Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 17

‘Mwiyubake ku kwizera kwanyu kweranda rwose’

‘Mwiyubake ku kwizera kwanyu kweranda rwose’

“Mu kwiyubaka ku kwizera kwanyu kweranda rwose, . . . mwigumize mu rukundo rw’Imana.”—YUDA 20, 21.

1, 2. Ni igikorwa c’ukwubaka ikihe uriko urakora, kandi ni kubera iki bihambaye cane ko ukirangura neza?

URIKO urakora utiziganya mu gikorwa co kwubaka. Uramaze igihe kitari gito ugikora kandi n’ubu uracabandanya. Ico gikorwa nticoroshe, ariko kiraguhimbara cane. Naho hoza iki, nturota utana n’akabando canke ngo urere amaboko, kuko ubuzima bwawe mbere na kazoza kawe bihagaze ku kuntu ukirangura. Uti mu buryo ki? Kubera yuko iyo nzu iriko irubakwa ari wewe nyene!

2 Umwigishwa Yuda yavuze yuko bihambaye cane ko twiyubaka. Yanditse ati: ‘Mwiyubake ku kwizera kwanyu kweranda rwose.’ (Yuda 20, 21) Kubigenza gutyo bituma abakirisu ‘bigumiza mu rukundo rw’Imana.’ None muri iki gihe ‘twokwiyubaka’ gute kugira turonke ukwizera gukomeye? Reka twihweze uburyo butatu twobigira.

NURUSHIRIZE KWIZIGIRA AMATEGEKO YA YEHOVA

3. Shetani ashaka ko ubona gute amategeko ya Yehova?

3 Imbere ya vyose, turakeneye kwizera bimwe bikomeye amategeko y’Imana. Igihe wariko uriga iki gitabu, warasuzumye ingingo ngenderwako zigororotse Yehova adusaba kwisunga mu bijanye n’inyifato runtu. Izo ngingo ngenderwako wewe uzibona gute? Shetani ashaka kuguhenda ngo ubone ko amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe bikuzitira, canke mbere bigucinyiza. Uwo mutego yarawukoresheje araroranirwa muri Edeni, kandi n’ubu aracawukoresha. (Itanguriro 3:1-6) Woba uzogwa muri uwo mutego nawe? Ahanini bivana n’ukuntu ubona ibintu.

4, 5. Dukwiye kubona gute amategeko y’Imana, kandi ivyo bikwiye gutuma twiyumva gute? Tanga akarorero.

4 Reka dufate akarorero: Uriko uratembera mw’ishamba rikingiwe, maze uciye ubona uruzitiro rurerure kandi rukomeye rukubuza kwinjira mu gace kanaka k’iryo shamba. Utereje amaso hirya y’urwo ruzitiro, ubona ari ahantu hateye igomwe cane. Mu ntango woshobora kubona ko urwo ruzitiro ari ikintu kidakenewe kikubuza umwidegemvyo. Ariko rero, ugize ngo urihweza ucishije muri urwo ruzitiro, uciye ubona hakurya intambwe iriko irahiga icorirenza! Ubu rero uciye utahura akamaro k’urwo ruzitiro: ni urwo kugukingira. None ni umwansi uwuhe w’umubisha ariko araguhiga muri iki gihe? Ijambo ry’Imana ritugabisha riti: “Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso. Umwansi wanyu Shetani agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa.”—1 Petero 5:8.

5 Shetani ameze nk’inyamaswa irondera uwo icakira. Kubera yuko Yehova atipfuza ko Shetani aturotsa, yarashizeho amategeko adukingira “amayeri” menshi y’uwo mubisha. (Abanyefeso 6:11) Ku bw’ivyo, igihe cose tuzirikanye ku mategeko y’Imana, turakwiye kuyabonamwo urukundo Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda. Nitwabona amategeko y’Imana muri ubwo buryo, azotubera isôko ry’umunezero n’ugutekanirwa. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Uwihweza muri rya tegeko ritagira akanenge ry’umwidegemvyo kandi agakovya muri ryo, . . . azoba ahiriwe mu kubikora.”—Yakobo 1:25.

6. Ni ubuhe buryo bwiza cane budufasha kwizera amategeko y’Imana n’ingingo ngenderwako zayo? Tanga akarorero.

6 Kubaho twisunga amategeko y’Imana ni bwo buryo bwiza bwo kurushiriza kwizera nyene kuyatanga hamwe n’ubukerebutsi buri muri yo. Nk’akarorero, “itegeko rya Kristu” ririmwo ibwirizwa rya Yezu ridusaba kwigisha abandi ‘ibintu vyose yategetse.’ (Abagalatiya 6:2; Matayo 28:19, 20) Abakirisu kandi barafata nkama ibwirizwa ribasaba kwama bakoranira hamwe kugira basenge Yehova bongere baremeshanye. (Abaheburayo 10:24, 25) Amabwirizwa y’Imana arimwo n’itegeko riduhimiriza gusenga Yehova tudahorereza kandi tubikuye ku mutima. (Matayo 6:5-8; 1 Abatesalonika 5:17) Uko dushira mu ngiro ayo mabwirizwa, ni ko turushiriza kwibonera vy’ukuri ko ari ubuyobozi buranga urukundo. Kugamburuka ayo mabwirizwa biratuzanira umunezero n’ugashira akanyota tutopfa turonse muri iyi si idurumbanye. Uzirikanye ku vyiza wironkeye kubera ubaho wisunga amategeko y’Imana, none ntuca wumva urushirije kwizigira ayo mategeko?

7, 8. Ijambo ry’Imana rihumuriza gute abatinya ngo ntibazoshobora kuguma ari abizigirwa uko igihe kirengana?

7 Bamwebamwe birashika bakibaza nimba bazoshobora kuguma bumiye ku mategeko ya Yehova uko igihe kirengana. Baratinya ngo vyohava bibananira. Nivyashika ukiyumvira gutyo, uraca wibuka aya majambo agira ati: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo. Ese iyaba wokwumviriza koko amabwirizwa yanje! Amahoro yawe rero yomera nk’uruzi, ubugororotsi bwawe na bwo nk’imipfunda y’ikiyaga.” (Yesaya 48:17, 18) Woba urigera ufata akanya ukazirikana ukuntu ayo majambo ahumuriza cane?

8 Ng’aho Yehova atwibutsa ko kumugamburukira ari twebwe bigirira akamaro. Adusezeranira ko azoduhezagira mu buryo bubiri nitwamugamburukira. Ubwa mbere: amahoro yacu azomera nk’uruzi runini ruguma rutemba kandi rutekanye. Ubwa kabiri: ubugororotsi bwacu buzomera nk’imipfunda y’ikiyaga. Igihe uhagaze ku nkengera y’ikiyaga maze ukitegereza ukuntu imipfunda yaco iguma yisukira, nta gukeka ko uca ubona mu bwenge ikintu kitigera gihera. Iyo mipfunda izoguma iza, yisuka kuri iyo nkengera uko imyaka irengana. Yehova avuga ko ushobora kuguma ukora ibigororotse gushika ibihe bidahera. Emwe, niwaguma winanata ngo ntumuhemukire, na we ntazokwigera aguheba! (Soma Zaburi 55:22.) None iyo mihango yeza umutima ntituma urushiriza kwizera Yehova be n’ivyo adusaba bigororotse?

‘DUTERE IMBERE TUGANA KU BUHUMURE’

9, 10. (a) Kubera iki kuba umuntu ahumuye ari umugambi mwiza cane ku bakirisu? (b) Kubona ibintu nk’uko Imana ibibona bidufasha gute kugira umunezero?

9 Umuce wa kabiri w’igikorwa cawe co kwiyubaka urahishurwa muri aya majambo yahumetswe agira ati: ‘Dutere imbere tugana ku buhumure.’ (Abaheburayo 6:1) Kuba umuntu ahumuye ni umugambi mwiza cane ku mukirisu. Kuba umuntu ahumuye biratandukanye n’ukutagira agasembwa. Nta n’umwe ashobora gushikira ukutagira agasembwa muri iki gihe, ariko turashobora kuba abantu bahumuye. Ikigeretseko, abakirisu bahumuye bararonkera umunezero wiyongereye mu gikorwa ca Yehova. Uti kubera iki?

10 Umukirisu ahumuye abona ibintu nk’uko Yehova abibona. (Yohani 4:23) Paulo yanditse ati: “Abisunga umubiri bashira imizirikanyi yabo ku bintu vy’umubiri, mugabo abisunga impwemu bakayishira ku bintu vy’impwemu.” (Abaroma 8:5) Umuntu atabona ibintu nk’uko Imana ibibona agira umunezero muke, kuko usanga ashaka kwikwegerako, akabona hafi kandi agatwarwa n’ibintu vy’umubiri. Uwubona ibintu nk’uko Imana ibibona wewe yamana umunezero, kuko yibanda kuri Yehova, “ya Mana ihimbawe.” (1 Timoteyo 1:11) Umukirisu ahumuye usanga ashashaye guhimbara Yehova kandi agumana umunezero naho yoba ari mu bigeragezo. Uti kubera iki? Ibigeragezo biraduha akaryo ko kwumira ku gutungana kwacu no kwerekana ko Shetani ari umubeshi, ivyo bikaba bihimbara cane Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.Imigani 27:11; soma Yakobo 1:2, 3.

11, 12. (a) Paulo yavuze iki ku bijanye n’‘ububasha bwo gutegera,’ kandi ijambo rihindurwa ngo “bumenyerezwa” risobanura iki? (b) Ni ukumenyerezwa ukuhe umubiri wacu ukeneye kugira ukure wongere ukore neza?

11 Ukumenyerezwa ni kwo gutuma umukirisu aba uwuhumuye. Ivyo birerekanwa n’iki canditswe kigira giti: “Ibifungurwa bigumye ni ivy’abantu bahumuye, abo ububasha bwabo bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi, biciye ku gukoreshwa.” (Abaheburayo 5:14) Igihe Paulo yavuga ko ububasha bwacu bwo gutegera “bumenyerezwa,” yakoresheje ijambo ry’ikigiriki rishobora kuba ryarakoreshwa cane mu bijanye n’imyimenyerezo abanonotsi bagira. Reka ubu na ho tuzirikane ku vyo iyo myimenyerezo yasaba.

Umunonotsi amenyereza umubiri wiwe mu kuwukoresha

12 Tukivuka, umubiri wacu ntuba uramenyera. Nk’akarorero, umwana mutoyi biramugora kumenya iyo yerekeza utuguru n’utuboko twiwe. Ni co gituma apfa iyo ataye utuboko, bigashika akikubita mu maso, akenshi bikanamushavuza. Bukebuke, uko aza arakoresha umubiri wiwe, urateba ukamenyera. Atangura yavura, mu nyuma agatambuka, amaherezo n’ukwiruka akiruka. * Ariko none tuvuge iki ku bijanye n’umunonotsi? Nk’akarorero, igihe umunonotsi ariko aragira amagendera, agendesha amaboko atajugumira, amaguru ari mu kirere, ayagonda asubira ayagorora, agahagarara akongera akabandanya n’ubuhanga utoraba, uca ubona neza ko amaze igihe kirekire yimenyereza. Ubwo buhanga ntibupfa kwizana: aba yamaze amasaha n’ayandi yimenyereza. Bibiliya ivuga ko ukwo kumenyereza umubiri “bigira akamaro kuri bike.” Ukumenyereza ububasha bwacu bwo gutegera ni kwo guhambaye, kuko kutuzanira ivyiza vyinshi cane.1 Timoteyo 4:8.

13. Ububasha bwacu bwo gutegera twobumenyereza gute?

13 Muri iki gitabu, twarihweje ibintu vyinshi bizogufasha kumenyereza ububasha bwawe bwo gutegera. Ivyo bizotuma ugiranira na Yehova ubucuti bukomeye wongere ugume uri umwizigirwa kuri we. Igihe ufata ingingo mu buzima bwa misi yose, nurimbure ingingo ngenderwako z’Imana n’amategeko yayo ubijanisha n’isengesho. Igihe cose niwibaze uti: ‘Ni amategeko canke ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zijanye n’iki kibazo? Nozishira mu ngiro gute? Nokora iki kugira mpimbare Umuvyeyi wanje wo mw’ijuru?’ (Soma Imigani 3:5, 6; Yakobo 1:5.) Niwabigenza gutyo, ingingo yose ufata izorushiriza kumenyereza ububasha bwawe bwo gutegera. Ivyo bizogufasha kugiranira na Yehova ubucuti bukomeye no kubuzigama.

14. Ni ibifungurwa ibihe dukeneye gukunda kugira dutere imbere mu kwizera, ariko ni igiki dukwiye kwiyubara?

14 Naho twoba tumaze gushikira ubuhumure, tuguma dukeneye gutera imbere. Kugira ngo umuntu akure, bisaba ko afungura. Ni co gituma Paulo yavuze ati: “Ibifungurwa bigumye ni ivy’abantu bahumuye.” Kugira ngo ukwizera kwawe gukomere, urakeneye kwiga ukuri kwimbitse kwo muri Bibiliya. Igihe uciye wihutira gushira mu ngiro ivyo wize, uba werekanye ko uri inkerebutsi, Bibiliya na yo ikaba ivuga iti: “Ubukerebutsi ni co kintu nyamukuru.” Ni co gituma dukwiye kwamana inyota yo kwiga ukuri kw’agaciro Dawe wa twese aturonsa. (Imigani 4:5-7; 1 Petero 2:2) Ariko rero, kugira ubumenyi bwinshi n’ubukerebutsi buva ku Mana ntibikwiye gutuma twishira hejuru. Turakeneye kwama twisuzuma kugira ngo ubwibone canke ubundi bugoyagoye ntibushinge imizi mu mutima wacu. Paulo yanditse ati: “Gume musuzuma yuko muri mu kwizera, gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri.”—2 Abakorinto 13:5.

15. Kubera iki urukundo ari ntahara kugira dutere imbere mu kwizera?

15 Naho inzu yoba imaze kwuzura, iguma ikeneye ibikorwa bimwebimwe. Irakenera kubungabungwa, gusanurwa canke mbere kuyongerako ibindi vyumba bivanye n’ibikenewe. None twebwe ni ibiki dukeneye kugira tube abahumuye kandi tugume dukomeye mu kwizera? Imbere ya vyose turakeneye urukundo. Turakeneye gukomeza urukundo dukunda Yehova n’abakirisu bagenzi bacu. Tudafise urukundo, ubumenyi bwose dufise n’ivyo dukora vyose vyoba ari ubusa, nka kurya kw’urwamo rumena amatwi gusa. (1 Abakorinto 13:1-3) Urukundo rurashobora kudufasha kuba abakirisu bahumuye no kuguma dutera imbere mu kwizera.

NUGUMIZE UMUZIRIKANYI KU CIZIGIRO YEHOVA ADUHA

16. Ni ivyiyumviro nyabaki Shetani ashira mu bantu, ariko Yehova adukingira gute?

16 Reka turabe uwundi muce w’igikorwa co kwiyubaka uriko urakora. Kugira ngo ube umwigishwa nyakuri wa Kristu, urakeneye gucungera uburyo wiyumvira. Shetani wa mutware w’iyi si ni karuhariwe mu gutuma abantu barengerwa n’ivyiyumviro bica intege, ukwihebura, ukutiyizigira n’ukutizigira abandi. (Abanyefeso 2:2) Ivyo vyiyumviro birageramira umukirisu nka kurya umuswa ugeramira inzu y’ibiti. Turahiriwe kubona Yehova aturonsa inkinzo ihambaye cane, na yo ikaba ari icizigiro.

17. Ijambo ry’Imana ryerekana gute akamaro k’icizigiro?

17 Bibiliya iradondagura ibihimba bigize umwambaro w’ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu dukeneye mu ntambara turwana na Shetani be n’iyi si. Ikintu gihambaye kigize uwo mwambaro ni inkofero, na yo ikaba ari “icizigiro c’ubukiriro.” (1 Abatesalonika 5:8) Mu bihe vya kera, umusoda yari azi ko atomaze kabiri mu ntambara atambaye inkofero. Akenshi iyo nkofero yaba igizwe n’icuma ikaba irimwo akantu gakozwe mu bwoya canke mu rushato gatuma ifata ku mutwe. Imyampi nka yose rero yaba irashwe ku mutwe yarakubitako igatarika, bigatuma uwuyambaye ata co aba. Nka kurya nyene inkofero ikingira umutwe, ni ko n’icizigiro gishobora gukingira ivyiyumviro vyawe.

18, 19. Ni akarorero akahe Yezu yadusigiye mu bijanye no kugumana icizigiro, kandi twomwigana gute?

18 Yezu yaradusigiye akarorero ntangere mu vyo kugumana icizigiro. Ibuka ivyo yihanganiye muri rya joro rya nyuma yamara ng’aha kw’isi. Umugenzi wiwe somambike yaramuhemukiye kubera amahera. Uwundi yararahiye ararengwa ko atanamuzi. Abandi na bo baramutaye barahunga. Abantu bo mu gihugu ciwe baramwiyamirije, basemerera basaba ngo yicwe urw’agashinyaguro n’abasoda b’Abaroma. Ntikwoba ari ugushikuza tuvuze ko Yezu yashikiwe n’ibigeragezo bikomeye kuruta ivyoshobora kudushikira vyose. None ni igiki camufashije? Mu Baheburayo 12:2 hishura hati: “Ku bw’akanyamuneza yashizwe imbere yarihanganiye igiti co kubabarizwako, asuzugura ibimaramare, kandi yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami y’Imana.” Yezu ntiyigeze yibagira “akanyamuneza yashizwe imbere.”

19 None ni akanyamuneza akahe yashizwe imbere? Yezu yari azi ko biciye ku kwihangana, yogize ico aterereye kugira ngo izina ryeranda rya Yehova ryezwe. Yotanze ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko Shetani ari umubeshi. Emwe, nta kindi cizigiro cari kuronsa Yezu akanyamuneza kenshi kuruta! Yari azi kandi ko Yehova yomuhaye impera nyinshi kubera yagumye ari umwizigirwa. Yari yimirije ikiringo gihimbaye cane aho yosubiye kuba ari kumwe na Se wiwe. Ico cizigiro giteye umunezero ni co Yezu yagumijeko umuzirikanyi mu bihe bitoroshe yarimwo. Dukwiye kubigenza gutyo nyene. Na twebwe turafise akanyamuneza twashizwe imbere. Yehova aradutera iteka ryo kugira uruhara mu kweza izina ryiwe rihambaye. Turashobora kwerekana ko Shetani ari umubeshi mu kwemera ko Yehova atubera Segaba no mu kwigumiza mu rukundo rwiwe, naho twoshikirwa n’ibigeragezo canke inyosha mbi zimeze gute.

20. Ni igiki cogufasha kugumana ivyiyumviro vyiza be n’icizigiro?

20 Yehova ntiyiteguriye gusa guha impera abasavyi biwe b’abizigirwa, ariko kandi arabishashaye. (Yesaya 30:18; soma Malaki 3:10.) Arahimbarwa no kuronsa abasavyi biwe ibintu bibereye umutima wabo wipfuza. (Zaburi 37:4) Ku bw’ivyo, nugumize umuzirikanyi wawe kuri ico cizigiro washizwe imbere. Ntiwigere utwarwa n’ivyiyumviro vyononekaye kandi bigoramye vy’isi ya Shetani. Niba ubonye ko impwemu y’iyi si iriko iranyengetera mu mutima wawe, nusenge Yehova n’ubwira kugira akuronse “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” Ayo mahoro atangwa n’Imana azorinda umutima wawe n’ububasha bwawe bwo kwiyumvira.—Abafilipi 4:6, 7.

21, 22. (a) Ni icizigiro c’agahore ikihe abagize “isinzi rinini” bifitiye? (b) Ni igiki kiguhimbara cane mu bintu bigize icizigiro abakirisu twifitiye, kandi wiyemeje gukora iki?

21 Mbega icizigiro dukwiye kwamiza ku mutima! Niba uri muri rya “sinzi rinini” rizorokoka “ya makuba akomeye,” nuzirikane ku buzima ugiye kwironkera ubu bwa vuba. (Ivyahishuwe 7:9, 14) Narirya Shetani n’amadayimoni yiwe bazoba bavuyeho, uzokwumva uruhuriwe mu buryo utoshobora kwiyumvira muri iki gihe. Nkako, ni nde muri twebwe ashobora kwiyumvisha ico ari co kuba ahantu hatagira akosho konona ka Shetani? Ibaze ingene bizoba biryoshe gukora kugira duhindure isi Iparadizo tuyobowe na Yezu na bamwe 144.000! Ese ukuntu akamwemwe kadusya tuzirikanye ingene indwara zose n’ubumuga bwose bizoba vyagiye, ingene tuzokwakira abacu bariko barazuka n’ingene tuzokwinovora ubuzima nk’uko Imana yari yarabitegekanije! Uko tuzotera imbere tugana ku kuba abatunganye, tuzokwegereza iranguka ry’umuhango uhambaye kuruta dusanga mu Baroma 8:21, na wo ukaba ujanye n’“umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.”

22 Yehova ashaka kuguha umwidegemvyo uruta kure n’iyo uwo ushobora kwiyumvira. Kugamburuka ni vyo bizokuronsa uwo mwidegemvyo. Wumva none bitabereye ko wihata ukagamburukira Yehova buri musi? Uko bishoboka kwose rero, nubandanye kwiyubaka ku kwizera kwawe kweranda rwose, maze wigumire mu rukundo rw’Imana ibihe bidahera!

^ ing. 12 Abahinga bavuga ko tugenda turatsimbataza ubushobozi budasanzwe bwo kumenya aho ibihimba vy’umubiri wacu biherereye. Nk’akarorero, ubwo bushobozi ni bwo butuma dushobora gukoma amashi duhumirije. Umurwayi umwe yaratakaje ubwo bushobozi, bica bituma atagishobora guhagarara, gutambuka eka mbere no kwicara.