Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 12

«Bavuga badatinya biciye ku bubasha bwa Yehova»

«Bavuga badatinya biciye ku bubasha bwa Yehova»

Pawulo na Barunaba baragaragaza ukwicisha bugufi be n’ubutinyutsi, kandi bakaguma bumiye kw’ibanga

Bishingiye ku Vyakozwe 14:1-28

1, 2. Ni ibintu ibihe biba igihe Pawulo na Barunaba bari i Lusitira?

 I LUSITIRA haraduka uruhagarara rukomeye. Hari umugabo yavutse amugaye ariko arasimbasimbishwa n’akanyamuneza kubera ko ahejeje gukizwa n’abantu babiri atazi. Abantu bose bumiwe. Umuherezi w’ikimana Zeyu arazaniye ingori z’amashurwe abo bagabo babiri babonwa n’isinzi ry’abantu ko ari imana. Hariho amapfizi y’inka ariko arabira, nya muherezi na we akaba ariko aritegurira kuyabaga. Pawulo na Barunaba barasemerera biyamiriza ivyo bintu uwo muherezi agomba gukora. Baritantamurirako impuzu zabo, bakamama iryo sinzi ry’abantu, babinginga bashimitse ngo ntibabasenge.

2 Ivyo biheze, haca hashika Abayuda barwanya Pawulo na Barunaba bavuye i Antiyokiya mu karere ka Pisidiya no muri Ikoniyo. Nya Bayuda baronona imizirikanyi y’abantu b’i Lusitira mu kwambika ibara Pawulo na Barunaba. Nya sinzi ry’abantu bagomba gusenga Pawulo, ng’iryo riciye rimukikuza hanyuma ritangura kumutera amabuye gushika ataye ubwenge. Ishavu ryabo rimaze guhwama, baraburutira Pawulo hanze y’amarembo y’igisagara, bakamusiga ari intere.

3. Ni ibibazo ibihe biza kurimburwa muri iki kigabane?

3 Ni igiki none catumye ivyo bintu bibabaje bishika? Ni ibiki abamamaji b’inkuru nziza bo muri kino gihe bokwigira kuri iyo nkuru ya Barunaba na Pawulo, be n’abo bantu ba mahindagu b’i Lusitira? Vyongeye, abakurambere bakirisu bokwigana gute akarorero k’abo bagabo b’abizigirwa, ari bo Barunaba na Pawulo, abagumye bumiye kw’ibanga mu busuku barangura, «[bakavuga] badatinya biciye ku bubasha bwa Yehova»?​—Ivyak. 14:3.

“Benshi cane barizera” (Ivyak. 14:1-7)

4, 5. Ni kubera iki Pawulo na Barunaba bagiye muri Ikoniyo, kandi ni ibiki vyabashikiye muri ico gisagara?

4 Nta misi myinshi yari ihaciye Pawulo na Barunaba bahindiwe hanze y’igisagara c’Uburoma citwa Antiyokiya mu karere ka Pisidiya, igihe Abayuda babarwanya bagumura abantu kugira ngo babiyamirize. Ariko rero, nya bagabo babiri ntibacitse intege. Ahubwo riho, «[baciye] bakunkumura umukungugu wo ku birenge vyabo» kubera abantu bo muri ico gisagara baterekwa ukuri. (Ivyak. 13:50-52; Mat. 10:14) Pawulo na Barunaba baciye bikurira meza, bareka izo ntumva ngo zize zihurire n’Imana. (Ivyak. 18:5, 6; 20:26) Nya bamisiyonari babiri ntibatakaje umunezero bari bafise, kandi barabandanije urugendo barimwo rwo kwamamaza inkuru nziza. Bamaze kugira urugendo rw’ibilometero 150 n’amaguru berekeza mu bumanuko bushira ubuseruko, bahavuye bashikira itaba ry’umusozi ryimbuka riri hagati y’urunani rw’imisozi rwitwa Taurus be n’urwitwa Sultan.

5 Pawulo na Barunaba babanje guhagarara muri Ikoniyo, igisagara cari ciganjemwo gusa abantu b’imico y’Abagiriki, kikaba kandi cari kimwe mu bisagara bikomakomeye vyo mu ntara y’Uburoma yitwa Galatiya. a Ico gisagara cabamwo Abayuda bakomakomeye be n’abandi bantu benshi cane bari barinjiye idini ry’Abayuda. Nk’uko Pawulo na Barunaba bari basanzwe babigira, barinjiye mw’isinagogi baca batangura kwamamaza inkuru nziza. (Ivyak. 13:5, 14) «[Baravuze] ijambo ry’Imana ku buryo Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera.»​—Ivyak. 14:1.

6. Ni kubera iki Pawulo na Barunaba bari abigisha babishoboye? Twobigana gute?

6 Ni kubera iki uburyo Pawulo na Barunaba bakoresheje mu kwigisha bwabaye kirumara cane? Pawulo yari azi neza Ivyanditswe. Abigiranye ubuhanga, yarerekana isano riri hagati y’ivyabaye muri kahise be n’ivyavuzwe mu buhanuzi hamwe n’ivyavugwa muri ya mategeko ya Musa. Ivyo yabigira kugira ngo yemeze ko Yezu yari we Mesiya yasezeranywe. (Ivyak. 13:15-31; 26:22, 23) Barunaba yari afise kamere yo kwitwararika abantu. (Ivyak. 4:36, 37; 9:27; 11:23, 24) Nta n’umwe muri abo bagabo yisunga ugutahura kwiwe bwite, ahubwo bavuga biciye «ku bubasha bwa Yehova.» Wokora iki none kugira ngo wigane abo bamisiyonari mu gikorwa urangura co kwamamaza inkuru nziza? Niwihatire kumenya neza Ijambo ry’Imana. Nuhitemwo neza Ivyanditswe vyorushiriza gukora ku mutima abakwumviriza. Nugerageze kurondera uburyo burashe bwo guhumuriza abo ubwira inkuru nziza. Vyongeye, niwame ushingira ivyo wigisha ku bubasha bw’Ijambo rya Yehova, aho kubishingira ku bwenge bwawe bwite.

7. (a) Abantu bakira gute inkuru nziza? (b) Niba mu muryango wanyu habayeho ugucanamwo kubera usenga Yehova, ni igiki ukwiye kwibuka?

7 Ariko ntugire ngo abantu bose bo muri Ikoniyo barahimbawe no kwumva ivyo Pawulo na Barunaba bariko baravuga. Luka yongeyeko ati: «Abayuda banse kwizera bagumura abanyamahanga babosha kurwanya abavukanyi.» Kubera ko Pawulo na Barunaba babonye ko vyari bikenewe yuko baguma muri ico gisagara kugira ngo baburanire inkuru nziza, baciye “bahamara igihe kitari gito bavuga badatinya.” Ivyo vyatumye «abantu benshi bo muri ico gisagara bicamwo imigwi. Bamwe baja ku ruhande rw’Abayuda, abandi na bo ku ruhande rw’intumwa.» (Ivyak. 14:2-4) No muri iki gihe, inkuru nziza iratuma abantu bavyifatamwo muri ubwo buryo. Kuri bamwe, inkuru nziza ituma bunga ubumwe, ku bandi na ho igatuma bacanamwo. (Mat. 10:34-36) Niba mu muryango wanyu habayeho ugucanamwo bitumwe n’uko uriko ugamburuka inkuru nziza, niwibuke ko akenshi ukurwanywa kuva ku bihuha bitagira ishingiro canke ku binyoma vyambaye ubusa bikwiragizwa. Niwagaragaza ingeso nziza bizoshobora kubeshuza ivyo binyoma, amaherezo bitume abakurwanya bahindura ukuntu bari basanzwe babona ibintu.​—1 Pet. 2:12; 3:1, 2.

8. Ni kubera iki Pawulo na Barunaba bavuye muri Ikoniyo? Akarorero kabo katwigisha iki?

8 Haciye ikiringo kinaka, nya bantu bo muri Ikoniyo barwanya Pawulo na Barunaba, barapfunditse umugambi wo kubatera amabuye. Igihe abo bamisiyonari babiri babimenya, baciye bafata ingingo yo kuja kwamamaza mu kandi karere. (Ivyak. 14:5-7) No muri kino gihe, abamamaji b’Ubwami baragaragaza ukwiyubara nk’ukwo nyene. Turavugana ubutinyutsi igihe tubwiwe amajambo mabi. (Flp. 1:7; 1 Pet. 3:13-15) Ariko rero, mu gihe tubonye ko twohava tugirirwa nabi, turirinda gukora ibintu bitaranga ubukerebutsi vyohava bishira mu kaga ubuzima bwacu bidakenewe canke ubw’abakirisu bagenzi bacu.​—Imig. 22:3.

“Nimuhindukire muje ku Mana nzima” (Ivyak. 14:8-19)

9, 10. Igisagara ca Lusitira cari giherereye hehe, kandi ni igiki tuzi ku vyerekeye abantu baho?

9 Pawulo na Barunaba baciye bafata inzira ija i Lusitira, igisagara catwarwa n’Uburoma cari nko ku bilometero 30, mu bumanuko bushira uburengero bwa Ikoniyo. Igisagara c’i Lusitira cari gifitaniye imigenderanire ikomeye n’igisagara ca Antiyokiya h’i Siriya, ariko coco nticabamwo Abayuda benshi bakomakomeye. Naho bishoboka ko ababa muri ico gisagara bavuga ikigiriki, ikinyalukawoniya ni rwo rwari ururimi rwabo kavukire. Kubera ko kumbure ata sinagogi n’imwe yari muri ico gisagara, Pawulo na Barunaba batanguriye kwamamaza inkuru nziza mu kibanza rusangi. Igihe Petero yari i Yeruzalemu, yarakijije umugabo yavutse amugaye. Pawulo na we nyene yarakoze igitangaro nk’ico i Lusitira. (Ivyak. 14:8-10) Igitangaro Petero yakoze caratumye abantu isinzi bacika abemera. (Ivyak. 3:1-10) Ico Pawulo yakoze coco cavuyemwo ibintu bitandukanye rwose n’ivyo.

10 Nk’uko vyamaze kuvugwa mu ntango z’iki kigabane, igihe wa mugabo yari yaramugaye yasimbasimba, rya sinzi ry’abapagani b’i Lusitira baciye ubwo nyene bashika ku ciyumviro kitari co. Barunaba bamwise Zeyu, imana nkuru mu bindi bimana vyose, Pawulo na we bamwita Herume, imana yafatwa nk’umuhungu wa Zeyu, ikaba n’umuvugizi w’ibindi bimana. (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Lusitira be n’ivy’ugusenga Zeyu na Herume.») Ariko rero Barunaba na Pawulo bari biyemeje gufasha ayo masinzi gutahura yuko ivyo bavuga be n’ivyo bakora bitava ku bubasha bw’ibimana vya gipagani mugabo ko vyava ku bubasha bwa Yehova, ya Mana imwe y’ukuri.​—Ivyak. 14:11-14.

«[Ni]muhindukire muve muri ivyo bintu vy’imburakimazi muje ku Mana nzima yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose.»​—Ivyakozwe 14:15

11-13. (a) Pawulo na Barunaba babwiye iki abantu b’i Lusitira? (b) Icigwa ca mbere twigira ku vyo Pawulo na Barunaba bavuze ni ikihe?

11 Naho ibintu bitari vyoroshe ico gihe, Pawulo na Barunaba bagumye barondera uburyo bwiza bokoresha kugira ngo bakore ku mutima abariko barabumviriza. Luka afatiye kuri ico kintu cabaye, arerekana uburyo bwiza umuntu yokoresha kugira ngo abwire inkuru nziza abapagani. Raba ukuntu Pawulo na Barunaba bafashije abariko barabumviriza. Bavuze bati: «Bagabo, kubera iki mugira ivyo? Na twebwe turi abantu bafise utunenge nkamwe. Turiko tubamenyesha inkuru nziza kugira muhindukire muve muri ivyo bintu vy’imburakimazi muje ku Mana nzima yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose. Mu bihe vya kera, yararetse amahanga yose ngo abandanye kugendera mu nzira zayo. Naho ari ukwo, ntiyabuze kwishingira intahe mu gukora ivyiza. Yarabahaye imvura iva mw’ijuru n’ibihe vy’umwimbu, ibahaza ibifungurwa, yuzuza n’imitima yanyu umunezero.»​—Ivyak. 14:15-17.

12 None ni ibiki dushobora kwigira kuri ayo majambo atuma umuntu azirikana? Ica mbere, Pawulo na Barunaba ntibabona ko baruta abariko barabumviriza. Ntibifashe uko batari. Ahubwo riho, baremeye bicishije bugufi ko bari bafise utunenge cokimwe n’abo bapagani bariko barabumviriza. Ego ni ko, Pawulo na Barunaba bari barahawe impwemu nyeranda kandi bari baravavanuye n’inyigisho z’ikinyoma. Vyongeye, bari bafise icizigiro co kuzofadikanya na Kristu kuganza. Yamara rero, baratahura yuko Abanyalusitira na bo nyene boshoboye kuronka izo ngabire nyene mu gihe bogamburukira Kristu.

13 None tubona gute abo tubwira inkuru nziza? Twoba tubona ko tumeze cokimwe? Igihe twigisha abandi ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, twoba nk’ukwo kwa Pawulo na Barunaba, twirinda kurondera gushemagizwa? Charles Taze Russell, umwigisha kirumara yagiye imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza mu mpera z’ikinjana ca 19 be no mu ntango z’ikinjana ca 20, yaradusigiye akarorero muri ivyo. Yanditse ati: «Ntitwironderera ivyubahiro, canke ngo turondere ko ivyo twandika bihayagizwa; eka mbere ntitwipfuza kwitwa ba Pasitori canke ba Rabi.» Umuvukanyi Russell yari afise agatima ko kwicisha bugufi nka kamwe ka Pawulo na Barunaba. Igihe twamamaza inkuru nziza, na twebwe nyene ntituba turondera kwironkera ubuninahazwa, ahubwo riho tuba turondera gufasha abantu kugira ngo bahindukire baje kuri ya «Mana nzima.»

14-16. Ni ibindi vyigwa bibiri ibihe twokwigira ku vyo Pawulo na Barunaba babwiye abantu b’i Lusitira?

14 Rimbura ikindi kintu kigira kabiri dushobora kwigira ku vyo bavuze. Pawulo na Barunaba bari abantu bazi guhuza n’uko ibintu vyifashe. Mu buryo butandukanye n’Abayuda bo muri Ikoniyo be n’abantu binjiye idini ry’Abayuda, abantu b’i Lusitira bobo nta vyinshi bari bazi ku vyanditswe canke ku vyo Imana yagiriye Isirayeli. Hari n’aho ata na kimwe bari bazi kuri vyo. Uretse n’ivyo, abariko barumviriza Pawulo na Barunaba bari abarimyi. Akarere ka Lusitira kari gafise ikirere kimeze neza be n’isi yimbuka. Abantu baho barashobora kubona ibintu vyinshi bigaragaza kamere z’Umuremyi, zino zikaba zabonekera nko mu biringo vyimbuka. Kugira ngo nya bamisiyonari bafashe abo bantu kuzirikana, barakoresheje ivyo bintu nyene bahurizako na bo.​—Rom. 1:19, 20.

15 None ubwo na twebwe twoba turi abantu bahuza n’uko ibintu vyifashe? Naho umurimyi yotera ubwoko bumwe bw’imbuto mu mirima itandukanye, abwirizwa guhindagura uburyo akoresha mu gutegura ubutaka bw’iyo mirima. Hari iyo wosanga isanzwe ifise ivu ryoroshe, ku buryo umuntu yoca ateragira nya mbuto. Ushobora gusanga iyindi na yo ifise ivu risaba gutegurwa cane. Imbuto na twebwe dutera yama ari ya yindi, ni ukuvuga ubutumwa bw’Ubwami dusanga mw’Ijambo ry’Imana. Ariko rero, niba twipfuza kumera nka Pawulo na Barunaba, tuzokwihatira kumenya idini abo tubwira inkuru nziza barimwo be n’ukuntu ivyabo vyifashe. Maze tuzoca tubashikiriza ubutumwa bw’Ubwami dufatiye kuri ivyo bintu tuzoba duhejeje kumenya.​—Luka 8:11, 15.

16 Hariho ikindi kintu kigira gatatu twokwigira kuri iyo nkuru ivuga ivyerekeye Pawulo na Barunaba, be n’abantu b’i Lusitira. Ico cigwa ni iki: Naho twogira utwigoro tungana iki, vyoshika zimwezimwe mu mbuto twateye zikarandurwa, canke zikagwa ahantu h’urubuyebuye. (Mat. 13:18-21) Ivyo bishitse, ntucike intege. Nk’uko Pawulo yahavuye avyibutsa abigishwa b’i Roma, “umwe wese muri twebwe [ushizemwo n’umwe wese mu bo tubwira Ijambo ry’Imana] azokwibarizwa n’Imana ivyo yakoze.”​—Rom. 14:12.

«Babaragiza Yehova» (Ivyak. 14:20-28)

17. Igihe Pawulo na Barunaba bava i Derube baciye baja he, kandi kubera iki?

17 Pawulo amaze kuburutirwa hanze ya Lusitira, agasigwa ari intere, abigishwa baramukikuje arahava aravyuka, hanyuma aja kurara muri ico gisagara. Bukeye, Pawulo na Barunaba baciye bafata urugendo rw’ibilometero 100 baja i Derube. Iyumvire nawe ukuntu urwo rugendo rutoroheye Pawulo, narirya hari haciye amasaha makeya gusa atewe amabuye! Naho vyari ukwo, Pawulo na Barunaba barumiye kw’ibanga, kandi aho bashikiye i Derube, barahinduye abantu «batari bake [baraba] abigishwa.» Mu nyuma, aho guca bifatira inzira ya hafi ngo bisubirire aho baba i Antiyokiya h’i Siriya, baciye «basubira i Lusitira, muri Ikoniyo n’i Antiyokiya [mu karere ka  Pisidiya].» Uti kubera iki? Kwari ukugira ngo bakomeze «imitima y’abigishwa, babaremesh[e] kuguma mu kwizera.» (Ivyak. 14:20-22) Ese ukuntu abo bagabo babiri badusigiye akarorero keza! Bashize imbere ineza y’ishengero, aho gushira imbere ineza yabo bwite. Abacungezi b’ingenzi be n’abamisiyonari bo mu bihe vya none barigana ako karorero kabo.

18. Abakurambere bagenwa gute?

18 Uretse ko Pawulo na Barunaba baremesheje abigishwa biciye ku vyo bababwiye no ku karorero keza babahaye, baranagenye «abakurambere mu mashengero yabo yose.» Naho Pawulo na Barunaba bari “barungitswe n’impwemu nyeranda” muri urwo rugendo rw’ubumisiyonari, igihe “baragiza Yehova” abo bakurambere, barasenze bongera barisonzesha. (Ivyak. 13:1-4; 14:23) Ukwo ni ko bigenda no muri kino gihe. Imbere y’uko abagize inama y’abakurambere barata umuvukanyi kanaka, babanza gusuzuma ko akwije kamere zisabwa n’Ivyanditswe, kandi ivyo babigira babijanishije n’isengesho. (1 Tim. 3:1-10, 12, 13; Tito 1:5-9; Yak. 3:17, 18; 1 Pet. 5:2, 3) Igihe amaze ari umukirisu si co ahanini gifatirwako. Ahubwo riho, ivyo uwo muvukanyi avuga, ukuntu yigenza be n’ukuntu abandi bamuzi ni vyo bitanga ikimenyamenya c’urugero impwemu nyeranda igezako mu gukorera muri we. Kuba uwo muvukanyi akwije kamere abahagarikizi basabwa n’Ivyanditswe, ni co kintu cerekana niba abereye kuba umwungere w’ubusho. (Gal. 5:22, 23) Umucungezi w’umuzunguruko yarajejwe ibanga ryo kugena abo bavukanyi.​—Gereranya na 1 Timoteyo 5:22.

19. Ni igiki abakurambere bazi ko bazobazwa, kandi bigana gute Pawulo na Barunaba?

19 Abakurambere barazi yuko hari ico Imana izobabaza ku bijanye n’ukuntu bafata ishengero. (Heb. 13:17) Nka kumwe kwa Pawulo na Barunaba, abakurambere baraja imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Barakomeza abakirisu bagenzi babo biciye ku vyo bavuga. Vyongeye, barafise umutima ukunze wo gushira imbere ineza y’ishengero aho gushira imbere ineza yabo bwite.​—Flp. 2:3, 4.

20. Twungukira gute ku gusoma ivyerekeye igikorwa abavukanyi bacu barangura badahemuka?

20 Igihe Pawulo na Barunaba basubira aho baba i Antiyokiya h’i Siriya, bariganiye abandi «ibintu vyinshi Imana yari yakoze biciye kuri bo, be n’ukuntu yari yugururiye amahanga umuryango ujana ku kwizera.» (Ivyak. 14:27) Nitwaza turasoma ivyerekeye igikorwa abavukanyi bacu barangura badahemuka, kandi tukabona ingene Yehova ahezagira utwigoro twabo, tuzokwumva turemeshejwe kuguma “tuvuga tudatinya biciye ku bubasha bwa Yehova.”

a Raba uruzitiro ruvuga ngo « Ikoniyo, igisagara c’Abanyafirijiya.»