Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 14

“Twese hamwe twafashe ingingo”

“Twese hamwe twafashe ingingo”

Ingene inama nyobozi yafashe ingingo ihambaye be n’ingene vyatumye amashengero yunga ubumwe

Bishingiye ku Vyakozwe 15:13-35

1, 2. (a) Ni ibibazo bihambaye ibihe bihanze abagize inama nyobozi y’ishengero ryo mu kinjana ca mbere? (b) Ni igiki kiyobora abo bavukanyi kugira ngo bafate ingingo ibereye?

 UMWE wese ariteganye umushasharo ingingo igira ifatwe. Intumwa be n’abakurambere bakoraniye mu cumba c’amanama i Yeruzalemu, bariko bararabana. Barabona ko bagira bafate ingingo ihambaye. Ca kibazo cerekeye ukugenyerwa catumye havyuka ibindi bibazo bikomeye. Abakirisu boba bakigengwa n’amategeko rya Musa? Ubwo hoba hakwiye kubaho itandukaniro hagati y’abakirisu b’Abayuda be n’abanyamahanga?

2 Abo bagabo b’imboneza baramaze guca irya n’ino ibimenyamenya bitari bike. Baribuka ubuhanuzi buvugwa mw’Ijambo ry’Imana be n’ibimenyamenya bikomeye bo ubwabo biboneye vyerekana ko Yehova ariko ahezagira ishengero. Bahanahanye ivyiyumviro bitari bike. Baramaze kwegeranya ibimenyamenya umuyoro ku bijanye n’ico kibazo. Biragaragara neza ko impwemu ya Yehova iriko irabayobora. None abo bagabo boba baza kwemera ubwo buyobozi?

3. Ni ivyigwa ibihe twohakura dusuzumye inkuru yo mu Vyakozwe ikigabane ca 15?

3 Biraza gusaba ko abagize iyo nama nyobozi bagaragaza ukwizera nyakuri be n’umutima rugabo kugira ngo bemere ubuyobozi impwemu ibaha ku bijanye n’ico kibazo. Bataravye neza, barahakwa gutuma indongozi z’idini ry’Abayuda zirushiriza kubanka. Vyongeye, barahanganye n’abantu bo mw’ishengero bipfuza yuko vyanse bikunze abasavyi b’Imana baguma bisunga amategeko ya Musa. None ga yemwe abagize iyo nama nyobozi baza kubikika gute? Reka tubirabe. Uko turimbura iyi nkuru, turaza kubona ukuntu abo bagabo basigiye akarorero keza Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yo muri iki gihe. Ni akarorero na twebwe abakirisu dukwiye gukurikiza igihe tubwirizwa gufata ingingo canke igihe dushikiwe n’ibintu bitoroshe mu buzima bwacu.

«Ivyo birahuje n’ivyavuzwe n’abahanuzi» (Ivyak. 15:13-21)

4, 5. Ni amajambo ayahe yavuzwe n’abahanuzi Yakobo yasubiyemwo yatanze umuco ku kibazo cariko kirihwezwa?

4 Umwigishwa Yakobo, uwari asangiye nyina na Yezu, yaciye afata ijambo. a Bisa n’uko ico gihe ari we yari ahagarikiye iyo nama. Ivyo yavuze bisa n’uko yari incamake y’ivyo iyo nama nyobozi yari yashitseko vyose. Yakobo yabwiye abari bakoraniye ng’aho, ati: «Simeyoni yatwiganiye neza ingene Imana yitayeho amahanga ari bwo bwa mbere ngo iyakuremwo umugwi w’abantu witirirwa izina ryayo. Kandi ivyo birahuje n’ivyavuzwe n’abahanuzi.»​—Ivyak. 15:14, 15.

5 Biboneka ko amajambo yavuzwe na Simeyoni, ari we Simoni Petero, be n’ibimenyamenya vyatanzwe na Barunaba be na Pawulo vyatumye Yakobo yibuka ivyanditswe vy’inkoramutima vyatanga umuco ku bijanye n’ico kibazo cariko kirihwezwa. (Yoh. 14:26) Yakobo ahejeje kuvuga ko «ivyo [bihuje] n’ivyavuzwe n’abahanuzi,» yaciye asubiramwo amajambo yo muri Amosi 9:11, 12. Ico gitabu ca Amosi cari mu rutonde rw’ibitabu vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo vyakunda kwitwa «Abahanuzi.» (Mat. 22:40; Ivyak. 15:16-18) Uraza kubona ko ayo majambo Yakobo yasubiyemwo hari ukuntu atandukanye n’ayo dusanga mu gitabu ca Amosi muri iki gihe. Bishoboka ko Yakobo yasubiyemwo amajambo yo muri Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante igizwe n’Ivyanditswe vy’igiheburayo.

6. Ivyanditswe vyatanze gute umuco ku bijanye n’ikibazo cariko kirihwezwa?

6 Yehova abicishije ku muhanuzi Amosi, yari yaramenyesheje ko hogeze igihe akavyura «urusago rwa Dawidi,» ni ukuvuga ko yohagurukije ubwami burongowe n’uwukomoka mu muryango wa Dawidi, ivyo bikaba vyoshobotse biciye ku Bwami burongowe na Mesiya. (Ezk. 21:26, 27) None ivyo vyoba bishaka kuvuga yuko Yehova yosubiye kugiranira ubucuti n’ihanga rigizwe gusa n’Abayuda bo ku mubiri? Habe namba. Ubwo buhanuzi bubandanya buvuga yuko “abantu bo mu mahanga yose” bokoranirijwe hamwe bakaba “abitirirwa izina ry’Imana.” Niwibuke ko Petero yari ahejeje gushinga intahe avuga ko Imana “ata tandukaniro na ritoyi yagize hagati yacu [abakirisu b’Abayuda] na bo [abanyamahanga babaye abakirisu], mugabo [ko] yatyoroye imitima yabo biciye ku kwizera.” (Ivyak. 15:9) Mu yandi majambo, Imana yagomba ko Abayuda cokimwe n’abanyamahanga, baba ba samuragwa b’Ubwami. (Rom. 8:17; Ef. 2:17-19) Nta na hamwe ubwo buhanuzi bwahumetswe bwerekana ko abanyamahanga babaye abakirisu bategerezwa kubanza kugenyerwa canke kwinjira idini ry’Abayuda kugira ngo babe ba samuragwa b’Ubwami.

7, 8. (a) Ni iciyumviro ikihe Yakobo yashikirije? (b) Dukwiye gutahura gute amajambo Yakobo yavuze?

7 Yakobo afatiye kuri ivyo bimenyamenya vyo mu Vyanditswe no kuri iyo ntahe ikomeye ishingiye ku vyo yari ahejeje kwumva, yaciye ashikiriza iciyumviro kigira giti: «Ni co gituma iciyumviro canje ari uko tutogora abo mu mahanga bipfuza gukorera Imana. Ahubwo twobandikira ngo birinde ivyahumanijwe n’ibigirwamana, birinde ubusambanyi, ibinizwe n’amaraso. Kuko kuva mu bihe vya kera hamye hariho abantu bamamaza ivyerekeye Musa mu bisagara vyose, ivyo yanditse bigasomwa n’ijwi ryumvikana mu masinagogi buri sabato.»​—Ivyak. 15:19-21.

8 Igihe Yakobo yavuga ngo «ni co gituma iciyumviro canje ari,» yoba yariko akoresha ubukuru yari afise, kumbure kubera ko ari we yari ahagarikiye iyo nama, kugira ngo yemeze abandi bavukanyi ico we yabona ko cari gikwiye gukorwa? Uwokubesha! Imvugo y’ikigiriki yahinduwe ngo “iciyumviro canje ni,” ishobora kandi kuba isobanura ngo «jewe mbona ko» canke ngo «jewe niyumvira ko.» Yakobo ntiyariko aragerageza kwerekana ko ari we yari hejuru y’abagize uwo mugwi bose, ahubwo yariko abashikiriza iciyumviro gishingiye ku bimenyamenya bari bumvise no ku bintu Ivyanditswe vyavuga kuri ico kibazo, maze na bo bace bagira ico bavuze kuri ico ciyumviro.

9. Iciyumviro Yakobo yashikirije covuyemwo ivyiza ibihe?

9 None iciyumviro Yakobo yashikirije coba cari kibereye? Biboneka ko cari kibereye kubera ko intumwa be n’abakurambere bahavuye bagishigikira. None ivyo vyovuyemwo ivyiza ibihe? Ku ruhande rumwe, ingingo yofashwe hisunzwe ico ciyumviro, “ntiyogoye” abanyamahanga babaye abakirisu, ngo ibaremereze kwubahiriza amategeko ya Musa. (Ivyak. 15:19) Ku rundi ruhande, iyo ngingo yokwubahirije ijwi ryo mu mutima ry’abakirisu b’Abayuda, abari bamaze imyaka n’iyindi bumva ivyo “Musa yanditse bigasomwa n’ijwi ryumvikana mu masinagogi buri sabato.” b (Ivyak. 15:21) Mu vy’ukuri, iyo ngingo yotumye ubucuti buri hagati y’abakirisu b’Abayuda be n’abanyamahanga burushiriza gukomera. Ikiruta vyose, yohimbaye Yehova Imana, kubera ko yobaye ihuje n’umugambi wiwe. Ese ukuntu ubwo ari uburyo bwiza bwo gutorera umuti ingorane yobangamira ubumwe n’amahoro biri mw’ishengero ry’abasavyi b’Imana uko ryakabaye! Vyongeye, ese ukuntu ivyo bibera akarorero keza cane ishengero rya gikirisu ryo muri kino gihe!

Albert Schroeder ariko ashikiriza insiguro kw’ihwaniro mpuzamakungu ryabaye mu 1998

10. Ni gute abagize Inama Nyobozi muri kino gihe bigana akarorero basigiwe n’abo mu kinjana ca mbere?

10 Nk’uko vyavuzwe mu kigabane c’imbere y’iki, abagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe barakurikiza akarorero k’abo mu Nama Nyobozi yo mu kinjana ca mbere. Bahanga amaso Yehova, we Segaba w’ibiriho vyose, bagahanga amaso na Yezu Kristu, we Mutwe w’ishengero, kugira ngo babe ari bo babayobora muri vyose. c (1 Kor. 11:3) Uti none ivyo bigirwa gute? Uwitwa Albert D. Schroeder, akaba yari mu bagize Inama Nyobozi kuva 1974 gushika arangije ubuzima bwiwe ng’aha kw’isi muri Ntwarante 2006, yasiguye ati: «Abagize Inama Nyobozi bama bakoranira hamwe imisi yose ku wa gatatu, bagatangura n’isengesho basaba kuyoborwa n’impwemu ya Yehova . Baragira akigoro gakomeye kugira ngo, vyaba ibibazo vyose batunganya canke ingingo zose bafata, vyose bigirwe mu buryo buhuje n’Ijambo ry’Imana Bibiliya.» Muri ubwo buryo nyene, uwitwa Milton G. Henschel, uwamaze igihe kinini cane ari mu bagize Inama Nyobozi gushika arangije ubuzima bwiwe ng’aha kw’isi muri Ntwarante 2003, yarabajije ikibazo c’inkoramutima abanyeshure bo mu mugwi ugira 101 w’abasohoka Ishure rya Gileyadi. Yabajije ati: «Mbega hoba hariho irindi shirahamwe kw’isi rifise urwego nyobozi rubanza gusuzuma Ijambo ry’Imana Bibiliya, imbere yo gufata ingingo zihambaye?» Emwe, inyishu iratomoye.

“Barungika abagabo batowe” (Ivyak. 15:22-29)

11. Ingingo yafashwe n’abari bagize inama nyobozi yamenyeshejwe gute amashengero?

11 Abari bagize inama nyobozi y’i Yeruzalemu barafashe ingingo bahurije hamwe ku bijanye na ca kibazo cerekeye ukugenyerwa. Ariko rero, kugira ngo abavukanyi bo mu mashengero bakore bunze ubumwe, iyo ngingo bategerezwa kuyimenyeshwa mu buryo butomoye, buremesha, kandi buranga urukundo. None uburyo bwiza bwo kubigira bwobaye ubuhe? Iyo nkuru isigura iti: «Intumwa n’abakurambere hamwe n’ishengero ryose bafata ingingo yo kurungika i Antiyokiya abagabo batowe muri bo, bari kumwe na Pawulo na Barunaba. Barungitse Yuda yitwa kandi Barusaba be na Silasi. Bari abagabo b’imboneza mu bavukanyi.» Ikigeretse kuri ivyo, harateguwe ikete maze rirungikanwa abo bagabo kugira ngo risomerwe amashengero yose y’i Antiyokiya, i Siriya, be n’i Silisiya.​—Ivyak. 15:22-26.

12, 13. Ni ivyiza ibihe vyavuye mu kurungika (a) Yuda na Silasi? (b) ikete rivuye ku nama nyobozi?

12 Kubera ko Yuda na Silasi bari «abagabo b’imboneza mu bavukanyi,» bari bakwije ibisabwa neza kugira ngo baserukire iyo nama nyobozi. Abagize amashengero babonye abo bagabo bane, bociye batahura neza ko ubutumwa baje bazanye butarimwo gusa inyishu ya ca kibazo cerekeye ukugenyerwa, ariko kandi ko burimwo n’ubuyobozi buvuye ku nama nyobozi. Kuba abo «bagabo batowe» bararungitswe muri ayo mashengero, vyotumye harushiriza kuba ubucuti somambike hagati y’abakirisu b’Abayuda baba i Yeruzalemu be n’abanyamahanga babaye abakirisu, bo mu yindi mihingo. Ese ukuntu kurungika abo bagabo yari ingingo iranga ubukerebutsi n’urukundo! Nta gukeka ko ivyo vyatumye mu basavyi b’Imana harangwa amahoro n’umwumvikano.

13 Iryo kete ryaraha abanyamahanga babaye abakirisu ubuyobozi butomoye, atari gusa ku bijanye na ca kibazo cerekeye ukugenyerwa, ariko no ku bijanye n’ivyo bategerezwa gukora kugira ngo bemerwe na Yehova yongere abahezagire. Igice nyamukuru c’iryo kete cavuga ngo: «Kuko impwemu nyeranda hamwe na twebwe dushimye kutabongerako uwundi muzigo, kiretse ibi bintu vya nkenerwa: kuguma mwirinze ivyashikaniwe ibigirwamana, amaraso, ibinizwe n’ubusambanyi. Nimwitwararika kwirinda ivyo bintu muzotunganirwa. Nimukomere!»​—Ivyak. 15:28, 29.

14. Bishoboka gute ngo abasavyi ba Yehova bakore bunze ubumwe mw’isi ya kino gihe irangwamwo amacakubiri?

14 Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova barenga 8.000.000 bo mu mashengero arenga 100.000 yo hirya no hino kw’isi, usanga bizera bimwe kandi bagakora bunze ubumwe. None ubwo bumwe bushoboka gute, na canecane mw’isi ya kino gihe usanga irangwamwo uruhagarara be n’ivyiyumviro vyo gucanamwo? Ikintu nyamukuru gituma ubwo bumwe bushoboka, ni ubuyobozi butomoye kandi burashe butangwa na Yezu Kristu, we Mutwe w’ishengero, abicishije kuri wa «mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,» na we akaba ari Inama Nyobozi. (Mat. 24:45-47) Kuba abavukanyi bo hirya no hino kw’isi bakurikiza n’umutima ukunze ubuyobozi Inama Nyobozi itanga, na vyo nyene biragira ico biterereye kugira ngo ubwo bumwe bushoboke.

«Baranezerwa kubera izo ndemesho» (Ivyak. 15:30-35)

15, 16. Ca kibazo cerekeye ukugenyerwa cahavuye gitunganywa gute, kandi ni ibiki vyatumye bigenda gutyo?

15 Iyo nkuru yo mu gitabu c’Ivyakozwe ibandanya itwiganira yuko igihe abo bagabo bari bavuye i Yeruzalemu bashika i Antiyokiya, baciye «bakoraniriza hamwe abigishwa bose babaha iryo kete.» None abavukanyi b’aho bakiriye gute ubwo buyobozi bwari buvuye ku nama nyobozi? Iyo nkuru ivuga iti: «Bamaze [gusoma iryo kete], baranezerwa kubera izo ndemesho.» (Ivyak. 15:30, 31) N’ikindi kandi, Yuda na Silasi “barashikirije ijambo abavukanyi akatari gake kugira babaremeshe, bongere babakomeze.” Ni nk’aho abo bagabo babiri bari «abahanuzi,» nka kurya nyene Barunaba na Pawulo be n’abandi bavukanyi biswe abahanuzi, iyo ikaba ari imvugo yerekeza ku muntu yavuga canke yamenyesha ivyerekeye umugambi w’Imana.​—Ivyak. 13:1; 15:32; Kuv. 7:1, 2.

16 Biragaragara ko Yehova yahezagiye utwigoro twose twagizwe kugira ngo ico kibazo gitunganywe mu buryo bushimishije. None ni ikintu ikihe ahanini catumye ico kibazo gitorerwa umuti muri ubwo buryo? Nta n’umwe yoharira ko ivyo vyavuye ku buyobozi butomoye inama nyobozi yatanze ku gihe kibereye, na bwo bukaba bwari bushingiye kw’Ijambo ry’Imana, kandi bwabonetse biciye ku mpwemu nyeranda. Ikindi kintu catumye bigenda gutyo, ni ukuntu inama nyobozi yaza iramenyesha amashengero mu buryo buranga urukundo ingingo zaba zafashwe.

17. Muri iki gihe abacungezi b’imizunguruko bigana gute akarorero ka Pawulo, Barunaba, Yuda be na Silasi?

17 Mu gukurikiza ako karorero, Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yo muri iki gihe iraronsa umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose ubuyobozi ku gihe kibereye. Igihe hari ingingo zafashwe, Inama Nyobozi ica izimenyesha amashengero mu buryo butomoye, ata gucisha ku ruhande. Bumwe mu buryo ikoresha ni ubujanye n’ingendo abacungezi b’imizunguruko bagira mu mashengero. Abo bavukanyi bitanga cane baragira ingendo bava mw’ishengero baja mu rindi, bakaronsa abavukanyi ubuyobozi butomoye be n’indemesho zikora ku mutima. Nka kumwe kwa Pawulo na Barunaba, abo bacungezi baramara umwanya munini mu busuku, «bigisha bongera bamenyesha inkuru nziza y’ijambo rya Yehova, bari kumwe n’abandi benshi.» (Ivyak. 15:35) Nka kumwe kwa Yuda na Silasi, «[barashikirije] ijambo abavukanyi akatari gake» bongera barabaremesha.

18. Ni igiki abasavyi ba Yehova basabwa gukora kugira ngo bagume bahezagirwa na we?

18 Bite ho ku bijanye n’amashengero? Ni igiki kizofasha abo mu mashengero yo hirya no hino kw’isi kuguma binovora amahoro n’umwumvikano muri iyi si irangwamwo amacakubiri? Niwibuke ko umwigishwa Yakobo yahavuye yandika ati: «Ubukerebutsi buva mw’ijuru imbere ya vyose ntibwanduye, kandi burangwa n’amahoro, ntiburenza urugero, bwiteguriye kugamburuka . . . Vyongeye, icamwa c’ubugororotsi giterwa mu mahoro ku neza y’abariko baremesha amahoro.» (Yak. 3:17, 18) Nta wuzi nimba ayo majambo Yakobo yayavuze afise mu bwenge ya nama yabera i Yeruzalemu. Ariko, twisunze ibivugwa mu gitabu c’Ivyakozwe ikigabane ca 15, nta gukeka ko amashengero ahezagirwa na Yehova igihe gusa aba arangwamwo ubumwe kandi agasenyera ku mugozi umwe.

19, 20. (a) Ni igiki cerekana ko ishengero ry’i Antiyokiya ryari risigaye rirangwamwo ubumwe n’amahoro? (b) Ni igiki Pawulo na Barunaba bari bagiye gukora ico gihe?

19 Biragaragara neza ko ico gihe ishengero ry’i Antiyokiya ryari risigaye rirangwamwo ubumwe n’amahoro. Aho kuja impari n’abo bavukanyi bari baje bava i Yeruzalemu, abavukanyi b’i Antiyokiya barakengurutse kubona Yuda na Silasi barabagendeye. Iyo nkuru ivuga iti: «Nuko bamazeyo igihe gitoyi, abavukanyi barabareka ngo bagende amahoro basubire ku babatumye,» ni ukuvuga i Yeruzalemu. d (Ivyak. 15:33) Turizigira tudakeka ko abavukanyi b’i Yeruzalemu na bo nyene bahimbawe igihe abo bagabo babiri babiganira ingene urugendo bagize rwagenze. Bivuye ku buntu buhebuje bwa Yehova, igikorwa bari batumwe caragenze neza!

20 Kubera ko Pawulo na Barunaba bari bigumiye i Antiyokiya, bari bagiye kwitunira ku gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, bakaja imbere abandi muri co nk’uko abacungezi b’imizunguruko bo muri kino gihe babigenza igihe bagendeye amashengero. (Ivyak. 13:2, 3) Ese ukuntu ivyo vyabereye umuhezagiro abasavyi ba Yehova! None Yehova yarushirije gukoresha gute abo bamamaji babiri b’abanyamwete no kubahezagira? Turaza kubibona mu kigabane gikurikira.

Abakirisu bo muri kino gihe bararonswa ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa biciye ku Nama Nyobozi be n’abayiserukira

a Raba uruzitiro ruvuga ngo « Yakobo, “mwenewabo n’Umukama.”»

b Yakobo abigiranye ubukerebutsi, yarerekeje ku vyo Musa yanditse. Ivyo vyarimwo amategeko ya Musa be n’inkuru zerekana umugambi Imana yari ifitiye abantu uwo ari wo, n’imbere y’uko habaho amategeko ya Musa. Nk’akarorero, umuntu asomye mw’⁠Itanguriro arashobora kubona neza ukuntu Imana yabona ivyerekeye amaraso, kurenga ibigo be n’ugusenga ibigirwamana. (Ita. 9:3, 4; 20:2-9; 35:2, 4) Gutyo rero, Yehova yari yarerekanye ingingo ngenderwako zigenga abantu bose, baba Abayuda canke abanyamahanga.

c Raba uruzitiro ruvuga ngo « Ukuntu Inama Nyobozi itunganijwe muri iki gihe

d Bibiliya zimwezimwe usanga ku murongo wa 34, zirimwo amajambo avuga yuko Silasi yahisemwo kwigumira i Antiyokiya. (Nka Bibiliya Yera be n’Ubwuzure Bushasha) Ariko rero, bisa n’uko ayo majambo ari ayongewemwo mu nyuma mu vyandikano bimwebimwe vy’iminwe.