Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 3

‘Imana ni urukundo’

‘Imana ni urukundo’

(1 Yohani 4:7, 8)

1. Imana ni urukundo,

‘Nitugendane na yo.’

Nimba turi n’urukundo

Tuzokora nk’abayo,

Twironkere bwa buzima,

Ari bwo dukorera.

Urukundo nk’urwa Kristu

Ni rwo tuzogendera.

2. Gukund’ukuri n’Imana

Bituma dukundana.

Yiteguye kudufasha

Mu gihe vyogorana.

Urukundo rurenzako;

Ntaho rugir’ishari.

Dukunde abavukanyi.

Twirind’uburakari.

3. Inzika ntikagutware;

Ntukayih’ikibanza.

Yehova nakuyobore,

Wemere kw’akuganza.

Nukunde Imana yawe

Hamwe na mugenzawe.

Twamane rer’urukundo

Nka rwa rundi rwa Dawe.