Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akarorero wokwigana—Paulo

Akarorero wokwigana—Paulo

Akarorero wokwigana—Paulo

Intumwa Paulo ariyizi neza. Ariyemerera adahisha ati: “Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.” Paulo aripfuza gukora ivyiza. Yandika ati: “Mu vy’ukuri ndahimbarwa n’itegeko ry’Imana nk’uko umuntu ndi imbere muri jewe ari.” None ingorane afise ni iyihe? Avuga ati: “Mbona . . . irindi tegeko rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro riri mu bihimba vyanje.” Paulo arababazwa n’amakosa akora. Avugana akababaro ati: “Ewe jewe ndagowe!”Abaroma 7:21-24.

Amakosa ukora yoba atuma ubona ko ugowe? Nimba ari ukwo biri, niwibuke ko na Paulo rimwe na rimwe vyamushikira. Ariko Paulo yaribuka kandi ko Kristu yapfiriye abantu bameze nka we, ivyo bikaba vyatumye avuga ati: “Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu!” (Abaroma 7:25) Paulo yabona ko incungu ari ingabirano we ubwiwe yahawe. Yanditse ati: ‘Umwana w’Imana yarankunze aranyigura.’ (Abagalatiya 2:20) Igihe wumva ucitse intege, nuce uzirikana ku ncungu. Nimba na ho amakosa ukora atuma udendebukirwa, ntiwigere wibagira ko Kristu yapfiriye abacumuzi, atapfiriye abantu batunganye.