Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noburanira gute ivyo nemera?

Noburanira gute ivyo nemera?

IKIGABANE CA 36

Noburanira gute ivyo nemera?

Ni igiki canecane cotuma utinya kubwira abo mwigana ivyo wemera?

□ Ubumenyi buke bwa Bibiliya

□ Gutinya ko bantwenga

□ Simbona ingene notanguza ikiyago

Ni uburyo ubuhe bwokworohera kuruta ubundi?

□ Kuyaga n’umunyeshure umwe

□ Kuvugira imbere y’ishure ryose

□ Kwandika ivyo nemera mu gakorwa baduhaye

Andika izina ry’umunyeshure wiyumvira ko yovyakira neza uramutse umuyagiye ibijanye na Bibiliya. ․․․․․

ABO mwigana bashobora kuba badakunda kuyaga ivy’Imana. Uvyuye ikindi kiganiro ico ari co cose, nk’ivy’inkino, impuzu canke abo mudasangiye igitsina, ikiyago gica kireta. Ariko ugize ngo uravuga ivy’Imana, nta wusubira gukurako umunwa.

Ivyo ntibisobanura ko batemera Imana. Abakiri bato benshi barayemera. Ariko bamwebamwe birabatera ubuyega kuyaga ivy’Imana. Boshobora kuvuga bati: ‘Ntibiryoshe.’

Weho bite?

Nimba utinya kubwira abo mwigana ivyo wemera, ni ibisanzwe. Nta n’umwe ashima ko abandi bamwiyamiriza, ikitavuzwe coco ni ugutwengwa! Ivyo vyoba vyogushikira uyagiye abandi ivyo wemera? Vyoshobora gushika. Ariko rero, hari aho wotangazwa n’ingene abagenzi bawe bavyakiriye. Benshi muri bo barakeneye inyishu z’ibibazo nk’ibi: Iyi si iriko ija he? Kubera iki yuzuyemwo ingorane? Hari aho urunganwe rwawe rwoshima kuganira ivyo bibazo n’uwo bangana aho kubiyaga n’umuntu akuze.

Naho ari ukwo, woshobora kubona ko kuyaga n’abagenzi bawe ibijanye n’idini ari urugamba. Ariko rero, si ngombwa ngo werekane ko uri umunyedini w’ishaka rirenze canke ngo uhagarike umutima ko wohava udakoresha amajambo abereye. Kubwira abandi ivyo wemera vyoshobora kugereranywa no kuvuza igicurarangisho. Mu ntango vyoshobora kuba bitoroshe. Ariko uko ugira imyimenyerezo ni ko bigenda biroroha, kandi utwigoro ugira ntituzoba impfagusa. None wotanguza ikiyago gute?

Akenshi urashobora kuronka uburyo bworoshe bwo gutanguza ikiyago. Nk’akarorero, igihe mw’ishure bariko baravuga ibijanye n’ikintu giherutse kuba, urashobora gutanga iciyumviro cawe gishingiye ku Vyanditswe. Canke na ho, woshobora kugerageza kuyaga n’umunyeshure umwe gusa. Hariho n’ubundi buryo bworoshe kuruta. Abakirisu bamwebamwe bakiri bato barashira ibitabu bishingiye kuri Bibiliya ku ntebe bicarako kugira barabe ko hari abo vyoshimisha. Akenshi barashimishwa, ikiyago kigaca gitangura!

Muri ubwo buryo duhejeje kuvuga, ni ubuhe wewe ubona wokoresha? ․․․․․

Woba ushobora kwiyumvira ubundi buryo wokoresha mu kubwira uwo mwigana ivyo wemera? Nimba buhari, bwandike aha hepfo.

․․․․․

Rimwe na rimwe, agakorwa mwahawe kw’ishure koshobora kukuronsa akaryo ko gushingira intahe ivyo wemera. Nk’akarorero, wokora iki igihe muriko muriga ibijanye na ya nyigisho y’ihindagurika? Wosigura gute yuko wemera irema?

Ukuntu woburanira ibijanye n’irema

Umusore yitwa Ryan avuga ati: “Igihe mw’ishure twiga ibijanye n’ihindagurika, nasanze bitandukanye cane n’ivyo nari narize vyose. Babisigura nk’aho ari ikintu cabaye koko kandi vyaranteye ubwoba.” Umwigeme yitwa Raquel ashikiriza iciyumviro gisa n’ico. Avuga ati: “Naragize ubwoba igihe umwigisha yavuga ko ubutaha twokwize ibijanye n’ihindagurika. Nari nzi ko nobwirijwe gusigura aho mpagaze kuri ico kibazo gikunze kuvyura ibihari.”

Wewe wiyumva gute iyo mw’ishure mushitse ku bijanye n’ihindagurika? Uremera ko Imana “[y]aremye vyose.” (Ivyahishuwe 4:11) Uribonera irya n’ino ibimenyamenya vy’uko hariho Umuremyi aciye ubwenge. Mugabo ibitabu vyo kw’ishure bivuga yuko ubuzima bwabonetse biciye kw’ihindagurika, kandi n’umwigisha wawe ni ko avuga. Ivyo bituma wibaza uti: ‘None jewe ndi nde ngo mparirize abitwa ko ari abahinga?’

Shira umutima mu nda, si wewe wenyene utemera inyigisho y’ihindagurika. Ikizwi coco, n’abanyasiyansi batari bake ntibayemera. Eka n’abigisha hamwe n’abanyeshure benshi ni ukwo.

Ariko rero kugira uburanire ivyo wemera ku bijanye n’irema, urakeneye kumenya ico Bibiliya yigisha vy’ukuri kuri ico kibazo. Ntibikenewe ko wirirwa uraharira ku bintu ata co Bibiliya ibivugako. Rimbura uburorero bukeyi.

Ibitabu vyo kw’ishure bivuga yuko isi n’iyindi mibumbe izunguruka izuba bimaze imyaka amamiliyaridi bibayeho. Bibiliya ivuga ko isi n’ibiri mu kirere vyari bisanzwe biriho imbere y’umusi wa mbere w’irema. Ku bw’ivyo, isi n’iyindi mibumbe izunguruka izuba birashobora kuba bimaze imyaka amamiliyaridi.—Itanguriro 1:1.

Umwigisha wanje avuga ko isi idashobora kuba yaremwe mu misi itandatu gusa. Bibiliya ntivuga ko ya misi itandatu y’irema yari imisi y’amasaha 24.

Mw’ishure twaraganiriye ku burorero butari buke bw’amahinduka yabaye ku bikoko no ku bantu uko imyaka yagiye irarengana. Bibiliya ivuga ko Imana yaremye ibinyabuzima “nk’uko ubwoko bwa[vyo] buri.” (Itanguriro 1:20, 21) Ntishigikira iciyumviro c’uko ubuzima bukomoka ku kintu kitagira ubuzima canke ko Imana yatanguje ihindagurika ifatiye ku kagingo ngengabuzima kamwe. Ariko rero, “ubwoko” bumwe burashobora kugirwa n’ibinyabuzima bitameze kumwe. Ku bw’ivyo, Bibiliya iremera ko mu “bwoko” ubwo ari bwo bwose hashobora kuba amahinduka kanaka.

Ufatiye ku vyo twarimbuye muri iki kigabane, wokwishura gute hamwe umwigisha canke uwo mwigana yovuga ati:

“Siyansi yaremeje ko twavuye mw’ihindagurika.” ․․․․․

“Sinshobora kwemera Imana kuko ntayibona.” ․․․․․

Ntukekeranye ku vyo wemera!

Nimba urezwe n’abavyeyi bakirisu, woshobora kuba wemera irema kubera gusa ari vyo bakwigishije. Ariko rero ubu ko uriko urakura, ukwiye gusenga Imana ukoresheje “ububasha bwa[we] bwo kwiyumvira,” ugashingira ukwemera kwawe ku mushinge ukomeye. (Abaroma 12:1) Niwibaze rero uti: ‘Ni igiki kinyemeza ko hariho Umuremyi?’ Uwitwa Sam w’imyaka 14 aritegereza umubiri w’umuntu, akavuga ati: “Ugizwe n’utuntu twinshi kandi urahanitse, ibiwugize vyose na vyo bigakorana neza cane. Emwe, ntushobora kuba wabonetse biciye kw’ihindagurika!” Uwitwa Holly w’imyaka 16 ivyo aravyemera. Avuga ati: “Kuva aho bantoreye indwara y’igisukari, naramenye ibintu vyinshi bijanye n’ingene umubiri ukora. Nk’akarorero, biratangaje kubona ukuntu urwagasha, kakaba ari agahimba gatoya kinyegeje inyuma y’umushishito, rukora igikorwa gihambaye mu gutuma amaraso n’ibindi bihimba vy’umubiri biguma bikora.”

Andika aha hepfo ibintu bitatu bikwemeza ko hariho Umuremyi.

1. ․․․․․

2. ․․․․․

3. ․․․․․

Nta mvo n’imwe yotuma wumva ubuyega canke umaramara ngo ni uko wemera Imana n’irema. Uravye ibimenyamenya bihari, kwemera ko abantu baremwe n’Umuremyi aciye ubwenge ni ikintu cumvikana rwose.

Erega ubiravye, kwemera ihindagurika ni vyo bisaba ukwizera kudasanzwe. Nkako, nta ho bitaniye no kwemera ibitangaro ata wabikoze ariho! Umaze kuzirikana kuri ico kintu ukoresheje ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira, uzosanga bikworoheye kuburanira ivyo wemera.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Abo mungana bariko barabatizwa. Woba nawe ugeze gutera iyo ntambwe?

ICANDITSWE NYAMUKURU

‘Sinterwa isoni n’inkuru nziza; nkako, ni yo bubasha bw’Imana buzanira ubukiriro umuntu wese afise ukwizera.’​—Abaroma 1:16.

IMPANURO

Uraba maso ku nyifato ugira igihe uyagira abandi ivyo wemera. Ugize amasoni birashobora gutuma abagenzi bawe bagutwenga. Ariko uvuganye umutima mu nda nka kurya nyene abo mwigana bobigira igihe baserura ivyiyumviro vyabo, birashobora gutuma bakwubaha.

WARI UBIZI . . . ?

Rimwe na rimwe igihe abigisha basabwe gutanga ivyemeza inyigisho y’ihindagurika, birabananira bagaca babona ko bemera iyo nyigisho kubera gusa ari vyo bigishijwe.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira ntangure kuyaga n’uwo twigana ivyerekeye Bibiliya, nzokora ibi: ․․․․․

Nibambaza igituma nemera ko hariho Umuremyi, nzovuga nti: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Kubera iki bihambaye ko ubwira abandi ivyo wemera?

Ni uburyo bumwebumwe ubuhe bworoshe wokoresha kw’ishure kugira usigure igituma wemera irema?

Wokwerekana gute ko ukengurukira Umwe yarema ibintu vyose?—Ivyakozwe 17:26, 27.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 299]

“Ishure ni icibare twebwe twenyene dushobora kwamamazamwo.”—Iraida

[Ifoto ku rup. 298]

Kuyagira abandi ivyo wemera ni cokimwe no kuvuza igicurarangisho: vyose bisaba ubuhanga. Wimenyereje urateba ukaba umuhinga

[Ifoto ku rup. 300, 301]

Urashobora gutsinda ubwoba bwo kuburanira ivyo wemera