitsina, nzokora ibi: ․․․․․

Abo twigana nibatangura kuvuga ibintu vy’ubuhumbu igihe turiko turayaga, nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Ni kubera iki inambu y’umubiri idakwiye kwama ibonwa ko ari mbi?

Ni kubera iki ukwiye gucungera inambu yawe y’umubiri?

Ni ubwoko ubuhe bw’ukwisamaza bwoshobora gutuma uguma wiyumvira abo mudasangiye igitsina?

Kubera iki bihambaye ko ukura meza igihe ikiyago gitanguye kujamwo ivy’ubuhumbu?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 240]

“Ikimfasha ni uguca mpindura ivyiyumviro, nkikuramwo ivyo vyiyumviro bituma inambu y’umubiri ivyuka. Ndibuka yuko mu kanya iyo nambu izoba iheze.”​—Scott

[Ifoto ku rup. 239]

Woba woreka umuntu agashira ishano mu bifungurwa vyawe? Kubera iki none woreka ivyiyumviro vy’ubuhumbu bikinjira mu muzirikanyi wawe?